Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikiganiro co kuri televiziyo catumye aninahaza Imana

Ikiganiro co kuri televiziyo catumye aninahaza Imana

Reka abamamaji b’Ubwami batuyagire

Ikiganiro co kuri televiziyo catumye aninahaza Imana

INTUMWA Paulo yavuze yuko “bamwe ishari n’amahane [ari] vyo bibatera kuvuga ivya Kristo; abandi ba[ka]bivugishwa n’ugushira icīra” (Ab’i Filipi 1:15). Rimwe na rimwe, n’abantu bagerageza gutyoza abasavyi ba Yehova baratumye bitavuye ku gushaka kwabo abantu b’imitima igororotse bakwegerwa n’ukuri.

Muri Munyonyo 1998, hari ikiganiro cerekanywemwo amashusho ya Beteli, ari zo nyubakwa z’ishami z’Ivyabona vya Yehova z’i Louviers mu Bufaransa, caciye kuri televiziyo y’Ubufaransa. Naho ico kiganiro batakibonye mu buryo bumwe, caragize ingaruka nziza mu buryo butari bwitezwe.

Mu barorereye ico kiganiro, harimwo Anna-Paula yaba ku bilometero 60 uvuye kuri Beteli. Anna-Paula, nyina w’abana babiri kandi yahukanye, yariko arondera akazi. Ku bw’ivyo, bukeye mu gitondo, yaraterefonye kuri Beteli kugira abaze niba yoharonka akazi. Yavuze ati: “Nabonye ari ikibanza ciza kandi ko igikorwa kihakorerwa ari ngirakamaro”. Ibaze ukuntu yatangaye igihe yamenya ko abakorera kuri Beteli bose ari abasuku batanga umwanya wabo bavyishakiye! Bamaze kumuganirira muri make ibijanye n’ibikorwa vy’Ivyabona vya Yehova, yaremeye ko hogira Icabona amugendera.

Igihe Léna, umusuku w’igihe cose wo mw’ishengero ryo mu karere kabo yamugendera, baraganiriye umwanya utari muto, maze Anna-Paula aremera igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera *. Igihe nya musuku yasubira kugendera Anna-Paula, yasanze yari yarasomye ico gitabu cose kandi afise n’ibibazo vyinshi. Yaremeye n’umutima ukunze inyigisho ya Bibiliya. Anna-Paula yavuze ati: “Kuri jewe kari akaryo ko kumenya Ijambo ry’Imana. Sinari bwigere mfata Bibiliya mu minwe yanje”.

Muri Nzero 1999, Anna-Paula yaragendeye Beteli, hanyuma mu ndwi ikurikira aritaba ikoraniro rya gikirisu ari bwo bwa mbere. Bidatevye inyuma y’aho, yaratanguye kwigana Bibiliya n’abana biwe no gushinga intahe ku bagenzi biwe. Avuga ati: “Sinashobora kwigumizamwo ivyo nariko niga. Nashaka kubwira abandi bantu ukuri kwa Bibiliya no kubahumuriza”. Anna-Paula amaze kugwa avyuka kugira ngo atsinde ingorane zitari nke yari yifitiye, yaratanguye kwitaba amakoraniro adahorereza. Yarateye imbere ningoga na ningoga hanyuma arabatizwa kw’igenekerezo rya 5 Rusama 2002.

N’ikigeretseko, bivuye ku karorero keza Anna-Paula yerekanye be no ku kwamamaza n’umwete, nyina wiwe yaratanguye kwiga Bibiliya, kandi ntiyatevye kubatizwa. Anna-Paula avuga ati: “Nta majambo noronka yo guserura umunezero numva mfise. Ndashimira Yehova ku musi ku musi kubona afise ikibanza mu buzima bwanje nkongera nkamushimira no ku mihezagiro yose yampaye”.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 6 Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Amafoto ku rup. 8]

Hejuru: Anna-Paula

Munsi: Irembo ryinjira ku biro vy’ishami vyo mu Bufaransa