Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni Kubera Iki Bigoye Cane Gusaba Imbabazi?

Ni Kubera Iki Bigoye Cane Gusaba Imbabazi?

Ni Kubera Iki Bigoye Cane Gusaba Imbabazi?

MURI Mukakaro 2000, Inama Nshingamategeko ya Leta ya Kaliforoniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yaremeje itegeko ryari rigenewe kwambika abantu izera nimba baseruye akababaro bafitiye umuntu yakomerekeye mw’isanganya ubwabo bagizemwo uruhara. Iryo tegeko ryashiriweho iki? Vyarabonywe yuko igihe isanganya ritumye haba abakomereka canke ivyononekara, abantu akenshi bagonanwa gusaba imbabazi kubera ugutinya ko bohava bashengezwa muri sentare kubera yuko bemeye ko bagirwa n’ikosa. Ku rundi ruhande, abantu bumva ko bakwiye gusabwa imbabazi buno nyene boshobora kuraka, maze isanganya ritoyi ryabaye rikavamwo uguhazuka gukomeye.

Birumvikana ko atari nkenerwa ko usaba imbabazi kw’isanganya ritakuvuyeko. Kandi hashobora kuba ibihe aho ingendo iranga ubukerebutsi iba ari ukuba maso ku vyo uvuga. Hari umugani wa kera uvuga uti: “Mw isinzi ry’amajambo ntihaburamw’ugucumura, arik’uwigarura mu vy’iminwa ivuga n’umunyabgenge.” (Imigani 10:19; 27:12) Naho ari ukwo, urashobora kuba umuntu w’urupfasoni kandi kirumara.

Si ivy’ukuri none ko abantu benshi batagisaba imbabazi, mbere n’igihe ata n’ivy’imanza birimwo? I muhira, umugore ashobora kwidoga ati: ‘Umugabo wanje ntiyigera asaba imbabazi ku kintu na kimwe.’ Ku kazi, umukoresha ashobora kwidoga ati: ‘Abo nkoresha ntibemera amakosa yabo, kandi ni gake basaba imbabazi.’ Kw’ishure, umwigisha ashobora kuvuga ati: ‘Abana ntibamenyerejwe kuvuga ngo urantunga.’

Imvo imwe ituma umuntu agonanwa gusaba imbabazi ishobora kuba ari uko yohava atagirirwa ikigongwe. Kubera aba ahagaritswe umutima n’ukwiyumvira yuko bohava bamufata nabi, ashobora kudaserura ukuntu mu vy’ukuri yiyumva. Kukaba nkako, umuntu yagiriwe nabi hari aho yozibukira buhere uwamugiriye nabi, bigatuma ivy’ugusubiza ibintu mu buryo bigora cane.

Ukutitwararika inyiyumvo z’abandi bantu gushobora kuba iyindi mvo ituma bamwebamwe bagonanwa gusaba imbabazi. Bashobora kuzirikana bati: ‘Gusaba imbabazi ntibizohanagura ikosa rikomeye namaze gukora.’ Hari n’abandi bagonanwa kuvuga yuko basavye imbabazi kubera inkurikizi zoshobora kuhaba. Bibaza bati: ‘Noba nzofatwa ko ari jewe nabiteje maze ngasabwa kubiriha?’ Ariko rero, intambamyi ihambaye kurusha izindi zose ituma umuntu atemera ikosa ni ubwibone. Umuntu yishima cane ku buryo atovuga ngo “urantunga” ashobora mu vy’ukuri gushika ku kwiyumvira ati: ‘Sinshaka kwikengereza mu kwemera ikosa rikomeye nakoze. Ivyo vyogabanura icubahiro mfise.’

Imvo iyo ari yo yose yoba ibituma, benshi basanga amajambo yo gusaba imbabazi agoye kuvuga. Mugabo, vyoba vy’ukuri bikenewe gusaba imbabazi? Ni ivyiza ibihe biva mu gusaba imbabazi?

[Ifoto ku rup. 3]

“Abana ntibamenyerejwe kuvuga ngo urantunga”

[Ifoto ku rup. 3]

“Umugabo wanje ntiyigera asaba imbabazi”

[Ifoto ku rup. 3]

“Abo nkoresha ntibemera amakosa yabo”