Ivyobo bitagumamwo amazi
Ivyobo bitagumamwo amazi
MU BIHE vya Bibiliya, ivyobo vyari ibinogo vyimbwa n’abantu vyakoreshwa canecane mu kubika amazi. Mu biringo bimwebimwe, muri ca Gihugu c’Isezerano, ivyo vyobo vyari bwo buryo bwonyene bwo kuzigama amazi akenewe.
Mu kwandika ivyo Imana yari yaravumereye, umumenyeshakazoza Yeremiya yarerekeje ku vyobo mu buryo bw’ikigereranyo, avuga ati: ‘Abantu banje bakoze ibibi bibiri: bataye jewe, isôko ry’amazi y’ubuzima, biyimbira ivyobo vyo kubika amazi, ivyobo vyatobotsemwo imishwena, bidashobora kugumamwo amazi’.—Yeremiya 2:13.
Abisirayeli bari barahevye Imana yabo Yehova, we ‘sôko ry’amazi y’ubuzima’, bagiranira amasezerano adafashe yo mu vya gisirikare n’amahanga ya gipagani bongera baja mu vy’ugusenga imana zitagira ububasha kandi z’ikinyoma. Dukoresheje ukugereranya kwa Yeremiya, mwene aho hantu bari bizigiye ko ari ubuhungiro, habaye nk’ivyobo biva bidafise ububasha na bukeyi bwo gukingira canke gukiza.—Gusubira mu vyagezwe 28:20.
Hoba hari icigwa muri iki gihe dukura kuri ako karorero ko muri kahise? Nk’uko vyari biri mu gihe ca Yeremiya, ya Mana ihoraho Yehova, irabandanya kuba Soko rimwe rudende ry’amazi atanga ubuzima (Zaburi 36:9; Ivyahishuriwe 4:11). Ni we wenyene abantu bashobora kuronkerako ubuzima budahera biciye ku Mwana wiwe Yezu Kirisitu (Yohana 4:14; 17:3). Yamara, nka kumwe kw’abo mu gihe ca Yeremiya, amasinzi menshi y’abantu muri iki gihe bahitamwo gutera akagere canke mbere guhindura ubusa ijambo ry’Imana nk’uko riserurwa muri Bibiliya. Aho kwizigira iryo jambo ry’Imana, bizigira umuti w’akanya gato utorwa n’abanyapolitike, ubwenge bw’abantu ata co bumaze be n’ivyiyumviro n’amafilozofiya vy’ubupfu bitesha iteka Imana (1 Ab’i Korinto 3:18-20; Ab’i Kolosayi 2:8). Ihitamwo riragaragara. Uzoshira ivyizigiro vyawe hehe? Woba uzobishira mw’‘isôko ry’amazi y’ubuzima’, ari ryo Yehova, canke uzobishira mu ‘vyobo biva, bidashobora kugumamwo amazi’?
[Ifoto ku rup. 32]
Akabumbano k’imanakazi y’imvyeyi katowe mu mva yo muri Isirayeli
[Abo dukesha ifoto]
Ifoto yafashwe birekuwe na British Museum