Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikete kuri Nowa

Ikete kuri Nowa

Ikete kuri Nowa

“NOWA nkunda, narasomye akatari gake muri Bibiliya ibikwerekeye be n’ingene wubatse ubwato wewe n’umuryango wawe mwarokokeyemwo mu gihe ca wa Mwuzure”.

Ukwo ni ko ikete ry’akigeme k’imyaka 15 kitwa Minnamaria ritangura, kakaba kagiye mw’ihiganwa ry’ukwandika ryabaye mu banyeshure b’imyaka iva kuri 14 gushika kuri 21. Iryo higanwa ryari ryaringanijwe n’Ibiro bijejwe amaposita mu gihugu ca Finilande, Umuhari w’abigisha ururimi kavukire rwo muri Finilande hamwe n’Ishirahamwe ryandika ibitabu mu rurimi rw’igifinilande. Abahiganwa basabwa kwandika ikete rishingiye ku gitabu kanaka. Iryo kete ryari gushobora kwandikirwa uwanditse ico gitabu canke umuntu avugwa muri co. Mu makete abo banyeshure banditse, abigisha batoyemwo ayarenga 1.400 maze bayashikiriza umugwi ujejwe iryo higanwa. Uwo mugwi waciye urobanura ikete rya mbere muri yose, cumi yo mu kibanza ca kabiri na cumi yo mu kibanza ca gatatu. Minnamaria yararyohewe no kubona ikete ryiwe riri mu mugwi ugira gatatu.

Ni kubera iki Minnamaria, umunyeshure w’umuyabaga, yandikiye Nowa, umugabo ubu haciye imyaka hafi 5.000 abayeho? Avuga ati: “Bibiliya ni co kintu ca mbere caciye kinza mu bwenge. Abantu bavugwa muri Bibiliya ndabazi cane. Narasomye kenshi cane ibiberekeye ku buryo basa n’aho ari bazima kuri jewe. Nowa ni we nahisemwo kubera yuko ubuzima bwiwe bwari bushimishije cane bukaba kandi bwari butandukanye n’ubwanje”.

Ikete Minnamaria yandikiye Nowa ryarimwo aya majambo: “Uracari akarorero k’ukwizera n’ukugamburuka. Ubuzima bwawe buraremesha abo bose basoma Bibiliya gukora bisunga ukwizera kwabo”.

Iryo kete ryanditswe n’umusomyi wa Bibiliya akiri muto rirerekana yuko Bibiliya vy’ukuri ‘ari nzima kandi ifise ububasha’ ku bantu, baba abakiri bato canke abakuze.—Abaheburayo 4:12.