Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nturekerane Umutima w’Umwana Wawe!

Nturekerane Umutima w’Umwana Wawe!

Nturekerane Umutima w’Umwana Wawe!

UMUGOMA w’ibumba ata co wari umaze iyo ushitse mu maboko y’umubumvyi w’umuhanga, arashobora kuwuhinguramwo igikoresho ciza cane utoraba. Ni abahinguzi b’utugenegene bakeyi bahingura ikintu ciza nk’ico bagikuye mu mugoma w’ibumba ata co wari umaze. Haraheze imyaka ibihumbi umubumvyi ari we aronsa ikibano c’abantu ibikombe, amasahani, inkono, ibibakure be n’inkono z’amashurwe.

Abavyeyi na bo nyene baraterera ikibano ikintu c’agaciro igihe babumbabumba inyifato be na kamere vy’abana babo. Umwe wese muri twebwe Bibiliya imugereranya n’ibumba, Imana na yo ikaba yashinze abavyeyi igikorwa gihambaye co kubumbabumba iryo “bumba” ari bo bana babo. (Yobu 33:6; Itanguriro 18:19) Nk’uko bimeze mu guhingura igikoresho ciza cane mw’ibumbiro, guhindura umwana akaba umuntu akuze w’umwizigirwa kandi ari n’uburimbane na vyo nyene si igikorwa coroshe. Iryo hinduka ntiripfa kwizana.

Hariho utwosho dukomeye twinshi turiko dukora kugira ngo tubumbabumbe imitima y’abana bacu. Ikibabaje ni uko usanga tumwetumwe muri utwo twosho twonona. Ku bw’ivyo, aho kurekerana umutima w’umwana, umuvyeyi w’inkerebutsi azotoza umwana indero “akwiye kwamana,” yizigiye yuko “azorinda asāza atarayivamwo.”​—Imigani 22:6.

Mu kiringo c’ukurera umwana kimara igihe kirekire kandi kibamwo ibintu bihambaye, abavyeyi bakirisu b’inkerebutsi bazotegerezwa kumara umwanya barinda umutima w’umwana wabo utwosho tubi tuwuhanamiye. Urukundo rwabo ruzogeragezwa cane, uko ‘bigisha umwana wabo babigiranye ukwihangana, bongera bamukosora, nk’uko bijanye n’indero ya gikirisu.’ (Abanyefeso 6:4, The New English Bible) Birumvikana ko igikorwa c’abavyeyi kizorushiriza kworoha cane nibatangura hakiri kare.

Gutangura hakiri kare

Ababumvyi bakunda gukoresha ibumba ryoroshe bihagije kubumbabumbamwo ikintu, yamara riba rinonotse bikwiye ku buryo nya kintu kigumana imero bagihaye. Bamaze gukāta ibumba, bashima kurikoresha imbere y’amezi atandatu. Mu buryo nk’ubwo nyene, igihe ciza cane c’uko abavyeyi batangura kubumbabumba umutima w’umwana wabo, ni igihe aba atanguye gufata mu bwonko akantu kose kandi umutima wiwe woroshe guhindura.

Abahinga mu vy’abana bavuga yuko igihe umwana ashikanye amezi umunani, aba amaze kwiga gutahura amajwi y’ururimi kavukire rwiwe, kugiriranira ubucuti bwa hafi n’abavyeyi biwe, gutsimbataza ubuhanga bwo gutahura kandi akaba amaze gutangura kwihweza ibimukikije. Igihe ciza co gutangura kubumbabumba umutima wiwe, ni harya aba akiri akayoya. Ese ukuntu umwana wawe azokwunguka cane niyaba nka kumwe kwa Timoteyo, ‘akamenya ivyanditswe vyera ahereye mu buhinja.’​—2 Timoteyo 3:15. *

Mu bisanzwe, impinja zirigana abavyeyi bazo. Turetse gusubiramwo amajwi, imvugo be n’ibimenyetso vy’umubiri, ziriga ivyerekeye urukundo, ubugwaneza be n’imbabazi, igihe zibona abavyeyi bazo bagaragaza izo kamere. Niba dushaka kurera umwana wacu twisunze ivyagezwe vya Yehova, amabwirizwa y’Imana ategerezwa imbere ya vyose kuba ari mu mitima yacu. Ugukenguruka nk’ukwo kuvuye ku mutima kuzotuma abavyeyi bama baganira n’abana babo ivyerekeye Yehova be n’Ijambo ryiwe. Bibiliya itanga iyi nkeburo igira iti: “Muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse.” (Gusubira mu Vyagezwe 6:6, 7) Francisco na Rosa barasigura ukuntu ivyo babigira ku vyerekeye utwana twabo tubiri. *

“Uretse ibiyago vya misi yose tugira, turagerageza kuganira n’abana bacu umwumwe wese ukwiwe n’imiburiburi mu minuta 15 ku musi. Iyo tubonye afise ingorane, duca tumarana umwanya munini kuruta, kandi ntitubura kuzibona. Nk’akarorero, agahungu kacu k’imyaka itanu ubuheruka karatashe muhira kavuye kw’ishure, hanyuma katubwira yuko katemera Yehova. Biboneka yuko umwe mu bo bigana yamutwenze hanyuma amubwira yuko ata Mana iriho.”

Abo bavyeyi baratahuye yuko abana bakeneye gutsimbataza ukwizera Umuremyi wabo. Abavyeyi bashobora gufatira ku bintu Imana yaremye bisanzwe biryohera abana babo kugira babatsimbatarize ukwizera nk’ukwo. Urazi ukuntu abana bakunda gukuyakuya igikoko, kwaha amashurwe yo mw’ishamba, canke gukinira mu musenyi wo ku nkengera y’ikiyaga! Abavyeyi barashobora kubafasha kubona isano riri hagati y’ivyaremwe n’Uwabiremye. (Zaburi 100:3; 104:24, 25) Ugutinya be n’ukwubaha ivyo Yehova yaremye batsimbataza bishobora kubagumamwo ubuzima bwabo bwose. (Zaburi 111:2, 10) Umwana agize ugutahura nk’ukwo, arashobora gutsimbataza icipfuzo co guhimbara Imana no gutinya ko yohava atayihimbara. Ivyo bizotuma ‘aca kure ikibi.’​—Imigani 16:6.

Naho usanga abana benshi bashaka kumenya akantu kose kandi bakanyaruka kumenya ibintu, bashobora kuba batoroherwa n’ukugamburuka. (Zaburi 51:5) Rimwe na rimwe, bashobora kuguma barondera gukora ivyo bishakiye canke kuronka ikintu cose bashaka. Abavyeyi barakeneye gushikama, kwihangana no gutoza indero abana babo kugira ngo babarinde izo nyifato ntizishinge imizi muri bo. (Abanyefeso 6:4) Ivyo ni vyo Phyllis n’umugabo wiwe Paul bakoze, aberewe mu kurera abana babo batanu.

Phyllis yibuka ibi: “Umwana umwumwe wese yari afise kamere yisangije, agashaka gukora ivyo yishakiye. Ntivyari vyoroshe, ariko amaherezo barize ico ijambo ‘oya’ risobanura.” Umugabo wiwe Paul yavuze ati: “Kenshi twarababwira imvo yatumye dufata ingingo mu gihe baba bakuze bihagije ku buryo bashobora kubitahura. Naho twama tugerageza kuba abagwaneza, twarabigisha kwubaha ubukuru twahawe n’Imana.”

Naho umwana ashobora kugira ingorane mu myaka yiwe yo mu ntango, abavyeyi batari bake babona yuko agira ingorane zikomeye kuruta mu myaka yiwe y’ubuyabaga, igihe umutima wiwe ucoroshe uhangana n’ibigeragezo vyinshi atari amenyereye.

Gushikira umutima w’umuyabaga

Umubumvyi ategerezwa gutangura kubumba imbere yuko ibumba ryuma. Niba adashaka guca abumba ubwo nyene, ashobora kuryongeramwo amazi kugira ngo rigume ribomvye kandi ryoroshe. Ni ko n’abavyeyi bategerezwa gukora bagatama kugira barinde umutima w’umuyabaga ntukomantare. Birumvikana ko igikoresho nyamukuru ari Bibiliya, iyo bakoresha kugira bashobore ‘guhana umwana wabo no kumutunganya kugira akore igikorwa ciza cose.’​—2 Timoteyo 3:15-17.

Ariko rero, umuyabaga yoshobora kutemera impanuro z’abavyeyi biwe nk’uko yazemera akiri umwana mutoyi. Imiyabaga yoshobora gutangura gutega amatwi cane urunganwe rwabo, ku buryo bw’uko guserurira abavyeyi babo akari ku mutima ata co babahisha kandi bitagoranye vyoshobora kuyama. Uko uruhara rw’abavyeyi be n’abana rwinjira mu kiringo gishasha, kiba ari igihe c’uko barushiriza kwihangana kandi bakarushiriza kugira ubuhanga. Umuyabaga ategerezwa kumenyera amahinduka aba ku mubiri no mu kanyengetera. Ategerezwa gutangura gufata ingingo no gushinga imigambi ishobora kugira ico ikoze ku buzima bwiwe busigaye. (2 Timoteyo 2:22) Muri ico kiringo kitoroshe, ategerezwa guhangana n’inguvu ishobora kwonona umutima wiwe, ni ukuvuga akosho k’urunganwe.

Ni gake usanga akosho nk’ako kibonekeza mu kintu gishitse ari bwo bwa mbere. Ahubwo, kabonekera mu rukurikirane rw’amajambo aca inkokora aza aravugwa canke mu bintu vyonona aza arajamwo. Ivyo bitera aho abakiri bato benshi bagoyagoya, ni ukuvuga ugutinya gukumirwa n’abandi bakiri bato kuba kwarashinze imizi. Kubera ko uwukiri muto aba atinyatinya kandi akaba ashaka kwemerwa n’abandi, ashobora gutangura kwemera ‘ibintu biri mw’isi’ abandi bakiri bato baremesha.​—1 Yohana 2:15-17; Abaroma 12:2.

Ivyipfuzo mvukanwa biri mu mutima munyagasembwa birashobora kugira akosho gakomeye ku vyo abo mu runganwe rwiwe bamubwira, bigatuma ibintu vyunyuka. Yoshobora kwumva ko amajambo bamubwira nk’aya ngo “Niwiryohere” be na “Kora ivyo wishakiye” akwegera cane. María aribuka ivyamubayeko ati: “Narateze ugutwi imiyabaga nkanje yemera yuko abakiri bato bafise uburenganzira bwo kwiryohera ukwo bishoboka kwose, bataravye ingaruka vyotera. Kubera yuko nashaka gukora ivyo abagenzi twigana bakora, narahatswe gukora ikintu conkwegeye akarambaraye.” Bwa muvyeyi, ushaka gufasha umwana wawe w’umuyabaga gutsinda akosho nk’ako. Ariko none wobigenza gute?

Numukure amazinda wongere umusubirize umutima mu nda mu vyo uvuga no mu vyo ukora yuko umwitayeho. Niwihatire kumenya ukuntu abona ibintu, kandi ugerageze gutahura ingorane ziwe, izishobora kuba zigoye kuruta izo wewe waciyemwo kw’ishure. Muri ico gihe ni ho canecane umwana wawe aba akeneye kukubona nk’umuntu ashobora guserurira akari ku mutima. (Imigani 20:5) Ufatiye ku buryo aserura ivyiyumviro canke ukaraba uko ameze, urashobora kubona umubabaro afise canke ikintu kimuzazaniye. Ntiwirengagize ivyo ubona bimugoye, kandi ‘uremeshe umutima wiwe.’​—Ab’i Kolosayi 2:2.

Birumvikana yuko bihambaye ko wumira ku bigororotse. Abavyeyi benshi basanze rimwe na rimwe haba ukutumvikana hagati yabo n’abana, mugabo ntibashobora kurekerana igihe babona yuko ingingo bafashe ifise ishingiro. Ku rundi ruhande, nurabe yuko utahura ibintu mu buryo butomoye imbere yo gufata ingingo yuko womuhana mu buryo buranga urukundo be n’ukuntu wobigenza nimba bikenewe.​—Imigani 18:13.

Ibigeragezo birashobora kuva mbere no mw’ishengero

Urwavya rw’ibumba rushobora gusa n’uko rwarangiye, ariko iyo rutaturiwe, amazi yagenewe kurubikwamwo akaba ari yo nyene arusavya. Ibigeragezo be n’ingorane Bibiliya ibigereranya n’uguca mu muriro, kubera yuko vyerekana ico turi koko. Ego ni ko Bibiliya iravuga canecane ibigerageza ukwizera kwacu, mugabo muri rusangi iciyumviro kirimwo kirakora kandi no ku bindi bigeragezo. (Yakobo 1:2-4) Igitangaje ni uko ibigeragezo bimwebimwe abakiri bato bahangana bishobora kuva mw’ishengero.

Naho umwana wawe w’umuyabaga yoba aboneka ko afise amagara meza yo mu vy’impwemu, imbere muri we ashobora kuba ariko aranyinyana n’umutima wigabaguye. (1 Abami 18:21) Nk’akarorero, Megan yarahanganye n’ivyiyumviro vy’isi vyava ku bandi bakiri bato baza ku Ngoro y’Ubwami, agira ati:

“Narohejwe n’akagwi k’abakiri bato babona yuko Ubukirisu ari ikintu kirambira kandi kibabuza kwiryohera. Bavuga ibintu nk’ibi: ‘Nzokira gukwiza imyaka 18 gusa, nzoca mva mu kuri,’ canke ngo ‘Ndarambiwe no kuguma mu kuri.’ Bariyamiriza uwukiri muto wese avuga ikintu ico ari co cose gihushanye n’ivyabo, bakavuga ko yigira umweranda.”

Umwe wenyene canke babiri bafise agatima kabi barahagije kugira bagumure abasigaye. Mu bisanzwe, abantu bari mu mugwi bakurikiza iciyumviro ca benshi. Ubusazi n’ubushirasoni vyoshobora kunyoha ubukerebutsi be n’ukwigenza rupfasoni. Mu bihugu vyinshi, harabaye uburorero bubabaje bw’Abakirisu bakiri bato baguye mu kaga kubera bakurikiye agakuku.

Birumvikana yuko imiyabaga ikeneye ku rugero runaka kuryoherwa iri kumwe n’abandi. Bwa muvyeyi, ushobora kubibafashamwo gute? Niwiyumvire witonze ibintu vyotuma bisamaza, hanyuma utegekanye ibikorwa bitarambira bokorana n’umuryango canke bokora bari kumwe n’abato be n’abakuze. Nurondere kumenya abagenzi b’umwana wawe. Nubatumire musangire akajumbu canke muteramane na bo. (Abaroma 12:13) Nuremeshe umwana wawe gukurikirana ibikorwa vyiza, nk’ukwiga gucuraranga canke urundi rurimi, canke kwiga umwuga. Ku rugero runini, yoshobora kuvyigira muhira ahantu hatekanye.

Ishure rirashobora kuba uburinzi

Umuyabaga yiga birashobora kumufasha kugumiza ivy’ukwisamaza mu kibanza cavyo. Loli amaze imyaka 20 ari umuyobozi w’ishure rimwe ryigamwo abana benshi avuga ati: “Narabonye Ivyabona bakiri bato benshi baja kw’ishure. Abatari bake bari bakwiye gukezwa kubera inyifato yabo, mugabo bamwebamwe nta co bari batandukaniyeko n’abandi banyeshure. Abatanga akarorero keza ntibahinduka, baguma ari ba bandi nyene bitwararika ivyigwa vyabo. Nohanura nshimitse abavyeyi kwitwararika ukuntu abana babo bagenda batera imbere mu vyigwa vyabo, kumenya abigisha babo be no kwumvisha abana babo yuko bakwiye kuguma bafise izina ryiza. Abana bamwebamwe bazokwifata neza cane, mugabo bose barashobora kumera neza ku rugero rushimishije kandi bakubahwa n’abigisha babo.”

Kuja kw’ishure nk’ukwo kurashobora kandi gufasha imiyabaga gutera imbere mu buryo bw’impwemu. Kurashobora kubigisha utumenyero twiza two kwiga, kugira ivyiyumviro biroranye be no kwumva ko hari ibanga bashobora kuzezwa. Nta gukeka ko ububangukirwe bafise bwo gusoma neza no gutahura ivyiyumviro buzotuma barushiriza kuba abatohoji beza be n’abigisha beza b’Ijambo ry’Imana. (Nehemiya 8:8) Ibikorwa basabwa gukora kw’ishure hamwe n’ukwiyigisha ivy’impwemu birashobora kubafasha gushira ivy’ukwisamaza mu kibanza cavyo.

Biragutera iteka wewe umuvyeyi, bikaritera na Yehova

Mu Bugiriki bwa kera, inzavya nyinshi zariko ikimenyetso ca nyene kuzibumba be na nyene kuzitāka. Tubigereranije no mu muryango, hariho abantu babiri mu bisanzwe bafashanya mu kubumbabumba abana. Serugo na inarugo barafashanya mu kubumbabumba umutima w’umwana. Ivyo tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, vyitwa ko umwana wanyu ariko ikimenyetso canyu mwempi. Nka kurya kw’umubumvyi be n’umutātsi baroraniwe, urashobora kwumva unezerejwe cane n’igikorwa wakoze mu kubumbabumba umwana akiri muto ubu akaba afise agaciro kandi ari intore.​—Imigani 23:24, 25.

Kugira mwererwe muri ico gikorwa gisaba ukwihata cane, bizova ahanini ku rugero mwashikanyeko mu kubumbabumba umutima w’umwana wanyu. Twizigire yuko muzoshobora kuvuga muti: “Ivyagezwe vy’Imana yiwe biri mu mutima wiwe; nta ntambuko ziwe zizonyerera.” (Zaburi 37:31) Ukuntu umutima w’umwana wawe ukwiye kuba umeze, kurahambaye cane ku buryo utowurekerana.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 8 Abavyeyi bamwebamwe barasomera Bibiliya impinja zabo. Akajwi koroshe bakoresha be n’ivyo babasomera biryoshe vyoshobora gutuma umwana ahimbarwa n’ugusoma mu buzima bwiwe bwose.

^ ing. 9 Amazina amwamwe yarahinduwe.