Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abakirisu Batagira Aho Bahengamiye mu Misi y’Iherezo

Abakirisu Batagira Aho Bahengamiye mu Misi y’Iherezo

Abakirisu Batagira Aho Bahengamiye mu Misi y’Iherezo

“S’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi.”​—YOHANA 17:16.

1, 2. Yezu yavuze iki ku biraba imigenderanire abayoboke biwe bogiraniye n’isi, kandi ni ibibazo ibihe amajambo yavuze avyura?

MW’IJORO rya nyuma ry’ubuzima bwiwe ari umuntu atagira agasembwa, Yezu yaratuye isengesho rirerire abigishwa biwe bariko baramwumviriza. Mu gihe yariko aratura iryo sengesho, yaravuze ikintu kidondora ubuzima Abakirisu b’ukuri bose bogize. Mu kuvuga ivyerekeye abayoboke biwe, yagize ati: “Nabahaye ijambo ryawe; kand’ab’isi barabanka, kukw atar’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi. Singusaba ng’ubakūre mw isi, ariko ng’ubarinde wa Mubi. S’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi.”​—Yohana 17:14-16.

2 Yezu yavuze incuro zibiri zose yuko abayoboke biwe batobaye ab’isi. Vyongeye, ukwo kwitandukanya n’isi kwokweze amatati, ni ukuvuga ko isi yobanse. Naho biri ukwo, Abakirisu ntibakwiye gucika intege; Yehova azobazigama. (Imigani 18:10; Matayo 24:9, 13) Turavye amajambo ya Yezu, dushobora guca tubaza duti: ‘Ni kubera iki Abakirisu b’ukuri atari ab’isi? Kutaba uw’isi bisigura iki? Nimba Abakirisu bankwa n’isi, isi bayibona gute? Babona gute canecane intwaro z’isi?’ Inyishu Ivyanditswe bitanga kuri ivyo bibazo zirahambaye kubera yuko zigira ico zikoze kuri twebwe twese.

“Tur’Ab’Imana”

3. (a) Ni igiki gituma dutandukana n’isi? (b) Ni ibiki vyerekana neza yuko isi iri “muri wa Mubi”?

3 Ubucuti bwa hafi dufitaniye na Yehova ni imvo imwe ituma tutaba ab’isi. Intumwa Yohani yanditse ati: “Turazi yuko tur’ab’Imana, kand’isi yose iri muri wa Mubi.” (1 Yohana 5:19) Amajambo Yohani avuga ku vyerekeye isi aragaragara ko ari ay’ukuri. Intambara, ubugizi bwa nabi, ibibi biranga ubunyamaswa, agahahazo, ubugunge be n’ubushegabo birakwiragiye cane muri kino gihe ku buryo vyerekana neza yuko biva ku kosho ka Shetani, atari ku Mana. (Yohana 12:31; 2 Ab’i Korinto 4:4; Abanyefeso 6:12) Igihe umuntu acitse Icabona ca Yehova, ntaba akimogorera ingeso mbi nk’izo canke ngo azishime, kandi ivyo bituma ataba uw’isi.​—Abaroma 12:2; 13:12-14; 1 Ab’i Korinto 6:9-11; 1 Yohana 3:10-12.

4. Ni mu buryo butandukanye ubuhe twerekana ko turi aba Yehova?

4 Yohani yavuze yuko Abakirisu, mu buryo buhushanye n’isi idakomoka ku Mana, bobo “[a]r’ab’Imana.” Abiyegurira Yehova bose ni abiwe. Intumwa Paulo yavuze ati: “Namba turiho, turiho kuba ab’Umwami; kandi namba dupfa, dupfira kuba ab’Umwami. Nuko namba turiho, canke namba dupfa, tur’ab’Umwami.” (Abaroma 14:8; Zaburi 116:15) Kubera ko turi aba Yehova, ni we dusenga gusa. (Kuvayo 20:4-6) Ku bw’ivyo, Umukirisu w’ukuri ntahebera ubuzima bwiwe imigambi kanaka y’isi. Kandi, naho yubaha ibimenyetso vy’igihugu, ntabisenga, haba mu vyo akora, eka no mu mutima wiwe. Nta nkeka ko adasenga barurangiranwa mu vy’inkino canke abandi bantu bagizwe ibigirwamana bo mu bihe vya none. Mugabo ntiwumve, arubahiriza uburenganzira abandi bafise bwo gukora nk’uko bipfuza, ariko agasenga Umuremyi wenyene gusa. (Matayo 4:10; Ivyahishuriwe 19:10) Ico na co nyene kiramutandukanya n’isi.

“Ubgami Bganje S’Ubgo Mur’Iyi Si”

5, 6. Ukuyoboka Ubwami bw’Imana bituma twitandukanya n’isi gute?

5 Abakirisu ni abayoboke ba Kirisitu Yezu bakaba n’abatwarwa b’Ubwami bw’Imana, n’ico nyene kikaba ari igituma bataba ab’isi. Igihe Yezu yariko acirwa urubanza imbere ya Ponsiyo Pilato, yavuze ati: “Ubgami bganje s’ubgo mur’iyi si; iyaba ubgami bganje bgar’ubgo mur’iyi si, abagendanyi banje baba bārwanye, ngo simpabge Abayuda. Ariko noneh’ubgami bganje s’ubg’ino.” (Yohana 18:36) Ubwami ni bwo buryo buzotuma izina rya Yehova ryezwa, ubusegaba bwiwe bukemezwa n’ivyo agomba bigakorwa kw’isi nk’uko bikorwa mw’ijuru. (Matayo 6:9, 10) Mu busuku bwiwe bwose, Yezu yaramamaje inkuru nziza y’Ubwami, maze avuga yuko bwokwamamajwe n’abayoboke biwe gushika kw’iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu. (Matayo 4:23; 24:14) Mu 1914, aya majambo y’ubuhanuzi ari mu Vyahishuriwe 11:15 yararangutse: “Ubgami bg’isi buhindutse ubg’Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’azohora ahangamye ibihe bitazoshira.” Ubu bwa vuba, ubwo Bwami bwo mw’ijuru buzoba bwo butegetsi bwonyene rudende buganza umuryango w’abantu. (Daniyeli 2:44) N’abategetsi b’isi bazoshika aho bategerezwa kwemera icese ubukuru bwiwe.​—Zaburi 2:6-12.

6 Kubera bafise ivyo vyose mu muzirikanyi, Abakirisu b’ukuri muri iki gihe ni abatwarwa b’Ubwami bw’Imana, kandi barakurikira impanuro ya Yezu yo ‘kuguma babanza kwitwararika ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo.’ (Matayo 6:33) Ivyo ntibituma bahemukira igihugu babamwo, mugabo bituma bitandukanya n’isi mu buryo bw’impwemu. Igikorwa nyamukuru Abakirisu bakora muri iki gihe, nk’uko vyari biri mu kinjana ca mbere, ni ‘ugushingira intahe ubwami bw’Imana.’ (Ivyakozwe 28:23) Nta ntwaro y’umuntu n’imwe ifise uburenganzira bwo kuburabuza ico gikorwa cashinzwe n’Imana.

7. Ni kubera iki Abakirisu b’ukuri batagira aho bahengamiye, kandi ivyo bavyerekanye gute?

7 Mu buryo buhuye n’ukuba ari aba Yehova bakaba n’abayoboke ba Yezu be n’abatwarwa b’Ubwami bw’Imana, Ivyabona vya Yehova bagumye ata ho bahengamiye mu mahane yo mu kinjana ca 20 n’ay’ica 21 aba hagati mu bihugu canke hagati y’ibihugu. Nta ruhande na rumwe bashigikiye, nta kirwanisho na kimwe bafashe kugira barwanye umuntu n’umwe, kandi nta poropagande bakwiragije baharanira ikintu na kimwe co mw’isi. Mu kugaragaza bimwe vyibonekeje ukwizera naho nyene bari bahanganye n’icasa n’ukurwanywa gukabije, barakurikiye izi ngingo ngenderwako zabwiwe abategetsi b’Abanazi bo mu Budagi mu 1934 zigira ziti: “Ivya politike nta co tubironderamwo, ariko ubwami bw’Imana butegekwa na Kirisitu Umwami Imana yitoreye ni bwo tuyobokera tugaherezako. Nta n’umwe tuzokomeretsa canke ngo tumugirire nabi. Twohimbarwa n’ukwibera mu mahoro no gukorera iciza abantu bose uko turonse akaryo.”

Intumwa mu Gishingo ca Kirisitu n’Abaserukizi Biwe

8, 9. Ni mu buhe buryo Ivyabona vya Yehova muri iki gihe ari intumwa n’abaserukizi, kandi ivyo bigira ico bikoze gute ku bucuti bafitaniye n’amahanga?

8 Paulo yidondoye yongera adondora n’Abakirisu bagenziwe basizwe ko ari “intumwa mu gishingo ca Kristo, Imana isa n’ībingingira muri [bo].” (2 Ab’i Korinto 5:20; Abanyefeso 6:20) Kuva mu 1914, Abakirisu basizwe impwemu barashobora kuvugwa mu buryo bubereye ko ari intumwa ku bw’Ubwami bw’Imana, ko ari ‘abana’ babwo. (Matayo 13:38; Ab’i Filipi 3:20; Ivyahishuriwe 5:9, 10) Vyongeye, Yehova yarakuye mu mahanga “ishengero ryinshi” ry’ “izindi ntama,” ni ukuvuga Abakirisu bafise icizigiro co kuba kw’isi, kugira bashigikire abo bana basizwe mu gikorwa cabo c’ukuba intumwa. (Ivyahishuriwe 7:9; Yohana 10:16) Izo “zindi ntama” zirashobora kwitwa ‘abaserukizi’ b’Ubwami bw’Imana.

9 Uwuserukira igihugu ciwe be n’abo bakorana ntibisuka mu biraba igihugu bakoreramwo. Muri mwene ubwo buryo nyene, Abakirisu baguma batagira aho bahengamiye mu vya politike y’ibihugu vy’isi. Ntibashigikira canke ngo barwanye umugwi w’igihugu na kimwe, w’ubwoko na bumwe, w’ikibano na kimwe canke umugwi n’umwe wo mu vy’ubutunzi. (Ivyakozwe 10:34, 35) Ahubwo, “[bagirira] bose neza.” (Ab’i Galatiya 6:10) Kubona Ivyabona vya Yehova batagira aho bahengamira bisigura ko ata n’umwe afise imvo yumvikana yo kwanka ubutumwa bwabo yivugisha yuko bifatanije n’umugwi w’irindi bara ry’urukoba, w’ikindi gihugu canke w’ubundi bwoko.

Barangwa n’Urukundo

10. Urukundo ruhambaye ku rugero rungana iki ku Mukirisu?

10 Ikigeretse kuri ivyo duhejeje kuvuga, Abakirisu ntibagira aho bahengamiye mu bintu vy’isi kubera ubucuti bafitaniye n’abandi Bakirisu. Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.” (Yohana 13:35) Urukundo rwa kivukanyi ni rwo rupfunguruzo rwo kuba Umukirisu. (1 Yohana 3:14) Nk’uko biri ku bucuti Umukirisu agiriranira na Yehova be na Yezu, n’ubucuti agiriranira n’abandi Bakirisu ni ubwa somambike. Urukundo rwiwe ntirugarukira ku bo mw’ishengero arimwo. Rurashiramwo “umuryango [wiwe] wose w’abavukanyi uri mw’isi.”​—1 Petero 5:9NW.

11. Urukundo Ivyabona vya Yehova bakundana rwamye rugira ico rukoze gute ku kuntu bigenza?

11 Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova baragaragaza urukundo rwabo rwa kivukanyi mu gushitsa amajambo ari muri Yesaya 2:4, agira ati: “Inkota zabo bazozivunjamw’amasuka, n’amacumu bazoyavunjamw’inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi.” Kubera yuko bigishijwe na Yehova, Abakirisu b’ukuri barafitaniye amahoro n’Imana no hagati yabo. (Yesaya 54:13) Kubera yuko bakunda Imana n’abavukanyi babo, vyoba ari ibitumvikana ko bafata ibirwanisho ngo barwanye Abakirisu bagenzi babo bo mu bindi bihugu, canke uwundi muntu uwo ari we wese wo mu kindi gihugu. Amahoro be n’ubumwe bafitaniye ni umuce ntahara w’ugusenga kwabo, akaba ari ikigaragaza yuko bafise vy’ukuri impwemu y’Imana. (Zaburi 133:1; Mika 2:12; Matayo 22:37-39; Ab’i Kolosayi 3:14) “[Bara]rondera amahoro, [baka]yakurikir[a],” bazi yuko “inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi.”​—Zaburi 34:14, 15.

Ukuntu Abakirisu Babona Isi

12. Ni agatima akahe Yehova agaragariza abantu bo mw’isi Ivyabona vya Yehova bigana, kandi bakigana gute?

12 Yehova yaraciriyeko iteka iyi si, ariko ntaracira urubanza abantu bose bo mw’isi. Ivyo azobigira abicishije kuri Yezu igihe ciwe yashinze kigeze. (Zaburi 67:3, 4; Matayo 25:31-46; 2 Petero 3:10) Mu kurindira, aragaragariza urukundo rukomeye umuryango w’abantu. Mbere yaranatanze Umwana wiwe w’ikinege kugira ngo umuntu wese ashobore kugira akaryo ko kuronka ubuzima budahera. (Yohana 3:16) Bwa Bakirisu, turigana urukundo rw’Imana mu kubwira abandi ivyerekeye intunganyo Imana yagize ku bw’ubukiriro, naho utwigoro tugira akenshi batwiyamiriza.

13. Dukwiye kubona gute abategetsi bo mw’isi?

13 Dukwiye kubona gute abategetsi bo mw’isi? Paulo yarishuye ico kibazo igihe yandika ati: “Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw ata kuganza kutava ku Mana, [“abakuru bahari bahagaze mu nzego zigereranye bashizwemwo n’Imana,” NW].” (Abaroma 13:1, 2) Abantu bari mu bibanza vy’ubukuru ‘mu nzego zigereranye’ (zisumbasumbana, mugabo zama nantaryo ziri munsi y’ubukuru bwa Yehova) kubera ko Mushoboravyose ari we abaye arabiretse. Umukirisu arayoboka ubukuru bwo mw’isi kubera yuko ivyo biri mu bigize ukugamburukira Yehova kwiwe. Tuvuge iki none mu gihe havyutse amahane hagati y’ivyo Imana isaba be n’ivyo intwaro y’umuntu isaba?

Itegeko ry’Imana n’Itegeko rya Kayisari

14, 15. (a) Ni mu buhe buryo Daniyeli yashoboye kwirinda amahane mu bijanye n’ukugamburuka? (b) Ni impagararo iyihe ba Baheburayo batatu bafashe igihe batari gushobora kwirinda amahane mu bijanye n’ukugamburuka?

14 Daniyeli na bagenzi biwe batatu ni akarorero keza k’ukuntu umuntu yogira uburimbane hagati y’ukugamburukira intwaro z’abantu n’ukugamburukira ubukuru bw’Imana. Igihe ba basore bane b’Abaheburayo bari mu bunyagano i Babiloni, baragamburutse amategeko y’ico gihugu maze bidatevye baratorwa kugira ngo bahabwe inyigisho zidasanzwe. Daniyeli amaze kubona ko izo nyigisho zishobora kumushikana ku kurenga ku Vyagezwe vya Yehova, yaraganiriye ivy’ico kibazo n’umushingwabikorwa. Ico vyavuyemwo ni uko hagizwe indinganizo zidasanzwe kugira ijwi ryo mu mutima ry’abo Baheburayo bane ryubahirizwe. (Daniyeli 1:8-17) Ivyabona vya Yehova bakurikira akarorero ka Daniyeli igihe basigurira impagararo yabo abakuru, babigiranye ukwigengesera kugira birinde ingorane zovyuka bidakenewe.

15 Ariko rero, mu nyuma amahane ajanye n’ivyo kuyoboka ntibashoboye kuyirinda. Umwami w’i Babiloni yarashinze ikigirwamana kinini mu kiyaya c’i Dura araheza ategeka abategetsi bakuru, ushizemwo n’abatwara intara uko zari zigabuwe, gukoranira hamwe ku bw’ibirori vy’ukugitanguza. Ico gihe, ba bagenzi batatu ba Daniyeli bari baragenywe kuba abatwara intara ya Babiloni, ugaca wumva rero ko iryo tegeko ryabaraba. Mu gihe kinaka c’ibirori, abari batororokaniye ng’aho bose bategerezwa kwunamira ico gishushanyo. Ariko ba Baheburayo bari bazi yuko ivyo vyari biteye kubiri n’itegeko ry’Imana. (Gusubira mu Vyagezwe 5:8-10) Ni co gituma igihe abandi bose bacunamira, bo bagumye bahagaze. Kubera yuko bagambarariye itegeko ry’umwami, barahatswe gupfa urupfu ruteye ubwoba, ubuzima bwabo burokorwa biciye gusa ku gitangaro; mugabo bahisemwo guhakwa gupfa aho kugambararira Yehova.​—Daniyeli 2:49–3:29.

16, 17. Intumwa zishuye gute igihe bazitegeka guhagarika kwamamaza, kandi kubera iki?

16 Mu kinjana ca mbere, intumwa za Yezu Kirisitu zararengukijwe imbere y’indongozi z’Abayuda i Yeruzalemu, maze zibategeka guhagarika kwamamaza mw’izina rya Yezu. None bavyakiriye gute? Yezu yari yabashinze igikorwa co guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa, Ubuyuda bukaba bwarimwo. Yari yarababwiye kandi ko bobaye ivyabona vyo kumushingira intahe i Yeruzalemu no mu kindi gice c’isi gisigaye. (Matayo 28:19, 20; Ivyakozwe 1:8) Intumwa zari zizi yuko amabwirizwa ya Yezu yagereranya ivyo Imana ibagombako. (Yohana 5:30; 8:28) Ku bw’ivyo rero, bavuze bati: “Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.”​—Ivyakozwe 4:19, 20; 5:29.

17 Intumwa ntizariko ziragarariza. (Imigani 24:21) Ariko rero, igihe abategetsi b’abantu bababuza gukora ivyo Imana igomba, bashoboye kuvuga gusa ngo, ‘Dutegerezwa kwumvira Imana, si abantu.’ Yezu yavuze ko dukwiye ‘guha Kayisari ivyiwe, ariko ivy’Imana tukabiha Imana.’ (Mariko 12:17) Turamutse tugambaraye ibwirizwa ry’Imana kubera umuntu ari we abitubwiye, ivy’Imana twoba turiko tubiha umuntu. Aho kubigenza gutyo, turaha Kayisari ivyo dutegerezwa kumuha vyose, mugabo tukemera icese ubukuru buri hejuru ya vyose bwa Yehova. Ni we Segaba w’ibiremwa vyose, Umuremyi, Soko bwite ry’ubukuru.​—Ivyahishuriwe 4:11.

Tuzohagarara Dushikamye

18, 19. Ni impagararo y’akarorero iyihe abavukanyi bacu benshi bafashe, kandi dushobora gute gukurikira akarorero kabo?

18 Ubu, nyinshi mu ntwaro z’isi ziratahura impagararo Ivyabona vya Yehova bafise y’ukutagira aho bahengamiye, kandi turakenguruka ku bw’ivyo. Ariko rero, mu bihugu bimwebimwe, Ivyabona barahanganye n’ukurwanywa gukaze. Mu kinjana ca 20 cose no gushika iki gihe tugezemwo, bamwebamwe mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu bararwanye mu buryo bw’impwemu babigiranye inkomezi, barwana “intambara nziza yo kwizera.”​—1 Timoteyo 6:12.

19 Dushobora gute guhagarara dushikamye nka bo? Ubwa mbere, turibuka yuko dutegerezwa kwitega ukurwanywa. Ntidukwiye gukubitwa n’inkuba canke mbere gutangara igihe duhuye n’ukurwanywa. Paulo yagabishije Timoteyo ati: “Abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu, bazohamwa.” (2 Timoteyo 3:12; 1 Petero 4:12) Mw’isi, aho akosho ka Shetani kiganje, vyoshoboka bite ko tudahura n’ukurwanywa? (Ivyahishuriwe 12:17) Igihe cose tuzoba turi abizerwa, hazokwama hariho abantu bamwebamwe ‘batangara maze bakaturementaniriza.’​—1 Petero 4:4.

20. Ni ukuri gukomeza ukuhe twibutswa?

20 Ubwa kabiri, twarajijutse yuko Yehova n’abamarayika biwe bazodushigikira. Nk’uko Elisa wo mu gihe ca kera yabivuze, “abo turi kumwe [n]i benshi kuruta abari kumwe na bo.” (2 Abami 6:16; Zaburi 34:7) Kubera intumbero nziza Yehova ubwiwe afise, vyoshoboka ko areka umukazo uturuka ku baturwanya ukabandanya mu gihe kinaka. Naho biri ukwo, azokwama aduha inkomezi zikenewe kugira twihangane. (Yesaya 41:9, 10) Bamwebamwe barahasize ubuzima, ariko ivyo ntibiduca ivutu. Yezu yavuze ati: “Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane-cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubiri muri Gehinomu.” (Matayo 10:16-23, 28) Turi gusa “inyambukīra” muri uru runkwekwe rw’ibintu. Dukoresha umwanya dufise ng’aha kugira “[du]cakire ubu[zima] nyakuri,” ubuzima budahera mw’isi nshasha y’Imana. (1 Petero 2:11; 1 Timoteyo 6:19) Nta muntu n’umwe ashobora kutunyaga iyo mpera igihe cose tugumye turi abizerwa ku Mana.

21. Dukwiye kugumiza iki mu muzirikanyi?

21 Ku bw’ivyo, nimuze twibuke ubucuti bw’agaciro dufitaniye na Yehova Imana. Ese twokwama dukenguruka umuhezagiro dufise wo kuba abayoboke ba Kirisitu n’abatwarwa b’Ubwami. Nimuze dukunde n’umutima wacu wose abavukanyi bacu, kandi ese twokwama duhimbarwa n’urukundo badukunda. Ikiruta vyose, nimuze twumvire amajambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Ni witege Uhoraho: rema, umutima wawe uhūmure: nuko, ni witege Uhoraho.” (Zaburi 27:14; Yesaya 54:17) Maze, nka kumwe kw’Abakirisu badaharurika batuboneye izuba, tuzohagarara dushikamye dufise icizigiro cacu ntakekeranywa, turi Abakirisu b’abizerwa batagira aho bahengamiye, batari ab’isi.

Woshobora Kubisigura?

• Ubucuti dufitaniye na Yehova budutandukanya gute n’isi?

• Bwa batwarwa b’Ubwami bw’Imana, tugumana gute impagararo yo kutagira aho duhengamiye muri iyi si?

• Ni mu buryo butandukanye ubuhe urukundo dukunda abavukanyi bacu rutuma tutagira aho duhengamiye, rugatuma twitandukanya n’isi?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 15]

Ukuyobokera Ubwami bw’Imana kwacu kugira ico gukoze gute ku bucuti dufitaniye n’isi?

[Ifoto ku rup. 16]

Umuhutu n’Umututsi bakorana banezerewe

[Ifoto ku rup. 17]

Abayahudi n’Abarabu b’abavukanyi bakirisu

[Ifoto ku rup. 17]

Abakirisu bo muri Serebiya, Bosiniya na Korowasiya barinovora ubugenzi bagiranira

[Ifoto ku rup. 18]

Ni ingendo ibereye iyihe twofata igihe abategetsi badutegetse kurenga kw’itegeko ry’Imana?