Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Mugaragaze ko mukenguruka’

‘Mugaragaze ko mukenguruka’

‘Mugaragaze ko mukenguruka’

“Amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu, . . . kandi mu[garagaze ko mu]kenguruka”.​—AB’I KOLOSAYI 3:15.

1. Ni itandukaniro irihe tubona hagati y’ishengero rya gikirisu be n’isi iyobowe na Shetani?

MU MASHENGERO y’Ivyabona vya Yehova 94.600 ari hirya no hino kw’isi, turabona agatima k’ugukenguruka. Ikoraniro ryose ritanguzwa rikongera rigaherezwa n’isengesho ririmwo amajambo yo gukengurukira Yehova. Kenshi turumva amajambo ngo “urakoze”, “urakoze gushima”, canke ayasa n’ayo avugwa n’Ivyabona bakiri bato n’abakuze hamwe n’abashasha be n’abamaze igihe kirekire, uko bahurikira hamwe mu gusenga no mu kuja hamwe kurangwa agahimbare (Zaburi 133:1). Mbega ukuntu ivyo bitandukanye n’ubwikunzi bwiganje mu bantu benshi ‘batazi Yehova kandi batumvira ubutumwa bwiza’ (2 Ab’i Tesalonike 1:8)! Tuba mw’isi idakenguruka. Kandi ivyo ntibitangaje iyo turavye imana y’iyi si iyo ari yo, ni ukuvuga Shetani wa Mucokoranyi, umwe ahambaye mu kuremesha ivy’ubwikunzi, uwo agatima kiwe k’ubwibone n’ak’ubugarariji gakwiragiye mu kibano c’abantu.​—Yohana 8:44; 2 Ab’i Korinto 4:4; 1 Yohana 5:19.

2. Ni impanuro iyihe dukwiye kwumvira, kandi ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

2 Kubera ko dukikujwe n’isi ya Shetani, turakeneye kwiyubara kugira ngo ntitwononwe n’udutima twayo. Mu kinjana ca mbere, intumwa Paulo yibukije abakirisu b’i Efeso ati: “Ivyo mwagenderamwo kera, nk’ukw ivy’iyi si bigenda, mwumvira umwami w’abaganza ikirēre, ni we mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa. Kandi natwe twese twahora muri bo kera mu kwifuza kw’imibiri yacu, tugakora ivy’imibiri n’imitima vyacu bigomba, kandi mu kameremere kacu twar’abo kurakirwa, nk’abandi bose” (Abanyefeso 2:2, 3). Ivyo kandi ni ko biri kuri benshi muri iki gihe. Twogumana gute none agatima ko gukenguruka? Ni imfashanyo iyihe Yehova atanga? Ni mu buryo buboneka ubuhe twokwerekana ko dukenguruka vy’ukuri?

Imvo zituma tuba abakenguruka

3. Yehova tumukengurukira ku biki?

3 Yehova Imana, Umuremyi wacu akaba n’Umutanzi w’ubuzima, ni we dukwiye gukengurukira, na canecane igihe turimbura zimwezimwe mu ngabirano umuyoro yaducuncuburiye (Yakobo 1:17). Ku musi ku musi, turakengurukira Yehova kubona turi bazima (Zaburi 36:9). Mu bidukikije, turabona ibimenyamenya umuyoro vy’igikorwa c’intoke za Yehova, nk’izuba, ukwezi n’inyenyeri. Umubumbe wacu wuzuye ivyunyunyu bibungabunga ubuzima, ikirere kirimwo uruvange rw’imyuka ihambaye iri ku burimbane bwiza igitangaza be n’inzinguzingu zigoye itahura tubona mu bidukikije, ivyo vyose biremeza ko dufitiye umwenda Data wa twese munyarukundo wo mw’ijuru. Umwami Dawidi yaririmvye ati: “Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, bo n’ivyo wiyumvira kutugirira; nta wogereranywa nawe. Nogomba kubidonda no kubivuga birenze uko vyoharūrwa”.​—Zaburi 40:5.

4. Ni kubera iki dukwiye gukengurukira Yehova ku bw’ukuja hamwe guhimbaye twinovora mu mashengero yacu?

4 Naho abasavyi ba Yehova bataba mw’iparadizo nya paradizo, muri kino gihe barinovora ukuba mw’iparadizo yo mu vy’impwemu. Mu Ngoro zacu z’Ubwami, ku mahwaniro yacu be no ku materaniro yacu, turibonera ukuntu ivyamwa vy’impwemu y’Imana bikorera mu bo dusangiye ukwizera. Kukaba nkako, igihe Ivyabona bamwebamwe baba bariko babwira inkuru nziza abantu bataciye cane mu vy’idini canke batanabiciyemwo, bisunga ivyo Paulo yavuze mw’ikete yandikiye Abagalatiya. Babanza gukwegera ivyiyumviro vy’ababumviriza ku “bikorwa vy’akameremere” maze bakababaza ivyo biboneye (Ab’i Galatiya 5:19-23). Abatari bake baremera bitagoranye yuko ivyo bintu ari vyo biranga ikibano c’abantu muri iki gihe. Bamaze gusigurirwa ivyamwa vy’impwemu y’Imana bakanatumirwa ku Ngoro y’Ubwami y’aho baba kugira ngo birabire ikimenyamenya c’ivyo, benshi baca biyemerera buno nyene ibi: “Imana iri muri mwebge vy’ukuri” (1 Ab’i Korinto 14:25). Kandi ivyo ntibigirwa gusa mu Ngoro y’Ubwami y’aho umuntu aherereye. Aho woja hose, igihe uhuye n’uwo ari we wese mu Vyabona vya Yehova barenga imiliyoni zitandatu, usanga afise ka gatima nyene k’umunezero n’akanyamuneza. Mu vy’ukuri, uko kuja hamwe kuremesha, ni imvo ituma dukengurukira Yehova, we atanga impwemu yiwe kugira ngo ivyo bishoboke.​—Zefaniya 3:9; Abanyefeso 3:20, 21.

5, 6. Twokwerekana gute ko dukenguruka ku bw’ingabirano ihambaye kuruta izindi zose Imana yatanze, ari yo ncungu?

5 Ingabirano Yehova yatanze ihambaye kuruta izindi zose, imwe itagira agahaze kuruta izindi zose, ni iy’Umwana wiwe Yezu, umwe inkuka y’incungu yatangwa biciye kuri we. Intumwa Yohani yanditse ati: “Kw’Imana yadukunze irtyo, natwe dukwiye gukundana” (1 Yohana 4:11). Ntitugaragaza gusa ko dukenguruka incungu mu guserura urukundo n’ugukenguruka dufitiye Yehova, ariko kandi mu kubaho mu buryo bugaragaza urukundo dukunda abandi.​—Matayo 22:37-39.

6 Turashobora kwiga vyinshi ku bijanye n’ukugaragaza ugukenguruka mu kurimbura uburyo Yehova yafashe Isirayeli ya kera. Yehova akoresheje Ivyagezwe, ivyo yahaye iryo hanga biciye kuri Musa, yarigishije ico gisata ivyigwa vyinshi. Biciye ‘ku vyagezwe birimwo ubwenge n’ukuri’, turashobora kwiga vyinshi bizodufasha gukurikiza iyi mpanuro ya Paulo igira iti: ‘Mugaragaze ko mukenguruka’.​—Abaroma 2:20; Ab’i Kolosayi 3:15.

Ivyigwa bitatu dukura mu Vyagezwe vya Musa

7. Intunganyo yo gutanga ikigiracumi yaronkeje gute Abisirayeli akaryo ko kugaragaza ko bakengurukira Yehova?

7 Mu Vyagezwe vya Musa, Yehova yaratanze uburyo butatu Abisirayeli bari kugaragazamwo ko bakenguruka vy’ukuri ukumera neza kwiwe. Ubwa mbere, bari gutanga ikigiracumi. Ikigiracumi c’umwimbu wo mu murima, hamwe n’‘ikigiracumi c’amasho n’imikuku’ vyategerezwa kuba ‘icera ca Yehova’ (Abalewi 27:30-32). Igihe Abisirayeli bagamburuka, Yehova yarabahezagiye cane. Yehova Nyen’ingabo yavuze ati: “Muzane mu bubīko ikigiracumi gishitse, kugira ngw inzu yanje ibemw’ivyo kurya; enda ni mubingeragereshe, ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize, murābe ko ntazobagomororera ingomero zo mw ijuru, nkabacuncuburira umu[hezagiro], mukabura aho muwukwiza”.​—Malaki 3:10.

8. Ni igiki catandukanya amashikanwa batanga bavyishakiye be n’ikigiracumi?

8 Ubugira kabiri, uretse igisabwa co gutanga ikigiracumi, Yehova yaratunganije ivy’uko Abisirayeli batanga intererano bavyishakiye. Yategetse Musa kubwira Abisirayeli ibi: “Ni mwashika mu gihugu abajanamwo, mukarya ku vyo kurya vyaho, uti Muze mumushikanire ishikanwa mumugereye”. Imwimwe mu mishuzo y’‘ifu yabo isewe iheretuwe icumbwemwo imitsima’ yategerezwa gushikanwa ikaba ‘iyagerewe Yehova’ uko amaruka yabo yagenda akurikirana. Urabona yuko ata rugero runaka rw’iyo mishuzo rwasabwa (Guharūra 15:18-21). Mugabo mu gihe Abisirayeli batanze intererano mu buryo bw’ugukenguruka, baba bazi neza ko baronka umuhezagiro uva kuri Yehova. Intunganyo nk’iyo irabonekera mu bijanye n’urusengero rwo mu vyo Ezekiyeli yeretswe. Dusoma duti: “Indobanurwa z’imishuzo yose y’ivyimburwa vyose, bo n’ishikanwa mushikana ry’ikintu cose, bize bibe ivy’abaherezi: kandi muze mucire umuherezi kw ifu yanyu y’umushuzo isewe iheretuwe, kugira ngw amazu yanyu ahoremw’umu[hezagiro]”.​—Ezekiyeli 44:30.

9. Yehova yigishije iki biciye ku ntunganyo y’ivy’uguhumba?

9 Ubugira gatatu, Yehova yatunganije ivy’uko haba umugenzo w’ivyo guhumba. Imana yategetse iti: “Ni mwimbura ivyimburwa vyo mu gihugu canyu, ntimuze muherengeteze rwose kwimbura ivyo ku mibari y’imirima yanyu, kandi ntimuze muhumbe uduhumbga twose iyo muriko murashwābūra. Ntimuze muhumbe mu mirima y’imizabibu yanyu, canke ngo mutore izahungurukiyeyo: muze mubisigarize aboro n’abanyamahanga: ni jewe Uhoraho Imana yanyu” (Abalewi 19:9, 10). No ngaho nyene, nta rugero kanaka rwasabwa. Umwisirayeli wese ni we yihitiramwo ivyo asigira umukene uko bingana. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yasiguye mu buryo bubereye ati: “Ūgirira akagongwe umugorwa aba agurānye Uhoraho, kand’ukugira neza kwiwe azokumwishura” (Imigani. 19:17). Gutyo, Yehova yarigishije kugirira imbabazi abakene n’ukubitaho.

10. Ni inkurikizi izihe zashikiye abantu bo muri Isirayeli igihe bananirwa kwerekana ko bakenguruka?

10 Yehova yarahezagiye Abisirayeli igihe bagamburuka bakazana ibigiracumi, bagatanga intererano bavyishakiye bakongera bakagira ivyo baha umukene. Mugabo igihe abantu bo muri Isirayeli bananirwa kwerekana ko bakenguruka, ntibabaye bagitoneshwa na Yehova. Ivyo vyatumye bagira ivyago hanyuma barahava batwarwa inyagano (2 Ngoma 36:17-21). Ni ivyigwa ibihe none tuhakura?

Uburyo duserura ugukenguruka

11. Ni mu buryo nyamukuru ubuhe dushobora kugaragaza ko dukengurukira Yehova?

11 Uburyo nyamukuru dushobora gushemeza Yehova no guserura ko tumukengurukira na bwo nyene burimwo gutanga “ishikanwa”. Ego ni ko, twebwe abakirisu ntitugengwa n’Ivyagezwe vya Musa, ntitubwirizwa gutanga ibimazi vy’ibitungwa canke vy’ibiribwa (Ab’i Kolosayi 2:14). Mugabo, intumwa Paulo yahimirije abakirisu b’Abaheburayo ati: “Na ntaryo twame duha Imana ikimazi co gu[shemeza] . . . ni co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo” (Abaheburayo 13:15). Dukoresheje ubushobozi bwacu n’ubutunzi bwacu kugira dushikanire Yehova ikimazi c’ugushemeza, haba mu busuku bwo ku mugaragaro canke igihe ‘dukoraniye’ hamwe n’abakirisu bagenzi bacu, turashobora guserura ugukenguruka kuvuye ku mutima dufitiye Data wa twese wo mw’ijuru munyarukundo Yehova Imana (Zaburi 26:12). Mu gukora ivyo, ni igiki dushobora kwigira ku buryo Abisirayeli babwirizwa guserura ugukengurukira Yehova kwabo?

12. Ku bijanye n’ibanga ryacu rya gikirisu, ni igiki dushobora kwigira ku ndinganizo z’ugutanga ikigiracumi?

12 Ubwa mbere, nk’uko twabibonye, intunganyo y’ugutanga ikigiracumi nticari ikintu umuntu agira avyishakiye; Umwisirayeli wese vyaramuraba. Twebwe abakirisu turafise ibanga ryo kugira uruhara mu busuku no kwitaba amakoraniro ya gikirisu. Iyo mirimo si ibintu umuntu agira yishakiye. Mu buhanuzi bwiwe buhambaye bwerekeye igihe c’iherezo, Yezu yavuze atomora ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza” (Matayo 24:14; 28:19, 20). Ku bijanye n’amakoraniro ya gikirisu, intumwa Paulo yahumekewe kwandika ati: “Twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza, twoye guheba gukoranira hamwe, nk’uko bamwe bagira, ariko duhanūrane, kand’uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza murtyo” (Abaheburayo 10:24, 25). Tugaragaza ko dukengurukira Yehova igihe twemera tubigiranye umunezero ibanga tujejwe ryo kwamamaza no kwigisha be no kwifatanya n’abavukanyi bacu ubudahorereza ku makoraniro y’ishengero, ivyo tukabibona ko ari agateka n’icubahiro.

13. Ni icigwa ikihe dukura ku ndinganizo y’ivy’ugutanga intererano umuntu avyishakiye be n’uguhumba?

13 N’ikigeretseko, turashobora kwungukira ku kurimbura izindi ntunganyo zibiri Abisirayeli bashobora kugaragazamwo ko bakenguruka, ni ukuvuga iy’ugutanga intererano bavyishakiye be n’iy’ivy’uguhumba. Mu buryo buhushanye n’ugutanga ikigiracumi, icari igisabwa kijana n’indagano isobanuwe mu buryo butomoye, intererano zitangwa n’abavyishakiye be n’indinganizo y’ivy’uguhumba ntivyasaba urugero kanaka. Ahubwo riho, zatuma urugero umusavyi wa Yehova ashikanako mu gukenguruka mu mutima wiwe kumusunikira ku kugira ico akoze. Mu buryo busa n’ubwo, naho twemera icese yuko ukugira uruhara mu busuku no kwitaba amakoraniro ya gikirisu ari ibanga nyamukuru ku musavyi wa Yehova wese, twoba tubigiramwo uruhara n’umutima wacu wose kandi tubigiranye ugushaka? Twoba tubibona ko ari akaryo ko guserura ugukenguruka kwacu kuvuye ku mutima ivyo Yehova yadukoreye vyose? Twoba tugira uruhara muri iyo mirimo tuvyishakiye, gushika aho tugeza hose bivanye n’uko ivyacu bibidukundiye? Canke, twoba ivyo vyose tubibona ko ari itegeko gusa dutegerezwa gushitsa? Birumvikana ko ivyo ari ibibazo dutegerezwa kwishura umwe wese ku giti ciwe. Intumwa Paulo yabivuze muri ubu buryo: “Umuntu wese asuzume igikorwa ciwe, ni ho azobona ico yirata ku mutumba wiwe bgite, atari kubga mugenzi we”.​—Ab’i Galatiya 6:4.

14. Yehova atwitegako iki mu murimo tumurangurira?

14 Yehova Imana arazi neza uko ivyacu vyifashe. Arazi aho tugeza. Araha agaciro ibimazi abasavyi biwe bashikana n’umutima ukunze, vyaba binini canke bitoyi. Ntiyitega ko twese dutanga ibingana, eka mbere nta vyo twoshobora. Igihe intumwa Paulo yariko avuga ivyo gutanga ivy’umubiri, yabwiye abakirisu b’i Korinto ati: “Iyo har’umutima ukunze, wemerwa ku vy’umuntu afise, si ku vy’adafise” (2 Ab’i Korinto 8:12). Iyo ngingo ngenderwako irakora mu buryo nk’ubwo nyene no ku murimo turangurira Imana. Igituma umurimo wacu wemerwa na Yehova si ukuntu ivyo dukora bingana, ariko ni uburyo tubikora, ni ukuvuga kubikora tunezerewe kandi n’umutima wacu wose.​—Zaburi 100:1-5; Ab’i Kolosayi 3:23.

Nutsimbataze wongere ugumane agatima k’ubutsimvyi

15, 16. (a) Ni isano irihe riri hagati y’ubusuku bw’ubutsimvyi be n’ugukenguruka? (b) Abadashoboye gukora ubutsimvyi bogaragaza gute agatima k’ubutsimvyi?

15 Uburyo bumara akanyota bwo kugaragaza ko dukengurukira Yehova ni ukwinjira mu busuku bw’igihe cose. Abasavyi b’Imana benshi biyeguye babitumwe n’urukundo bakunda Yehova be n’ugukenguruka kubera ubuntu bwiwe batabereye, baragize amahinduka ahambaye mu buzima bwabo kugira baronke umwanya wiyongereye wo gusukurira Yehova. Bamwe barashobora gukora ari abatsimvyi basanzwe, bakamara incahagati y’amasaha 70 ku kwezi ku kwezi bamamaza inkuru nziza bongera bigisha abantu ukuri. Abandi badashobora gukora cane bivanye n’ibintu bitandukanye, rimwe na rimwe bararinganiza ivy’uko bamara incahagati y’amasaha 50 bamamaza ari abatsimvyi bafasha.

16 Mugabo none, tuvuge iki ku basavyi ba Yehova badashobora gukora ari abatsimvyi basanzwe canke ari abatsimvyi bafasha? Barashobora kugaragaza ugukenguruka mu gutsimbataza no mu kuzigama agatima k’ubutsimvyi. Gute? Mu kuremesha abashoboye gukora ubutsimvyi, mu kwinjiza mu bana babo icipfuzo co gukurikirana umurimo w’igihe cose be no mu kugira uruhara babigiranye umwete mu kwamamaza bakurikije uko ivyabo vyifashe. Ivyo dutanga mu busuku bwacu bivana ahanini n’ukuntu ugukenguruka kwo mu mitima yacu ivyo Yehova yadukoreye, ivyo ariko aradukorera n’ivyo agiye kudukorera, kungana.

Kugaragaza ugukenguruka dukoresheje ‘ibintu vyacu vy’igiciro’

17, 18. (a) Twogaragaza gute ko dukenguruka dukoresheje ‘ibintu vyacu vy’igiciro’? (b) Yezu yabonye gute intererano ya wa mupfakazi, kandi kubera iki?

17 Mu Migani 3:9 havuga hati: “Wubahishe Uhoraho ibintu vyawe [vy’igiciro], bo n’umushuzo w’ivyeze vyawe vyose”. Abasavyi ba Yehova ntibagikeneye gutanga ikigiracumi. Mu gishingo c’ivyo, Paulo yandikiye ishengero ry’i Korinto ati: “Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’atagōberewe, kukw Imana ikunda ūtanga anezerewe” (2 Ab’i Korinto 9:7). Gutanga intererano tuvyishakiye kugira dushigikire igikorwa c’ukwamamaza Ubwami kirangurirwa kw’isi yose, na vyo nyene birerekana ko dukenguruka. Ugukenguruka kuvuye ku mutima kuradusunikira ku kubigira ubudahorereza, kumbure tukagira ico tuza turashira ku ruhande ku ndwi ku ndwi nk’uko abakirisu bo mu ntango babigira.​—1 Ab’i Korinto 16:1, 2.

18 Ukuntu ivyo dutanga bingana si vyo vyerekana ko dukengurukira Yehova. Ahubwo ni agatima tubitangana. Ivyo ni vyo Yezu yabonye igihe yitegereza abantu bariko bakororera ingabirano zabo mu masandugu y’intererano ku rusengero. Igihe Yezu yabona umupfakazi w’umworo akororerayo “amasenge abiri”, yavuze ati: “Ndababgire ukuri, Uyu mupfakazi w’umworo ashikanye ibirengeye ivy’abandi bose: kukw abo bose batereye mu mashikanwa ku bibasāgutse, ariko we ku bgoro bgiwe ashikanye ibimutunze vyose”.​—Luka 21:1-4.

19. Ni kubera iki ari vyiza gusubira gusuzuma uburyo tugaragaza ko dukenguruka?

19 Ese uyu mwihwezo w’ukuntu dushobora kugaragaza ko dukenguruka wotuma dusubira gusuzuma uburyo tugaragaza ugukenguruka! Twoba kumbure dushobora kwongereza ikimazi cacu c’ugushemeza Yehova, tudasize inyuma ugushigikira mu buryo bw’umubiri igikorwa kirangurirwa kw’isi yose? Urugero rwose dushikanako mu kubigira, turashobora gushira amazinda yuko Data wa twese munyarukundo Yehova azohimbarwa n’uko tugaragaza ko dukenguruka.

Woba uvyibuka?

• Dukwiye gukengurukira Yehova kubera imvo izihe?

• Ni ivyigwa ibihe twigiye ku gutanga ikigiracumi, ku gutanga intererano umuntu avyishakiye no ku vy’uguhumba?

• Dutsimbataza gute agatima k’ubutsimvyi?

• Twokoresha gute ibintu vyacu vy’igiciro kugira dukengurukire Yehova?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Amafoto ku rup. 15]

“Ugutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru”

[Amafoto ku rup. 16]

Ni ivyigwa bitatu ibihe vyo mu Vyagezwe vyerekanywe hano?

[Amafoto ku rup. 18]

Ni ibimazi ibihe dushobora gutanga?