Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wama ukenera itegeko rya Bibiliya?

Woba wama ukenera itegeko rya Bibiliya?

Woba wama ukenera itegeko rya Bibiliya?

UKIRI umwana, abavyeyi bawe bashobora kuba baraguha amategeko menshi. Uko wagenda ukura, waratahuye yuko abavyeyi bawe bagushakira ineza. Ubu uri umuntu akuze, ushobora kumbure kuba ukigendera ku ngingo ngenderwako zinaka bagushizemwo naho utakiri munsi y’ubuyobozi bwabo.

Data wa twese wo mw’ijuru Yehova araduha amategeko atari make arashe biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Nk’akarorero, arabuza ugusenga ibigirwamana, ubusambanyi, ukurenga ibigo be n’ubusuma (Kuvayo 20:1-17; Ivyakozwe 15:28, 29). Uko ‘dukura mu bintu vyose’ mu buryo bw’impwemu, turashika ku gutahura yuko Yehova adushakira ineza be n’uko amategeko yiwe atatuzitira mu buryo burengeje.​—Abanyefeso 4:15; Yesaya 48:17, 18; 54:13.

Ariko rero, hari ibihe vyinshi aho usanga ata tegeko rirashe rihari. Ku bw’ivyo, hari abumva yuko mu gihe ata tegeko ryo muri Bibiliya rirashe ririho, bafise umwidegemvyo wo gukora uko bashatse. Baharira bavuga yuko, iyo Imana ibona ko bikenewe, yari guserura ico igomba mu buryo bw’itegeko rirashe.

Abantu biyumvira muri ubwo buryo, akenshi bakunda gufata ingingo zitaranga ubukerebutsi zituma bicuza cane mu nyuma. Barananirwa kubona yuko Bibiliya itarimwo gusa amategeko, ariko kandi ko irimwo ivyerekana uburyo Imana yiyumvira. Uko twiga Bibiliya hanyuma tugashika ku kumenya ukuntu Yehova abona ibintu, turatsimbataza ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya tukongera tugafashwa kugira amahitamwo ahuje n’inzira ziwe. Igihe tubigenjeje gutyo, dutuma umutima wiwe uhimbarwa kandi tukaronka ivyiza biva ku kuba twarafashe ingingo ziranga ubukerebutsi.​—Abanyefeso 5:1.

Uburorero bwo muri Bibiliya bwibonekeje

Igihe turavye inkuru zo muri Bibiliya z’abasavyi b’Imana bo mu bihe vya kera, turabona ibihe aho barimbuye ukuntu Yehova abona ibintu naho bataba bafise itegeko rirashe bisunga. Rimbura akarorero ka Yozefu. Igihe yariko aryosharyoshwa na muka Potifari ngo bakore ubusambanyi, nta tegeko ryanditswe ryahumetswe n’Imana ribuza ukurenga ibigo ryari rihari. Yamara, naho ata tegeko rirashe ryari rihari, Yozefu yaratahuye yuko ukurenga ibigo kutari ugucumura kw’ijwi ryiwe ryo mu mutima gusa, ariko kandi kwari ugucumura “ku Mana” (Itanguriro 39:9). Biboneka ko Yozefu yemera icese yuko ukurenga ibigo vyari biteye kubiri n’ukwiyumvira kw’Imana be n’ukugomba kwayo, nk’uko vyavugiwe muri Edeni.​—Itanguriro 2:24.

Rimbura akandi karorero. Mu Vyakozwe 16:3, tubwirwa yuko Paulo yakevye Timoteyo imbere y’uko amutwara mu ngendo ziwe za gikirisu. Yamara, ku murongo wa 4, dusoma yuko Paulo na Timoteyo mu nyuma bagendagenze mu bisagara bashikiriza “ivyo intumwa n’abakuru b’i Yerusalemu bāshinze, ngo bavyitondere”. Muri ivyo bashinze, harimwo ingingo yavuga yuko abakirisu batari bakigengwa n’ivyagezwe ku buryo bokebwa (Ivyakozwe 15:5, 6, 28, 29)! Ni kubera iki Paulo yabonye ko bikenewe yuko Timoteyo akebwa? “Kubg’Abayuda bo mur’izo ntāra, kuko bose bāri bazi ko se [wa Timoteyo] yar’Umugiriki”. Paulo ntiyashatse kubababaza canke kubatsitaza bidakenewe. Yari arajwe ishinga n’uko abakirisu baguma “[bishimagiza] mu nyonga z’Imana ku mutima w’umuntu wese”.​—2 Ab’i Korinto 4:2; 1 Ab’i Korinto 9:19-23.

Ubwo buryo bwo kwiyumvira ni bwo bwaranga Paulo na Timoteyo. Soma ivyanditswe nk’Abaroma 14:15, 20, 21 be na 1 Ab’i Korinto 8:9-13; 10:23-33, hanyuma urabe ukuntu Paulo yitwararika cane ukumererwa neza mu vy’impwemu kw’abandi, canecane abari gushobora gutsitazwa n’ikintu ku bwa ngingo kitari kibi. Vyongeye, Paulo yanditse ku vyerekeye Timoteyo ati: “Simfise uwundi ari n’umutima nk’uw’uwo, yobabara ivyanyu vy’ukuri. Kuko bose barondera ivyabo, batarondera ivya Yesu Kristo. Ariko murazi ingen’uwo yagejejwe akarama, kandi yuko, nk’uk’umwana amereranira na se, ari ko yakoranye nanje igikorwa co gukwiza ubutumwa bgiza” (Ab’i Filipi 2:20-22). Ese ukuntu ari akarorero keza abo bagabo bakirisu babiri badusigiye muri iki gihe! Aho guhitamwo ibibahimbara canke ivyo bikundira mu gihe ata tegeko ry’Imana ritomoye ryari rihari, bariganye urukundo rwa Yehova be n’Umwana wiwe mu kurimbura ukuntu ingingo ubwabo bafata zari gushobora kugira ico zikoze ku bandi mu buryo bw’impwemu.

Rimbura ivya Yezu Kirisitu, we karorero kacu nyamukuru. Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, yarasiguye atomora yuko umuntu atahura ico amabwirizwa y’Imana ashaka kuvuga, azoyagamburuka naho atoba ategeka canke abuza ikintu kanaka mu buryo butomoye (Matayo 5:21, 22, 27, 28). Yaba Yezu, Paulo, Timoteyo canke Yozefu, nta n’umwe yiyumviriye yuko mu gihe ata tegeko ry’Imana rirashe rihari, umuntu ashobora gukora uko ashatse. Mu guhuza n’uburyo Imana yiyumvira, abo bantu babaho bisunga ivyo Yezu yerekanye yuko ari amabwirizwa abiri ahambaye kuruta ayandi yose, na yo akaba ari ugukunda Imana n’ugukunda mugenzawe.​—Matayo 22:36-40.

Tuvuge iki ku bakirisu muri iki gihe?

Biratomoye yuko tudakwiye kubona Bibiliya nk’uko umuntu yobona urwandiko rw’amategeko, akitega yuko ikintu cose gisabwa cerekanwa mu buryo butomoye. Turatuma Yehova anezerwa cane igihe duhisemwo gukora ibihuje n’uko yiyumvira, no mu gihe ata tegeko ritomoye rihari ritubwira ico twokora. Mu yandi majambo, aho kwama tubwirwa ico Imana ishaka ko dukora, turashobora ‘gutegera ico Yehova ashaka ico ari co’ (Abanyaefezi 5:17, UB; Abaroma 12:2). Ni kubera iki ivyo bituma Yehova anezerwa? Kubera ko vyerekana yuko ikituraje ishinga cane atari ivyo ubwacu twikundira be n’ivyo dufitiye uburenganzira, ahubwo ko ari ibimuhimbara. Vyerekana kandi yuko dukenguruka urukundo rwiwe ku buryo bw’uko dushaka kurwigana, urukundo nk’urwo tukarugira yo nguvu ituvyurira ingiro (Imigani 23:15; 27:11). Vyongeye, ibikorwa bishingiye ku vyerekanwa mu Vyanditswe biragira ico biterereye ku magara y’ivy’impwemu, akenshi no ku y’umubiri.

Reka turabe ukuntu iyo ngingo ngenderwako ishobora gukoreshwa mu bintu vyacu bwite.

Uguhitamwo ivy’ukwisamaza

Rimbura ivy’umusore agomba kugura ikaseti kanaka y’umuziki. Ivyo yumvise muri iyo kaseti birakwegera cane, mugabo biramuhagaritse umutima kubera ko ku gipfukisho herekana ko amajambo arimwo avugira aheru ivy’igitsina kandi akabivuga mu buryo bw’ubushirasoni. Arabona kandi yuko igice kinini c’indirimbo z’uwo muririmvyi ziririmbanwa ishavu n’ugukara. Kubera akunda Yehova, uwo musore aritwararika ivyiyumviro be n’inyiyumvo Yehova afise kuri ico kintu. Yotegera gute ico Imana ishaka ico ari co ku bijanye n’ico kintu?

Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abagalatiya, aradondagura ibikorwa vy’umubiri be n’ivyamwa vy’impwemu y’Imana. Ushobora kuba uzi ibigize ivyamwa vy’impwemu y’Imana ari vyo: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ukugira neza, ukumera neza, ukwizera, ubugwaneza, ukwigumya. Mugabo ibikorwa vy’umubiri bigizwe n’iki? Paulo yandika ati: “Kand’ibikorwa vy’[umubiri] biramenyekana, n’ibi: ubushakanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke, gusenga ibigirwamana, uburozi, ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikēba, kwitandukanya, ibice, igono, kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ivyo. Ivyo ndabibabūriye, nk’uko nabibabūriye kera, yukw abakora ibisa birtyo batazoragwa ubgami bg’Imana”.​—Ab’i Galatiya 5:19-23.

Raba amajambo ahereza urwo rutonde, “ibindi ben’ivyo”. Paulo ntatanga urutonde rwuzuye rw’ikintu cose cofatwa ko ari igikorwa c’umubiri. Ni nk’aho umuntu atozirikana ngo ‘Ndemerewe n’Ivyanditswe gukora igikorwa cose kitari muri urwo rutonde rw’ibikorwa vy’umubiri Paulo yatanze’. Ahubwo, abasomyi bokenera gukoresha ububasha bwabo bwo gutegera kugira bamenye ibintu bishobora kuba bitaboneka muri urwo rutonde, ariko ari “ibindi ben’ivyo”. Abantu baja mu migenzo itavuzwe mugabo ari “ibindi ben’ivyo” ntibigaye, ntibazoragwa imihezagiro y’Ubwami bw’Imana.

Ku bw’ivyo, turakeneye gutegera canke gutahura ibintu bidahimbaye mu nyonga za Yehova. Ivyo vyoba bigoye? Dufate ko umuganga wawe yaguhanuye kurushiriza kurya ivyamwa n’imboga mugabo akakubuza amavuta be n’ibindi bene ivyo. Vyoba vyokugora kumenya urutonde woshiramwo ibinure? Ubu na ho, subira urabe ivyamwa vy’impwemu y’Imana be n’ibikorwa vy’umubiri. Ya kaseti y’umuziki twavuga iri mu rutonde uruhe? Nta ho koko isa isana n’urukundo, ukumera neza, ukwigumya canke izindi kamere zijana n’ivyamwa vy’impwemu y’Imana. Umuntu ntiyokenera itegeko rirashe kugira ategere yuko ubwo bwoko bw’umuziki budahuje n’uburyo Imana yiyumvira. Izo ngingo ngenderwako nyene zokora ku bijanye no gusoma amayagwa, kuraba amasenema, ibiganiro vyo kuri televiziyo, udukino two kuri orodinateri, kuraba ivyo kuri internet n’ibindi n’ibindi.

Ukwitunganya kwemewe

Bibiliya iratanga kandi ingingo ngenderwako zijanye n’ivy’ukwambara be n’ivy’ukwitunganya. Ivyo birafasha umukirisu wese kuronka ikimuyobora kugira agume aboneka mu buryo bubereye kandi buhimbaye. No ngaho, uwukunda Yehova ntabona ko ivyo birimwo akaryo ko gukora ikintu ico ari co cose kimuhimbara, mugabo abona ko ari akaryo ko gukora ibizotuma Se wiwe wo mw’ijuru anezerwa. Nk’uko twamaze kubibona, kuba Yehova atatanze amategeko atomoye ku kintu kinaka, ntibisigura ko atitaho ivyo abasavyi biwe bakora. Imideri usanga atari imwe uko uva hamwe uja ahandi, eka mbere no mu karere kamwe, iguma iza irahindagurika. Ariko rero, Imana iratanga ingingo ngenderwako z’ishimikiro zikwiye kuyobora abasavyi bayo mu bihe vyose n’ahantu hose.

Nk’akarorero, muri 1 Timoteyo 2:9, 10 havuga hati: “Kandi n’abagore nyene, ndagomba ko bambara imyambaro biberanye, bagendane isoni badahugumba kandi badashazisha gutsiba umushatsi, cank’izahabu, cank’imaragarita, cank’impuzu z’igiciro kinini, ariko bashazishe ibikorwa vy’ingeso nziza, nk’uko bikwiye abagore bavuga yuko bubaha Imana”. Ku bw’ivyo, abagore bakirisu, eka mbere n’abagabo, babwirizwa kwitwararika cane ukuntu abantu bo mu karere kabo bitega ko ‘abavuga ko bubaha Imana’ bakwiye kuba bitunganya. Birabereye canecane yuko umukirisu yitwararika ukuntu uburyo yitunganya bituma abandi babona ubutumwa bwa Bibiliya atwara (2 Ab’i Korinto 6:3). Umukirisu w’intangakarorero ntazokwitwararika mu buryo burenze urugero ivyo ubwiwe yikundira canke ivyitwa ko ari uburenganzira bwiwe, ahubwo riho azokwitwararika kudasamaza abandi canke kutababera igitsitaza.​—Matayo 18:6; Ab’i Filipi 1:10.

Igihe umukirisu asanze hari uburyo yitunganya bubabaza abandi canke bubatsitaza, arashobora kwigana intumwa Paulo mu gushira imbere ukwitwararika ukumererwa neza kw’abandi mu vy’impwemu, aho gushira imbere ivyo we ubwiwe yikundira. Paulo yavuze ati: “Munyigāne, nk’uko nanje nīgāna Kristo” (1 Ab’i Korinto 11:1). Ku vyerekeye Yezu na ho, Paulo yanditse ati: ‘Na Kirisitu ntiyinezereje’. Ico Paulo yabwiye abakirisu bose kiratomoye: “Twebge abakomeye dukwiye kwihanganira intege nke z’abadakomeye, no kutinezereza. Umuntu wese muri twebge anezereze mugenzi we, kugira ngw abone ivyiza, akomezwe”.​—Abaroma 15:1-3.

Dukarishe ububasha bwacu bwo gutegera

Dushobora gute gutsimbataza ububasha bwacu bwo gutegera kugira ngo tumenye ukuntu twohimbara Yehova, no mu gihe atoba yaratanze inyobozo itomoye ku kintu kanaka? Dusomye Ijambo ryiwe ku musi ku musi, tukaryiga ubudahorereza, tukongera tukazirikana ku vyo dusoma, tuzokura mu bubasha bwacu bwo gutegera. Ikura nk’iryo ntiriza ningoga na ningoga. Nka kurya kw’ikura ry’umwana, ikura ryo mu vy’impwemu riba buhorobuhoro, kandi ntirica ribonwa ubwo nyene. Ni co gituma hakenewe ukwihangana, kandi ntidukwiye kubabara igihe tudateye imbere buno nyene. Ku rundi ruhande, kumara gusa umwanya munini si vyo ubwavyo bizokarisha ububasha bwacu bwo gutegera. Umwanya nk’uwo dutegerezwa kuwumara turimbura ubudahorereza Ijambo ry’Imana nk’uko twabibonye hejuru, kandi dutegerezwa kubaho twisunga iryo Jambo uko dushoboye kwose.​—Abaheburayo 5:14.

Vyovugwa yuko amategeko y’Imana ageza ukugamburuka kwacu, mu gihe ingingo ngenderwako zayo na zo zigeza urugero dushikanako mu vy’impwemu be n’aho icipfuzo cacu co kuyihimbara kigera. Uko dukura mu buryo bw’impwemu, ni ko tuzorushiriza gushira imbere ivyo kwigana Yehova n’Umwana wiwe. Tuzokwitwararika gushingira ingingo dufata ku kuntu Imana ibona ibintu nk’uko vyerekanwa n’Ivyanditswe. Uko dutuma Data wa twese wo mw’ijuru ahimbarwa mu bintu vyose dukora, ni ko tuzosanga na twebwe umunezero wacu wiyongera.

[Amafoto ku rup. 23]

Imideri y’inyambaro usanga atari imwe uko uva hamwe uja ahandi, ariko rero ingingo ngenderwako za Bibiliya zikwiye kuyobora amahitamwo tugira