Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Mugire Ingeso Nziza mu Mahanga”

“Mugire Ingeso Nziza mu Mahanga”

“Mugire Ingeso Nziza mu Mahanga”

“Mwubahe abantu bose; mukunde [“umuryango wose w’abavukanyi,” NW.”​—1 PETERO 2:17.

1, 2. (a) Ni ibiki umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru kimwe yavuze ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova? (b) Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bihatira kwumira ku ngingo mfatirwako ziri hejuru zijanye n’uburyo bigenza?

HARASHIZE imyaka umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru kimwe wo mu gisagara ca Amarillo, muri Leta ya Texas muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika agendeye amadini atandukanye yo muri ako karere, hanyuma aratanga amakuru ku vyo yari yatohoje. Hari umugwi umwe wamutangaje utari umeze nk’iyindi. Yavuze ati: “Mu myaka itatu yose, naritavye amahwaniro y’Ivyabona vya Yehova agirwa uko umwaka utashe yabereye mu nyubakwa imwe (Amarillo Civic Center) yo muri ico gisagara. Uko nagendagenda muri bo, nta n’umwe nigeze mbona atumura isegereti, yugurura icupa ry’ikiyeri, canke akoresha imvugo iteye isoni. Ryari ishengero ry’abantu ntari bwigere mbona basukuye kurusha abandi bose, bigenza neza, bambaye rupfasoni, bifata kigenzi kurusha abandi bose.” Amajambo meza nk’ayo arakunda kwandikwa ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova. Ni kubera iki Ivyabona kenshi na kenshi bahayagizwa n’abantu badasangiye na bo ukwemera?

2 Mu bisanzwe, abasavyi b’Imana bahayagizwa kubera bigenza neza. Naho ingingo mfatirwako muri rusangi ziriko ziratituka, Ivyabona vya Yehova babona ko kwisunga ingingo mfatirwako ziri hejuru zijanye n’uburyo bigenza ari ngombwa, ko ari umuce ugize ugusenga kwabo. Barazi ko ibikorwa vyabo bigira ico bikoze kuri Yehova no ku bavukanyi babo bakirisu, kandi barazi yuko bigenjeje neza bituma ukuri bamamaza kwemerwa. (Yohana 15:8; Tito 2:7, 8) Nimuze rero turabe ukuntu dushobora kugira ingeso nziza, gutyo tukabandanya gutuma Yehova n’Ivyabona vyiwe bavugwa neza, twongere turabe n’ukuntu tubigenjeje gutyo tuvyungukirako.

Umuryango wa Gikirisu

3. Imiryango ya gikirisu ikeneye gukingirwa iki?

3 Rimbura ukuntu twigenza mu muryango. Igitabu kimwe (Die Neuen Inquisitoren: Religionsfreiheit und Glaubensneid [Abaperereji Bashasha: Umwidegemvyo wo Gusenga be n’Igono ryo mu vy’Idini]), canditswe na Gerhard Besier be na Erwin K. Scheuch, kivuga giti: “Ku [Vyabona vya Yehova] umuryango ni ikintu gikwiye gukingirwa bimwe bidasanzwe.” Ayo majambo ni ay’ukuri, kandi muri kino gihe, hariho ingeramizi nyinshi umuryango ukeneye gukingirwa. Hariho abana “batumvira abavyeyi” be n’abakuze “badakunda n’ababo” canke “batigarura.” (2 Timoteyo 3:2, 3) Mu miryango ni ho habera ubukazi hagati y’abubakanye, abavyeyi barakorera amabi abana babo canke bakabirengagiza, abana na bo baragarariza, barisuka mu vy’ibiyayura umutwe no mu vy’ubushegabo, canke bagahunga i muhira. Ivyo vyose biva ku kosho gasambura k’‘impwemu y’isi.’ (Abanyefeso 2:1, 2) Turakeneye gukingira imiryango yacu iyo mpwemu. Uti gute? Mu kwumvira impanuro n’ubuyobozi Yehova aha abagize umuryango.

4. Ni amabanga ayahe abagize umuryango wa gikirisu bajejwe hagati yabo?

4 Abagabo n’abagore bakirisu baratahura yuko hari ivyo bategerezwa kugiriranira mu vy’akanyengetera, mu vy’impwemu no mu vy’umubiri. (1 Ab’i Korinto 7:3-5; Abanyefeso 5:21-23; 1 Petero 3:7) Abavyeyi bakirisu barafise amabanga aremereye bajejwe ku bana babo. (Imigani 22:6; 2 Ab’i Korinto 12:14; Abanyefeso 6:4) Kandi ukwo abana bo mu miryango y’Abakirisu bakura, ni ko bamenya yuko na bo nyene bafise amabanga bajejwe. (Imigani 1:8, 9; 23:22; Abanyefeso 6:1; 1 Timoteyo 5:3, 4, 8) Kurangura amabanga yo mu muryango bisaba akigoro, umwiyemezo be n’agatima k’urukundo n’ukwitanga. Ariko rero, uko abagize umuryango bose barushiriza gushitsa amabanga bashinzwe n’Imana, ni ko umwe wese arushiriza kubera kirumara mugenziwe kandi akabera kirumara ishengero. Igihambaye kuruta, baratera iteka Nyene gutanguza umuryango ari we Yehova Imana.​—Itanguriro 1:27, 28; Abanyefeso 3:15.

Ikivukano ca Gikirisu

5. Ni imihezagiro iyihe turonkera mu kwifatanya n’Abakirisu bagenzi bacu?

5 Bwa Bakirisu, turafise kandi amabanga tujejwe ku bo dusangiye ukwemera mw’ishengero, eka no ku bagize “umuryango . . . wose w’abavukanyi uri mw’isi.” (1 Petero 5:9NW) Ubucuti tugiriranira n’ishengero ni ngirakamaro ku magara yacu yo mu vy’impwemu. Igihe twifatanije n’Abakirisu bagenzi bacu, turinovora ubugenzi buremesha be n’imfungurwa ndemamubiri zo mu vy’impwemu ziva kuri “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45-47NW) Mu gihe dufise ingorane, turashobora kwitura abavukanyi bacu kugira ngo baduhe impanuro nziza zishingiye ku ngingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. (Imigani 17:17; Umusiguzi 4:9; Yakobo 5:13-18) Igihe hari ivyo dukeneye, abavukanyi bacu ntibaca baduheba. Ese ukuntu ari umuhezagiro kuba turi mu bagize ishirahamwe ry’Imana!

6. Paulo yerekanye gute ko dufise amabanga tujejwe ku bandi Bakirisu?

6 Ariko rero, ntituri mw’ishengero kugira gusa duhabwe; turiyo kugira kandi dutange. Kukaba nkako, Yezu yavuze ati: “Gutanga kuzana [agahimbare], kuruta guhabga.” (Ivyakozwe 20:35) Intumwa Paulo yarashimitse ku gatima ko gutanga igihe yandika ati: “Tugumye ukwatura ivyizigiro vyacu ntikunyiganyige, kuk’uwasezeranye ar’uwo kwizerwa, kandi twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza, twoye guheba gukoranira hamwe, nk’uko bamwe bagira, ariko duhanūrane [“turemeshanye,” NW], kand’uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza murtyo.”​—Abaheburayo 10:23-25.

7, 8. Twerekana gute agatima ko gutanga mw’ishengero ryacu be no ku Bakirisu bo mu bindi bihugu?

7 Mw’ishengero, turagira “ukwatura ivyizigiro vyacu” igihe dutanga insasanuro mu gihe c’ikoraniro canke igihe tugira uruhara mu bundi buryo muri iyo porogarama. Utwo twigoro nta gukeka ko turemesha abavukanyi bacu. Turabaremesha kandi biciye ku biganiro tugiriranira imbere be n’inyuma y’ikoraniro. Ico ni co gihe dushobora gukomeza abagoyagoya, kwirura abatuntuye be no kuremesha abarwaye. (1 Ab’i Tesalonike 5:14) Abakirisu b’inziraburyarya ni abakunda gutanga muri mwene ubwo buryo, ari na co gituma abantu benshi bitaba amakoraniro yacu ari bwo bwa mbere batangazwa n’urukundo babona hagati yacu.​—Zaburi 37:21; Yohana 15:12; 1 Ab’i Korinto 14:25.

8 Ariko rero, urukundo rwacu ntirugarukira kw’ishengero ryacu bwite gusa. Rurashiramwo n’umuryango wacu wose w’abavukanyi uri mw’isi yose. Ni co gituma nk’akarorero hariho udusandugu tw’intererano ku bw’Ikigega c’Ingoro z’Ubwami mu Ngoro y’Ubwami imwimwe yose. Ingoro y’Ubwami yacu bwite ishobora kuba imeze neza, mugabo turazi yuko Abakirisu bagenzi bacu ibihumbi n’ibihumbi bo mu bindi bihugu batagira ikibanza kibereye bakoraniramwo. Igihe duterereye ku bw’Ikigega c’Ingoro z’Ubwami, tuba twerekanye urukundo dukunda abantu nk’abo naho tutoba tubazi umwumwe ukwiwe.

9. Ni imvo nyamukuru iyihe ituma Ivyabona vya Yehova bakundana?

9 Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bakundana? Emwe, Yezu yabategetse kubigenza gutyo. (Yohana 15:17) Kandi urukundo bafitaniye ni ikimenyamenya c’uko impwemu y’Imana iriko irabakoreramwo haba ku muntu wese ukwiwe canke uko bagize umugwi. Urukundo ruri mu bigize ‘ivyamwa vy’impwemu.’ (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Uko Ivyabona vya Yehova biga Bibiliya, bakitaba amakoraniro ya gikirisu kandi bagasenga Imana n’ubwira, urukundo rucika urusanzwe muri bo naho baba mw’isi aho ‘urukundo rwa benshi rwatimvye.’​—Matayo 24:12.

Ivyo Tugirana n’Ikibano Tubayemwo

10. Ni ibanga irihe tujejwe ku kibano tubayemwo?

10 “Ukwatura ivyizigiro vyacu” Paulo yavuze kuratwibutsa irindi banga tujejwe. Ukwo kwatura kurimwo igikorwa co kwamamaza inkuru nziza ku bantu bataracika abavukanyi bacu bakirisu. (Matayo 24:14; 28:19, 20; Abaroma 10:9, 10, 13-15) Ukwamamaza nk’ukwo ni ikindi gikorwa c’ugutanga. Kukigiramwo uruhara bisaba umwanya, inguvu, umwiteguro, ukumenyerezwa be n’ugukoresha ubutunzi bwacu. Yamara, Paulo yanditse kandi ati: “Abagiriki bo n’abanyamahanga badebagura, abanyabgenge bo n’ibipfu, ndi n’umwenda wabo; ni co gituma jeho kubganje niteguye kubabgira ubutumwa bgiza namwe mur’i Roma.” (Abaroma 1:14, 15) Nka kumwe kwa Paulo, ese tutoba ingumyi uko turiha uwo “mwenda.”

11. Ni ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zibiri izihe zigenga ubucuti tugiranira n’isi, mugabo naho ari ukwo ni igiki dutahura?

11 Hoba hari ayandi mabanga tujejwe ku bantu tudasangiye ukwemera? Nta gukeka. Ego ni ko turatahura yuko “isi yose iri muri wa Mubi.” (1 Yohana 5:19) Turazi yuko Yezu yavuze ku vyerekeye abigishwa biwe ati: “S’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi.” Yamara, tuba mw’isi, ikaba ari yo turonkeramwo ibitubeshaho, kandi hakaba hari n’ivyo ikora twungukirako. (Yohana 17:11, 15, 16) Gutyo, hariho ivyo dusabwa muri kino kibano tubayemwo. Ivyo dusabwa ni ibiki? Intumwa Petero yarishuye ico kibazo. Gatoyi imbere yuko Yeruzalemu hasangangurwa, yarandikiye ikete Abakirisu bari muri Aziya Ntoyi, kandi imirongo mikeyi yo muri iryo kete iradufasha kugiranira ubucuti buri ku burimbane n’isi.

12. Ni mu buhe buryo Abakirisu ari “inyambukīra n’ingenzi,” kandi kubera ko bameze gutyo, bakwiye kwirinda ibiki?

12 Mu gutangura, Petero yavuze ati: “Abo nkunda, ndabinginga, ko mur’inyambukīra n’ingenzi mwirinde ivyifuzo vy’umubiri birwanya ubugingo.” (1 Petero 2:11) Tubivuze mu buryo bw’impwemu, Abakirisu b’ukuri ni “inyambukīra n’ingenzi” mu buryo bw’uko ivyo bashirako umutima mu buzima bwabo ari icizigiro c’ubuzima budahera, mw’ijuru kuri bamwe basigwa impwemu, ku “zindi ntama” na bo mw’iparadizo yo kw’isi yo muri kazoza. (Yohana 10:16; Ab’i Filipi 3:20, 21; Abaheburayo 11:13; Ivyahishuriwe 7:9, 14-17) None ivyipfuzo vy’umubiri ni iki? Ivyo birimwo ibintu nk’icipfuzo co kuba umutunzi, icipfuzo co kuba rurangiranwa, ivyipfuzo vy’ubushegabo be n’ivyipfuzo bidondorwa ko ari “igono” no “kwifuza ivy’abandi.”​—Ab’i Kolosayi 3:5; 1 Timoteyo 6:4, 9; 1 Yohana 2:15, 16.

13. Ivyipfuzo vy’umubiri “birwanya ubugingo [bwacu]” gute?

13 Ivyipfuzo nk’ivyo mu vy’ukuri “bi[ra]rwanya ubugingo [bwacu].” Biratitura ubucuti dufitaniye n’Imana maze bigashira mu kaga icizigiro cacu ca gikirisu (“ubugingo” bwacu canke ubuzima bwacu). Nk’akarorero, niba dutsimbataje ugushimishwa n’ibintu vy’ubushegabo, twoshobora gute kwitangako “ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana”? Niba tuguye mu mutego w’ugukunda amaronko, twoba turiko ‘tubanza kwitwararika ubwami’ gute? (Abaroma 12:1, 2; Matayo 6:33; 1 Timoteyo 6:17-19) Ingendo irushirije kuba nziza ni ugukurikira akarorero ka Musa, tugaha umugongo ibintu bikwegera vy’isi, maze tugashira umurimo wa Yehova mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu. (Matayo 6:19, 20; Abaheburayo 11:24-26) Ico ni ikintu gihambaye kugira ngo dushike ku kugiranira n’isi ubucuti buri ku burimbane.

‘Tugire Ingeso Nziza’

14. Ni kubera iki bwa Bakirisu twihatira kugira ingeso nziza?

14 Iyindi nyobozo ngirakamaro tuyisanga mu majambo akurikira ya Petero agira ati: “Mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.” (1 Petero 2:12) Bwa Bakirisu, turihatira kuba intangakarorero. Kw’ishure, turiga dushirutse ubute. Ku kazi, turakunda ibikorwa kandi tukaba inzirabugunge, mbere naho umukoresha wacu yoba asa n’uwutagira ibitegereka. Mu bo mu rugo badasangiye idini, umugabo canke umugore ari Icabona aragira akigoro kadasanzwe ko gukurikira ingingo ngenderwako za gikirisu. Ntivyama vyoroshe, mugabo turazi ko twigenjeje mu buryo bw’intangakarorero biheza bigahimbara Yehova, kandi akenshi bikagira ingaruka nziza ku batari Ivyabona.​—1 Petero 2:18-20; 3:1.

15. Tuzi gute ko ingingo mfatirwako ziri hejuru zijanye n’ukuntu Ivyabona vya Yehova bigenza zizwi hose?

15 Ivy’uko Ivyabona vya Yehova batari bake berewe mu kuguma ku ngingo mfatirwako z’akarorero kubonekera mu majambo meza aberekeye yagiye aravugwa yasohowe uko imyaka yagiye irengana. Nk’akarorero, ikinyamakuru kimwe co mu Butaliyano (Il Tempo) cashikirije ibi: “Abantu bakorana n’Ivyabona vya Yehova bavuga ko Ivyabona ari abakozi b’inzirabugunge, bajijutse cane ku vyerekeye ukwizera kwabo ku buryo bashobora kuboneka nk’abatwawe n’ukwo kwizera; naho biri ukwo, barakwiye kwubahwa kubera ukutadohoka kwabo mu vy’ukwigenza runtu.” Ikindi kinyamakuru c’Icongereza (Herald) co mu gisagara ca Buenos Aires (Soma, biwenozere) mu gihugu ca Argentine, cavuze giti: “Ivyabona vya Yehova baragaragaje uko imyaka yagiye irengana ko ari abanyagihugu bakora bagatama, badafata ibintu minenegwe, badasesagura, kandi batinya Imana.” Incabwenge imwe yo mu Burusiya ari yo Sergei Ivanenko yavuze ati: “Ivyabona vya Yehova barazwi kw’isi yose ko ari abantu bagamburuka amategeko neza, na canecane barazwi kubera agatima bafise ko kwitwararika kuriha amakori.” Umuyobozi w’inyubakwa imwe yo muri Zimbabwe yakoreshejwe n’Ivyabona vya Yehova ku bw’ihwaniro ryabo yavuze ati: “Naritegereza Ivyabona bariko batoragura ibipapuro vyahakorokeye bongera basukura utuzu twa surwumwe. Nya kibanza c’ibikino bagisize gisukuye kuruta uko cari kiri. Imiyabaga yanyu irafise ingingo ngenderwako yisunga. Ese iyo isi yose iba yuzuye Ivyabona vya Yehova”!

Ukuyoboka kwa Gikirisu

16. Ni ubucuti ubuhe tugiranira n’abakuru bo mw’isi, kandi kubera iki?

16 Petero aravuga kandi ivyerekeye ubucuti tugiranira n’abakuru bo mw’isi. Avuga ati: “Kubg’Umwami wacu, ubukuru bgose bgashizweho n’abantu mubugamburukire: ar’umwami, ku kw ari we gaheta; cank’abakuru, kukw ari bo atuma guhana inkozi z’ibibi no gushima inkozi z’ivyiza. Kukw ivy’Imana igomba ar’uk’ugukora neza kwanyu kuba agahomerabunwa ku bantu b’imburabgenge ba[vuga amajambo y’ukutamenya].” (1 Petero 2:13-15) Turakenguruka ivyiza turonkera ku ntwaro iba irimwo urutonde, kandi tuyobowe n’amajambo ya Petero, turagamburuka amategeko ishinga tukongera tukariha amakori dusabwa. Naho twemera icese uburenganzira intwaro zahawe n’Imana bwo guhana abarenga ku mategeko, imvo nyamukuru ituma tuyobokera ubukuru bwo mw’isi ni “kubg’Umwami wacu.” Ni vyo Imana igomba. Vyongeye, ntitwipfuza gutukisha izina rya Yehova mu guhanwa kubera twakoze ikibi.​—Abaroma 13:1, 4-7; Tito 3:1; 1 Petero 3:17.

17. Igihe “abantu b’imburabgenge” baturwanije, ni igiki dushobora kwizigira tudakeka?

17 Ikibabaje, “abantu b’imburabgenge” bamwebamwe bafise ubukuru baraduhama canke bakaturwanya mu bundi buryo, nk’ukuremesha ivyo kudusiga iceyi. Naho biri ukwo, igihe kibereye Yehova yashinze kigeze, ibinyoma vyabo vyama bishirwa ku kabarore, n’“amajambo y’ukutamenya” yabo mu vy’ukuri agacika akamizwe n’ingoma. Ukuntu tuzwi ko twigenza rukirisu ubwavyo birivugira. Ni co gituma abakuru b’inzirabugunge bo mu ntwaro akenshi badukeza ko dukora ivyiza.​—Abaroma 13:3; Tito 2:7, 8.

Abagurano b’Imana

18. Bwa Bakirisu, ni mu buhe buryo dushobora kwirinda gukoresha nabi umwidegemvyo dufise?

18 Petero ubu na ho atugabisha ati: “Ngo mube nk’abidegemvya, arikw atar’ukugira umwidegemvyo wanyu igitwikirizo c’inzigo, ariko mube nk’abagurano b’Imana.” (1 Petero 2:16; Ab’i Galatiya 5:13) Muri kino gihe, ubumenyi dufise bwerekeye ukuri kwa Bibiliya buratuma twidegemvya tukava mu nyigisho z’idini y’ikinyoma. (Yohana 8:32) Vyongeye, turafise uburenganzira bwo kwifatira ingingo, tugashobora no kwihitiramwo ico twokora. Mugabo, ntidukoresha nabi umwidegemvyo dufise. Igihe duhitamwo abo twogira abagenzi, ivyambarwa, uburyo bwo kwitunganya n’ukwisamaza, mbere n’ibifungurwa be n’ibinyobwa, turibuka yuko Abakirisu b’ukuri ari abagurano b’Imana, batihimbaza. Duhitamwo gusukurira Yehova aho kuba abagurano b’ivyipfuzo vyacu bwite vy’umubiri canke imideri y’isi.​—Ab’i Galatiya 5:24; 2 Timoteyo 2:22; Tito 2:11, 12.

19-21. (a) Abari mu nzego z’ubukuru bwo mw’isi tubabona gute? (b) Abantu bamwebamwe bagaragaje gute ko ‘bakunda umuryango wose w’abavukanyi’? (c) Ni ibanga irihe rihambaye kuruta ayandi yose tujejwe?

19 Petero abandanya kuvuga ati: “Mwubahe abantu bose; mukunde [“umuryango wose w’abavukanyi,” NW]; mutinye Imana; mwubahe umwami.” (1 Petero 2:17) Mu gihe Yehova Imana akiretse abantu ngo baje mu bibanza vy’ubukuru bitandukanye, turagaragariza abo bantu icubahiro kibereye. Mbere turasenga tubasabira kugira ngo dushobore kwemererwa kubandanya ubusuku bwacu mu mahoro no mu kuyobokera Imana. (1 Timoteyo 2:1-4) Ariko rero, muri ico gihe nyene, “[turakunda] umuryango wose w’abavukanyi.” Twama nantaryo dukorera abavukanyi bacu bakirisu ivyiza, si ibibagirira nabi.

20 Nk’akarorero, igihe igihugu kimwe co muri Afirika catabagurwa n’ubukazi bushingiye ku bwoko, ukuntu Ivyabona vya Yehova bigenjeje rukirisu vyaragiye ku mugaragaro. Ikinyamakuru kimwe co mu Busuwisi (Reformierte Presse) cavuze giti: “Mu 1995, Ishirahamwe ry’i Londres mu Bwongereza riharanira agateka ka zina muntu (African Rights) . . . ryarashoboye kugaragaza ko amadini yose yagize uruhara [muri izo ndyane] kiretse Ivyabona vya Yehova.” Igihe amakuru yerekeye ibintu vy’agacamutima yakwira mu makungu, Ivyabona vya Yehova b’i Buraya baciye barungikira ubwo nyene imfashanyo zigizwe n’ibifungurwa be n’imiti abavukanyi babo be n’abandi bantu bo muri ico gihugu cari cashikiwe n’ivyago. (Ab’i Galatiya 6:10) Barumviye amajambo yo mu Migani 3:27 agira ati: “Ntukanke kugirira ivyiza ababibereye, ugifise uburyo bgo kubikora.”

21 Mugabo rero, hariho ibanga rihambaye riruta icubahiro dutegerezwa kugaragariza umukuru uwo ari we wese wo mw’isi, mbere riruta n’urukundo dutegerezwa kugirira abavukanyi bacu. Iryo banga ni irihe? Petero yavuze ati: “Mutinye Imana.” Turafitiye umwenda Yehova uruta kure n’iyo uwo dufitiye umuntu uwo ari we wese. Ni gute ivyo ari uko biri? Kandi dushobora gute kurimbanya ivyo dusabwa ku Mana n’ivyo dusabwa n’abakuru bo mw’isi? Ivyo bibazo birishurwa mu kiganiro gikurikira.

Woba Uvyibuka?

• Ni amabanga ayahe Abakirisu bajejwe mu muryango?

• Dushobora gute kwerekana agatima ko gutanga mw’ishengero?

• Ni amabanga ayahe tujejwe ku kibano tubayemwo?

• Ni ivyiza bimwebimwe ibihe dukura mu kuguma ku ngingo mfatirwako ziri hejuru zijanye n’ukuntu twigenza?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 9]

Umuryango wa gikirisu ushobora kwerekana gute ko ari isoko ry’umunezero?

[Amafoto ku rup. 10]

Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bakundana?

[Amafoto ku rup. 10]

Twoba dushobora kugaragariza urukundo abavukanyi bacu n’ubwo tutoba tubazi umwumwe ukwiwe?