Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingoro z’Ubwami Ziruguruye ku Muntu Wese

Ingoro z’Ubwami Ziruguruye ku Muntu Wese

Reka Abamamaji b’Ubwami Batuyagire

Ingoro z’Ubwami Ziruguruye ku Muntu Wese

MU GIHE Yezu Kirisitu yariko aramenyereza abigishwa biwe ku bw’ubusuku boranguriye ku mugaragaro, yabaremesheje “[ku]vugir[a] ku mazu hejuru.” (Matayo 10:27) Emwe, bategerezwa kurangurira ubusuku bwabo bwa gikirisu ku mugaragaro, mu maso ya bose. Mu gushira mu ngiro iyo mpanuro, igikorwa Ivyabona vya Yehova bakora na co nyene kirangurirwa ku mugaragaro. Ukwo gukorera ku mugaragaro vyatumye Ivyabona batsinda ukurwanywa maze barabonwa neza.

Naho amakoraniro y’ishengero y’Ivyabona vya Yehova ata muntu yimiriwe kuyajamwo, ukubavuga uko batari gutuma abantu bamwebamwe bagonanwa kwinjira mu Ngoro y’Ubwami. Ivyo ni ko biri mu gihugu ca Finilande. Abandi bumva gusa batinyatinya kuja mu bibanza batamenyereye. Igihe Ingoro y’Ubwami nshasha yubatswe canke iyari ihari igasanurwa, hararinganizwa ivy’ukuyirata. Hashobora kugirwa akigoro kadasanzwe ko gutumira ababanyi kugira ngo bayigendere bongere bamenye igikorwa Ivyabona vya Yehova barangura.

Mu karere kamwe, Ivyabona baratunganije ivy’ukugira isekeza ryo gutanga ibinyamakuru ku musi nyene bagirirako ivy’ukurata Ingoro y’Ubwami yabo nshasha. Ivyabona babiri barahuye n’umugabo ageze mu zabukuru yavuze ko yanezerererwa gusoma ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Nya bavukanyi baramubwiye ivy’uko uwo musi hariho irata ry’Ingoro y’Ubwami maze bamusaba kumutwarayo. Nya mugabo yavuze ko yohimbarwa no kwifatanya na bo. Umugore wiwe, amaze kwumviriza ico kiganiro, yaciye asemerera ati: “Ntunsige!”

Amaze kwinjira mu Ngoro y’Ubwami, nya mugabo yaritegereje hirya no hino araheza avuga ati: “Iyi ntiyirabura na gato. Emwe! Irateye igomwe kandi irakayangana. Bari bambariye yuko Ingoro y’Ubwami yobaye yirabura!” Uwo mugabo n’umugore barahagumye umwanya utari muto hanyuma barasaba bimwebimwe mu bisohokayandikiro vyari vyerekanywe.

Ishengero rimwe ryarashatse gusohora itanganzo mu kinyamakuru co muri ako karere ryerekeye ivy’ukurata Ingoro y’Ubwami yabo mu gihe c’ukuyinjira. Amaze kuronka itangazo ry’ivyo birori, uwujejwe ivy’ukwandika ico kinyamakuru yasavye ko hagira ikiganiro candikwa kuri ico kintu. Abavukanyi baremeye, maze mu nyuma gatoyi, ikiganiro ciza gikwiye ku gice c’urupapuro caraserutse muri nya kinyamakuru, kikaba carimwo ivy’ivyo birori, kandi kikadondora ibikorwa ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ryo muri ako karere rirangura.

Nya kiganiro kimaze gusohorwa, Icabonakazi ageze mu zabukuru ariko atubatse yarahuye n’umubanyi, uwamubwiye ati: “Hari ikiganiro ciza igitangaza kivuga ivyerekeye Ivyabona vya Yehova casohotse mu kinyamakuru uyu musi!” Nya muvukanyikazi yarashoboye gushinga intahe maze mu nyuma aranamusigira agatabu Les Témoins de Jéhovah du xxe siècle (Ivyabona vya Yehova bo mu Kinjana ca Mirongo Ibiri).

Uretse gutomora ivyiyumviro bitari vyo abantu bari bafise ku Vyabona vya Yehova, indinganizo nk’izo zijanye n’ivy’ukurata be n’amaporogarama yo kwinjira Ingoro z’Ubwami nshasha vyarakabuye abamamaji mu kubaremesha gutumira abantu benshi kuruta kwitaba amakoraniro. Ni vyo, mu turere twinshi, harimwo n’igihugu ca Finilande, abantu baramenye yuko Ingoro z’Ubwami z’Ivyabona vya Yehova zuguruye ku muntu wese.