Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imfungurwa Z’umukama Zo Ku Mugoroba Zisigura Iki Kuri Wewe?

Imfungurwa Z’umukama Zo Ku Mugoroba Zisigura Iki Kuri Wewe?

Imfungurwa Z’umukama Zo Ku Mugoroba Zisigura Iki Kuri Wewe?

“Umuntu wese azorya umutsima w’Umwami wacu, cank’azonywera ku gikombe ciwe, uko bidakwiye, azotsindwa n’urubanza rw’uko yakēngereye umubiri n’amaraso vy’Umwami.”​—1 AB’I KORINTO 11:27.

1. Ni ikintu gihambaye ikihe gitegekanijwe kugirwa mu mwaka w’2003, kandi inkomoko yaco ni iyihe?

IKINTU gihambaye gitegekanijwe kugirwa mu mwaka w’2003, kizoba kw’igenekerezo rya 16 Ndamukiza izuba rirenze. Ico gihe, Ivyabona vya Yehova bazokoranira hamwe kugira bahimbaze Icibutso c’urupfu rwa Yezu Kirisitu. Nk’uko vyerekanwa mu kiganiro c’imbere y’iki, iryo himbazwa ryitwa kandi Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba, Yezu yaritanguje inyuma y’aho we n’intumwa ziwe bahereje guhimbaza Pasika ku wa 14 Nisani 33 G.C. Ibimenyetso vy’Icibutso bikoreshwa, ni ukuvuga umukate utambiwe be n’umuvinyu utukura, bigereranya umubiri wa Kirisitu utagira icaha be n’amaraso yiwe yasesetse, kikaba ari co kimazi conyene gishobora gucungura umuryango w’abantu kikawukura mu caha n’urupfu warazwe.​—Abaroma 5:12; 6:23.

2. Ni inkeburo iyihe iri mu 1 Ab’i Korinto 11:27?

Abafungura ku bimenyetso vy’Icibutso bategerezwa kubigira nk’uko bibereye. Ivyo intumwa Paulo yarabitomoye igihe yandikira Abakirisu b’i Korinto ha kera, aho Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba zitariko zihimbazwa mu buryo bubereye. (1 Ab’i Korinto 11:20-22) Paulo yanditse ati: “Umuntu wese azorya umutsima w’Umwami wacu, cank’azonywera ku gikombe ciwe, uko bidakwiye, azotsindwa n’urubanza rw’uko yakēngereye umubiri n’amaraso vy’Umwami.” (1 Ab’i Korinto 11:27) None ayo majambo asobanura iki?

Bamwebamwe barahimbaje Icibutso mu buryo butabereye

3. Abakirisu b’i Korinto batari bake bigenza gute mu gihe c’uguhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba?

3 Abakirisu benshi b’i Korinto barafungura ku Cibutso mu buryo butabereye. Baricamwo ibice, kandi ntivyabura gushika aho usanga bamwebamwe bizanira ibifungurwa boriye ku mugoroba bakabifungura amakoraniro ataratangura canke ariko aragirwa, akenshi bakabirira agahokero, n’ukuborerwa bakaborerwa. Ntibaba bari maso mu bwenge no mu buryo bw’impwemu. Ivyo vyatuma “[ba]tsindwa n’urubanza rw’uko [b]akēngereye umubiri n’amaraso vy’Umwami.” Ababa batazanye ibifungurwa barasonza, maze bagaca basamara. Vyemere, benshi bafungura mu buryo butaranga icubahiro kandi butaranga ugutahura uburemere bw’ico kintu. Nta gukeka ko bikwegeye gutsindwa n’urubanza!​—1 Ab’i Korinto 11:27-34.

4, 5. Ni kubera iki bihambaye ko abasanzwe bafungura ku bimenyetso vy’Icibutso bisuzuma?

4 Ku mwaka ku mwaka, uko Icibutso cegereza, birahambaye ko abasanzwe bafungura ku bimenyetso bisuzuma. Kugira ngo bafungure kuri izo mfungurwa zisangirirwa hamwe nk’uko bikwiriye, bategerezwa kuba bahagaze neza mu vy’impwemu. Umuntu wese agaragaza ukutubaha inkuka ya Yezu mbere akanayikengera, ashobora kuba ageramiwe no ‘gucibwa mu basavyi b’Imana,’ nk’uko vyashikira Umwisirayeli aramutse afunguye ku mfungurwa zisangirirwa hamwe mu gihe ahumanye.​—Abalewi 7:20; Abaheburayo 10:28-31.

5 Paulo yaragereranije Icibutso n’imfungurwa zasangirirwa hamwe muri Isirayeli ya kera. Amaze kuvuga ivyerekeye abafungurira hamwe muri Kirisitu, yongeyeko ati: “Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami, no ku gikombe c’abadayimoni: ntimushobora gusangira ivyo ku meza y’Umwami wacu n’ivyo ku meza y’abadayimoni.” (1 Ab’i Korinto 10:16-21) Umuntu afungura ku bimenyetso vy’Icibutso aramutse akoze icaha gikomeye, akwiye kuvyaturira Yehova kandi akaronderera imfashanyo yo mu buryo bw’impwemu ku bagabo b’inararibonye b’ishengero. (Imigani 28:13; Yakobo 5:13-16) Niba yigaye vy’ukuri kandi akagaragaza ivyamwa biranga ukwigaya, afunguye ntiyoba abigize mu buryo butabereye.​—Luka 3:8.

Abitaba Icibutso ari abarorerezi bubaha

6. Ni bande Imana yahaye agateka ko gufungura ku Mfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba?

6 Muri iki gihe, abagirira neza amasigarira y’abavukanyi ba Kirisitu 144.000 boba bakwiye gufungura ku Mfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba? (Matayo 25:31-40; Ivyahishuriwe 14:1) Nta namba. Ako gateka Imana yagahaye gusa abo yasize impwemu yera kugira ngo babe “abaraganwa na Kristo.” (Abaroma 8:14-18; 1 Yohana 2:20) Abizigiye kubaho ibihe bidahera mw’iparadizo yo kw’isi yose izoba irongowe n’Ubwami, ni ikibanza ikihe none bafise? (Luka 23:43; Ivyahishuriwe 21:3, 4) Naho badafise icizigiro co kuba abaraganwa na Yezu mw’ijuru, baritaba Icibutso mu buryo buranga icubahiro.​—Abaroma 6:3-5.

7. Ni kubera iki Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bazi ko bakwiye gufungura ku bimenyetso vy’Icibutso?

7 Abakirisu nyakuri bo mu kinjana ca mbere barasizwe impwemu yera. Benshi muri bo barashobora gukoresha imwe canke nyinshi mu ngabire z’ibitangaro zatangwa n’impwemu, nk’ukuvuga mu ndimi. Ku bw’ivyo rero, abantu nk’abo ntivyabagora kumenya yuko basizwe impwemu n’uko bashobora gufungura ku bimenyetso vy’Icibutso. Ariko rero, muri iki gihe cacu, umuntu yasizwe impwemu ashobora kumenyekana hishimikijwe amajambo yahumetswe nk’aya agira ati: “Kuko mutāhawe impwemu y’ubuja ngo mwongere gutinya; ariko mwāhawe impwemu yo kubahindura abana b’Imana, idutakisha ngo Abba, Data.”​—Abaroma 8:14, 15, ni twe tubihiritse.

8. Ni bande bagereranywa n’“uburo” be n’“urwamfu” bivugwa muri Matayo ikigabane ca 13?

8 Uko ibinjana vyagiye birarengana, abasizwe b’ukuri bakuze bameze nk’“uburo,” bukurira mu murima w’“urwamfu” rugereranya Abakirisu b’ikinyoma. (Matayo 13:24-30, 36-43) Kuva mu myaka y’1870, “uburo” bwararushirije kwibonekeza, hanyuma haciye nk’imyaka itari mike, abacungezi bakirisu basizwe babwiwe bati: “Abakurambere . . . bakwiye kuvugira imbere y’abakoraniye hamwe [kugira bahimbaze Icibutso] ibi bintu bisabwa: (1) kwizera amaraso [ya Kirisitu] be (2) n’ukuba umuntu yariyeguriye Umukama akihebera n’umurimo wiwe, mbere no gushika ku gupfa. Bakwiye rero guca batumira abafise ukwo kwizera kandi biyeguye kugira uruhara muri iryo himbazwa ry’urupfu rw’Umukama.”​—Studies in the Scriptures, Series VI, The New Creation, page 473. *

Ukurondera “izindi ntama”

9. “Ishengero ryinshi” ryatahuwe neza gute mu 1935, kandi ivyo vyagize ico bikoze gute kuri bamwebamwe bahora bafungura ku bimenyetso vy’Icibutso?

9 Haciye igihe, ishirahamwe rya Yehova ryaratanguye kwiyumvira abandi Bakirisu batari mu bayoboke ba Kirisitu basizwe. Hari ibintu bijanye n’ico kintu vyabaye nko mu 1935. Imbere y’aho, abasavyi b’Imana babona ko “ishengero ryinshi” rivugwa mu Vyahishuriwe 7:9 ari uwundi mugwi wo mu buryo bw’impwemu wobaye uri kumwe mw’ijuru na bamwe basizwe 144.000 bazutse, abawugize bakaba bobaye ari nk’abahagarariye canke abagendanyi b’umugeni wa Kirisitu. (Zaburi 45:14, 15; Ivyahishuriwe 7:4; 21:2, 9) Mugabo ku wa 31 Rusama 1935, mu nsiguro yashikirijwe kw’ihwaniro ry’Ivyabona vya Yehova ryabereye i Washington, D.C. muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, vyarasiguwe hishimikijwe Ivyanditswe yuko “ishengero ryinshi” ari abagize “izindi ntama” babaho mu gihe c’iherezo. (Yohana 10:16) Iryo hwaniro rimaze kuba, bamwebamwe mu bahora bafungura ku bimenyetso vy’Icibutso barahagaritse gufungura kubera batahuye ko icizigiro cabo ari ico kuba kw’isi, atari ico mw’ijuru.

10. Wodondora gute icizigiro be n’amabanga abagize “izindi ntama” bo muri kino gihe bafise?

10 Canecane kuva mu 1935 ni ho hatanguye kuronderwa abagize “izindi ntama,” bizera incungu, biyeguriye Imana kandi bashigikira abasizwe bagize “ubusho buto” mu gikorwa barangura co kwamamaza Ubwami. (Luka 12:32) Abo bagize izindi ntama bizigiye kuba kw’isi ibihe bidahera, ariko mu bindi bisigaye vyose, bameze nk’amasigarira yo muri kino gihe azoragwa Ubwami. Nka kumwe abanyamahanga baba muri Isirayeli basenga Yehova bakongera bakagamburuka Ivyagezwe, ni ko n’abagize izindi ntama bo muri kino gihe bemera kurangura amabanga ya gikirisu, nk’ukwamamaza inkuru nziza bifatanije n’abagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. (Ab’i Galatiya 6:16) Ariko rero, nk’uko ata munyamahanga yashobora kuba umwami canke umuherezi muri Isirayeli, ni ko ata n’umwe wo mu zindi ntama ashobora kuba mu bazotegeka mu Bwami bwo mw’ijuru canke ngo akore ari umuherezi.​—Gusubira mu Vyagezwe 17:15.

11. Ni kubera iki igenekerezo umuntu yiyeguriyeko riri mu bifasha kumenya niba afise icizigiro c’ijuru?

11 Mu myaka y’1930, vyagiye biratomoka rero muri rusangi ko umugwi w’abazoja mw’ijuru wamaze gucagurwa. Ubu haraciye imyaka mirongo abagize izindi ntama bafise icizigiro co kuba kw’isi ari bo baronderwa. Uwo mu basizwe aramutse ahemutse, birashoboka cane rwose yuko umuntu amaze igihe kirekire asukurira Imana ari umwizigirwa, nk’uwo mu zindi ntama yotumirwa kugira ngo asubire mu kibanza c’uwahemutse muri bamwe 144.000.

Igituma bamwebamwe bihenda ngo barasizwe

12. Umuntu akwiye kureka gufungura ku bimenyetso vy’Icibutso igihe asanze ibintu vyifashe gute, kandi kubera iki?

12 Abakirisu basizwe barazi badakekeranya yuko bahamagariwe ijuru. Mugabo none, tuvuge iki ku bantu bamwebamwe badafise ico cizigiro boba bahora bafungura ku bimenyetso vy’Icibutso? Ko bamaze gutahura yuko batigeze bagira ico cizigiro c’ijuru, nta gukeka yuko ijwi ryabo ryo mutima rizobagobera kureka kubifungurako. Imana ntiyotonesha umuntu uwo ari we wese yigira uwahamagariwe kuba umwami be n’umuherezi mw’ijuru mu gihe azi neza ko ataronse uwo muhamagaro. (Abaroma 9:16; Ivyahishuriwe 20:6) Yehova yaraciriyeko iteka wa Mulewi Kora kubera ko yaronderanye ubwibone ubuherezi bwa Aroni. (Kuvayo 28:1; Guharura 16:4-11, 31-35) Nimba hari Umukirisu n’umwe atahuye ko yahora afungura ku bimenyetso vy’Icibutso yihenda, akwiye guhagarika kubifungura kandi agasaba yicishije bugufi ko Yehova amugirira ikigongwe.​—Zaburi 19:13.

13, 14. Ni kubera iki bamwebamwe bashobora kwihenda bakibwira yuko bahamagariwe ijuru?

13 Ni kubera iki none bamwebamwe bashobora kwihenda bakibwira ko bahamagariwe ijuru? Urupfu rw’uwo bari bubakanye canke ibindi bintu vy’akaziri bishika, bishobora gutuma bataba bakinezerererwa ubuzima bwo kw’isi. Canke bashobora kugira icipfuzo co kuja mw’ijuru nk’ico abagenzi babo pfampfe bibwira ko ari Abakirisu basizwe bafise. Ariko ntiwumve, Imana nta muntu n’umwe yashinze ngo aremesha abandi kugira ako gateka. Vyongeye Imana ntisiga abaragwa Ubwami mu gutuma bumva amajwi ababwira ko basizwe.

14 Iciyumviro kitari co amadini afise c’uko ngo abeza bose bazoja mw’ijuru gishobora gutuma bamwebamwe biyumvira yuko bahamagariwe ijuru. Ku bw’ivyo, turakeneye kwirinda ngo ntitwoshwe n’ivyiyumviro twahora dufise kera canke ibindi bintu. Nk’akarorero, hari aboshobora kwibaza bati: ‘Noba mfata imiti igira ico ikoze ku nyiyumvo zanje? Noba mpengamira ku kugira inyiyumvo zikomeye ku buryo nshobora kubona ibintu ukutari kwo?’

15, 16. Ni kubera iki hari abashobora kwihenda bagashika ku ciyumviro c’uko ari abasizwe?

15 Hari bamwebamwe boshobora kwibaza bati: ‘Ubwo sinoba nshaka kuba rurangiranwa? Noba mpahamira ubukuru ubu canke mpahamiye kuzoba umuraganwa na Kirisitu?’ Igihe abaragwa b’Ubwami bahamagarwa mu kinjana ca mbere, si bose bari bafise amabanga mw’ishengero. Bisubiye, abahamagariwe ijuru ntibarondera kuba ba rurangiranwa canke ngo bishire hejuru ngo n’uko basizwe. Baragaragaza ukwicisha bugufi kwitezwe ku bafise “ivyiyumviro vya Kristo.”​—1 Ab’i Korinto 2:16.

16 Bamwebamwe bashobora kuba barashitse ku ciyumviro c’uko bahamagariwe ijuru kubera yuko baronse ubumenyi bwerekeye Bibiliya bwinshi. Ariko gusigwa impwemu ntibica bituma umuntu agira ubumenyi butangaje kubera ko na Paulo yategerejwe kwigisha no guhanura abasizwe bamwebamwe. (1 Ab’i Korinto 3:1-3; Abaheburayo 5:11-14) Imana yaratunganije uburyo bwo kuronsa imfungurwa zo mu vy’impwemu abasavyi bayo bose. (Matayo 24:45-47) Ni co gituma ata n’umwe akwiye kwiyumvira yuko kuba ari Umukirisu yasizwe, bituma agira ubukerebutsi burengeye ubw’abafise icizigiro co kuba kw’isi. Gusigwa impwemu ntibibonekera ku buhanga umuntu afise mu kwishura ibibazo bishingiye ku Vyanditswe, ku buhanga bwo gushinga intahe canke bwo gutanga insiguro zishingiye kuri Bibiliya. Abakirisu bamwebamwe bafise icizigiro co kw’isi, na bo nyene ivyo barabigira neza.

17. Gusigwa impwemu biva ku biki no kuri nde?

17 Mu gihe uwo dusangiye ukwizera yibajije ko yahamagariwe ijuru, umukurambere canke uwundi Mukirisu ahumuye arashobora kuganira na we ico kibazo. Ariko rero, umuntu ntashobora gufatira uwundi ingingo muri ivyo. Umuntu vy’ukuri yaronse uwo muhamagaro, ntakenera kwirirwa arabaza abandi ko yoba afise ico cizigiro. Abasizwe ‘bavyawe ubwa kabiri, ntibavyawe n’imbuto ibora, ariko bavyawe n’imbuto itabora, babiheshejwe n’ijambo ry’Imana ririho rigahoraho.’ (1 Petero 1:23) Biciye ku mpwemu yayo no kw’Ijambo ryayo, Imana irabiba “urubuto” (NW) rutuma nya muntu aba “icaremwe gisha” gifise icizigiro c’ijuru. (2 Ab’i Korinto 5:17) Yehova rero ni we amwihitiramwo. Gusigwa impwemu “[ntibi]va ku kugomba kw’umuntu, canke ku gushimika kwiwe, ariko biva ku Mana igira ikigongwe.” (Abaroma 9:16) None umuntu ashobora kumenya neza gute ko yahamagariwe ijuru?

Igituma badakekeranya

18. Impwemu y’Imana ibwiririkanya gute n’impwemu y’abasizwe?

18 Impwemu y’Imana irashingira intahe ikura amazinda Abakirisu basizwe yuko bafise ivyizigiro vy’ijuru. Paulo yanditse ati: “Mwahāwe impwemu yo kubahindura abana b’Imana, idutakisha ngo Abba, Data. [I]mpwemu ubg[ayo i]bgiririkanya n’impwemu yacu, ar’icabona, yuko tur’abana b’Imana. Ariko ko tur’abana bayo, tur’abaragwa; tur’abaragwa b’Imana, tur’abaraganwa na Kristo, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhānwa ubgiza na we.” (Abaroma 8:15-17) Biciye ku kosho k’impwemu, umutima w’abasizwe urabasunikira ku gushira mu ngiro ico Ivyanditswe bivuga ku vyerekeye abana ba Yehova bo mu buryo bw’impwemu. (1 Yohana 3:2) Impwemu y’Imana ituma biyumva ko ari abana bayo, maze ikabashiramwo icizigiro ntangere. (Ab’i Galatiya 4:6, 7) Vyemere, kubaho ibihe bidahera kw’isi ari abantu batagira agasembwa bakikijwe n’umuryango wabo be n’abagenzi babo coba ari ikintu ciza cane, yamara ico si co cizigiro Imana yabahaye. Biciye ku mpwemu yayo, Imana yarashize muri bo icizigiro c’ijuru nk’ico gikomeye, ku buryo bw’uko biteguriye guheba incuti zabo zo kw’isi be n’ivyizigiro vyabo vyo kuyibamwo.​—2 Ab’i Korinto 5:1-5, 8; 2 Petero 1:13, 14.

19. Isezerano rishasha rigira uruhara uruhe mu bijanye n’ubuzima bw’Umukirisu yasizwe?

19 Abakirisu basizwe barazi badakekeranya ko bafise icizigiro c’ijuru be n’uko bashizwe mw’isezerano rishasha. Ivyo Yezu yarabivuze igihe yatanguza Icibutso, ati: “Iki gikombe n’isezerano risha ryo mu maraso yanje, abaviriye.” (Luka 22:20) Abagira uruhara muri iryo sezerano rishasha ni Imana be n’abasizwe. (Yeremiya 31:31-34; Abaheburayo 12:22-24) Yezu ni we muhuza. Kubera ko amaraso ya Kirisitu yasesetse ari yo yatumye iryo sezerano ritangura gukora, ntiryagarukiye ku Bayuda gusa, ariko kandi ryaragiyemwo n’abantu bo mu mahanga bitirirwa izina rya Yehova, rituma bacika “urubuto” rwa Aburahamu. (Ab’i Galatiya 3:26-29; Ivyakozwe 15:14) Iryo “sezerano ry’ibihe bidashira” rituma Abisirayeli bose bo mu buryo bw’impwemu bazurirwa ubuzima budahwera mw’ijuru.​—Abaheburayo 13:20.

20. Ni isezerano irihe abasizwe bagiranira na Kirisitu?

20 Abasizwe ntibakekeranya ku cizigiro bafise. Barashizwe mu rindi sezerano, akaba ari isezerano ry’Ubwami. Ku bijanye n’uruhara barigiramwo bari kumwe na Kirisitu, Yezu yavuze ati: “Ni mwebge mwamanye nanje mu vyo nageragejwe. Nanje mbabīkiye ubgami, nk’uko Data yabumbīkiye.” (Luka 22:28-30) Iryo sezerano riri hagati ya Kirisitu n’abami bifatanya na we riguma rikora ibihe bidahera.​—Ivyahishuriwe 22:5.

Ikiringo c’Icibutso ni akaryo gateye umunezero

21. Dushobora gute kwungukira cane ku kiringo c’Icibutso?

21 Harabaho imihezagiro myinshi mu kiringo c’Icibutso. Turashobora kwungukira ku rutonde rwo gusoma Bibiliya rushirwaho ku bw’ico kiringo. Ni akaryo kandi keza cane ko gusenga, kuzirikana ku buzima bwa Yezu bwo kw’isi be n’urupfu rwiwe, no kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. (Zaburi 77:12; Ab’i Filipi 4:6, 7) Guhimbaza Icibutso biratwibutsa urukundo Imana be na Kirisitu bagaragaje mu bijanye n’inkuka y’incungu ya Yezu. (Matayo 20:28; Yohana 3:16) Iyo ntunganyo iraturonsa icizigiro kandi ikanatwirura, ikaba kandi ikwiye gukomeza umwiyemezo wacu wo gukurikira ingendo nk’imwe ya Kirisitu. (Kuvayo 34:6; Abaheburayo 12:3) Icibutso gikwiye kandi kudukomeza kugira ngo dushitse ukwiyegura kwacu turi abasavyi b’Imana no kugira tube abayoboke badahemuka b’Umwana wayo mukundwa.

22. Ni ingabirano iruta izindi iyihe Imana yahaye umuryango w’abantu, kandi ni mu buryo bumwe ubuhe twokwerekana ko tuyikenguruka?

22 Ese ukuntu Yehova aturonsa ingabirano nziza! (Yakobo 1:17) Turayoborwa n’Ijambo ryiwe, tugafashwa n’impwemu yiwe, kandi tukaba dufise icizigiro c’ubuzima budahera. Ingabirano Imana yaturonkeje iruta izindi zose ni inkuka ya Yezu ituma abasizwe be n’abandi bose bafise ukwizera baharirwa ivyaha. (1 Yohana 2:1, 2) Urupfu rwa Yezu rufise agaciro kangana iki none kuri wewe? Woba uzoba uri mu bazokwerekana ko barukenguruka mu gutororokanira hamwe na bo kw’igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2003 izuba rirenze, kugira bahimbaze Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 8 Casohowe n’Ivyabona vya Yehova ariko ubu ntikigicapurwa.

Wokwishura gute?

• Ni bande bakwiye gufungura ku bimenyetso vy’Icibutso?

• Ni kubera iki “izindi ntama” bitaba ihimbazwa ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba ari abarorerezi bubaha?

• Abakirisu basizwe bamenya gute ko bakwiye gufungura ku mukate no kunywa ku muvinyu mu gihe c’Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu?

• Ikiringo c’Icibutso ni akaryo keza ko gukora iki?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Igicapo/Amafoto ku rup. 18]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Abitavye Icibutso

MU MAMILIYONI

15.597.746

15

14

13.147.201

13

12

11

10

 9

 8

 7

 6

 5

4.925.643

 4

 3

 2

 1

878.303

63.146

1935 1955 1975 1995 2002

[Ifoto ku rup. 18]

Woba uzoba ari ho uri mu gihe co guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba muri uyu mwaka?

[Ifoto ku rup. 21]

Ikiringo c’Icibutso ni akaryo keza ko kurushiriza gusoma Bibiliya no kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami