Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twese Turakenera Gukezwa

Twese Turakenera Gukezwa

Twese Turakenera Gukezwa

WARI umusi uhimbaye ku gakobwa kamwe. Naho mu bindi bihe kama gakeneye gukosorwa, kuri uwo musi hoho, kari kigenjeje neza bimwe bidasanzwe. Ariko rero, mw’ijoro ryo kuri uwo musi, inyuma y’aho nya gakobwa bakaryamikiye, nyina yagiye yumva karira. Igihe bakabaza icari kikababaje, kavuze gasevagura, kiyuha iryosozi gati: “N’uyu musi na ho sinabaye umukobwa ameze neza?”

Ico kibazo carasogose nyina nk’aho yoba asogoswe n’imbugita. Yahora nantaryo aca yihutira gukosora agakobwa kiwe. Mugabo uwo musi, naho yari yabonye ukuntu ako gakobwa kiwe kari kihase kugira kigenze neza, nyina yari yirengagije kuvuga n’ijambo na rimwe ryoryo ryo kugashimira.

Udukobwa dutoduto si two twonyene dukenera gukezwa no gusubirizwa umutima mu nda. Twese turabikenera, nk’uko nyene dukenera guhanurwa no gukosorwa.

Twumva tumerewe gute igihe badukeje bivuye ku mutima? Ntitwumva tweze umutima kandi tukanezerwa? Kumbure turaheza tukumva ko hariho umuntu yabonye ivyo twakoze, ko hariho uwutubabaye. Biradusubiriza umutima mu nda yuko ivyo twakoze tutigoreye ubusa, kandi bigatuma twongera gukora cane ikindi gihe. Ntibitangaje kubona ugukezwa kuvuye ku mutima akenshi gutuma twiyegereza nya muntu afashe umwanya wo kuvuga ikintu kiremesha.​—Imigani 15:23.

Yezu Kirisitu yaratahura ko gukeza umuntu bikenewe. Muri wa mugani w’italanto, shebuja (uwagereranya Yezu ubwiwe) yarakeje abigiranye igishika umwe wese muri ba bashumba babiri b’abizerwa, mu kuvuga ati: “Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa”! Ese ukuntu vyari ivyeza umutima! Naho nyene ububangukirwe bwabo be n’ivyo bashitseko vyari bitandukanye cane, bose bakejwe kumwe.​—Matayo 25:19-23.

Ku bw’ivyo, nimuze duhore twibuka nyina wa ka gakobwa. Ntidukeneye kurindira ko abandi biyuha iryosozi imbere yuko tubakeza. Ahubwo, turashobora kwiyemeza kurondera uturyo two kubakeza. Nkako, turafise imvo yumvikana yo gukeza abandi bivuye ku mutima igihe cose akaryo kabonetse.