Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubuzima mw’Ikambi y’Impunzi

Ubuzima mw’Ikambi y’Impunzi

Ubuzima mw’Ikambi y’Impunzi

WUMVISE bavuze “ikambi y’impunzi,” ni igiki uca ubona mu bwenge? Woba umaze kugendera ikambi y’impunzi? Mbega neza na neza imeze gute?

Mu gihe ibi vyariko birandikwa, mu Burengero bwa Tanzaniya hari hamaze gushingwa amakambi y’impunzi 13. Impunzi zishika ku 500.000 zigizwe n’abantu baturuka mu bindi bihugu vya Afirika bateshejwe izabo bivuye ku ntambara z’abanyagihugu, zariko zirafashwa na leta ya Tanzaniya ifatanije n’Ishirahamwe Mpuzamakungu Ryitaho Impunzi (HCR). None abantu babayeho gute mw’ikambi y’impunzi?

Igihe umuntu ashitse mw’ikambi

Umwigeme w’umuyabaga yitwa Kandida arasigura ukuntu vyagenze igihe we n’umuryango wabo bashika mw’ikambi mu myaka mikeyi iheze. Avuga ati: “Baraduhaye ikarata yo gufatirako ibifungurwa yanditseko inomero iranga uwuyihawe, maze umuryango wacu urungikwa mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu. Baciye baduha inomero y’ikibanza n’inomero y’ibarabara kiriko. Baratweretse aho dutema ibiti n’aho duca ivyatsi vyo kwubaka akazu kacu. Twarabumvye amatafari y’ivyondo, HCR na yo iduha ihema dusakaza. Naho ico gikorwa cari kiruhije, aho akazu kacu kabayabaye kuzuriye twaranezerewe.”

Ikarata yo gufatirako imfungurwa ikoreshwa ku wa Gatatu, rimwe mu ndwi zibiri. Kandida yongerako ati: “Twaratonda umurongo aho bafatira ibifungurwa vya nkenerwa bitangwa na HCR.”

None ibifungurwa umuntu agenewe ku musi bingana gute?

“Umwe wese muri twebwe ahabwa ibikombe 3 vy’ifu y’ibigori, igikombe kimwe c’ubwishaza, amagarama 20 y’ifu y’isoya, ibiyiko 2 vy’amavuta yo guteka n’amagarama 10 y’umunyu. Rimwe na rimwe baraduha igihimba c’isabuni, kikaba gitegerezwa kumara ukwezi kwose.”

Tuvuge iki ku vyerekeye amazi meza? Yoba aboneka? Umugore akiri muto yitwa Riziki avuga ati: “Amazi akwegwa akuwe mu nzuzi zo mu micungararo y’ikambi, akajanwa mu bitangi amahero acishijwe mu miringoti. Amazi barayakuramwo imyanda bakoresheje umuti witwa Chlore imbere yo kuyarungika mu mabombo menshi ari mw’ikambi rimwerimwe ryose. Biba bikenewe ko ayo mazi tuyateka kugira twirinde kwandura indwara. Kenshi usanga duhera mu gitondo gushika ku mugoroba tuvoma twongera tuja kumesa kuri ayo mabombo. Ku musi ushobora gusa kuvoma agapipa kamwe n’igice.”

Ugendagenze muri imwe muri ayo makambi urashobora kubona amashure y’utwana duto n’ay’intango be n’ayisumbuye. Harashobora mbere kubaho ivyo kwigisha abakuze gusoma no kwandika. Hafi y’ikambi hari igituro c’abapolisi be n’ibiro vy’abajejwe intwaro bicungera umutekano w’ikambi. Urashobora kubona isoko nini irimwo utuzu dutoduto twinshi badandarizamwo, aho impunzi zishobora gusumira imboga, ivyamwa, amafi, inkoko be n’ibindi bifungurwa vya nkenerwa. Abanyagihugu bamwebamwe bo muri ako karere, baraza muri iyo soko gushora no gusuma ibidandazwa. Ariko none, impunzi zikura he amafaranga yo gusuma? Hari abafise uturima barimamwo imboga bagaheza bakazishora kw’isoko. Abandi bashobora kugurisha kw’ifu canke ku bwishaza bafashe, bakaba baronse uburyo bwo kugura akanyama n’ivyamwa. Emwe, ikambi ntiwomenya ko ari ikambi, usanga rimeze nk’ikigwati kinini. Urakunda gusanga mw’isoko abantu batwenga bongera binezereza, nka kurya nyene bobigira bari iwabo.

Ushitse ku bitaro, umwe mu baganga baho ashobora kukubwira yuko muri iryo kambi hariho amavuriro, aho bavurira indwara zisanzwe. Abakeneye kuvurwa vyihutirwa hamwe n’abasinzikaye bajanwa ku bitaro. Birumvikana ko kuri ivyo bitaro, ahagenewe abavyeyi be n’aho bibarukira ari ho hahambaye, kubera ko mw’ikambi irimwo impunzi 48.000, hashobora kuvuka abana nk’250 ku kwezi.

Baragaburirwa neza mu vy’impwemu

Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi boshobora kwipfuza kumenya ivyerekeye abavukanyi babo bo mu vy’impwemu baba mu makambi yo muri Tanzaniya. Bose hamwe ni nk’1.200, bakaba bari mu mashengero 14 n’imigwi 3. None bamerewe gute?

Kimwe mu bintu abo Bakirisu b’abizerwa babanje gukora igihe bashika muri ayo makambi, kwabaye ugusaba ikibanza co kwubakamwo Ingoro y’Ubwami. Iyo Ngoro yotumye impunzi zimenya aho zobariza Ivyabona n’aho zoja ziritabira amakoraniro bagira ku ndwi ku ndwi. Mw’ikambi rya Lugufu, hariyo amashengero 7 agizwe n’Abakirisu b’abanyamwete 659. Abitaba amakoraniro yo ku w’Iyinga muri ayo mashengero yose uko ari 7, kenshi usanga bashika nk’ 1.700.

Ivyabona bo mu makambi yose barungukira kandi ku materaniro maninimanini Abakirisu bagira. Ihwaniro ry’intara rya mbere ryagizwe mw’ikambi rya Lugufu, ryitabwe n’abantu 2.363. Ivyabona bari bubatse ikidengeri c’amazi co kubatirizamwo, hafi y’aho iryo hwaniro ryabereye. Ico kidengeri cari ikinogo bari bimvye, bagisasamwo ihema kugira ngo amazi ntanyike. Abavukanyi bakoresheje amakinga, barasomvye amazi bayakura ku ruzi rwari nko ku birometero bibiri. Kubera yuko umwe wese atashobora gutwara amalitiro arenze 20, vyasavye ko bavoma incuro nyinshi. Abari biteguriye kubatizwa, bakaba bari bambaye impuzu zisoneye, baratonze umurongo. Bose hamwe bari 56, bakaba babatijwe mu kwibizwa uko bakabaye. Umusuku umwe w’igihe cose babajije kuri iryo hwaniro yasiguye yuko yarongorera abantu 40 inyigisho za Bibiliya. Bane mu bo yigisha babatijwe kuri iryo hwaniro.

Ibiro vy’ishami ry’Ivyabona vya Yehova vyararinganije ivy’uko abacungezi b’ingenzi boja baragendera abavukanyi bo muri ayo makambi. Umwe muri abo bacungezi agira ati: “Abavukanyi bacu bari n’ubwira mu busuku. Bafise indimiro yagutse yo kwamamazamwo ku buryo mw’ishengero rimwe Icabona wese amara nk’amasaha 34 ku kwezi mu busuku. Abenshi usanga bigana Bibiliya n’abantu bashimishijwe batanu canke barenga. Umutsimvyi umwe (ni ukuvuga umusuku w’igihe cose) yavuze yuko kuri we ata handi yoronka icibare ciza kuruta ngaho. Abantu bo muri ayo makambi barakunda cane ibisohokayandikiro vyacu.”

None ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bishika gute muri ayo makambi? Ishami rikoresheje igarimoshi ribirungika i Kigoma, ico kikaba ari igisagara kiri ku nkengera yo mu Buseruko bw’Ikiyaga Tanganyika. Bigeze aho, abavukanyi baravyakira maze bagaca barondera ingene babirungika mu mashengero. Rimwe na rimwe barakotesha agakamyoneti, maze bakijanira ibisohokayandikiro mu makambi yose. Izo ngendo zimara imisi itatu canke ine mu mabarabara mabimabi cane.

Imfashanyo mu vy’umubiri

Ivyabona vya Yehova bo mu Burafansa, mu Bubirigi, no mu Busuwisi, baragarukiye mu buryo budasanzwe impunzi zo muri ayo makambi mu kuzironsa imfashanyo. Bamwebamwe baragendeye amakambi yo muri Tanzaniya, babirekuriwe n’Ubushikiranganji bw’Intwaro yo Hagati mu Gihugu be na HCR. Ivyabona b’i Buraya barakorakoranije amatoni n’amatoni y’ifu y’isoya, impuzu, ibirato, ibitabu vy’ishure be n’amasabuni. Ivyo bintu vyatanzwe kugira ngo bihabwe impunzi zose mu buryo buhuye n’ingingo ngenderwako ya Bibiliya ivuga iti: “Iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane-cane ab’inzu y’abizera.”​—Ab’i Galatiya 6:10.

Utwo twigoro two gutabara imbabare twaragize ingaruka nziza cane, impunzi nyinshi zirafashwa. Komite iserukira impunzi yo muri imwe muri ayo makambi yaraseruye ugukenguruka muri aya majambo: “Kw’izina ry’impunzi zose, turi n’iteka ryo kubakengurukira kuri iki gikorwa co gutabara imbabare ishirahamwe ryanyu ryakoze incuro zitatu . . . Izo mpuzu zafashije abantu bantahonikora 12.654, bagizwe n’abagabo, abagore be n’abana, eka n’inzoya zikivuka . . . Impunzi zo mw’ikambi ya Muyovozi ubu zishika ku 37.000. Hafashijwe impunzi 12.654, ni ukuvuga 34,2 kw’ijana.”

Mu yindi kambi, impunzi 12.382 bararonse umwumwe wese imyambaro itatu y’impuzu, iyindi kambi na yo ihabwa ibitabu vy’ishure ibihumbi n’ibihumbi bigenewe gukoreshwa mu mashure yisumbuye, mu mashure matomato no mu bigo bacungereramwo utwana. Muri imwe muri izo ntara, uwujejwe ibikoresho muri HCR yavuze ati: “Turabakengurukiye cane kuri izo mfashanyo mwatanze [zikaba zarafashije] ababa mu makambi y’impunzi bari bazikeneye cane. Muherutse kuturungikira amakontineri 5 y’ibitabu vy’ishure, abantu bacu bajejwe gutanga imfashanyo bakaba barabigabanganije mu mpunzi. . . . Turabashimiye cane.”

N’ibinyamakuru vy’aho vyaragize ico bivuga kuri iyo mfashanyo yatanzwe. Umutwe w’ikiganiro casohotse mu kinyamakuru kimwe (Sunday News) co ku wa 20 Rusama 2001 wavuga uti: “Ivyambarwa bigenewe impunzi zo muri Tanzaniya biraje.” Icasohotse ku wa 10 Ruhuhuma 2002 cavuze giti: “Impunzi zirakenguruka cane iyo mfashanyo kubera yuko abana bamwebamwe bari barahevye ishure kubera kubura ico bambara, ubu bakaba batagisiba ishure.”

Barasugerezwa impande zose ariko baraciriwe icanzo

Ku batari bake mu mpunzi, bibasaba umwaka kugira ngo bamenyere ubuzima bushasha bwo mw’ikambi. Babaho mu buryo bubayabaye. Ivyabona vya Yehova bo muri ayo makambi, umwanya munini wabo bawukoresha mu gusangira n’impunzi babana inkuru nziza ihumuriza yo mw’Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya. Bababwira ivyerekeye isi nshasha. Muri iyo si, abantu bose “inkota zabo bazozivunjavunja bazicuremw’amasuka, n’amacumu bazoyavunjavunja bayakūremw’inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi.” Maze “umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga kukw’akanwa k’Uhoraho Nyen’ingabo ari ko kabivuze.” Biragaragara yuko Imana izohezagira iyo si ntibazwemwo amakambi y’impunzi.​—Mika 4:3, 4; Zaburi 46:9.

[Ifoto ku rup. 8]

Amazu yo mw’ikambi ya Nduta

[Amafoto ku rup. 10]

Ingoro y’Ubwami y’i Lukole (iburyo) Igihe c’ibatisimu i Lugufu (hepfo)

[Ifoto ku rup. 10]

Ihwaniro ry’Intara ryabereye mw’ikambi rya Lugufu