Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Amasengesho yawe yoba ashobora kugira ico ahinduye?

Amasengesho yawe yoba ashobora kugira ico ahinduye?

Amasengesho yawe yoba ashobora kugira ico ahinduye?

NI NDE muri twebwe atarahangana n’ibintu bikomeye usanga ata bushobozi tubifiseko? Bibiliya yerekana ko intumwa Paulo yari azi yuko isengesho rishobora kugira ico rihinduye ku bintu bitoroshe nk’ivyo.

Igihe Paulo yari apfungiwe i Roma ku karenganyo, yasavye abo basangiye ukwizera kumusengera. Yavuze ati: “Ndabinginga nshimitse ngo mudusengere, kugira ngo ntebutswe kubagarukanirwa vuba” (Abaheburayo 13:18, 19). Ikindi gihe, Paulo yaraseruye ko yizigiye yuko Imana yokwishuye amasengesho yiwe ku vy’uko yopfungurwa kare (Filemoni 22). Bidatevye, Paulo yarapfunguwe hanyuma asubira mu gikorwa ciwe c’ubumisiyonari.

Ariko none, isengesho ryoba vy’ukuri rishobora kugira ico rihinduye ku ngorane zawe? Kumbure. Ariko rero, niwibuke yuko isengesho atari ikintu umuntu apfa kugira buheze umwuga. Ni ukuganira nya kuganira na Data wa twese wo mw’ijuru munyarukundo akaba na nyene ubushobozi. Turakwiye kutitinya kudomako mu masengesho dutura, mugabo tukarindira twihanganye kugira ngo tubone ingene Yehova yishura.

Imana yoshobora kudaca yishura ubwo nyene isengesho ryose dutuye, canke ngo yame yishura nk’uko tuvyipfuza canke mu gihe tuvyipfurizako. Nk’akarorero, Paulo, yarasenze akatari gake ku vyerekeye ‘ihwa yari afise mu mubiri’. Imana ntiyakuyeho ingorane Paulo yari afise, ariko iyo ngorane uko yari kwose, Imana yaramuhumurije muri aya majambo akomeza: “Ubuntu bganje buraguhāgije; kuk’ubushobozi bganje buhīngūrirwa mu ntege nke”.—2 Ab’i Korinto 12:7-9.

Na twebwe nyene turashobora kwizigira yuko naho Imana itadukurako ingorane yinaka dufise, ishobora ‘kuducira icanzo kugira ngo tubone ingene dushobora kuyihanganira’ (1 Ab’i Korinto 10:13). Vuba, Imana igiye gukuraho imibabaro yose abantu barimwo. Umwanya ivyo bitarashika, kwiheka kuri umwe ‘yumva ivyo asabwa’ birashobora kugira ico bihinduye ku kuntu ivyacu vyifashe.—Zaburi 65:2.