Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Yehova nomwishura iki?’

‘Yehova nomwishura iki?’

Inkuru y’ubuzima

‘Yehova nomwishura iki?’

NK’UKO VYAVUZWE NA MARIA KERASINIS

Mfise imyaka 18, nari igitetereza ku bavyeyi banje, igicibwa mu muryango wanje be n’akamenyo mu kigwati iwacu. Ukwinginga, agahato be n’iterabwoba vyarakoreshejwe kugira ngo bagerageze gusenyura ukutadohoka kwanje ku Mana, ariko biba ivy’ubusa. Nari nizigiye ntakeka yuko kwumira ntahemuka ku kuri kwa Bibiliya vyondonkeje ivyiza vyo mu vy’impwemu. Nsubije amaso inyuma ku myaka irenga 50 maze nsukurira Yehova, nta kindi nogira atari ukwemeranya n’amajambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: ‘Ivyiza Yehova yangiriye vyose, nobimwishura iki?’.​—Zaburi 116:12.

NAVUTSE mu 1930, mvukira i Aggelokastro, kikaba ari ikigwati kiri nko ku bilometero 20 uvuye ku kivuko c’i Cenchreae, ku ruhande rwo mu Buseruko bw’agace k’isi k’i Korinto kagabura ibiyaga bibiri, hamwe ishengero ry’abakirisu b’ukuri ryashingwa mu kinjana ca mbere.​—Ivyakozwe 18:18; Abaroma 16:1.

Umuryango wanje wari wibereyeho neza. Dawe yari umukuru w’ikigwati, kandi akaba yari umuntu yubahwa cane. Nagira gatatu mu bana batanu. Abavyeyi bacu baturereye mw’idini y’aborotodogisi y’Abagiriki turi abantu bayifitiye ishaka. Naraja mu misa imisi yose ku w’iyinga. Naragira ipenitensiya imbere y’ibishushanyo, ngacana amabuji mu dusengero two mu bigwati kandi nkubahiriza ibihe vyose vy’ukwisonzesha. Akenshi nariyumvira ivyo kuba umubikira. Mu nyuma, ni jewe nabaye uwa mbere mu muryango mu guhemukira abavyeyi banje.

Mpimbarwa n’ukuri kwa Bibiliya

Igihe nari mfise imyaka 18, naramenye yuko Katina mushiki wa muramwanje yaba mu kigwati co hafi yacu, yariko asoma ibitabu vy’Ivyabona vya Yehova, kandi akaba atari akija mu misa. Ivyo vyarambujije amahoro cane ku buryo naciye mfata ingingo yo kumufasha kugira ngo agaruke mu nzira nabona ko ari iy’ukuri. Ku bw’ivyo, igihe yaza kutugendera, naciye ndinganiza ivy’uko tugenda gutembera, mfise intumbero yuko turuhukira ku nzu kwa patiri. Patiri yatanguye ibiyago atuka ibitutsi vyinshi Ivyabona vya Yehova, akabita abarwanya ukwemera bari barazimije Katina. Ico kiyago carabandanije mu majoro atatu akurikirana. Katina yarabeshuje ibirego vyose akoresheje ivyiyumviro biteguwe neza bishingiye kuri Bibiliya. Amaherezo, uwo mupatiri yamubwiye ko kubera yuko ari umwigeme w’akaranga kandi w’ubwenge, yari akwiye kuryoherererwa ubuto bwiwe mu gihe akibishoboye hanyuma agakurikirana ivy’Imana amaze gusaza.

Nta na kimwe nabwiye abavyeyi banje ku bijanye n’ivyo biyago, mugabo ku w’iyinga ukurikira, sinagiye mu misa. Sasita, nya mupatiri yaciye aza ku mangazini yacu. Narisiguye mvuga yuko nategerejwe gusigara mu mangazini kugira ngo mfashe dawe.

Patiri yaciye ambaza ati: “Ico ni co vy’ukuri cabitumye canke ni wa mukobwa yakwoheje?”.

Naciye ndamubwira ntarya umunwa nti: “Abo bantu ivyo bizera ni vyiza kurusha ivy’iwacu”.

Patiri yaciye ahindukira araba dawe, hanyuma avuga ati: “Mushingantahe Economos, irukana irya ncuti yawe ubu bwa jisho; yaradometse urugo rwawe”.

Umuryango wanje undwanya

Aho hari mu mpera z’imyaka ya 1940, igihe Ubugiriki bwari mu ntambara y’abanyagihugu ikaze. Kubera ko dawe yatinya ko abarwanyi bohava bancakira, yararinganije ivy’uko mva muri ico kigwati nkaja kuba kwa mukuru wanje aho Katina yaba. Mu mezi abiri nahamaze, narafashijwe gutahura ico Bibiliya ivuga ku bibazo bitari bike. Narababajwe no kubona yuko nyinshi mu nyigisho z’idini y’aborotodogisi zitari zishingiye ku Vyanditswe. Naratahuye yuko Imana itemera ugusenga hakoreshejwe ibishushanyo, ndatahura yuko imigenzo y’idini itandukanye, nk’ukwunamira umusaraba, itamuka ku bakirisu be n’uko umuntu ategerezwa gusenga Imana “mu mpwemu no mu kuri” kugira ngo ayihimbare (Yohana 4:23; Kuvayo 20:4, 5). N’ikiruta vyose, naramenye yuko Bibiliya itanga icizigiro ciza utoraba c’ubuzima budahera kw’isi! Ukuri kwa Bibiliya kw’agaciro nk’ukwo, kuri mu vyiza vyo mu ntango nahawe na Yehova.

Muri ico gihe, mukurwanje be n’umugabo wiwe barabonye yuko ntakubita urumenyetso rw’umusaraba mu gihe co gufungura, n’uko ntasengera imbere y’ibishushanyo vy’idini. Umusi umwe mw’ijoro bompi barankubise. Ku musi ukurikira, naciye mfata ingingo yo kuva iwabo, nca nja kwa mamawacu. Muramwanje yaciye abimenyesha dawe. Bidatevye inyuma y’aho, dawe yaciye aza yiyuha iryosozi hanyuma agerageza kumpindura ivyiyumviro. Muramwanje yarapfukamye imbere yanje ansaba ikigongwe, nkaba narakimugiriye. Kugira ngo ibintu bisubire mu buryo, baciye bansaba gusubira kuja mu misa, mugabo nagumye nshikamye.

Maze gusubira kwa dawe, imikazo yarabandanije. Nta buryo nari mfise bwo guhanahana amakuru na Katina, kandi nta gisohokayandikiro nari mfise co gusoma, eka mbere nta na Bibiliya nari mfise. Naranezerewe cane igihe umwe muri benewacu bavyarwa na datawacu yagerageza kumfasha. Igihe yagenda i Korinto, yarabonanye n’Icabona hanyuma agaruka azanye igitabu kivuga ngo “Que Dieu soit reconnu pour vrai!” be n’ikopi y’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, ivyo naciye ntangura gusomera mu mpisho.

Ubuzima buhinduka uko ntari ndavyiteze

Ukurwanywa gukaze kwarabandanije mu myaka itatu. Nta Cabona n’umwe twashobora kubonana, eka mbere sinashobora kuronka n’igitabu na kimwe. Ariko rero, hari hagiye kuba amahinduka akomakomeye mu buzima bwanje ntanabizi.

Dawe yambwiye yuko ntegerezwa kugenda kwa marume i Tesalonike. Imbere y’uko nja i Tesalonike, naragiye ku mutayerikazi yashonera i Korinto kugira ngo nshoneshe ikoti. Urazi ukuntu natangaye igihe nasanga Katina ari ho akora! Twarahimbawe cane gusubira kubonana inyuma y’ico gihe kirekire cari kihaciye. Igihe twempi twariko tuva aho hantu, twarahuye n’umusore ameze neza cane yariko atahuka avuye ku kazi, akaba yari kw’ikinga. Yitwa Charalambos. Tumaze gushika ku kumenyana, twaciye dufata ingingo yuko twokwubakanye. Muri ico gihe kandi, ku wa 9 Nzero 1952, ni ho nagereranya ukwiyegurira Yehova kwanje mu kubatizwa.

Charalambos yari yabatijwe imbere y’aho. Na we nyene yararwanijwe n’umuryango wiwe. Charalambos yari umunyamwete cane. Yari umufasha w’umusuku w’ishengero kandi akaba yayobora inyigisho za Bibiliya nyinshi. Bidatevye, mwenewabo yaremeye ukuri, maze muri iki gihe benshi bo mu muryango wabo na bo nyene bakaba basukurira Yehova.

Dawe yarashimye vy’ukuri Charalambos, ku buryo yemeye ko twubakana, ariko mawe ntivyari vyoroshe kubimwumvisha. Naho ari ukwo, jewe na Charalambos twaragize ubugeni ku wa 29 Ntwarante 1952. Musazanje mukuru be n’umwe muri benewacu bavuka kuri datawacu ni bo bonyene baje ku bugeni. Ico gihe sinari nzi ko Charalambos yobaye umuhezagiro ntangere, ni ukuvuga ingabirano nyayo iva kuri Yehova! Bwa mugenzi wiwe, narashoboye gushingira ubuzima bwanje ku murimo wa Yehova.

Dukomeza abavukanyi bacu

Mu 1953, twe na Charalambos twafashe ingingo yo kwimukira i Atenayi. Kubera ko Charalambos yashaka gukora cane mu gikorwa co kwamamaza, yarahevye ubucuruzi bwiwe bwo mu muryango hanyuma aronka akazi k’amasaha makeyi ku musi. Twamara imihingamo turi kumwe mu busuku bwa gikirisu kandi tukayobora inyigisho nyinshi za Bibiliya.

Kubera yuko ubutegetsi bwari bwarabujije ubusuku bwacu, twategerezwa kumenya ukuntu tuvyifatamwo. Nk’akarorero, twarafashe ingingo yo gushira ikopi y’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi mw’idirisha ry’akazu bacururizamwo, kari muri Atenayi hagati, aho umugabo wanje yakorera akazi k’amasaha makeyi ku musi. Hari umupolisi wo mu rwego rwo hejuru yatubwiye yuko ico kinyamakuru cari kibujijwe. Ariko rero, yasavye nimba yoshobora kuronka ikopi hanyuma akabaza ivyaco ku biro bijejwe umutekano. Igihe bamukura amazinda yuko ico kinyamukuru cari cemewe n’amategeko, yaciye agaruka kubitubwira. Abavukanyi bandi bari bafise mwene utwo tuzu bakimara kuvyumva, na bo nyene baciye batangura gushira amakopi y’Umunara w’Inderetsi mu madirisha y’utuzu twabo tw’ugucururizamwo. Umugabo umwe yararonse Umunara w’Inderetsi ku kazu twacururizamwo, aracika Icabona, ubu akaba ari umukurambere.

Twaragize kandi umunezero wo kubona musazanje mutoyi yiga ukuri. Yari yaje i Atenayi kwiga kw’ishure ryigisha ivy’urudandaza rwo mu mazi, maze turamujana kw’ihwaniro. Amahwaniro yacu twayagirira mu mashamba twinyegeje. Yarakunze ivyo yumvise, mugabo bidatevye inyuma y’aho, yaciye atangura kugira ingendo. Mu rugendo rumwe yagize, yarashitse ku kivuko co muri Arijantine. Ngaho, hari umumisiyonari yuriye ubwato kugira yamamaze, hanyuma musazanje aca asaba ibinyamakuru vyacu. Twaranezerewe cane igihe twaronka ikete ryiwe ryavuga riti: “Narubuye ukuri. Nimungirishirize abonema”. Muri iki gihe, we n’umuryango wiwe basukurira Yehova ari abizerwa.

Mu 1958, umunega wanje yaratumiwe gukora ari umucungezi w’ingenzi. Kubera yuko igikorwa cacu cari kibujijwe kandi ibintu bikaba vyari bigoye rwose, abacungezi b’ingenzi bakunda gukora batari kumwe n’abakenyezi babo. Muri Gitugutu 1959, twarabajije abavukanyi babijejwe ku biro vy’ishami niba vyoshoboka ko ndamuherekeza. Baremeye. Twategerezwa kugendera no gukomeza amashengero yo mu Bugiriki, mu gice co hagati no mu Buraruko.

Izo ngendo ntizari zoroshe. Amabarabara arimwo kaburimbo yari make cane. Kubera yuko tutari dufise umuduga, kenshi twaripakiza mu miduga itwara abantu canke mu makamyoneti arimwo inkoko be n’ibindi bidandazwa. Twambara amabotine kugira ngo duce mu mabarabara yaba yuzuyemwo ivyondo. Kubera ko mu kigwati cose haba hari abitwaje ibirwanisho, twategerezwa kwikinga agahumbezi mu kwinjira mu bigwati kugira ngo twirinde ko badusambisha.

Abavukanyi baraha agaciro cane izo ngendo. Naho benshi muri bo bakora bagatama mu mirima yabo, baragira akigoro kose gashoboka kugira ngo bitabe amakoraniro yagirirwa mu mihana itandukanye ijoro rigeze kure. Abavukanyi kandi bari abantu bakirana cane kandi baraduha ivyo bashoboye kuronka vyose, naho bari bafise bikeyi cane. Rimwe na rimwe twararana n’umuryango wose mu cumba kimwe. Ukwizera kw’abo bavukanyi, ukwihangana kwabo be n’umwete wabo vyarabaye iyindi nyungu nini kuri twebwe.

Twagura ubusuku bwacu

Muri Ruhuhuma 1961, igihe twari twagendeye ibiro vy’ishami i Atenayi, baratubajije nimba twoshima gukorera kuri Beteli. Twishuye dukoresheje amajambo ya Yesaya agira ati: “Ndi hano, ba ari jewe utuma” (Yesaya 6:8). Hashize amezi abiri, twararonse ikete ridusaba kuja kuri Beteli vuba bishoboka. Ku bw’ivyo, ku wa 27 Rusama 1961, twaratanguye gusukurira kuri Beteli.

Twarakunze igikebere cacu gishasha, kandi twumvise twisanze ubwo nyene. Umugabo wanje yakora mu rwego rujejwe umurimo n’amabonema, hanyuma mu nyuma amara igihe akora muri Komite y’ishami. Nakora ibikorwa bitandukanye mu buraro. Ico gihe, umuryango wa Beteli wari ugizwe n’abantu 18, mugabo nko mu myaka itanu, hari nk’abantu 40 kubera yuko ishure ry’abakurambere ryariko rigirirwa kuri Beteli. Mu gitondo, naroza amasahani, ngafasha uwuteka, ngasasa ibitanda 12, ngashira amasahani ku meza ku bw’imfungurwa za sasita. Ku muhingamo, naragorora impuzu, ngasukura utuzu twa surwumwe be n’ivyumba. Narakora kandi mw’imesuriro rimwe mu ndwi. Hariho ibikorwa vyinshi, mugabo narahimbarwa n’ukuba nari nshoboye gufasha.

Twaguma dukora cane mu bikorwa twashinzwe kuri Beteli be no mu murimo wo mu ndimiro. Akenshi twarongora inyigisho za Bibiliya zishika ku ndwi. Ku mpera z’imishamvu, naraherekeza Charalambos igihe cose yashikiriza insiguro mu mashengero atandukanye. Ntitwavana.

Twariganye Bibiliya n’umugabo n’umugore bari bumiye rwose kw’idini y’aborotodogisi y’Abagiriki kandi bari abagenzi somambike b’umukuru w’idini yayobora ishami rirwanya abatavuga rumwe n’inyigisho z’iyo dini. Mu nzu yabo bari bafise icumba cuzuyemwo ibishushanyo, aho umubavu waguma ufumba umwanya wose n’indirimbo zo muri Bizantine zikaguma zivuzwa umusi wose. Twaramaze igihe tubagendera ku misi ya kane kugira ngo twigane Bibiliya, wa mugenzi wabo na we w’umukuru w’idini akabagendera ku misi ya gatanu. Umusi umwe, badusavye kugenda iwabo ata gusiba kubera yuko hari ikintu tutari twiteze bashaka kutwereka. Ikintu ca mbere batweretse cari ca cumba. Bari bakuyeyo vya bishushanyo vyose bongera baragisubiramwo. Uwo mugabo n’umugore baragize n’irindi terambere hanyuma barabatizwa. Twaragize umunezero wo kubona abantu bose hamwe bashika nka 50 twiganye Bibiliya begurira ubuzima bwabo Yehova hanyuma bakabatizwa.

Kwifatanya n’abavukanyi basizwe ni ikintu ciza bimwe bidasanzwe ninovoye. Kugenderwa n’abo mu bagize Inama Nyobozi, nk’umuvukanyi Knorr, Franz be na Henschel, cari ikintu kiremesha cane. Ubu hashize imyaka 40, ndacumva yuko gusukurira kuri Beteli ari agateka gahambaye.

Mpangana n’indwara be n’ukubura

Mu 1982, umugabo wanje yatanguye kugaragaza ibimenyetso vy’indwara yonona ubwoko bitiriye Alzheimer (la maladie d’Alzheimer). Mu 1990, amagara yiwe yari amaze kwononekara, hanyuma amaherezo akenera kuguma yitwararikwa. Mu myaka umunani ya nyuma y’ubuzima bwiwe, ntivyashoboka ko tuva kuri Beteli na gato. Abavukanyi benshi bakundwa bo mu muryango wa Beteli, ushizemwo n’abacungezi bahagarikiye ibikorwa, baragize intunganyo zo kudufasha. Ariko rero, naho badufasha n’umutima mwiza, nategerezwa kumara amasaha menshi ijoro n’umutaga ndamwitwararika. Rimwe na rimwe ibintu vyaragorana rwose, kandi naramara amajoro menshi ntagoheka.

Muri Mukakaro 1998, umugabo wanje mukundwa yaracikanye. Naho numva ndamubuze, ndahumurizwa n’uko ari mu minwe ya Yehova, kandi ndazi ko azomwibuka mw’izuka hamwe n’abandi amamiliyoni.​—Yohana 5:28, 29.

Ndakenguruka ivyiza Yehova yangiriye

Naho nabuze umunega wanje, sindi jenyene. Ndacafise agateka ko gusukurira kuri Beteli, kandi ndinovora urukundo be n’ubwitwararitsi abagize umuryango wa Beteli bose bangaragariza. Umuryango wanje wagutse urimwo kandi abavukanyi n’abavukanyikazi bo mu vy’impwemu bo mu Bugiriki bwose. Naho ubu maze imyaka irenga 70, ndacashoboye gukora imisi yuzuye mu gikoni no mu buriro.

Mu 1999, indoto yo mu buzima yararangutse igihe nagendera icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i New York. Sinoronka ukuntu ndondora uburyo niyumvise. Cari ikintu cubaka kandi c’intibagirwa.

Nsubije amaso inyuma, ndemera vy’ukuri yuko ntaba narashoboye gukoresha ubuzima bwanje mu buryo bwiza. Umwuga mwiza ntangere uwo ari we wese ashobora kugira ni uwo gusukurira Yehova igihe cose. Ndashobora kuvugisha ukuri yuko ata na kimwe nigeze nkena. Yehova yaratwitwararitse twe n’umugabo wanje abigiranye urukundo mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri. Mfatiye ku vyo niboneye, ndatahura igituma umwanditsi wa Zaburi yabajije ati: ‘Ivyiza Yehova yangiriye vyose, nobimwishura iki?’.​—Zaburi 116:12.

[Ifoto ku rup. 26]

Twe na Charalambos ntitwavana

[Ifoto ku rup. 27]

Umunega wanje ari mu biro vyiwe kw’ishami

[Ifoto ku rup. 28]

Numva ko umurimo wo kuri Beteli ari agateka gahambaye