Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose”

“Mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose”

“Mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose”

“Nuko ni mugende, muhindure . . . [abantu] abigishwa, . . . mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose”.—MATAYO 28:19, 20.

1. Ni ikiyago ikihe cabaye hagati y’umwigishwa Filipo n’umugabo w’Umunyetiyopiya?

UWO mugabo w’Umunyetiyopiya yari yafashe urugendo rurerure aja i Yeruzalemu. Ngaho, yasenga Imana yakunda, Yehova. Biboneka yuko yakunda kandi Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Asubiye inyuma ari mu mukogote wiwe, yariko asoma igisomwa canditswe n’umumenyeshakazoza Yesaya igihe Filipo, umwigishwa wa Yezu, yahura na we. Filipo abaza nya Munyetiyopiya ati: “Ivyo usoma urabitahuye?”. Uwo mugabo amwishura ati: “Nobishobora nte, ntabonye ūbindōngōramwo?”. Filipo aca atangura gufasha uwo mutohoji w’Ivyanditswe w’umutima nziraburyarya gucika umwigishwa wa Kirisitu.—Ivyakozwe 8:26-39.

2. (a) Ni mu buryo ubuhe inyishu yatanzwe na wa Munyetiyopiya yari itekeye insobanuro idasanzwe? (b) Ni ibibazo ibihe bijanye na rya bwirizwa Yezu yatanga ryo guhindura abantu abigishwa tugira twihweze?

2 Inyishu uwo Munyetiyopiya yatanze iratekeye insobanuro idasanzwe. Yavuze ati: “Nobishobora nte, ntabonye ūbindōngōramwo” (Ni twe tubihiritse.). Ego cane, yari akeneye uwumurongora, ni ukuvuga umuntu amwereka uburyo yotahura ivyo yariko arasoma. Ayo majambo ubwayo arashira ahabona ivy’uko inyobozo itomoye Yezu yatanze mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa ihambaye. Uti iyo nyobozo ni iyihe? Kugira ngo turonke inyishu, nimuze tubandanye umwihwezo wacu werekeye amajambo ya Yezu dusanga muri Matayo ikigabane ca 28. Ikiganiro c’imbere y’iki cibanze kuri ibi bibazo: kubera iki? na hehe?. Ubu na ho tugira twihweze ibindi bibazo bibiri bijanye na rya bwirizwa Yezu yatanga ryo guhindura abantu abigishwa, na vyo bikaba ari ibi: ibiki? na ryari?.

“Mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose”

3. (a) Umuntu acika gute umwigishwa wa Yezu Kirisitu? (b) Guhindura abantu abigishwa birimwo kubigisha iki?

3 Ni ibiki dutegerezwa kwigisha kugira ngo dufashe abandi gucika abigishwa ba Kirisitu? Yezu yategetse abayoboke biwe ati: “Nuko ni mugende, muhindure [“abantu bo mu mahanga yose”, NW] abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry[’im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose” (Matayo 28:19, 20). Ku bw’ivyo rero, dutegerezwa kwigisha ibintu Kirisitu yatugeze *. Ariko none, ni ibiki bizofasha kugira ngo umuntu yigishwa amabwirizwa ya Yezu ntacike gusa umwigishwa ariko kandi agume ari umwigishwa? Ikintu kimwe nyamukuru gifasha tukibonera mu kuntu Yezu yahisemwo amajambo avyitondeye. Urabona yuko atavuze gusa ngo: ‘Mubigishe ivyo nabageze vyose’. Yavuze riho ati: “Mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose” (Matayo 19:17, ni twe tubihiritse.). Ivyo bishaka kuvuga iki?

4. (a) Kwitondera ibwirizwa bisobanura iki? (b) Tanga akarorero k’ingene twigisha umuntu kwitondera amabwirizwa ya Kirisitu.

4 Kwitondera ibwirizwa bisobonura “guhuza ibikorwa vyawe” n’iryo bwirizwa, ni ukuvuga kurigamburuka canke kurikurikiza. None ni gute twigisha umuntu kwitondera canke kugamburuka ivyo Kirisitu yatugeze ari vyo mabwirizwa yiwe? Iyumvire gato ukuntu umwigisha w’ivyo gutwara umuduga yigisha abanyeshure biwe kwitondera amategeko y’inzira. Uwo mwigisha yoshobora kwigisha abanyeshure biwe amategeko y’ibarabara igihe bari mw’ishure. Ariko rero, kugira ngo yigishe abanyeshure biwe uburyo bwo kugamburuka ayo mategeko, ategerezwa kurongora nya banyeshure igihe bariko baratwara umuduga mw’ibarabara bongera bita ku rutare kugira ngo bashire mu ngiro ivyo bize. Muri ubwo buryo nyene, igihe twigana Bibiliya n’abantu, turabigisha amabwirizwa ya Kirisitu. Ariko rero, turakeneye no kurongora abo batohoji uko bihatira gushira mu ngiro inyobozo za Kirisitu mu buzima bwabo bwa misi yose no mu busuku (Yohana 14:15; 1 Yohana 2:3). Gutyo, gushitsa neza rya bwirizwa rya Yezu ryo guhindura abantu abigishwa bisaba yuko tuba abigisha n’abarongozi. Muri ubwo buryo, tuba twiganye akarorero katanzwe na Yezu be na Yehova ubwiwe.—Zaburi 48:14; Ivyahishuriwe 7:17.

5. Ni igiki cotuma umuntu twigana Bibiliya atinya kugamburuka rya bwirizwa rya Yezu ryo guhindura abantu abigishwa?

5 Kwigisha abandi kwitondera amabwirizwa ya Yezu birimwo no kubafasha gukurikiza rya bwirizwa ryo guhindura abantu abigishwa. Ku bo twigana Bibiliya bamwebamwe, ivyo vyoshobora kubatera ubwoba. Naho nyene boba bari basanzwe ari abayoboke b’abanyamwete b’idini kanaka ry’abiyita abakirisu, birashoboka cane yuko abigisha bo mw’idini bahozemwo batigeze babigisha kuja guhindura abantu abigishwa. Indongozi z’amadini zimwezimwe ziriyemerera zitarya umunwa yuko ku vyerekeye kwigisha umukuku wabo kwamamaza inkuru nziza, amadini y’abiyita abakirisu biyata ku w’amazi pe. Mu kugira ico avuze kuri ya majambo Yezu yavuze yo kuja mw’isi gufasha abantu bo mu mice yose gucika abigishwa, incabwenge mu vya Bibiliya yitwa John R. W. Stott yavuze ati: “Ukuba tutashoboye kugamburuka ivyo iryo bwirizwa risobanura ni bwo bugoyagoye bukomeye kuruta ubundi bwose bw’abakirisu bemera inkuru nziza mu bijanye no kuyikwiragiza muri iki gihe”. Yongeyeko ati: “Dusa n’abatangaza ubutumwa bwacu twibereye kure. Rimwe na rimwe tuboneka nk’aho umenga turi abantu bibereye ahatagira inkomanzi ku nkengera y’ikiyaga bariko barasemerera baha impanuro abantu bariko basoma nturi. Ntitwibira mu mazi ngo tubakureyo. Turatinya kujoba”.

6. (a) Igihe turiko dufasha umutohoji wa Bibiliya, dushobora gute kwigana ka karorero ka Filipo? (b) Twokwerekana gute ubwitwararitsi bwacu igihe umutohoji wa Bibiliya atanguye kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza?

6 Mu gihe uwo twigana Bibiliya yoba yari asanzwe yifatanya n’idini usanga abayoboke baryo ‘batinya kujoba’, vyoshobora kumubera urugamba gutsinda ugutinya amazi kwiwe tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, ngo aheze agamburuke rya bwirizwa rya Yezu ryo guhindura abantu abigishwa. Azokenera gufashwa. Ku bw’ivyo, turakeneye kwihangana uko tumuha amacishabwenge be n’ubuyobozi bituma ugutahura kwiwe kurushiriza kuba ugushika kure, maze kukamuvyurira umutima wo kugira ico akoze, nka kurya nyene inyigisho za Filipo zamurikiye wa Munyetiyopiya maze zikamuvyurira umutima wo kubatizwa (Yohana 16:13; Ivyakozwe 8:35-38). Ikindi kandi, icipfuzo dufise co kwigisha abatohoji ba Bibiliya kwitondera rya bwirizwa ryo guhindura abantu abigishwa, kiratuvyurira umutima wo gukorana na bo kugira ngo tubarongore igihe batera intambwe zabo za mbere mu gikorwa co kwamamaza Ubwami.—Umusiguzi 4:9, 10; Luka 6:40.

“Ivyo nabageze vyose”

7. Kwigisha abandi ‘kwitondera ibintu vyose’ harimwo no kubigisha ayahe mabwirizwa?

7 Ntitugarukiriza gusa ku kwigisha abigishwa bashasha guhindura abantu abigishwa. Yezu yadutegetse kwigisha abandi ‘kwitondera ibintu vyose’ yatugeze. Nta gukeka ivyo birimwo na ya mabwirizwa abiri ahambaye kuruta ayandi yose, na yo akaba ari ugukunda Imana be n’ugukunda mugenzi wacu (Matayo 22:37-39). Umwigishwa mushasha yokwigishwa gute kwitondera ayo mabwirizwa?

8. Tanga ikigereranirizo c’ingene umwigishwa mushasha yokwigishwa ibwirizwa ryo kugaragaza urukundo.

8 Subira wiyumvire ca kigereranirizo ca wa munyeshure yiga gutwara umuduga. Uko uwo munyeshure atwara umuduga mw’ibarabara ari kumwe n’umwigisha wiwe, uwo munyeshure ntiyiga gutwara umuduga mu kwumviriza gusa umwigisha wiwe, mugabo kandi aravyiga no mu kwihweza abandi bashoferi. Nk’akarorero, uwumwigisha yoshobora kumwereka umushoferi aretse n’umutima mwiza uwundi akamuca imbere ngo yinjire mw’ibarabara; canke akamwereka umushoferi acanye magufi abigiranye ubwitwararitsi kugira ngo ntamene amaso abashoferi b’imiduga iriko iraza; canke akamwereka umushoferi asahirije n’umutima mwiza umugenzi umuduga wapfiriyeko. Mwene ubwo burorero burigisha uwo munyeshure ivyigwa ngirakamaro ashobora gukurikiza igihe ariko aratwara umuduga. Muri ubwo buryo nyene, umwigishwa mushasha ariko agendera mu nzira ijana mu buzima ntiyigira ku mwigisha wiwe gusa ariko kandi arigira no ku burorero bwiza abona mw’ishengero.—Matayo 7:13, 14.

9. Umwigishwa mushasha yiga gute ico bisobanura kwitondera rya bwirizwa ryo kugaragaza urukundo?

9 Nk’akarorero, umutohoji wa Bibiliya yoshobora kwihweza umuvyeyi yirerana abana agira akigoro gakomeye kugira ngo aze ku Ngoro y’Ubwami ari kumwe n’utwana twiwe tumukurikiye. Yoshobora kubona umuntu yacitse intege aza ku makoraniro ubudasiba naho nyene anyinyana n’umwiheburo, umupfakazi ageze mu zabukuru yunguruza abandi bageze mu zabukuru abajana kw’ikoraniro rimwerimwe ryose ry’ishengero, canke umuyabaga afasha mu vyo gusukura Ingoro y’Ubwami. Uwo mutohoji wa Bibiliya yoshobora kubona umukurambere w’ishengero yama aja imbere mu murimo wo mu ndimiro naho afise amabanga menshi mw’ishengero. Yoshobora kubona Icabona w’amagara make kandi atava i muhira mugabo ugasanga ni isoko ry’indemesho yo mu vy’impwemu ku bantu bose bamugendera. Uwo mutohoji yoshobora kwihweza umugabo n’umugore wiwe bariko bahindura ibintu bikomeye mu buzima bwabo kugira ngo bitwararike abavyeyi babo bageze mu zabukuru. Mu kwihweza abo bakirisu b’umutima mwiza, bafasha abandi kandi bakabashigikira, nya mwigishwa mushasha ariga biciye ku karorero ico bisobanura kugamburuka rya bwirizwa ryo gukunda Imana na bagenzi bacu, na canecane abo dusangiye ukwizera (Imigani 24:32; Yohana 13:35; Ab’i Galatiya 6:10; 1 Timoteyo 5:4, 8; 1 Petero 5:2, 3). Muri ubwo buryo, uwo mu bagize ishengero rya gikirisu wese arashobora kuba umwigisha n’umurongozi, kandi akwiye kuba gutyo.—Matayo 5:16.

‘Gushitsa ku nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu’

10. (a) Tuzobandanya guhindura abantu abigishwa gushitsa ryari? (b) Ni akarorero akahe Yezu yatanze ku bijanye no kurangura ibikorwa dushingwa?

10 Dukwiye kubandanya igikorwa co guhindura abantu abigishwa gushitsa ryari? Gushitsa ku nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu (Matayo 28:20). Twoba tuzoshobora gushitsa uwo muce w’igikorwa Yezu yadushinze? Uko tugize ishengero ryo kw’isi yose, twariyemeje kuwushitsa. Mu myaka iheze, twaratanze tunezerewe umwanya wacu, inguvu zacu hamwe n’ubutunzi bwacu kugira ngo turondere “[a]bari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera” (Ivyakozwe 13:48, NW). Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova bamara incahagati y’amasaha arenga imiliyoni zitatu ku musi ku musi mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa kw’isi yose. Ivyo tubigira kubera yuko dukurikiza akarorero ka Yezu Kirisitu. Yavuze ati: “Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe” (Yohana 4:34, ni twe tubihiritse.). Ico ni co cipfuzo kivuye ku mutima natwe dufise (Yohana 20:21). Ntidushaka gutangura gusa igikorwa twashinzwe; dushaka no kugiheraheza.—Matayo 24:13; Yohana 17:4.

11. Ni ibiki vyashikiye bamwebamwe mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu bakirisu, kandi dukwiye kwibaza ikihe kibazo?

11 Ariko rero, biratubabaza kubona yuko bamwebamwe mu bo dusangiye ukwizera bagoyagoye mu vy’impwemu maze ivyo bikabaviramwo guhororokerwa canke guhagarika ivyo kugamburuka rya bwirizwa rya Kirisitu ryo guhindura abantu abigishwa. Hoba hari uburyo na bumwe twobafasha kunagura ukwifatanya kwabo n’ishengero maze bagasubira kugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa (Abaroma 15:1; Abaheburayo 12:12)? Uburyo Yezu yafashijemwo intumwa ziwe ca gihe bamara igihe gito bari mu bugoyagoye, burerekana ico twokora muri iki gihe.

Nubitwararike

12. (a) Imbere gato y’urupfu rwa Yezu, intumwa ziwe zakoze iki? (b) Yezu yafashe gute intumwa ziwe naho zari zagaragaje ubugoyagoye bukomeye?

12 Mu mpera z’ubusuku bwa Yezu kw’isi, igihe urupfu rwiwe rwari rwegereje, intumwa “baramuta[ye] barahunga”. Nk’uko Yezu yari yarabibuye, ‘barasabagiye, umuntu wese aja iwe’ (Mariko 14:50; Yohana 16:32). Yezu yafashe gute abo bagenzi biwe bari bagoyagoye mu vy’impwemu? Inyuma gato y’aho amariye kuzuka, Yezu yabwiye bamwe mu bayoboke biwe ati: “Ntimutinye: ni mugende mubgire bene Data ngo baje i Galilaya, ni ho tuzobonanira” (Matayo 28:10). Naho izo ntumwa zari zagaragaje ubugoyagoye bukomeye, Yezu yabandanije kuzita “bene mama” (Matayo 12:49). Ntiyari yazikuyeko amaboko. Muri ubwo buryo, Yezu yari umunyakigongwe akaba n’umuntu aharira abandi, nka kurya nyene Yehova ari umunyakigongwe akaba n’uwuharira abandi (2 Abami 13:23). Twokwigana gute Yezu?

13. Dukwiye kubona gute abagoyagoye mu vy’impwemu?

13 Turakwiye kwitwararika cane abahororokewe canke abahagaritse kugira uruhara mu busuku. Turacibuka ibikorwa biranga urukundo abo bantu dusangiye ukwizera baranguye kera, bamwebamwe kumbure bakaba bamaze imyaka mirongo babirangura (Abaheburayo 6:10). Emwe turabakumbura vy’ukuri (Luka 15:4-7; 1 Ab’i Tesalonike 2:17)! None, twokwerekana gute ko tubitwararika?

14. Mu kwigana Yezu, twofasha gute umuntu agoyagoya?

14 Yezu yabwiye za ntumwa zari zihebuye yuko boja i Galilaya kandi ko bohamusanze. Twovuga yuko Yezu yabatumiye kwitaba ikoraniro ridasanzwe (Matayo 28:10). No muri iki gihe nyene, turaremesha abagoyagoya mu buryo bw’impwemu kwitaba amakoraniro y’ishengero rya gikirisu, kandi hari aho vyokenerwa ko tubaremesha akatari gake kuyitaba. Ku vyerekeye izo ntumwa, ubwo butumire bwaravuyemwo ivyiza, kubera yuko “ba bigishwa cumi n’umwe ba[giye] i Galilaya ku musozi Yezu yabarangiye” (Matayo 28:16). Ese ukuntu tugira umunezero igihe abagoyagoya na bo nyene bemeye ubutumire bwacu burangwa igishika hanyuma bagasubira kwitaba amakoraniro y’ishengero!—Luka 15:6.

15. Twokwigana gute akarorero ka Yezu mu guha ikaze abagoyagoya baza aho tugirira amakoraniro?

15 Tuzogira iki umukirisu agoyagoya niyashika ku Ngoro y’Ubwami? Mbega Yezu yakoze iki igihe yabona intumwa ziwe, izari zimaze igihe gitoyi zigoyagoya mu kwizera, ziri mu kibanza bumvikanye guhuriramwo? ‘Yezu yarabegereye, arabavugisha’ (Matayo 28:18). Ntiyabaravye nk’agahabwa ahubwo yabasanze aho bari. Iyumvire ingene bategerezwa kuba barumvise baruhuriwe igihe Yezu yibwiriza gukora ico kintu! Ese na twebwe nyene twokwibwiriza maze tugaha ikaze n’igishika cinshi abagoyagoya mu vy’impwemu bagira akigoro ko kugaruka mw’ishengero rya gikirisu!

16. (a) Twokwigira iki ku kungene Yezu yafashe abayoboke biwe? (b) Twokwigana gute ukuntu Yezu yabona abagoyagoya (Raba akajambo k’epfo.)?

16 Ni igiki kandi Yezu yakoze? Ubwa mbere, yatangaje ati: “Jewe nahawe ubu[kuru] bgose”. Ubwa kabiri, yabashinze igikorwa mu kuvuga ati: ‘Nuko nimugende muhindure abantu abigishwa’. Ubwa gatatu, yaratanze umuhango ugira uti: “Ndi kumwe namwe imisi yose”. Mugabo woba wabonye ico Yezu atakoze? Ntiyakariye abo bigishwa ngo ni uko hari ivyabananiye, canke ngo ni uko bakekeranije (Matayo 28:17). Ukuntu yavyifashemwo kwoba kwaravuyemwo ivyiza? Egome. Budakeye na kabiri, izo ntumwa zarasubiye “kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza” (Ivyakozwe 5:42). Mu gukurikiza akarorero ka Yezu k’ingene dukwiye kubona no gufata abagoyagoya, twoshobora gushika ku vyiza vyeza umutima nk’ivyo mw’ishengero dukukira *.—Ivyakozwe 20:35.

“Ndi kumwe namwe imisi yose”

17, 18. Ni ivyiyumviro bikomeza ibihe biri muri ya majambo ya Yezu agira ati: “Ndi kumwe namwe imisi yose.”?

17 Amajambo ya nyuma yerekeye igikorwa Yezu yadushinze, ayavuga ngo “Ndi kumwe namwe imisi yose” (Ni twe tubihiritse.), arimwo iciyumviro gikomeza ku bantu bose bihatira gushitsa rya bwirizwa rya Kirisitu ryo guhindura abantu abigishwa. Naho abansi borwanya gute igikorwa cacu co kwamamaza, canke bakadusiga iceyi kimeze gute, nta mvo n’imwe dufise yo gutinya. Kubera iki? Yezu, we Ndongozi yacu, uwufise “ubukuru bwose kw isi no mw ijuru”, ari kumwe natwe kugira ngo adufate mu mugongo!

18 Umuhango Yezu yatanze ngo “Ndi kumwe namwe imisi yose” (Ni twe tubihiritse.) na wo nyene ni isoko ry’impumurizo ikomeye. Uko twihatira gushitsa rya bwirizwa rya Yezu ryo guhindura abantu abigishwa, ntituronka imisi y’umunezero gusa mugabo turanashikirwa n’imisi y’umubabaro (2 Ngoma 6:29). Bamwe muri twebwe baraca mu bihe biteye agahinda igihe baba bariko bararirira uwabo yapfuye (Itanguriro 23:2; Yohana 11:33-36). Abandi baranyinyana n’izabukuru, igihe amagara n’inkomezi biba biriko birayama (Umusiguzi 12:1-6). Abandi na bo barihanganira ibihe usanga barandutse imitima canke barengewe n’ukwihebura (1 Ab’i Tesalonike 5:14). Ikindi kandi, hari abo muri twebwe batera bongerekana banyinyana n’amagume akomeye yo mu vy’ubutunzi. Ariko rero, naho duhangana n’izo ngorane, turererwa mu busuku bwacu kubera ko Yezu ari kumwe natwe “imisi yose” (Ni twe tubihiritse.), dushizemwo n’iyo misi mibi kuruta iyindi yose yo mu buzima bwacu.—Matayo 11:28-30.

19. (a) Igikorwa Yezu yadushinze co guhindura abantu abigishwa kirimwo inyobozo izihe? (b) Ni ibiki bidushoboza kurangura igikorwa Kirisitu yadushinze?

19 Nk’uko twabibonye muri iki kiganiro no mu kiganiro c’imbere y’iki, igikorwa Yezu yadushinze co guhindura abantu abigishwa kirimwo imice yose. Yezu yaratubwiye igituma dukwiye kukirangura be n’aho dukwiye kukirangurira. Yaratubwiye kandi ivyo dukwiye kwigisha be n’igihe dukwiye gushikanako mu kuvyigisha. Ego ni ko, kurangura ico gikorwa ni urugamba. Mugabo kubera ko dushigikirwa n’ubukuru bwa Kirisitu akaba kandi ari kumwe natwe, turashobora kukirangura. Si ko ubibona none?

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 3 Hari igitabu kimwe cerekana yuko Yezu yavuze ngo “mubabatiza . . . mubigisha”, ntiyavuga ngo ‘mubabatiza kandi mubigisha’. Ku bw’ivyo, iryo bwirizwa ryo kubatiza no kwigisha si “ibikorwa bibiri bitegerezwa kuba . . . bikurikirana”. Ahubwo riho, “kwigisha ni igikorwa kibandanya, kikaba kirimwo umuce utangurira ibatisimu . . . n’umuce ukurikira ibatisimu”.

^ ing. 16 Ayandi mayagwa yerekana ukuntu dukwiye kubona no gufasha abagoyagoya tuyasanga mu Munara w’Inderetsi wo kwa 1 Ruhuhuma 2003 urupapuro rwa 15-18.

Wokwishura gute?

• Twigisha gute abandi kwitondera ivyo Yezu yatugeze?

• Ni ivyigwa ibihe umwigishwa mushasha yoshobora kwigira ku bandi mw’ishengero?

• Twokora iki kugira ngo dufashe abagoyagoya mu buryo bw’impwemu?

• Ni inkomezi izihe kandi ni impumurizo iyihe dukura kuri wa muhango Yezu yatanze ugira uti: “Ndi kumwe namwe imisi yose”?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Amafoto ku rup. 15]

Turakeneye kuba abigisha n’abarongozi

[Amafoto ku rup. 17]

Umwigishwa mushasha arigira ivyigwa bihambaye ku karorero gatangwa n’abandi