Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twarumiye ku Gikebere Cacu

Twarumiye ku Gikebere Cacu

Inkuru y’Ubuzima

Twarumiye ku Gikebere Cacu

NK’UKO VYAVUZWE NA HERMANN BRUDER

Nasabwa guhitamwo kimwe gusa: gukorera mu Nteko zo Hanze z’Abafaransa mu kiringo c’imyaka itanu canke gupfungirwa mw’ibohero ryo mu gihugu ca Maroke. Reka ndabiganire ukuntu vyagenze ngo nshikirwe n’ivyo bintu.

NAVUKIYE mu gisagara ca Oppenau mu gihugu c’Ubudagi mu 1911, hasigaye gusa imyaka itatu ngo haduke Intambara ya Mbere y’Isi Yose. Abavyeyi banje, ari bo Joseph na Frida Bruder, bari bafise abana 17 b’abahungu n’abakobwa. Nari umwana wabo agira 13.

Ibintu vya mbere na mbere nibuka ni ivyerekeye igihe nariko ndaraba umugwi w’abasoda bagira defile baca mw’ibarabara rikuru ryo mu gisagara cacu c’amavukiro. Kubera nakwegerewe n’umuziki ushwangamura umutima wavuzwa mu gihe ca nya defile, narakurikiye abacuraranzi gushika ku gituro, mu nyuma ndabona dawe n’abandi bagabo bambaye impuzu z’igisoda bariko burira igarimoshi. Iyo garimoshi igiye, abagore bamwebamwe bari aho bategerera amagarimoshi baciye baturikisha bararira. Haciye igihe gitoyi, umupadiri wacu yarashikirije insiguro ndende mw’isengero, maze arasoma amazina y’abagabo bane bapfuye bariko barwanira igihugu c’amavukiro. Yasiguye ati: “Ubu bari mw’ijuru.” Umugore yari ahagaze iruhande yanje yaciye agwa igihumura.

Dawe yaciye afatwa n’inyonko yitwa tifoyide mu gihe yariko ararwana mu rugamba rw’Abarusiya. Yashitse muhira yabaye intere, maze aca ubwo nyene yemererwa kwinjira mu bitaro vy’aho twaba. Nya mupadiri yategetse ati: “Genda mu gasengero kari hafi y’akaburi hanyuma uvuge Dawe wa twese incuro 50 be na Mwaramutse Mariya incuro 50. Maze so azoca akira.” Narakurikije impanuro ampaye, mugabo ku musi ukurikira dawe aca arapfa. Eka no ku gahungu gatoyi, iyo ntambara cari ikintu giteye umubabaro cane.

Ukuntu Namenye Ukuri

Vyari bigoye kuronka akazi mu Budagi hagati y’imyaka y’1919 n’1939. Ariko rero, maze kurangiza amashure mu 1928, narashoboye kuronka akazi ko kuba umurimyi w’ubusitani mu karere ka Basel, mu gihugu c’Ubusuwisi.

Nka kumwe kwa dawe, nari Umugatolika w’intahemuka. Nari mfise intumbero yo kuba uwihebeye Imana, mu mugwi umwe w’abihebeye Imana b’Abakapusini wo mu gihugu c’Ubuhindi. Igihe mwenewacu Richard yumva iyo migambi, ico gihe akaba yari Icabona ca Yehova, yaciye agira urugendo rudasanzwe aza mu Busuwisi kugira ngo agerageze kungondoza ngo ndabihebe. Yarangabishije ku vyerekeye ingeramizi iri mu kwizigira abantu, canecane abakuru b’idini, araheza andemesha gusoma Bibiliya no kuba ari yo yonyene nizigira. Naho nari mfise amakenga, nararondeye Isezerano Rishasha maze ntangura kurisoma. Buhorobuhoro naratahuye yuko vyinshi mu vyo nemera bitari bihuye n’ivyo Bibiliya yigisha.

Igihe kimwe ku w’Iyinga mu 1933, ndi kwa Richard mu Budagi, yaranyeretse umugabo n’umugore bubakanye bari Ivyabona vya Yehova. Bamaze kumenya yuko mpora nsoma Bibiliya, baciye bampa agatabu gafise umutwe uvuga ngo La Crise (Amagume). * Ako gatabu nahagaritse kugasoma nko mu gicugu. Narajijutse yuko nari nubuye ukuri!

Ivyabona vya Yehova b’i Basel barampaye za mbumbe zibiri z’igitabu gifise umutwe uvuga ngo Études des Écritures* kumwe n’ibinyamakuru be n’ibindi bisohokayandikiro. Kubera nakozwe ku mutima n’ivyo nariko ndasoma, naciye negera umupadiri w’aho iwacu hanyuma ndamusaba ko yofuta izina ryanje mu gitabu bandikamwo abanywanyi babo. Uwo mupadiri yaciye ashavura cane maze angabisha yuko nari mu kaga ko guta ukwemera. Kubwa ngingo, nta kwemera nari natakaje na gato. Ni ho nari ngitangura kugira ukwemera nyakuri mu buzima bwanje.

Mu mpera y’uwo mushamvu, abavukanyi b’i Basel bariko barategura urugendo rwo kuja kwamamaza hirya y’urubibe mu Bufaransa. Umwe mu bavukanyi yaransiguriye abigiranye umutima mwiza yuko ntari natumiwe kubera yuko hari haciye igihe gito gusa ntanguye kwifatanya n’ishengero. Aho gucika intege, naciye nserura icipfuzo gishikamye nari mfise co gutangura kwamamaza. Nya muvukanyi amaze kubiganira n’uwundi mukurambere, yaciye anshinga icibare co mu Busuwisi. Ku w’Iyinga mu gitondo ca kare, naca nurira ikinga nkagenda mu kigwati gitoyi cari hafi ya Basel, ngatwara ibitabu 4, ibinyamakuru 28 n’udutabu 20 mu gasakoshi kanje. Abatari bake mu bantu baba muri ico kigwati baba bari mu misa igihe nahashika. Naho vyari ukwo, isaha 5 zagera agasakoshi kanje kagaragara.

Igihe nabwira abavukanyi yuko nshaka kubatizwa, baranganirije ata gufyina, barambaza ibibazo barondera kumenya iryo ngona ku vyerekeye ukuri. Naratangajwe n’umwete be n’ukudahemuka bafitiye Yehova n’ishirahamwe ryiwe. Kubera yuko hari mu gihe c’urushana, umuvukanyi yambatije mu kibesani bogeramwo kirimwo amazi menshi cari mu rugo rw’umukurambere umwe. Ndibuka ukuntu numva mfise umunezero atako nowuvuga be n’inkomezi nyinshi muri jewe. Aho hari mu 1934.

Nkorera kw’Iyororero-rimiro ry’Ubwami

Mu 1936, narumvise yuko Ivyabona vya Yehova bari baguze itongo mu Busuwisi. Naritanze ngo nze ndarima nongera ntunganya ubusitani. Wari umunezero kuri jewe gutumirwa gukorera kuri iryo Yororero-rimiro ry’Ubwami ryo mu gisagara ca Steffisburg, nko ku birometero 30 uvuye i ku mugwa mukuru Berne. Igihe cose vyashoboka narafasha n’abandi igikorwa bakora kuri iryo yororero-rimiro. Beteli yaranyigishije ukuntu bihambaye kugira agatima ko gukorana n’abandi.

Icampimbaye mu myaka yanje yo kuri Beteli rwari urugendo Umuvukanyi Rutherford yagize kuri iryo yororero-rimiro mu 1936. Igihe yabona ukuntu inyanya zacu zinganangana be n’ukuntu ivyo biterwa vyari vyimbutse cane, yaramwenyuye maze aca araserura akanyamuneza afise. Ese ukuntu yari umuvukanyi mukundwa!

Igihe nari maze imyaka irenga itatu gatoyi nkorera kuri iryo Yororero-rimiro, hari ikete ryavuye ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ryasomwe ku meza mu gihe co kwikura ubucugu. Iryo kete ryashimika ku vy’uko igikorwa co kwamamaza cihutirwa rikongera rigatera akamo abantu abo ari bo bose bari bafise icipfuzo co gukora ubutsimvyi mu bindi bihugu. Naciye nitanga ata kugonanwa. Ikete rimenyesha igikebere canje ryashitse muri Rusama 1939, nkaba natumwe gukorera mu gihugu ca Berezile!

Ico gihe, nitaba amakoraniro mw’ishengero ry’i Thun, hafi y’iryo Yororero-rimiro ry’Ubwami. Ku w’Iyinga, umugwi wacu wagenda kwamamaza mu misozi ya Alpes, tukaba twagenda amasaha abiri turi ku makinga tuvuye i Thun. Uwitwa Margaritha Steiner yari muri uwo mugwi. Sinzi ukuntu iciyumviro canjemwo bukwi na bukwi ndibwira nti: None Yezu ntiyarungika abigishwa biwe babiribabiri? Igihe nagacishamwo nkabwira Margaritha ntavyitayeho yuko nari narungitswe gukorera mu gihugu ca Berezile, yaciye aserura icipfuzo na we nyene yari afise co gukorera aho vyari bikenewe kuruta ahandi. Twagize ubugeni kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro 1939.

Ukuruhuka Tutari Twiteze

Twuriye ubwato buvuye mu gisagara citwa Le Havre mu Bufaransa, bwari bugiye mu gisagara ca Santos muri Berezile, hakaba hari ku mpera y’ukwezi kwa Myandagaro 1939. Ibibanza vyose vya babiribabiri vyari vyamaze gufatwa, ari co gituma vyabaye ngombwa ko dufata urugendo turi ahantu ho muri ubwo bwato hatandukanye. Turi mu nzira, hari amakuru yashitse yavuga yuko Ubwongereza n’Ubufaransa vyari vyatangaje ko bigiye gutera Ubudagi. Umugwi ugizwe n’abantu 30 b’ingenzi b’Abadagi baciye baririmba ururirimbo rwo guhayagiza igihugu c’Ubudagi. Ivyo vyarababaje cane uwariko agendesha ubwo bwato gushika n’aho ahindura iyo bwariko buraja, aca abuhagarika ku kivuko c’i Safi, mu gihugu ca Maroke. Ingenzi zari zifise ibikaratasi vy’inzira biranga Abadagi zahawe iminuta itanu ngo zibe zamaze kwururuka. Aho na twebwe twarimwo.

Twagumijwe umusi wose ku biro vy’abapolisi, hanyuma badupakira mu kimodokari gishaje caheze maze badutwara mw’ibohero ryo mu gisagara c’i Marrakech, nko ku birometero 140. Haciye hakurikira ibihe bigoye. Ivyumba twari dupfungiwemwo vyarimwo abantu benshi cane, kandi ntihabona. Akazu ka surwumwe twese twahuriramwo, ni ukuvuga ikinogo cari cimbwe mu nzu, kama nantaryo kazivye. Umwe wese muri twebwe yahawe igunira ryanduye ryo kuryamako, maze mw’ijoro imbeba zikaturya ku maguru ku nyama ya kibizi. Batugaburira kabiri ku musi mu kintu caguye ingese.

Umugabisha w’ingabo umwe yasiguye yuko nopfunguwe ndamutse nemeye gukorera mu Nteko zo Hanze z’Abafaransa mu kiringo c’imyaka itanu. Kuba naranse vyatumye mara amasaha 24 ahovugwa ko ari i kuzimu. Umwanya munini nawumaze ndiko ndasenga.

Haciye imisi umunani, abakuru b’ibohero barandetse nsubira kuraba Margaritha. Yari amaze kwonda biteye ubwoba, kandi yaguma arira. Narakoze uko nshoboye kwose kugira ngo ndamuremeshe. Twarasambishijwe maze tujanwa n’igarimoshi mu gisagara c’i Casablanca, ari ho Margaritha yarekuriwe. Naciye ndungikwa mw’ikambi y’ibohero y’i Port-Lyautey (ubu akaba hitwa Kenitra), nko ku birometero 180. Uwuserukira igihugu c’Ubusuwisi yagiriye inama Margaritha yo gusubira mu Busuwisi, mugabo Margaritha aranka ashikamye kugenda tutari kumwe. Muri ayo mezi abiri nagumye i Port-Lyautey, we yaguma aza ku musi ku musi avuye i Casablanca kundaba kandi anzaniye ibifungurwa.

Hari haciye umwaka Ivyabona vya Yehova basohoye igitabu gifise umutwe uvuga ngo Kreuzzug gegen das Christentum (Intambara zo Kwiyamiriza Ubukirisu) kugira ngo bereke abantu yuko Ivyabona batisuka mu ntwaro y’Abanazi. Igihe nari muri iyo kambi y’ibohero, ibiro vy’ishami ry’Ivyabona vya Yehova ry’i Berne vyarandikiye abategetsi bo mu Bufaransa, bishiramwo ikopi y’ico gitabu mu kugerageza kwerekana yuko tutari Abanazi. Margaritha na we nyene yarakoze igikorwa ciza igitangaza mu kugenda kuraba abakuru b’intwaro no mu kugerageza kubajijura yuko ata kibi kitwagira. Amaherezo, mu mpera y’i 1939, twararonse uburenganzira bwo kuva muri Maroke.

Tumaze gufata urugendo rudushikana muri Berezile ni ho twasubira kumenya yuko amato y’indwano y’Ubudagi yariko aratera ibitero mu nzira yo mu kiyaga ca Atlantique ubwato bucamwo kandi yuko ari twebwe ahanini twaronderwa. Naho nyene ubwato twarimwo, bukaba bwitwa Jamaique, bwari ubutwara ibidandazwa, mu mpanza y’ubwo bwato be no kw’itenzi yabwo hari huzuyeko inkoho. Kuri uwo musi, uwariko agendesha ubwo bwato yashishikaye urugendo rwo kugenda aratambatamba yongera abandanya kurasa. Mw’ijoro twaca tuzimya amatara kugira ngo Abadagi ntibatubone. Ese ingene amaherezo twumvise duhumurijwe igihe twashika ku kivuko c’i Santos, muri Berezile, kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 1940, hakaba hari haheze amezi arenga atanu tuvuye i Buraya!

Nsubira mw’Ibohero

Ahantu ha mbere twakebewe ngo tuhamamaze hari i Montenegro, kikaba ari igisagara co muri leta ya Berezile iri mu bumanuko yitwa Rio Grande do Sul. Biboneka ko abakuru b’amadini bari baramenyeshejwe umuzo wacu. Tumaze kwamamaza amasaha abiri gusa, umupolisi yaradufashe maze adutwara umugwi w’amakaseti twari dufise y’icuma ndekuramajwi yarimwo insiguro zishingiye kuri Bibiliya, adutwara ibisohokayandikiro twari dufise vyose eka mbere n’udusakoshi twari twaraguze muri Maroke dukozwe mu rushato rw’ingamiya. Hari umupadiri be n’umukozi wo mw’idini avuga Ikidagi bari baturindiririye ku biro vy’abapolisi. Barumvirije igihe umukuru w’abapolisi yavuza imwe mu nsiguro z’Umuvukanyi Rutherford kw’iradiyo yacu, na yo nyene akaba yari yayitunyaze. Umuvukanyi Rutherford mu vy’ukuri yavuga atarya umunwa! Igihe hashika igice kivuga ivya Vatikano, nya mupadiri umushatsi waciye umuhagararana maze ubwo nyene aca agenda arakaye.

Uwo mupolisi abisabwe n’umusenyeri w’i Santa Maria, yaciye aturungika i Pôrto Alegre, akaba ari umurwa mukuru. Margaritha yaciye arekurwa bidatevye maze aronderera imfashanyo ku biro vy’uwuserukira igihugu c’Ubusuwisi. Uwo aserukira igihugu c’Ubusuwisi yamugiriye inama yuko yosubira mu Busuwisi. N’ico gihe nyene yaranse kumpeba. Margaritha yamye nantaryo ambera umugenzi atigera adohoka. Haciye imisi 30 narasambishijwe maze ndarekurwa. Wa mupolisi yadushize imbere amahitamwo abiri: kuva muri ico gihugu bitarenze imisi cumi canke “kwemera inkurikizi.” Bivuye ku nama twagiriwe n’icicaro gikuru, twaciye tugenda mu gisagara ca Rio de Janeiro.

“Ndakwinginze Usome aka Gakarata”

Naho twatanguye nabi gutyo mu ndimiro yo muri Berezile, uzi ukuntu twagize umunezero! Naho vyagenze ukwo, twari bazima. Udusakoshi twacu twarasubiye kwuzura ibisohokayandikiro, kandi twategerezwa kwamamaza mu gisagara ca Rio de Janeiro cose uko kingana. Mugabo twokwamamaje gute n’ubumenyi buke twari dufise bw’ururimi rw’Igiporotigali? Twokwamamaje biciye ku gakarata ko gushinga intahe. Amajambo avuga ngo “Ndakwinginze usome aka gakarata,” yari yo majambo ya mbere y’Igiporotigali twize gukoresha mu gikorwa co kwamamaza. Kandi ese ukuntu ako gakarata kerewe! Mu kwezi kumwe gusa, twakwiragije ibitabu birenga 1.000. Abenshi mu bemeye ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya mu nyuma barakiriye ukuri. Tuvugishije ukuri, ibisohokayandikiro vyacu vyarashinze intahe mu buryo ngirakamaro kuruta uko twari gushobora kubigira. Ivyo vyatumye ntahura ingene bihambaye gushikiriza ibisohokayandikiro vyacu abantu bashimishwa.

Muri ico gihe, igisagara ca Rio de Janeiro cari umugwa mukuru wa Berezile, ubutumwa bwacu na bwo bukaba bwarakirwa neza canecane mu nyubakwa abategetsi bakoreramwo. Nararonse akaryo kadasanzwe ko gushinga intahe ubwanje ku mushikiranganji w’ikigega ca Leta be no ku mushikiranganji wo kwivuna abansi. Kuri ivyo bihe, narabonye ikimenyamenya gitomoye c’ukuntu impwemu ya Yehova ikora.

Umusi umwe, mu gihe nariko ndamamaza ahantu abantu bakunda guhurira mu gice co hagati co muri Rio, narinjiye ku Kirimba c’Ubutungane. Ngize ntya nasanze ndi mu cumba nkikijwe n’abagabo bambaye ivyirabura, ndi hagati y’ibintu wamenga ni ibirori vy’amaziko. Naregereye umugabo yasa n’uwukomeye maze ndamuha agakarata kanje ko gushinga intahe. Ntiyari amaziko. Ahubwo nari ndabaciriyemwo bari mu rubanza rwo muri sentare, nkaba nari mvugishije umucamanza. Yitwengera, yaciye asaba abari baharinze kutagira ico bakora. Yaremeye n’umutima mwiza igitabu Children * (Abana) maze aratanga intererano. Mw’isohokero, umwe muri abo bari baharinze yaciye ashira ku rugi itangazo riboneka rivuga ngo: Nta Muntu Arekuriwe Kwinjira Hano Adahawe Uruhusha.

Iyindi ndimiro yimbuka cari ikivuko. Igihe kimwe, narahuye n’umuntu akora ku bwato, arakira ibisohokayandikiro imbere y’uko asubira mu kiyaga. Mu nyuma, twarahuriye kw’iteraniro. Umuryango wiwe wose wari warakiriye ukuri, kandi we ubwiwe yariko aragira iterambere ryiza. Ivyo vyatumye duhimbarwa cane.

Ariko rero, ibintu vyose ntivyama bigenda neza. Viza y’amezi atandatu twari twararonse yaraheze, tukaba rero twari twiteze kwirukanwa muri ico gihugu. Tumaze kwandikira icicaro gikuru ku vyerekeye ukuntu ivyacu vyifashe, twararonse ikete riranga urukundo rivuye ku Muvukanyi Rutherford, aturemesha gukomera ku muheto, yongera atugira inama y’ukuntu dukwiye kubigenza. Twari dufise icipfuzo co kuguma muri Berezile, kandi tubifashijwemwo n’umushingwamanza, amaherezo mu 1945 twararonse viza yo kuhaguma igihe kirekire.

Igikebere Camaze Igihe Kirekire

Ariko rero, imbere y’aho, twaravyaye umuhungu yitwa Jonathan mu 1941, Ruth avuka mu 1943, Esther na we mu 1945. Kugira ngo twitwararike ivyo umuryango wacu wariko uraguka wari ukeneye, nategerezwa gukora akazi k’umubiri. Margaritha yabandanije mu gikorwa co kwamamaza c’igihe cose gushika havutse umwana wacu agira gatatu.

Guhera mu ntango, twarakoranye uko tugize umuryango mu gikorwa co kwamamaza mu bibanza abantu benshi bakunda guhuriramwo vyo mu gisagara, ku bituro vy’amagarimoshi, ku mabarabara be no mu duce tw’aho bacururiza. Ku migoroba yo ku wa Gatandatu, uko tugize umuryango twarakwiragiza Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! kandi ivyo vyari ibihe bihimbaye mu buryo budasanzwe.

I muhira, umwana wese yari afise ibikorwa yategerezwa gukora ku musi ku musi. Jonathan yari ajejwe gusukura bene ya mashiga y’ikizungu (cuisinière) be n’igikoni. Abakobwa barasukura icuma co gukanyisha ibintu, bagakubura ku mbuga, kandi bakanaduhanagurira ibirato. Ivyo vyarabafashije kwiga kuba abantu bazi kwungunganya ibintu no gutsimbataza agatima ko kwibwiriza. Muri iki gihe, abana bacu ni abakozi b’abanyamwete bitwararika neza amazu yabo n’ivyo batunze, ivyo bikaba bituma twe na Margaritha duhimbarwa cane.

Twitega kandi ko abana bigenza neza ku makoraniro. Imbere y’uko amakoraniro atangura, baranywa ikirahuri c’amazi kandi bakaja ku kazu ka surwumwe. Mu gihe c’ikoraniro, Jonathan yicara ibubamfu bwanje, Ruth akicara iburyo bwanje, agakurikirwa na Margaritha, maze iburyo bwa Margaritha hakicara Esther. Ivyo vyarabafasha kwitunira ku mfungurwa z’ivy’impwemu no kuzihereza kuva bakiri bato cane.

Yehova yarahezagiye utwigoro twacu. Abana bacu bose barabandanya gusukurira Yehova ari abizerwa kandi babigiranye umunezero bakagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Jonathan ubu akora bwa mukurambere mw’ishengero rya Novo Méier, i Rio de Janeiro.

Mu 1970, abana bacu bose bari barubatse maze barava i muhira, ari co gituma twe na Margaritha twaciye dufata ingingo yo kuja gukorera aho vyari bikenewe kuruta ahandi. Twashikiye mu gisagara ca Poços de Caldas, muri Leta ya Minas Gerais, muri ico gihe hakaba hari umugwi mutoyi w’abamamaji b’Ubwami 19. Narababaye igihe nabona ari bwo bwa mbere aho bagirira amakoraniro, kikaba cari icumba co hasi kitagira amadirisha kandi gikeneye rwose gusanurwa. Ubwo nyene, twaciye dutangura kurondera Ingoro y’Ubwami nziza kuruta, kandi bidatevye twararonse inyubakwa y’akaroruhore mu karere kamwe keza cane. Ese ukuntu yari itandukanye n’iya mbere! Haciye imyaka ine n’igice, igitigiri c’abamamaji cari carongerekanye gishika ku bamamaji 155. Mu 1989 twaciye twimukira mu gisagara ca Araruama, i Rio de Janeiro, aho twakoreye imyaka icenda. Muri ico gihe, twariboneye ukuntu amashengero abiri mashasha ashingwa.

Twararonse Impera Kubera Twumiye ku Gikebere Cacu

Mu 1998, ingorane z’amagara be n’icipfuzo co kuba hafi y’abana bacu vyatumye twimukira mu gisagara ca São Gonçalo, i Rio de Janeiro. Ndacahakorera ndi umukurambere mw’ishengero. Turakora uko dushoboye kwose kugira ngo tugire uruhara ubudahorereza mu gikorwa co kwamamaza. Margaritha arakunda gushinga intahe ku bantu bo kw’iduka riri hafi yacu, kandi ishengero ribigiranye ubugwaneza ryarashize ku ruhande icibare twokoreramwo hafi yo muhira, bikaba birushiriza kutworohera kwamamaza igihe cose amagara adukundiye.

Twe na Margaritha turi abasavyi ba Yehova bamwiyeguriye ubu hakaba hashize imyaka irenga 60 turi bo. Twariboneye ubwacu yuko ‘baba abaganza, canke ibiriho, canke ibizoba, canke abafise ubushobozi, canke uburebure bw’igihagararo, canke uburebure bw’amajepfo, canke ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kirisitu Yezu Umwami wacu.’ (Abaroma 8:38, 39) Kandi ese ukuntu biteye agahimbare kuba twariboneye itororokanywa ry’“izindi ntama,” abafise icizigiro ciza igitangaza c’ubuzima budahera kw’isi nziza ikikujwe n’ibiremwa biteye igomwe vy’Imana! (Yohana 10:16) Igihe twashika mu gisagara ca Rio de Janeiro mu 1940, hari ishengero rimwe gusa ryarimwo abamamaji 28. Muri iki gihe hariho nk’amashengero 250 be n’abamamaji b’Ubwami barenga 20.000.

Harabayeho ibihe aho twashobora gusubira mu miryango yacu i Buraya. Mugabo igikebere Yehova yaduhaye ni hano muri Berezile. Ese ukuntu dufise akanyamuneza kubona twaracumiyeko!

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 11 Vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova mugabo ntibigicapurwa.

^ ing. 33 Casohowe n’Ivyabona vya Yehova mugabo ntikigicapurwa.

[Ifoto ku rup. 21]

Kw’Iyororero- rimiro ry’Ubwami, mu gisagara ca Steffisburg, mu gihugu c’Ubusuwisi, mu mpera y’imyaka y’1930 (ndi hirya ibubamfu)

[Ifoto ku rup. 23]

Imbere gatoyi y’uko tugira ubugeni mu 1939

[Ifoto ku rup. 23]

I Casablanca mu myaka y’1940

[Ifoto ku rup. 23]

Twamamaza uko tugize umuryango

[Ifoto ku rup. 24]

Turagira uruhara ubudahorereza mu busuku muri iki gihe