Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ni mu buryo nyabaki Ezekiyeli ‘yagobwe ururimi’ mu gihe c’ugukikuzwa kwa Yeruzalemu n’ugusangangurwa kwaho?

Mu bisanzwe, ni mu buryo bw’uko atari afise ikindi yongerako ku butumwa menyeshakazoza bwa Yehova yari yaramaze gushikiriza.

Umumenyeshakazoza Ezekiyeli yatanguye umurimo wiwe wo kuba inderetsi y’umwizerwa y’Abisirayeli bari baratwawe inyagano i Babiloni “mu mwaka ugira gatanu umwami Yehoyakina yambukanywe ar’inyagano”, ni ukuvuga mu 613 B.G.C. (Ezekiyeli 1:2, 3). Ku musi ugira icumi w’ukwezi kw’icumi baharurira ku mboneko z’ukwezi mu mwaka wa 609 B.G.C., yaramenyeshejwe biciye ku guhumekerwa n’Imana ivyerekeye intango y’ugukikuzwa kwa Yeruzalemu n’Abanyababiloni (Ezekiyeli 24:1, 2). Ukwo gukikuzwa kwovuyemwo iki? Yeruzalemu be n’intizera zahaba boba borusimvye? Bwa nderetsi, Ezekiyeli yari yaramaze gushikiriza ubutumwa bwa Yehova butomoye bw’urubanza, kandi ntivyari bikenewe ko Ezekiyeli yongerako ikindi kintu, nk’aho yoba ashaka gutuma ubwo butumwa burushiriza kuba ubujijura. Ezekiyeli yagobwe ururimi mu buryo bw’uko ata kindi kintu yokwongeyeko ku vy’ugukikuzwa kwa Yeruzalemu.​—Ezekiyeli 24:25-27.

Haciye nk’amezi atandatu Yeruzalemu isanganguwe mu 607 B.G.C., hari uwarokotse yazaniye inkuru Ezekiyeli i Babiloni y’isangangurwa ry’igisagara ceranda. Ku mugoroba w’imbere y’uko uwo yarokotse ashika, Yehova ‘yaragobotoye akanwa ka Ezekiyeli . . . ururimi ntirwaba rukigobwe’ (Ezekiyeli 33:22). Ukugobwa ururimi kwa Ezekiyeli kuba kurarangiye.

Ezekiyeli yoba yari yaragobwe bugobwe ururimi muri ico gihe? Biragaragara ko atari yaragobwe ururimi kubera yuko n’inyuma y’ukwo ‘kugobwa’, yashikirije ubuhanuzi bwari bwerekeye canecane ibihugu vyari bikikuje Yeruzalemu vyahimbawe n’itemba ryayo (Ezekiyeli, ikigabane ca 25-32). Mu ntango z’igikorwa Ezekiyeli yakora ari umumenyeshakazoza n’inderetsi, Yehova yari yaramubwiye ati: “Nzotuma ururimi rwawe rufatana n’uruhekenyero, ugobge ururimi, woye kubabera imbūri; kukw ar’inzu y’abagarariji. Arikw igihe nzovugana nawe, nzogobotora akanwa kawe” (Ezekiyeli 3:26, 27). Igihe Yehova ata butumwa yaba afise bwo kurungikira Isirayeli, Ezekiyeli yategerezwa kuguma anumye ku bijanye n’iryo hanga. Ezekiyeli yategerezwa kuvuga ivyo Yehova yashaka ko avuga ku gihe yashaka ko abivugirako. Ukugobwa ururimi kwa Ezekiyeli kwashaka kwerekana yuko ata co yavuga ku bijanye n’ugushikiriza amajambo afise insobanuro menyeshakazoza ku Bisirayeli.

Umugwi w’inderetsi wo mu gihe ca none, ari bo bakirisu basizwe, bamye babura urubanza rw’abiyita abakirisu, ari bo Yeruzalemu y’ikigereranyo. Ya “marushwa ahambaye” niyatera hanyuma agasangangura “Babuloni Hahambaye”, ari yo nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma, umugwi wa Ezekiyeli wasizwe ntuzokenera kugira ikindi uvuze ku bijanye n’ikurwaho ry’abiyita abakirisu, abagize igice kinini c’iyo nganji.​—Matayo 24:21; Ivyahishuriwe 17:1, 2, 5.

Vyemere, igihe kizoshika aho amasigarira y’abasizwe be na bagenzi babo bazogobwa ururimi, ntihagire ikindi bashikiriza abiyita abakirisu. Ivyo bizoba igihe “ya mahembe cumi” na “ca gikōko” bizosiribanga Babiloni Hahambaye, bimusige ari amenya (Ivyahishuriwe 17:16). Birumvikana ko ivyo bidasobanura yuko abakirisu bazogobwa bugobwe ururimi. Nk’uko babigira muri iki gihe, bazoshemeza Yehova kandi bamuvuge imisi yose no ‘mu maruka yose azoza’.​—Zaburi 45:17; 145:2.