Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imvo nziza yotuma umuntu yemera Imana

Imvo nziza yotuma umuntu yemera Imana

Imvo nziza yotuma umuntu yemera Imana

IGITABU kimwe co muri Koreya kivuga igituma abakiri bato baheba kuja mu misa (31 Reasons Why Young People Leave the Church), cemeza yuko benshi baheba kuja mu misa kubera ko badashobora kuronka inyishu zimara akanyota ku bibazo vyabo. Nk’akarorero, babaza ngo ‘Ni kubera iki abantu bemera Imana bacumukura? Ni kubera iki dutegerezwa kwemera ikintu cose idini yigisha mu gihe vyinshi mu vyo yigisha bivuruga umutwe kandi vyivuguruza’?

Bivuye ku kuvunwa umutima n’inyishu bahabwa n’abakuru b’amadini yabo, abenshi bashika ku ciyumviro c’uko ata nyishu iboneka muri Bibiliya. Igihe umukuru w’idini atanze insobanuro ishingiye gusa ku vyiyumviro vyiwe, akenshi bituma abantu batahura nabi Imana be na Bibiliya, canke mbere bakavyiyamiriza.

Ivyo ni vyo vyashikiye Abel, uwarerewe mw’idini y’abaluteri muri Afirika y’Epfo. Yibuka ibi: “Idini yigisha yuko uwupfuye wese aba ‘atwawe’ n’Imana. Mugabo sinashobora gutahura igituma Imana y’urukundo ‘yotwara’ abavyeyi ikabatandukanya n’abana babo. Mu rutoke aho nakuriye, ntitwabaga inkokokazi imiswi itarakura. Dusanze inka ifise amezi twaca tureka kuyibaga gushika inyana ivutse hanyuma igacuka. Sinashobora gutahura igituma Imana y’inyarukundo itaha agaciro nk’ako nyene abantu”.

Umunyakanada yitwa Aram na we nyene yari afise amadidane nk’ayo. Yigana ati: “Igihe nari maze imyaka 13, dawe yarapfuye. Mu misa y’amaziko, umukuru w’idini akomeye yasiguye yuko Imana yashatse ko dawe apfa kugira ngo ayegere rwose mw’ijuru. Uwo mukuru w’idini yavuze ati: ‘Imana itwara abantu beza kubera yuko ikunda abagororotsi’. Sinatahura ukuntu Imana yokwikunda bigeze iyo hose”.

Amaherezo, Abel na Aram, bompi uko ari babiri barabonanye n’Ivyabona vya Yehova, barigana na bo Bibiliya, maze baza baronka inyishu ku bibazo vyabo. Baratsimbataje ugukunda Imana be n’ukwizera gukomeye muri yo. Bahavuye begurira ubuzima bwabo Yehova hanyuma bacika abasavyi biwe b’intahemuka.

Ubumenyi ntagakosa ni ikintu gihambaye mu vy’ukwemera Imana

Ni igiki dushobora kwigira kuri ivyo vyabaye? Bitwigisha yuko ku bijanye n’ukwemera Imana, ubumenyi ntagakosa bwerekeye Bibiliya ari ntahara. Intumwa Paulo yabwiye abakirisu bo mu gisagara ca kera c’i Filipi ati: “Kand’ico nsengera, n’ukugira ng’urukundo rwanyu rugwire rwongerekane mu [“bumenyi ntagakosa”, NW] no mu [gutahura] kwose” (Ab’i Filipi 1:9). Hano ugukunda Imana be n’abo dusangiye ukwizera Paulo agusanisha n’ubumenyi ntagakosa bwerekeye Imana be n’ugutahura ukugomba kwayo ukwo ari kwo.

Ivyo birumvikana kubera ko ikintu ca mbere gisabwa mu vyo kwizigira umuntu ari ukumenya uwo muntu, ni ukuvuga yuko uko urushiriza kumumenya mu buryo bwuzuye kandi butagira agakosa, ari ko urushiriza kumwizigira. Muri ubwo buryo nyene, urakeneye ubumenyi ntagakosa kugira ngo uvyurirwe umutima wo kwemera Imana. Paulo yavuze ati: “Ukwizera n’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kand’ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha kw ar’ivy’ukuri” (Abaheburayo 11:1). Kwemera Imana utagira ubumenyi ntagakosa bwerekeye Bibiliya bisa n’inzu yubakishijwe amakarata. Uyihushe na gatoyi yoca ihenuka.

Ukwiga Bibiliya birashobora kugufasha kuronka inyishu z’ibibazo nka kimwe cari kimaze igihe kirekire kivuruga ubwenge Abel na Aram, ari co c’iki: Ni kubera iki abantu bapfa? Bibiliya isigura yuko “nk’ukw icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu rukazanwa n’icaha, [ari] k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha” (Abaroma 5:12). Abantu barasaza hanyuma bagapfa, atari kubera ko Imana iba ibatwaye kubana na yo, ariko kubera Adamu yacumuye (Itanguriro 2:16, 17; 3:6, 17-19). Vyongeye, Bibiliya irahishura icizigiro nyakuri Yehova Imana atanga. Biciye ku Mwana wiwe Yezu Kirisitu, araronsa icizigiro c’izuka abantu b’abanyavyaha.​—Yohana 5:28, 29; Ivyakozwe 24:15.

Mu kudufasha gutahura ukuri kwerekeye izuka, inkuru zo muri Bibiliya zirimwo uburorero butari buke bw’abantu Yezu yasubije bazima (Luka 7:11-17; 8:40-56; Yohana 11:17-45). Uko usoma izo nkuru zo muri Bibiliya, urabona umunezero n’akanyamuneza abagenzi be n’umuryango w’abo bazutse bagize. Urabona kandi yuko bavyuriwe umutima wo gushemeza Imana no kwizera Yezu.

Ubumenyi ntagakosa bwerekeye Imana be n’imigambi yayo burashobora kugira ingaruka nk’iyo nyene ku bantu muri iki gihe. Ibibazo bihambaye abenshi batashobora kuronkera inyishu zimara akanyota, vyahora bibavuruga umutwe, bikabaremera eka mbere bikanababera intambamyi. Mugabo uko biga Bibiliya, ni ko baronka inyishu, ivyo biraheza bituma ubuzima bwabo buhinduka rwose.

Ugukunda Imana ni imvo iruta izindi zose ituma umuntu ayisukurira

Naho ubumenyi ntagakosa ari ntahara kugira ngo umuntu yizere Imana, harakenewe n’ibindi kugira ngo avyurirwe umutima wo kuyigamburukira no kuyisukurira. Igihe Yezu bamubaza ibwirizwa riva ku Mana rihambaye kuruta ayandi yose, yavuze ati: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’ubgenge bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose” (Mariko 12:30). Nimba umuntu akunda Imana nk’uko Yezu yavyerekanye, azoba yiteguriye rwose kuyigamburukira no kuyisukurira. Ivyo vyoba ari ko bimeze no kuri wewe?

Rachel, amaze imyaka mirongo akorera muri Koreya ari umumisiyonari, atanga iyi mvo ituma agira ukwizera: “Ndazirikana ku butanzi bwa cane Yehova agaragariza ibiremwa vyiwe, ku guharira agaragaza mu vyo agirana n’abasavyi biwe be no ku cipfuzo afise c’uko tuhungukira mu kureka tukamenya ivyo adushakako. Ivyo vyose bituma urukundo nkunda Imana rwongerekana. Vyongeye, urwo rukundo rutuma nshaka kuyisukurira”.

Martha, ni umupfakazi umwe wo mu Budagi amaze imyaka 48 asukurira Yehova. Avuga ati: “Ni kubera iki nsukurira Yehova? Ni kubera yuko ndamukunda. Imisi yose ku mugoroba, ndaganira na we mw’isengesho hanyuma nkamubwira ukuntu nkenguruka bimwe bigera ibwina imihezagiro yiwe yose, canecane inkuka y’incungu”.

Egome, ugukunda Imana gutuma dushaka kuyisukurira bivuye ku mutima. Mugabo none, umuntu ashika gute ku kugira mwene urwo rukundo? Ikintu gikomeye kuruta gituma dutsimbataza ugukunda Imana, ni ugukenguruka bimwe bigera ibwina urukundo yatugaragarije. Raba iki cibutsa gikora ku mutima co muri Bibiliya: “Ūdakundana, ntazi Imana, kukw Imana ar’urukundo. Iki ni co caseruye urukundo rw’Imana muri twebge, n’ukw Imana yarungitse Umwana wayo w’ikinege mw isi, kugira ngo duheshwe ubu[zima] na we. Iki ni co kirimw’urukundo, s’uko twebge twakunze Imana, ariko n’ukw ari yo yadukunze, igatuma Umwana wayo kuba impongano y’ivyaha vyacu”.​—1 Yohana 4:8-10.

Woba utahura ukuntu urwo rukundo rungana? Niwiyumvire gatoyi ko woba uriko utwarwa n’uruzi rurindimuka maze hakagira umuntu ahakwa kuhasiga ubuzima bwiwe kugira akurokore. Mbega womwibagira, ntiwomukengurukira rwose? Ntiwokwemera kumukorera ikintu cose ushoboye? Urukundo Imana yerekanye mu gutanga Umwana wayo Yezu Kirisitu kw’inkuka y’incungu ni runini ntangere (Yohana 3:16; Abaroma 8:38, 39). Niwakorwa ku mutima n’urukundo rw’Imana, uzosunikirwa ku kuyikunda no ku kuyisukurira n’umutima wawe wose.

Imihezagiro y’ubu be n’iyo muri kazoza

Naho urukundo dukunda Imana ari yo mvo iruta izindi zose ituma dukora ivyo igomba, bireza umutima kumenya yuko Imana iha impera abayisukurira. Intumwa Paulo avuga ati: “Ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera”.​—Abaheburayo 11:6.

Abakunda Imana kandi bakayigamburukira irabahezagira koko. Abenshi baragira amagara meza bivuye ku gukurikira ingingo ngenderwako za Bibiliya (Imigani 23:20, 21; 2 Ab’i Korinto 7:1). Abashira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya zijanye no kuba inzirabugunge n’abanyamwete, usanga mu bisanzwe bizigiwe n’abakoresha babo, gutyo bakarushiriza gutekanirwa mu vy’ubutunzi (Ab’i Kolosayi 3:23). Abasavyi b’Imana bashize ivyizigiro vyabo kuri Yehova, bararonka amahoro yo mu muzirikanyi, mbere no mu bihe bitoroshe (Imigani 28:25; Ab’i Filipi 4:6, 7). Ikiruta vyose, bahanze amaso babigiranye ukwizigira imihezagiro y’ubuzima budahera mw’Iparadizo yo kw’isi yimirije.​—Zaburi 37:11, 29.

Abariko binovora mwene iyo mihezagiro iva kuri Yehova bamubona gute? Raba ukuntu Jacqueline, umukirisukazi wo muri Kanada, aserura ugukengurukira Imana kwiwe: “Yama nantaryo ituronsa ingabirano nziza utoraba, kandi iraturonsa icizigiro ntakekeranywa c’ubuzima budahera”. Abel, umwe twumva mu ntango, adondora inyiyumvo ziwe muri ubu buryo: “Icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’isi y’iparadizo cari ikintu gishasha kuri jewe, kandi ndayirindiranye umushasharo. Ariko rero, naho hatoba hariho Iparadizo, noguma mpimbarwa no kugaragaza urukundo nkunda Imana mu kuyisukurira”.

Na wewe urashobora kugira ukwizera nyakuri

Bibiliya ivuga iti: “Uhoraho Nyen’ingabo, [ni] wewe uca iziroranye, ukagerageza imishaha n’imitima” (Yeremiya 11:20). Vyemere, Yehova ariko asuzuma ibihishijwe ibwina muri twebwe. Umwe wese akwiye gusuzuma imvo ituma yemera Imana. Ivyo abantu bemera bitari vyo be n’inyigisho zitari zo ku vyerekeye Imana bishobora kuba biri mu vyatumye hakorwa ibintu bibi muri kahise. Mugabo, ubumenyi ntagakosa bwerekeye Bibiliya burashobora gutuma umuntu agiranira ubucuti bwiza n’Umuremyi Yehova Imana.​—1 Timoteyo 2:3, 4.

Biciye ku ntunganyo Ivyabona vya Yehova bagira yo kurongora inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana ku buntu, bariko bafasha abantu kuronka ubumenyi ntagakosa bwerekeye Imana (Matayo 28:20). Abenshi mu bemeye imfashanyo nk’iyo barashitse ku gukunda Imana bongera baratsimbataza ukwizera nyakuri muri yo. Biciye ku nyigisho ya Bibiliya, bararonse “ubukerebutsi ngirakimazi n’ubushobozi bwo kwiyumvira” (NW) bibafasha ‘kugenda ata nkomanzi’ muri ibi bihe bigoye (Imigani 3:21-23). Ikiruta vyose, ubu barafise icizigiro “kigumye [kandi] gikomeye” ca kazoza (Abaheburayo 6:19). Na wewe urashobora kugira ukwizera nyakuri ukongera ukinovora iyo mihezagiro.

[Uruzitiro ku rup. 6]

Ibibazo bishusha umutwe bikeneye inyishu

“Igihe nariko menyerezwa mu bitaro ndi umunyeshure w’ivy’ubuganga, narabona ingene abantu beza baborogeshwa n’umubabaro kubera indwara n’ivyago. Niba Imana iriho, ni kubera iki ibi bintu bishika? Idini yoba gusa ari uburyo bwo kuronka amahoro yo mu muzirikanyi”?​—Uwahoze ari umuperesubitero muri Koreya.

“Akenshi naribaza nimba dawe, uwari yariziziwe n’inzoga, yari yagiye mu muriro udahera canke mw’ijuru. Naraterwa ubwoba n’abapfuye be n’iciyumviro c’uko hariho umuriro udahera. Sinashobora gutahura ukuntu Imana y’inyarukundo yorungika umuntu kubabarizwa mu muriro ibihe bidahera”.​—Uwahoze ari umugatolika muri Berezile.

“Kazoza kabikiye iki isi be n’umuryango w’abantu? Abantu boshobora gute kubaho ibihe bidahera? Abantu bazoshikira gute amahoro nyakuri”?​—Uwahoze ari umugatolika mu Budagi.

“Inyigisho yuko iyo umuntu apfuye yongera kuvukira mu kindi kiremwa ntiyari iyumvikana kuri jewe. Ibikoko ntibisenga. None, nimba bivuye ku mvo kanaka, uvukiye mu gikoko kugira wishure ivyaha wakoze, ni gute wogorora ibintu hanyuma ugatera imbere uri muri ico gikoko”?​—Uwahoze ari umuhindu muri Afirika y’Epfo.

“Nakuriye mu muryango w’abakomfisiyusi, kandi nkaba naraja mu birori vyo gutururuza basokuruza. Igihe cose nagira uruhara mu gutunganya imeza y’ibimazi no mu gukubita ibipfukamiro, naribaza nimba basokuruza bapfuye baraza kurya nya mfungurwa bakongera bakabona ingene twabakubitiye ibipfukamiro”.​—Uwahoze ari umukomfisiyusi muri Koreya.

Abo bantu bose bararonse inyishu ku bibazo vyabo igihe bigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova.