Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’Abasomyi

Ibibazo vy’Abasomyi

Ibibazo vy’Abasomyi

Vyoba ari bibi kuja mu vy’akamari no mu gihe amahera yo gukinira yoba ari makeyi gusa?

Ijambo ry’Imana ntirivuga ivy’akamari ido n’ido, mugabo ivyo rivuga birahagije kugira ngo ryerekane yuko akamari kose gateye kubiri n’ingingo ngenderwako za Bibiliya. * Nk’akarorero, birazwi cane yuko akamari kavyura umwina. Ico conyene ni ikintu gihambaye ku Bakirisu, kubera Bibiliya ivuga yuko “abantu b’abanyamwina” (NW) batazoragwa Ubwami bw’Imana, kandi ukugira umunoho ikaba iguharura mu vyo gusenga ibigirwamana.​—1 Ab’i Korinto 6:9, 10; Ab’i Kolosayi 3:5.

Gutera akamari biravyura kandi ukwigungirako be n’agatima ko guhiganwa kabi, ni ukuvuga icipfuzo gikomeye co gutsinda. Intumwa Paulo yaratugabishije ku bintu nk’ivyo igihe yandika ati: “Ntitwi[shire imbere], ngo twandurutsanye, tugiriranire ishari.” (Ab’i Galatiya 5:26) Ikigeretseko, akamari karatsimbataza mu bantu bamwebamwe ukwizigira igihamana gushingiye ku kwemera ibintazi. Abatera akamari baratsimbataza ubwoko bwose bw’ukwemera ibintazi, bizigiye kuronka umugisha. Biratwibutsa ba Bisirayeli b’ibihemu ‘baterekera [“imana y’Ibahati,” NW], bagaturiraniriza [“imana y’Ikibariro,” NW].’​—Yesaya 65:11.

Bamwebamwe bashobora kwiyumvira yuko gukinira amahera makeyi mu gihe bakina kigenzi amakarata canke za nkino zikinirwa ku rubaho n’incuti canke n’abagenzi somambike ko ari ukwisamaza gusa ata kibi birimwo. Ego ni ko, umuntu akinira amahera makeyi ashobora kutabona ubwiwe ko ari umunyamwina, uwikumirako, uwuhiganwa canke uwemera ibintazi. Mugabo, ni inkurikizi iyihe ukwo gutera akamari gushobora kugira ku bantu bariko baragakinana? Abantu benshi batwawe n’ivyo gutera akamari batanguye gukinira utuntu dukeyi ‘bashaka kwisamaza gusa.’ (Luka 16:10) Ukwisamaza kwasa n’uko ata kibi kurimwo kwahavuye guhinduka ikintu kirushirije kuba kibi kuri bo.

Ivyo ni na kwo biri canecane igihe biba vyerekeye abana. Abana benshi bumvise biryoshe gutsindira amahera makeyi maze bashaka gutsindira ayarushirije kuba menshi. (1 Timoteyo 6:10) Itohoza rimwe ryamaze igihe kirekire ryasohowe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’Inama y’i Arizona yiga Ukuntu ivy’Akamari Vyizizira Abantu riremeza yuko abantu benshi biziziwe no gutera akamari batanguye kuva bakiri bato cane, “batangurira ku gushinga amahera makeyi yo gukinira mu bihe vy’inkino, canke bagatangurira ku gukina amakarata n’abagenzi canke n’incuti.” Iyindi raporo ivuga yuko “abana batangurira gutera akamari i muhira, akenshi bagahera ku gukina amakarata n’umuryango be n’abagenzi.” Iyo raporo yongerako yuko “ibice mirongo itatu kw’ijana vy’abana bateye akamari batanguye kubigira imbere yuko bashikana imyaka cumi n’umwe y’amavuka.” Imiyabaga myinshi itera akamari amahera ikoresha muri urwo rukino iyakura mu bukazi canke mu bushegabo, nk’uko itohoza rimwe (Why Do People Gamble Too Much​—Pathological and Problem Gambling [Igituma Abantu Batera Akamari Birenze Urugero: Ukuntu ivy’Akamari Vyizizira Abantu be n’Ingorane Bitera]) ribivuga. Ese ukuntu ari inkurikizi zibabaje ziterwa n’ikintu mu ntango gishobora kuba casa n’uko ata kibi kirimwo!

Kubera yuko tuba mw’isi isanzwemwo imitego be n’inyosha mbi nyinshi cane, ni kubera iki twokwishira mu kaga k’uwundi mutego bidakenewe? (Imigani 27:12) Gutera akamari, haba igihe abana bahari canke batahari, kwaba ari ugukinira amahera makeyi canke menshi, birageramira kamere y’ivy’impwemu, kandi umuntu akwiye kuvyirinda. Abakirisu baryoherwa n’ivyo gukina inkino zikinirwa ku kibaho canke z’amakarata nka bwo buryo bwo kwisamaza vyoba vyiza bagiye barandika ku rupapuro ivyo batsindanye, canke bagakina gusa kugira binezereze ata kwandika ivyo batsindanye. Abakirisu b’inkerebutsi bitwararika kamere yabo bwite y’ivy’impwemu kimwe n’iya bagenzi babo be n’umuryango wabo baririnda umugenzo wo gutera akamari, naho kwoba ari ugukinira amahera makeyi.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 3 Igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) gisigura akamari ko ari “ugutomboza ico urukino ruja gushikako, uko ibintu bija kumera, canke ibintu bishika ku gihamana.” Kivuga kandi yuko “abatera canke abakina akamari kenshi batsibira amahera . . . nko mu nkino z’igihamana nka loteri, ugukina amakarata be n’urukino bita rudo.”