Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igituma baja mu misa

Igituma baja mu misa

Igituma baja mu misa

“MURI Repubulika ya Koreya, abaperesubitero ubu bariyongereye hafi incuro zine kuruta muri Amerika”. Ayo majambo yo mu kinyamakuru kimwe (Newsweek) ashobora kuba yaratangaje abagisoma benshi, kubera ko abantu benshi biyumvira yuko Koreya igwiriyemwo abakomfisiyusi be n’ababuda. Muri iki gihe, uwohagendera yosangayo igitigiri kitari gito c’amasengero y’abitwa ngo ni abakirisu usanga mu bisanzwe arangwa n’imisaraba y’amatara atukura. Ku misi y’iyinga ukunda kubona abantu babiribabiri canke batatubatatu baja mu misa bafise Bibiliya mu minwe. Nk’uko itohoza rimwe ryagizwe mu 1998 ryavyerekanye, hafi ibice 30 kw’ijana vy’Abanyakoreya baja mu misa y’abagatolika canke y’abaporotisanti kuruta abavuga ko ari ababuda.

Muri ino misi, ni ikintu kidasanzwe kubona ibice bigeze iyo hose kw’ijana vy’abantu bo mu mihingo yose bama baja mu misa. Yamara, ivyo ntibiriko biba muri Koreya honyene, ariko kandi biriko biba no mu bindi bihugu vya Aziya, eka no muri Afirika be no muri Amerika y’Epfo. Ni kubera iki abantu benshi cane gutyo bakivuga ko bemera Imana mu gihe ukuterekwa idini be n’ukutayinegwa bisa n’ibiriko bikwiragira kw’isi? Ni kubera iki baja mu misa?

Itohozwa rimwe ryagizwe ku mugwi w’abantu batowe ngo baserukire abandi, ryerekanye yuko abarenga igice c’abaja mu misa muri Koreya bariko barondera amahoro yo mu muzirikanyi; hafi ica gatatu na bo bizigiye ubuzima budahera inyuma y’urupfu; 1 kw’10 na we akaba yizigiye amagara meza, amatungo be n’ukuroranirwa.

Abantu benshi mu Bushinwa barindiga baja mu misa bizigiye kuronka ikintu cobamara inyota yo mu vy’impwemu yatewe n’ivyipfuzo vy’abakapitalisite bigenda birasubirira ivyiyumviro vy’abakomunisita. Uko umwaka utashe, amakopi amamiliyoni ya Bibiliya aracapurwa akongera akagabanganywa mu Bushinwa, kandi abantu basa n’abayasoma nk’uko basoma agatabu gatukura ka Mao.

Abagatolika bamwebamwe bo muri Berezile, canecane urwaruka, ntibamarwa ipfa n’umuhango w’ubuhirwe bwo mu buzima bwimirije, bashaka ko uwo muhango uranguka ubu nyene. Ikinyamakuru Tudo kivuga ibi: “Nimba ari ya tewolojiya y’ivy’ukwikurako agakandamizo yavyuriye ingiro abantu mu myaka ya 70, ubu hoho ni tewolojiya y’ivy’ugusagamba ibavyurira ingiro”. Mw’itohozwa rimwe ryagizwe mu Bwongereza, abaja mu misa barasabwe kuvuga ikintu kimwe bashimye kw’idini yabo. Kuja hamwe n’abandi ni co kintu caguma kivugwa.

Ivyo vyose birerekana yuko, naho igitigiri kitari gito c’abantu bacemera Imana, abenshi bitwararika cane ivyo bashobora kuronka ubu kuruta ivyo bazoronka muri kazoza, eka mbere kuruta uko bitwararika Imana ubwayo. Wewe none wiyumvira ko ari imvo nziza iyihe yotuma umuntu yemera Imana? Bibiliya ibivugako iki? Inyishu uyisanga mu kiganiro gikurikira.