Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Nuhimbarwe cane na Yehova’

‘Nuhimbarwe cane na Yehova’

‘Nuhimbarwe cane na Yehova’

‘Nuhimbarwe cane na Yehova, na we azoguha ivyo umutima wawe ugomba’. ​—ZABURI 37:4.

1, 2. Ni nde Soko ry’ubuhirwe nyakuri, kandi Umwami Dawidi yakwegereye ivyiyumviro gute kuri ico kintu?

“HAHIRIWE abazi ko bakeneye ivy’impwemu . . . hahiriwe abanyakigongwe . . . . Hahiriwe abanyamahoro”. Ayo majambo, kumwe n’izindi mvugo zitandatu zidondora abahiriwe, ni yo agize intangamarara yibonekeje ya ya Nsiguro rurangiranwa ya Yezu yo ku Musozi nk’uko vyanditswe n’umwanditsi w’Injili Matayo (Matayo 5:3-11, NW). Ayo majambo ya Yezu aradukura amazinda yuko ubuhirwe dushobora kubushikira.

2 Hari ururirimbo rweranda rwatunganijwe n’Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera rukwegera ivyiyumviro vyacu kuri umwe Soko ry’ubuhirwe nyakuri ari we Yehova. Dawidi yavuze ati: ‘Nuhimbarwe cane na Yehova, na we azoguha ivyo umutima wawe ugomba’ (Zaburi 37:4). Mugabo none, ni igiki gishobora gutuma kumenya Yehova be n’imice myinshi igize kamere yiwe biba ‘ibihimbaye cane’? Ukurimbura ivyo yakoze be n’ivyo araririye gukora mu kurangura umugambi wiwe, bikuronsa gute icizigiro co kuronka “ivyo umutima wawe ugomba”? Kwihweza mu buryo bwimbitse Zaburi ya 37 umurongo wa 1 gushika ku wa 11 biratanga inyishu.

‘Ntukanohoke’

3, 4. Nk’uko vyanditswe muri Zaburi 37:1, ni impanuro iyihe Dawidi atanga, kandi ni kubera iki kuyikurikiza bibereye muri iki gihe?

3 Tubayeho mu “bihe bigoye”, vyongeye ubugizi bwa nabi buriraye. Turamaze kwibonera ko aya majambo y’intumwa Paulo yarangutse: “Abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa” (2 Timoteyo 3:1, 13). Ese ukuntu vyoroshe yuko ibisa n’ukwererwa be n’ugusagamba kw’abanyakibi bigira ico bidukozeko! Ivyo vyose birashobora kudusamaza, bigatuma tutaguma dushinze ijisho ku bintu vy’impwemu. Raba ukuntu amajambo atangura Zaburi ya 37 atugabisha ku bw’iyo ngeramizi ishoboka: “Ntugahagarikwe umutima n’inkozi z’ibibi, kandi [“ntukanohokere”, NW] abakora ivy’ukugabitanya”.

4 Ibimenyeshamakuru vy’isi biraducucagira amakuru menshi ajanye n’akarenganyo. Abadandaza b’umwina baragira forode ntihabe inkurikizi. Inkozi z’ikibi zirarya imitsi abadashobora kwirwanira. Abicanyi ntibafatwa, canke ngo bahanwe. Ubwo burorero bwose bw’ukuntu ubutungane bwononekaye burashobora kuvyura ishavu kandi bukatubuza amahoro yo mu muzirikanyi. Kuba inkozi z’ikibi zisa n’izitunganiwe birashobora gutuma umuntu abanohokera. Mugabo none, ukuba biduhagaritse umutima vyoba ari vyo bizotuma ibintu bimera neza? Kunohokera ibisa n’ivyiza abanyakibi baronka vyoba bihindura ingaruka izobashikira? Habe namba! Vyongeye, ntibikenewe vy’ukuri ko ‘duhagarika umutima’. Kubera iki?

5. Ni kubera iki inkozi z’ikibi zigereranywa n’ivyatsi?

5 Umwanditsi wa Zaburi yishura ati: “Kuko bazotemwa vuba nk’ubgatsi, bazokwuma nk’ukw imboga zitotahaye zuma” (Zaburi 37:2). Ivyatsi bitoto bishobora kuba bisa neza, mugabo ntibiteba gukabirana no kwuma. Ni na ko bimeze ku nkozi z’ikibi. Ukuba baboneka nk’abasagamvye ntibizokwama gutyo. Igihe bapfuye, ivyo baronse mu buryo bubi nta co bibafasha. Amaherezo umuntu wese arafatwa n’ubutungane. Paulo yanditse ati: “Ingero y’icaha n’urupfu” (Abaroma 6:23). Inkozi z’ikibi be n’abagabitanya bose amaherezo bazoronka “ingero” yabo, nta kindi. Ese ukuntu ari uburyo bwo kubaho ata co bwungura!​—Zaburi 37:35, 36; 49:16, 17.

6. Ni icigwa ikihe dushobora gukura muri Zaburi 37:1, 2?

6 Twoba none dukwiye kureka ngo ugusagamba kw’igihe gito kw’inkozi z’ikibi kutubuze amahoro? Icigwa dukura muri iyo mirongo ibiri ya mbere ya Zaburi 37 ni iki: Ntureke ngo ugutunganirwa kwabo gutume ukevya, uve ku ngingo wahisemwo yo gusukurira Yehova. Ahubwo, nugume ushinze ijisho ku mihezagiro be no ku mahangiro vyo mu vy’impwemu.​—Imigani 23:17.

‘Wizigire Yehova, ukore ivyiza’

7. Ni kubera iki dukwiye kwizigira Yehova?

7 Umwanditsi wa Zaburi aduhimiriza ati: ‘Wizigire Yehova, ukore ivyiza’ (Zaburi 37:3a). Igihe tudugaritswe umutima n’imyitwarariko canke inkeka, duca dukenera kwizigira Yehova mu buryo bushikamye. Ni umwe atanga umutekano wo mu vy’impwemu wuzuye. Musa yanditse ati: “Ūba mu bgigobeko bg’Īsumba vyose azokwama ari mu gitūtu c’Īshobora vyose” (Zaburi 91:1). Igihe duhagaritswe umutima n’iyongerekana ry’ubugarariji muri uru runkwekwe rw’ibintu, turakenera kurushirizaho kwiheka kuri Yehova. Iyo twahinyagaye ku jisho ry’ikirenge, turahimbarwa no kuronka ukuboko kw’umugenzi twishimikiza. Muri ubwo buryo nyene, igihe tugenda turi abizerwa, turakenera gushigikirwa na Yehova.​—Yesaya 50:10.

8. Kugira uruhara mu busuku bwa gikirisu bishobora gute kudufasha kwirinda guhagarikwa umutima birenze urugero n’ugusagamba kw’abanyakibi?

8 Kimwe mu vyotuma utabuzwa amahoro n’ugusagamba kw’abanyakibi, ni ukugira vyinshi ukora mu kurondera no mu gufasha abameze nk’intama kugira bashike ku kugira ubumenyi ntagakosa bwerekeye umugambi wa Yehova. Mu gihe ubukozi bw’ikibi burushiriza kwongerekana, turakeneye gukora cane mu gufasha abandi. Intumwa Paulo yavuze ati: “Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kukw ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana”. ‘Ineza’ iruta izindi zose dushobora gukora, ni ukubwira abandi inkuru nziza igitangaza y’Ubwami bw’Imana. Ukwamamaza tugira ku mugaragaro mu vy’ukuri, ni “ikimazi [c’ugushemeza]”.​—Abaheburayo 13:15, 16; Ab’i Galatiya 6:10.

9. Nusigure inkeburo Dawidi yatanze yo ‘kuba kw’isi’.

9 Dawidi abandanya ati: ‘Niwibere kw’isi kandi ukorane ukudahemuka’ (Zaburi 37:3b, NW). “Isi” yo mu gihe ca Dawidi kari akarere Yehova yari yarahaye Isirayeli, ni ukuvuga ca Gihugu c’Isezerano. Mu gihe c’ingoma ya Salomo, imbibe zaco zava i Dani mu Buraruko zigashika i Beri-sheba mu Bumanuko. Aho ni ho hari haherereye Isirayeli (1 Abami 4:25). Muri iki gihe, aho twoba tuba kw’isi hose, turiteganye umushasharo aho umubumbe wose uzocika iparadizo mw’isi nshasha yimirije. Mu kurindira ico gihe, twibera mu mutekano wo mu vy’impwemu.​—Yesaya 65:13, 14.

10. ‘Dukoranye ukudahemuka’ bivamwo iki?

10 ‘Nitwakorana ukudahemuka’ bizovamwo iki? Umugani wahumetswe utwibutsa ibi: “[“Umuntu w’ibikorwa biranga ubwizerwe”, NW] agira umugisha mwinshi” (Imigani 28:20). Dukomeye kw’ibanga tubigiranye ubwizerwe mu kwamamaza inkuru nziza aho tuba hose no ku muntu uwo ari we wese, ntitubura koko kuronka impera ziva kuri Yehova. Nk’akarorero, haciye imyaka 40 Frank n’umugore wiwe Rose batanguye igikorwa c’ubutsimvyi mu gisagara co mu Buraruko bwa Ekose. Abantu bakeyi bari baragaragaje ugushimishwa n’ukuri ngaho, bari baratwawe akayombekere. Aho kuvunika inkokora, uwo mugabo n’umugore b’abatsimvyi baratanguye gukora igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Ubu hari ishengero ritera risagamba muri ico gisagara. Ubwizerwe bw’uwo mugabo n’umugore mu vy’ukuri bwarahezagiwe na Yehova. Frank asigura abigiranye ukwicisha bugufi ati: “Umuhezagiro uhambaye kuruta iyindi yose ni uko gusa tukiri mu kuri kandi tukaba turi ngirakamaro kuri Yehova”. Vyemere, igihe ‘dukorana ukudahemuka’, turaronka imihezagiro myinshi tukongera tukayiha agaciro.

‘Nuhimbarwe cane na Yehova’

11, 12. (a) Dushobora gute ‘guhimbarwa cane na Yehova’? (b) Ni ihangiro irihe ushobora kwishingira ku bijanye n’ukwiyigisha, kandi bishobora kuvamwo iki?

11 Kugira dukomeze ubucuti dufitaniye na Yehova kandi tugume tumwizigira, dutegerezwa ‘guhimbarwa cane na Yehova’ (Zaburi 37:4a). Ivyo tubigira gute? Aho kurazwa ishinga n’uko ivyacu bwite vyifashe, duhanga amaso Yehova, naho vyoba bigoye gute. Uburyo bumwe bwo kubigira ni ugufata umwanya wo gusoma Ijambo ryiwe (Zaburi 1:1, 2). Ugusoma Bibiliya kwawe kwoba kukuzanira agahimbare? Kuzokakuzanira niwasoma ufise intumbero yo kumenya vyinshi ku vyerekeye Yehova. Kubera iki umaze gusoma igihimba kinaka, utohagarara hanyuma ukibaza uti: ‘Ibi nsomye binyigishije iki ku vyerekeye Yehova’? Hari aho wosanga ari ngirakamaro kugira agakaye canke udupapuro uza urandikamwo utuntu igihe usoma Bibiliya. Igihe cose uhagaze kugira uzirikane ku nsobanuro y’ivyo usomye, niwandike akajambo kakwibutsa imwe muri kamere z’igikundiro z’Imana. Mu yindi zaburi, Dawidi yaririmvye ati: “Amajambo yo mu kanwa kanje, n’[“ivyo umutima wanje uzirikanako”, NW], bize bishimwe mu nyonga zawe, Uhoraho, gitandara canje, mucunguzi wanje” (Zaburi 19:14). Ukwo kwitunira kw’Ijambo ry’Imana tugira ‘kurashimwa’ na Yehova, maze natwe kukaduhimbara.

12 Dushobora gute kuronkera agahimbare mu kwiga no mu kuzirikana kwacu? Kwiga vyinshi bishoboka ku vyerekeye Yehova be n’inzira ziwe turashobora kubigira ryo hangiro ryacu. Ibisohokayandikiro nk’ibi Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose be na Niwiyegereze Yehova *, biraturonsa ivyo dushobora kuzirikanako tubigiranye ugukenguruka. Dawidi na we akura amazinda umugororotsi yuko Yehova ‘azomuha ivyo umutima wiwe ugomba’ (Zaburi 37:4b). Ukwo ni kwo kwizigira gutegerezwa kuba kwarasunikiye intumwa Yohani ku kwandika aya majambo agira ati: “Ubu ni bgo bushizi bg’ubgoba dufise kuri yo, n’ukw iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivy’igomba, itwumva. Kandi ko tuzi yuko yumva ico dusavye cose, bitumenyesha yuko duhawe ivyo tuyisavye”.​—1 Yohana 5:14, 15.

13. Muri iyi myaka ya vuba, ni ukwaguka ukuhe kw’igikorwa c’ukwamamaza Ubwami kwabonetse mu bihugu vyinshi?

13 Uko turi abantu baguma bari intadohoka, ikiduhimbara kuruta ibindi vyose ni ukubona ubusegaba bwa Yehova bwemezwa (Imigani 27:11). Imitima yacu ntirengerwa n’umunezero igihe tumenye ivyerekeye igikorwa c’ukwamamaza amahero kirangurwa n’abavukanyi bacu bo mu bihugu vyahora bitwarwa n’intwaro z’igikenye canke z’agahotoro? Turarindiranye umushasharo kubona ico uwo mwidegemvyo wiyongereye ushobora kuvamwo, imbere y’uko iherezo ry’uru runkwekwe rishika. Benshi mu basavyi ba Yehova bo mu bihugu vya Buraya, baragira uruhara rukomeye mu kubwira inkuru nziza abanyeshure, impunzi be n’abandi bahaba igihe gito, vyongeye barinovora umwidegemvyo wo gusenga. Icipfuzo cacu gikomeye ni ic’uko abo bantu bamaze gusubira iwabo, bobandanya kureka umuco w’ukuri ukamurika mbere no mu mwiza uboneka ko ari uw’intamenwa.​—Matayo 5:14-16.

‘Ukorere Yehova urugendo rwawe rwose’

14. Ni ikimenyamenya ikihe kihari c’uko dushobora kwiheka kuri Yehova?

14 Ese ukuntu biruhura kumenya yuko amaganya yacu hamwe n’ivyo twobona ko umenga ni imizigo ituremereye dushobora kubikurwako! Gute? Dawidi avuga ati: “Ukorere Uhoraho urugendo rwawe rwose, abe ari we wishimira”. Yongerako ati: “Na we azobishitsa” (Zaburi 37:5). Mu mashengero turimwo, turafise ikimenyamenya gikwiye c’uko Yehova ashigikirana koko (Zaburi 55:22). Abari mu busuku bw’igihe cose, baba ari abatsimvyi, abacungezi b’ingenzi, abamisiyonari, canke abitanze gusukurira kuri Beteli, barashobora kwemeza ko Yehova twomwihekako akadushigikira. Kubera iki utoganira n’abo uzi maze ukababaza ukuntu Yehova yabafashije? Nta gukeka ko uzokwumva ivyabonywe vyinshi vyerekana ko no mu bihe bigoye, ukuboko kwa Yehova kutigera kuba kugufi. Yama nantaryo atanga ivya nkenerwa mu buzima.​—Zaburi 37:25; Matayo 6:25-34.

15. Ni gute ubugororotsi bw’abasavyi b’Imana bukayangana?

15 Igihe twishimiye Yehova kandi tukamwizigira duherejeko, turashobora kwibonera ko aya yandi majambo y’umwanditsi wa Zaburi ari ay’ukuri: “Azokwerekana ukugororoka kwawe nk’umuco, n’urubanza rwawe ruroranye nk’igihe co mu mashōka” (Zaburi 37:6). Twebwe Ivyabona vya Yehova akenshi turavugwa ukutari kwo. Mugabo Yehova arugurura amaso y’abantu b’imitima nziraburyarya kugira babone yuko ubusuku turangurira ku mugaragaro buva ku rukundo dukunda Yehova n’umuntu nkatwe. Muri ico gihe nyene, inyifato yacu igororotse, naho benshi bayivuga ukutari kwo, ntishobora guhishwa. Yehova aradushigikira igihe turwanywa kandi tugahamwa mu buryo bwose. Ico bivamwo, ni uko ubugororotsi bw’abasavyi b’Imana bukayangana nka kurya kw’izuba ryo mu mashoka.​—1 Petero 2:12.

‘Uhwekere . . . urorere wihanganye’

16, 17. Mu buryo buhuye na Zaburi 37:7, ubu ni co gihe co kugira iki, kandi kubera iki?

16 Ehe amajambo akurikira y’umwanditsi wa Zaburi: “Uhwekerere imbere [ya Yehova], umurorēre wihanganye: ntuhagarikwe umutima n’ūguwe neza mu rugendo rwiwe, n’umuntu ashitsa imigabo mibi” (Zaburi 37:7). Hano, Dawidi ashimika ku vy’uko dukeneye kurindira twihanganye ko Yehova agira ico akoze. Naho iherezo ry’uru runkwekwe ritarashika, ivyo ntivyotuma twidodomba. Ntitwamaze kubona none yuko imbabazi za Yehova n’ukwihangana kwiwe bihambaye kuruta uko twahora tuvyiyumvira? Twoba natwe ubu dushobora kwerekana ko turindiriye twihanganye uko tuguma dukora cane mu kwamamaza inkuru nziza imbere y’uko iherezo rishika (Mariko 13:10)? Ubu ni co gihe co kwirinda ibikorwa vy’ubupfu bishobora kutunyaga umunezero wacu be n’umutekano wacu wo mu vy’impwemu. Ubu ni co gihe co kunanira mu buryo burushirije kuba ubukomeye akosho konona k’isi ya Shetani. Vyongeye, ubu ni co gihe co kuguma dutyoroye mu vy’inyifato runtu no kutigera dushira mu kaga impagararo igororotse dufise imbere ya Yehova. Nimuze tubandanye kwiyama ivyiyumviro vy’ubushegabo no kwirinda kugira ibintu bitabereye ku bo tudasangiye igitsina, canke mbere no ku bo tugisangiye.​—Ab’i Kolosayi 3:5.

17 Dawidi aduhanura ati: “Reka ishavu, va mu burake, ntuhagarike umutima, kukw ico kizana gukora ibibi gusa; kukw inkozi z’ibibi zizorandurwa, arikw abarorereye Uhoraho bazoragwa [isi]” (Zaburi 37:8, 9). Vyemere, turashobora kurindira tubigiranye ukwizigira ico gihe ubu cegereje cane, aho Yehova azorandurana n’imizi kw’isi ububi bwose n’abatuma buba.

“Hasigaye igihe gito”

18, 19. Ni indemesho iyihe ukura muri Zaburi 37:10?

18 “Hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; mbere, uzokwitegereza ahiwe, umubure” (Zaburi 37:10). Ese ukuntu ayo majambo aturemesha uko twegereza iherezo ry’uru runkwekwe be n’igihe aho ukutisunga Yehova gukwega akarambaraye kutazosubira! Ubwoko bwose bw’intwaro canke ubukuru bwashizweho n’umuntu bwarananiwe bimwe bibi. Ubu na ho turiko twegereza igihe c’uko hagaruka ubutegetsi bw’Imana, tewokarasi nyakuri ari bwo Bwami bwa Yehova buri mu minwe ya Yezu Kirisitu. Buzokontorora ivyo kw’isi vyose bwongere bukureho abarwanya Ubwami bw’Imana bose.​—Daniyeli 2:44.

19 Mw’isi nshasha izoba iyobowe n’Ubwami bw’Imana, naho worondera gute, ntuzoshobora kuronka “umunyakibi”. Nkako, umuntu wese azogarariza Yehova ico gihe, azoca akurwaho ubwo nyene. Nta n’umwe atera ubusegaba bwiwe canke yanka kugamburuka ubukuru bw’Imana azoba ahari. Ababanyi bawe bose bazoba bahuje inama mu cipfuzo cabo co guhimbara Yehova. Mbega umutekano ivyo bizozana, nta magufuri, nta bihindizo, nta na kimwe kizokwonona ukwizigira be n’agahimbare vyuzuye!​—Yesaya 65:20; Mika 4:4; 2 Petero 3:13.

20, 21. (a) “Abagwaneza” bavugwa muri Zaburi 37:11 ni bande, kandi ni hehe bakura “amahoro y’umusēsekara”? (b) Ni imihezagiro iyihe tuzokwironkera nitwigana umwe Dawidi Mukuru?

20 Maze, “abagwaneza bazoragwa [isi]” (Zaburi 37:11a). Mugabo none, abo “bagwaneza” ni bande? Ijambo ryahinduwe ngo “umugwaneza” riva mw’ijambo ry’intango risobanura ngo “kubabaza, gucisha bugufi, gushira hasi”. Ni vyo, “abagwaneza” ni abantu barindira babigiranye ukwicisha bugufi ko Yehova atunganya akarenganyo kose bagirirwa. “Bazonezererwa amahoro y’umusēsekara” (Zaburi 37:11b). No muri kino gihe, turaronka amahoro y’umusesekara mw’iparadizo yo mu vy’impwemu ifitaniye isano n’ishengero nyakuri rya gikirisu.

21 Naho tutarakurwako imibabaro, turashigikirana tukongera tugahumuriza abadendebuwe n’umubabaro. Ico bivamwo, ni uko haba ugushira akanyota nyakuri mu basavyi ba Yehova. Abavukanyi bagenywe kuba abungere barakora babigiranye urukundo kugira turonke ivyo dukeneye mu vy’impwemu, mbere rimwe na rimwe no kugira turonke ivyo dukeneye mu buryo bw’umubiri, bagatuma twihanganira ukubabazwa duhorwa ukugororoka (1 Ab’i Tesalonike 2:7, 11; 1 Petero 5:2, 3). Ese ukuntu ayo mahoro ari itunga ry’agaciro! Turafise kandi icizigiro c’ubuzima budahera mw’iparadizo y’amahoro yegereje. Ese rero twokwigana umwe Dawidi Mukuru Kirisitu Yezu, we umwete yari afitiye Yehova wamusunikiye ku kumusukurira ari umwizerwa gushika kw’iherezo (1 Petero 2:21)! Tubigenjeje gutyo, tuzobandanya kugira agahimbare, dushemeza umwe duhimbarirwa cane, ya Mana yacu Yehova.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 12 Vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Woshobora kuvyishura?

• Ni ivyigwa ibihe wigiye kuri Zaburi 37:1, 2?

• Ushobora gute ‘guhimbarwa cane na Yehova’?

• Ni ikimenyamenya ikihe kihari c’uko dushobora kwiheka kuri Yehova?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 9]

Abakirisu ‘ntibanohokera abakora ivy’ukugabitanya’

[Ifoto ku rup. 10]

‘Niwizigire Yehova, ukore ivyiza’

[Ifoto ku rup. 11]

Nuhimbarwe cane na Yehova mu kwiga vyinshi bishoboka ku bimwerekeye

[Ifoto ku rup. 12]

‘Abagwaneza bazoragwa isi’