Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Urashobora Kuguma Udahumanye mu Nyifato Runtu

Urashobora Kuguma Udahumanye mu Nyifato Runtu

Urashobora Kuguma Udahumanye mu Nyifato Runtu

“Kuk’ugukunda Imana ar’uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo.”​—1 YOHANA 5:3.

1. Ni itandukaniro irihe mu buryo bwo kwigenza riboneka mu bantu muri iki gihe?

HARACIYE igihe kirekire, umuhanuzi Malaki yarahumekewe ngo abure igihe abantu b’Imana bokwigenjeje mu buryo butandukanye cane n’abantu badakorera Imana. Uwo muhanuzi yanditse ati: “Muzosubira kumenya yuko har’itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.” (Malaki 3:18) Ubwo buhanuzi buriko buraranguka muri iki gihe. Ukuzigama amabwirizwa y’Imana, harimwo n’ayasaba ukudahumana mu nyifato runtu, ni ingendo iranga ubukerebutsi kandi ibereye mu buzima. Yamara, si ingendo yama nantaryo yoroha. Bivuye ku mvo ibereye, Yezu yavuze yuko Abakirisu bategerezwa kwihata cane kugira ngo baronke ubukiriro.​—Luka 13:23, 24.

2. Ni imikazo iyihe iva hanze ituma bamwebamwe bibagora kuguma batanduye mu nyifato runtu?

2 Ni kuki bigoye kuguma umuntu atanduye mu nyifato runtu? Imvo imwe ni uko hariho imikazo iva hanze. Inzego z’ivy’ukwinezereza zerekana ko guhuza ibitsina mu buryo butemewe gukwegera, kunezereye, kandi ko ari bwo bugabo, mu gihe zirengagiza ingaruka mbi nka zose zavyo. (Abanyefeso 4:17-19) Ibihe vyinshi vy’uguhuza ibitsina berekana usanga ari hagati y’abatubakanye. Kenshi, amasenema na televiziyo vyerekana ivy’uguhuza ibitsina mu gihe c’ubucuti bwunzwe akaryo kizanye. Kenshi, igishika n’ukwubahana usanga bibuze. Benshi bashizwe imbere ubutumwa nk’ubwo guhera mu bwana. Vyongeye, hariho akosho k’urunganwe gakomeye ko gukurikiza inyifato runtu irenzwako uruho rw’amazi yo muri iki gihe, kandi abatayikurikiza rimwe na rimwe bagatwengerwa mw’ijigo, canke bakanatukwa.​—1 Petero 4:4.

3. Ni imvo zimwezimwe izihe zituma abenshi mw’isi bisuka mu bushegabo?

3 Imikazo y’imbere mu muntu na yo iratuma bigora kuguma atanduye mu nyifato runtu. Yehova yaremanye abantu inambu z’umubiri, kandi izo nambu zirashobora kuba izikomeye. Inambu iva ahanini ku vyo twiyumvira, kandi ubushegabo burafitaniye isano n’ukwiyumvira mu buryo butajanye n’ivyiyumviro vya Yehova. (Yakobo 1:14, 15) Nk’akarorero, nk’uko bivugwa n’itohoza rimwe riherutse kugirwa ryasohowe mu kinyamakuru kimwe (British Medical Journal), benshi bisutse mu vy’uguhuza ibitsina ari bwo bwa mbere, ico babigiriye rwari gusa urusaku rwo kumenya uko guhuza ibitsina kumeze. Abandi bibaza yuko abantu benshi bo mu rugero rwabo baja mu vy’uguhuza ibitsina, ari co gituma na bo bashaka gutakaza ubusugi bwabo. Abandi na bo bavuga yuko batwawe n’inyiyumvo zabo canke ko “ico gihe bari baborewe gato.” Niba dushaka guhimbara Imana, dutegerezwa kwiyumvira mu buryo butandukanye n’ubwo. Ni ivyiyumviro bwoko ki bizodufasha kuguma tudahumanye mu nyifato runtu?

Ubaka Umwiyemezo Ukomeye

4. Kugira ngo tugume tutanduye mu nyifato runtu, dutegerezwa gukora iki?

4 Kugira ngo tugume tutanduye mu nyifato runtu, dutegerezwa kwemera icese yuko gukurikira ubwo buryo bwo kubaho bitari impfagusa. Ivyo birajanye n’ivyo intumwa Paulo yandikiye Abakirisu b’i Roma ati: “Mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.” (Abaroma 12:2) Kwemera icese yuko ukuba uwutanduye mu nyifato runtu atari impfagusa, ntibirimwo gusa kumenya yuko ubushegabo bwiyamirizwa mw’Ijambo ry’Imana. Birimwo n’ugutahura imvo zituma ubushegabo bwiyamirizwa be n’ukuntu twungukira ku kubuhunga. Zimwe muri izo mvo zarimbuwe mu kiganiro c’imbere y’iki.

5. Ni imvo nyamukuru iyihe ikwiye gutuma Abakirisu baguma batanduye mu nyifato runtu?

5 Ariko mu vy’ukuri, ku Bakirisu imvo zikomeye kuruta zituma birinda ubushegabo biva ku bucuti dufitaniye n’Imana. Twarize yuko izi ikirushirije kuba ciza kuri twebwe. Urukundo tuyifitiye ruzodufasha kwanka ikibi. (Zaburi 97:10) “Ugutanga kwose kwiza n’ingabire yose itunganye rwose” biva ku Mana. (Yakobo 1:17) Iradukunda. Mu kuyigamburukira, tuba twerekanye yuko tuyikunda kandi dukenguruka ivyo yatugiriye vyose. (1 Yohana 5:3) Ntidushaka gutuma na rimwe Yehova ashavura canke ababara, mu kurenga ku mabwirizwa yiwe agororotse. (Zaburi 78:41) Ntitwipfuza gukora ibintu mu buryo buzotuma uburyo bwo kumusenga bweranda kandi bugororotse butukwa. (Tito 2:5; 2 Petero 2:2) Mu kuguma tutanduye mu nyifato runtu, dutuma wa wundi Kaminuza anezerwa.​—Imigani 27:11.

6. Ni gute kumenyesha abandi ingingo ngenderwako zacu mu vy’inyifato runtu bifasha?

6 Tumaze kwiyemeza kuguma tutanduye mu nyifato runtu, ubundi burinzi ni ukumenyesha abandi uwo mwiyemezo. Numenyeshe abantu yuko uri umusavyi wa Yehova Imana be n’uko wiyemeje kuzigama ingingo ngenderwako ziwe ziri hejuru. Ni ubuzima bwawe, umubiri wawe, ihitamwo ryawe. Ni igiki coja mu kaga? Ubucuti bw’agaciro ufitaniye na So wo mw’ijuru. Nuko rero, nutomore yuko ukutadohoka kwawe mu vy’inyifato runtu ari ntabanduka. Niwishimire guserukira Imana mu gushigikira ingingo zayo. (Zaburi 64:10) Ntukigere ugira isoni zo kuganira n’abandi ivyerekeye ivyo wemera mu vy’inyifato runtu. Kuvugira aheru birashobora kugukomeza, kukurinda no kuremesha abandi gukurikira akarorero kawe.​—1 Timoteyo 4:12.

7. Twoshobora gute kuzigama umwiyemezo wacu wo kuguma tutanduye mu nyifato runtu?

7 Ubukurikira, kubera twiyemeje kuzigama ingingo ngenderwako ziri hejuru mu vy’inyifato runtu be no kuba twaramenyesheje aho duhagaze, dutegerezwa gufata ingingo zo kwumira ku mwiyemezo wacu. Uburyo bumwe bwo kugira ivyo ni mu kwiyubara igihe duhitamwo abagenzi. Bibiliya ivuga iti: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge.” Niwifatanye n’abo musangiye imico runtu; bazogukomeza. Ico canditswe kivuga kandi giti: “Arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka.” (Imigani 13:20) Ku rugero bishoboka rwose, niwirinde abantu boshobora kugoyagoza umwiyemezo wawe.​—1 Ab’i Korinto 15:33.

8. (a) Ni kuki dukwiye kugaburira imizirikanyi yacu ku bintu vyizavyiza? (b) Ni ibiki dukwiye kwirinda?

8 Ikindi, dukeneye kugaburira imizirikanyi yacu ku bintu vy’ukuri, vyo kwubahwa, bigororotse, bitanduye, vy’igikundiro, bishimwa, vy’ingeso nziza be no ku bintu bibereye kuratwa. (Ab’i Filipi 4:8) Ivyo tubigira mu kuba abarobanuzi mu vyo turaba, dusoma be no mu miziki twumviriza. Kuvuga yuko ibitabu birimwo ubushegabo bitagira akosho konona, bisa no kuvuga yuko ibitabu birimwo inyifato runtu bitagira akosho keza. Niwibuke, biroroshe ko abantu b’abanyagasembwa bashobora kugwa mu bushegabo. Ni co gituma ibitabu, ibinyamakuru, amasenema be n’imiziki biremesha inambu y’umubiri bizoshikana ku vyipfuzo bibi, maze ivyo amaherezo bikaba vyoshikana ku caha. Kugira ngo tuzigame ukudahumana mu nyifato runtu, dutegerezwa kwuzuza imizirikanyi yacu ubukerebutsi buva ku Mana.​—Yakobo 3:17.

Intambwe Zishikana ku Bushegabo

9-11. Nk’uko vyiganywe na Salomo, ni intambwe izihe buhorobuhoro zashikanye umusore umwe ku bushegabo?

9 Kenshi na kenshi hari intambwe zishobora kuboneka ko zishikana ku bushegabo. Intambwe yose itewe ituma gusubira inyuma birushiriza kugora. Raba ukuntu ivyo bidondorwa mu Migani 7:6-23. Salomo yitegereza “umusore w’igipfamutima,” ni ukuvuga adakorana imvo nziza. Uwo musore “aca mu nzira hafi y’inkokora y’inzu [y’imaraya], anobanga mu nzira ija ku nzu yiwe; hāri mu kagoroba, bugira bgire.” Iryo ni ryo kosa ryiwe rya mbere. Mu masaha yo mu kagoroba, ‘umutima’ wiwe ntiwamuyoboye mw’ibarabara iryo ari ryo ryose, mugabo wamuyoboye aho azi ko imaraya kenshi ishobora gusangwa.

10 Ubukurikira dusoma duti: “Maz’uno mugore aramusanganira, yambaye nka kumwe kwa maraya, afise umutima w’uburyarya.” Ubu uwo musore aramubonye! Yari gushobora guhindukira agataha, mugabo ibi biragoye kuruta ivya kare, canecane kubera yuko agoyagoya mu vy’inyifato runtu. Afata nya musore, aramusoma. Kubera yemeye ko amusoma, aciye yumviriza amajambo yiwe akwegakwega yo kujijura. Nya maraya ivuga iti: “Nari nsanzwe nkwiye gutanga ikimazi c’ishimwe: non’uyu musi nashikije ivyo nasezeranye.” Ibimazi vy’ishimwe vyarimwo inyama, ifu, amavuta be n’umuvinyu. (Abalewi 19:5, 6; 22:21; Guharūra 15:8-10) Mu kubicishamwo, uwo maraya ashobora kuba yariko akikiriza yuko atari abuze gukunda ivy’impwemu kandi muri ico gihe nyene ashobora kuba yamumenyesha yuko mu nzu iwe hariyo ibintu vyinshi vyiza vyo kurya no kunywa. Amwinginga ati: “Ngwino turāreko buce, twinezeranishe urukundo.”

11 Ntibigoye kuvuga imbere y’igihe ingaruka zavyo. “Amuryesharyeshakw akarimi keza.” Uwo musore amukurikira iwe “nk’inka ija kubāgwa” be n’“ukw inyoni yisuka mu mutego.” Salomo asozera n’aya majambo atera kuzirikana agira ati: “[N]tazi [“ko aroshe ubugingo bwiwe nyene,” NW].” Ubugingo bwiwe, ari bwo buzima, buraroshwe kubera yuko “abashakanyi n’abasambanyi Imana izobacirakw iteka.” (Abaheburayo 13:4) Ese ukuntu ari icigwa gikomeye ku bagore n’abagabo! Dukwiye kwirinda mbere no gutera intambwe za mbere mu nzira izoshikana ku kudatoneshwa n’Imana.

12. (a) Imvugo ngo “igipfamutima” isobanura iki? (b) Dushobora gute kwubaka inkomezi mu vy’inyifato runtu?

12 Urabona ko uwo musore wo muri iyo nkuru yari “igipfamutima.” Iyo mvugo itubwira yuko ivyiyumviro vyiwe, ivyipfuzo vyiwe, ivyo yakunda, utunyengetera twiwe be n’intumbero ziwe mu buzima bitari bijanye n’ivyo Imana yemera. Ubugoyagoye bwiwe mu vy’inyifato runtu bwashikanye ku ngaruka z’agahomerabunwa. Muri iyi “misi y’iherezo” igoye, bisaba akigoro kugira ngo umuntu atsimbataze inkomezi mu vy’inyifato runtu. (2 Timoteyo 3:1) Imana iragira intunganyo kugira ngo idufashe. Irashinga amakoraniro y’ishengero ry’Abakirisu kugira ngo aturemeshe kuja mu nzira igororotse yongere aduhuze n’abandi bafise intumbero nk’iyo dufise. (Abaheburayo 10:24, 25) Hariho abakurambere b’ishengero baturagira bakongera bakatwigisha inzira z’ubugororotsi. (Abanyefeso 4:11, 12) Turafise Ijambo ry’Imana, Bibiliya, rituyobora rikongera rikaturongora. (2 Timoteyo 3:16) Kandi, ibihe vyose, turafise akaryo ko gusenga dusaba ngo impwemu y’Imana idufashe.​—Matayo 26:41.

Twigire ku Vyaha vya Dawidi

13, 14. Umwami Dawidi yisutse gute mu caha gikomeye?

13 Ariko, ikibabaje ni uko n’abasavyi ba Yehova bibonekeje bisutse mu bushegabo. Umuntu umwe nk’uwo ni Umwami Dawidi, uwasukuriye Yehova ari umwizerwa mu myaka mirongo. Nta mazinda ko yakunda Imana cane. Yamara, yaridwibitse mu ngendo y’icaha. Nka kurya kwa wa musore Salomo yadondoye, hariho intambwe zashikanye Dawidi ku caha, maze ziracunyura.

14 Dawidi ico gihe yariko ariterera mu myaka, bishoboka ko yari mu ntango y’iya 50. Ari kw’idari ry’inzu yiwe, yarabonye Batisheba mwiza ariko ariyuhagira. Yarabajije ivyiwe maze aramenya uwo ari we. Yarubuye yuko umunega wiwe, Uriya, yari mu bari baziguje Raba, igisagara c’Abamoni. Dawidi yaratumye ngo azanwe mu kirimba ciwe maze aryamana na we. Mu nyuma, ibintu vyarabaye urusobe​—uwo mukenyezi yasanze yibungenze iya Dawidi. Dawidi yizigiye ko Uriya yomaranye n’umugore wiwe ijoro, yaramuhamagaje ngo atahe ave ku rugamba. Muri ubwo buryo, Uriya yobonetse nk’aho ari we se w’umwana wa Batisheba. Mugabo, Uriya ntiyatashe mu rugo rwiwe. Yihebuye ko adapfutse icaha ciwe, Dawidi yaciye arungika Uriya i Raba, amurungikana ikete yandikiye intwazangabo rivuga yuko Uriya yoshirwa mu kibanza ashobora kwicwa. Gutyo Uriya yarahasize agatwe, maze Dawidi yabira uyo mupfakazi imbere yuko bimenyekana ku mugaragaro ko yari yibungenze.​—2 Samweli 11:1-27.

15. (a) Icaha ca Dawidi cashizwe ahabona gute? (b) Dawidi yakiriye gute igikangiro gitanganywe ubuhanga ca Natani?

15 Vyasa n’uko urwenge rwa Dawidi rwo gupfuka icaha ciwe rwari rwakoze. Amezi yarahaciye. Uwo mwana yaravutse, akaba yari umuhungu. Niba Dawidi yari afise ico kintu cabaye mu muzirikanyi igihe yatunganya Zaburi ya 32, vyoba bigaragara rero ko ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamucumita. (Zaburi 32:3-5) Ariko rero, ico caha nticahishijwe Imana. Bibiliya ivuga iti: “Ivyo Dawidi yakoze vyababaje Uhoraho.” (2 Samweli 11:27) Yehova yararungitse umuhanuzi Natani, uwagaragarije Dawidi ivyo yari yakoze, abigiranye ubuhanga. Ubwo nyene Dawidi yaratuye icaha maze asaba ikigongwe ca Yehova. Ukwigaya nyakuri kwiwe kwatumye asubiza hamwe n’Imana. (2 Samweli 12:1-13) Dawidi ntiyabitse inzika ku bw’igikangiro ahawe. Ahubwo, yagaragaje agatima kadondorwa muri Zaburi y’141:5, ahagira hati: “Umugororotsi ankubise, bizoba ar’ukungirira neza; ampannye, bizoba ari nko kunsīga amavuta ya elayo mu mutwe: umutwe wanje woye kuvyanka.”

16. Ni imburizi iyihe ikaba n’impanuro Salomo yatanze ku vyerekeye ibigabitanyo?

16 Salomo, uwari umuhungu w’ubuheta wa Dawidi na Batisheba, ashobora kuba yarazirikanye kuri ico kiringo c’umwiza co mu buzima bwa se. Mu nyuma yanditse ati: “Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, arik’ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.” (Imigani 28:13) Turamutse tuguye mu caha gikomeye, dukwiye kwumvira iyi mpanuro yahumetswe, iyigize kuba imburizi ikaba n’ijambo ry’impanuro. Dukwiye kwaturira Yehova icaha vyongeye tukegera abakurambere b’ishengero kugira ngo badufashe. Ibanga rihambaye ry’abakurambere ni iryo gufasha kubogora abaguye mw’ikosa.​—Yakobo 5:14, 15.

Kwihanganira Ingaruka z’Icaha

17. Naho Yehova aharira ibicumuro, ni ibiki atadukinga?

17 Yehova yarahariye Dawidi. Kubera iki? Kubera yuko Dawidi yari umugabo w’intadohoka, kubera yari umunyakigongwe ku bandi be no kubera ko ukwigaya kwiwe kwari nyakuri. Naho ari ukwo, Dawidi ntiyakingiwe ingaruka z’agahomerabunwa zakurikiye. (2 Samweli 12:9-14) Ni ko bimeze no muri iki gihe. Naho Yehova atazana ikibi ku bihana, ntabakinga ingaruka zitegerezwa gushika z’ibikorwa bibi vyabo. (Ab’i Galatiya 6:7) Mu ngaruka z’ubushegabo hashobora kubamwo ukwahukana, inda y’igitwarire, indwara zifatira mu bihimba ry’irondoka, be no gutakaza ukwizigirwa n’icubahiro.

18. (a) Paulo yabwiye ishengero ry’i Korinto gushira mu buryo gute ikibazo c’ukwigenza nabi mu vy’ibitsina? (b) Yehova agaragariza gute urukundo n’ikigongwe abacumuzi?

18 Niba ubwacu twarahuvye bikomeye, biroroshe kwumva tuvunitse umutima mu gihe ducumukumuzwa n’ingaruka z’amakosa twakoze. Naho ari ukwo, ntidukwiye kureka ngo habe ikintu kitubuza kwigaya no gusubiza hamwe n’Imana. Mu kinjana ca mbere, Paulo yandikiye Abanyakorinto yuko bakwiye gukura mw’ishengero umugabo yari yaramogoreye ivy’ukugoka. (1 Ab’i Korinto 5:1, 13) Uwo mugabo amaze kwigaya vy’ukuri, Paulo yabwirije iryo shengero ati: ‘Mumuharire mwongere mumwirure kandi mukomeze urukundo kuri we.’ (2 Ab’i Korinto 2:5-8) Muri iyi mpanuro yahumetswe, turabona urukundo n’ikigongwe Yehova agaragariza abacumuzi bigaya. Abamarayika mw’ijuru baranezerwa igihe hari umucumuzi yigaye.​—Luka 15:10.

19. Gutuntuzwa mu buryo bubereye n’ingendo itari yo bishobora gushikana ku ivyiza ibihe?

19 Naho twotuntuzwa n’ingendo itari yo, ukwo kwicuza twiyumvamwo kurashobora kudufasha ‘[kwiyubara] twoye gushira umutima ku vy’ukugabitanya.’ (Yobu 36:21) Nkako, ingaruka zibabaje z’icaha zikwiye kutubuza gusubiramwo iryo kosa. Ikindi, Dawidi yakoresheje ibintu bibabaje yamenyeye mu ngendo yiwe y’icaha mu guhanura abandi. Yavuze ati: “Nzokwigisha inzira yawe abacumura, abanyavyaha baguhindukirire.”​—Zaburi 51:13.

Ubuhirwe Buva ku Gusukurira Yehova

20. Ni ivyiza ibihe biva ku kugamburuka ibisabwa n’Imana bigororotse?

20 Yezu yavuze ati: “Hahirwa abumva ijambo ry’Imana bakaribungabunga!” (Luka 11:28) Kugamburuka ibisabwa n’Imana bigororotse kuzana ubuhirwe ubu no muri kazoza katazohera. Niba twagumye tudahumanye mu nyifato runtu, nimuze tubandanye muri iyo ngendo mu kutagisha intunganyo zose Yehova yagize kugira ngo adusahirize. Niba twaraguye mu bushegabo, nimuze tugumye umutima bivuye ku kumenya yuko Yehova agabirije guharira abigaya vy’ukuri, kandi nimuze twiyemeze kutigera dusubira gukora ico caha.​—Yesaya 55:7.

21. Ni ugushira mu ngiro iyihe nkeburo y’intumwa Petero gushobora kudufasha kuguma tudahumanye mu nyifato runtu?

21 Vuba, iyi si itagororotse igiye guherengetera, kumwe n’inyifato be n’ingeso biranga ubushegabo vyayo vyose. Mu kuguma tutanduye mu nyifato runtu, tuzokwunguka muri iki gihe no mu bihe bidahera. Intumwa Petero yanditse ati: “Abo nkunda, kuko mureretse ivyo, mukwiye kugira umwete wo kuzosangwa mu mahoro, mutagira ikirabagu, mutarik’umugayo imbere yiwe. . . . Kuko musanzwe muzi ivyo, mwirinde ngo ntimutwarwe n’ubuzimire bg’abatirinda, mugata ugushikama kwanyu.”​—2 Petero 3:14, 17.

Woba Ushobora Kubisigura?

• Ni kuki bishobora kugora kuguma umuntu adahumanye mu nyifato runtu?

• Ni uburyo bumwebumwe ubuhe twoshigikira umwiyemezo wacu wo gukurikira ingingo ngenderwako ziri hejuru mu vy’inyifato runtu?

• Ni ivyigwa ibihe dushobora kwigira ku vyaha vya wa musore yavuzwe na Salomo?

• Akarorero ka Dawidi katwigisha iki ku vyerekeye ukwigaya?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 25]

Ni uburinzi kumenyesha abandi aho uhagaze mu vyerekeye inyifato runtu

[Ifoto ku rup. 29]

Kubera yuko Dawidi yihanye bivuye ku mutima, Yehova yaramuhariye