Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Nimugende muhindure abantu abigishwa’

‘Nimugende muhindure abantu abigishwa’

‘Nimugende muhindure abantu abigishwa’

“Jewe nahawe ubu[kuru] bgose mw ijuru no mw isi. Nuko ni mugende, muhindure [“abantu bo mu mahanga yose”,“NW”] abigishwa”.—Matayo 28:18, 19.

1, 2. (a) Ni igikorwa ikihe Yezu yashinze abayoboke biwe? (b) Ni ibibazo ibihe bijanye n’amabwirizwa ya Yezu birimburwa?

WARI umusi wo mu mpeshi muri Isirayeli mu mwaka wa 33 G.C., abigishwa ba Yezu bakaba bari bakoraniye ku musozi i Galilaya. Umukama wabo yari yazutse yari yimirije gusubira mw’ijuru, mugabo imbere yo gusubirayo akaba yari afise ikintu gihambaye co kubabwira. Yezu yari afise igikorwa co kubashinga. Ico gikorwa cari ikihe? Abigishwa biwe bacakiriye gute? Kandi ni gute ico gikorwa kituraba muri iki gihe?

2 Ivyo Yezu yavuze ico gihe, vyanditswe muri Matayo 28:18-20 ahagira hati: “Jewe nahawe ubu[kuru] bgose mw ijuru no mw isi. Nuko ni mugende, muhindure [“abantu bo mu mahanga yose”, NW] abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry[’im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku [“nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu”, NW]”. Yezu yaravuze ivy’‘ubukuru bwose’, “amahanga yose”, “ivyo [y]ageze vyose” be n’“imisi yose”. Ivyo yageze canke amabwirizwa yiwe be n’ukuba akoresha izo mvugo zine zirimwo imice yose, biravyura ibibazo bimwebimwe bihambaye, na vyo bikaba bishobora gupoperanirizwa muri aya majambo: kubera iki? hehe? ibiki? be na ryari?. Nimuze turimbure ivyo bibazo kimwekimwe ukwaco *.

‘Jewe nahawe ubukuru bwose’

3. Ni kubera iki dukwiye kugamburuka ibwirizwa ryo guhindura abantu abigishwa?

3 Ica mbere, kubera iki dukwiye kugamburuka ibwirizwa ryo guhindura abantu abigishwa? Yezu yavuze ati: “Jewe nahawe ubu[kuru] bgose mw ijuru no mw isi. Nuko ni mugende, muhindure [“abantu bo mu mahanga yose”, NW] abigishwa”. Ijambo “nuko” ryerekeza ku mvo nyamukuru ituma dutegerezwa kugamburuka iryo bwirizwa. Ni kubera yuko Yezu, nyene gutanga iryo bwirizwa, afise ‘ubukuru bwose’. Ubukuru bwiwe bugera hehe?

4. (a) Ubukuru bwa Yezu bugera hehe? (b) Ukuntu dutahura ubukuru bwa Yezu bikwiye kugira ico bikoze gute ku kuntu tubona rya bwirizwa ryo guhindura abantu abigishwa?

4 Yezu arafise ubukuru kw’ishengero ryiwe, kandi kuva mu 1914 yararonse ubukuru ku Bwami bw’Imana bwari buherutse gushingwa (Ab’i Kolosayi 1:13; Ivyahishuriwe 11:15). Ni we mukuru w’abamarayika, gutyo akaba aganza inteko zo mw’ijuru z’abamarayika amamiliyoni amajana n’amajana (1 Ab’i Tesalonike 4:16; 1 Petero 3:22; Ivyahishuriwe 19:14-16). Yarahawe ububasha na Se wiwe kugira ngo azosangangure “ubukuru bgose, n’ububasha bgose, n’ubushobozi bgose” birwanya ingingo ngenderwako zigororotse (1 Ab’i Korinto 15:24-26; Abanyefeso 1:20-23). Ubukuru bwa Yezu ntibugarukira gusa ku bazima. Ni n’“Umucamateka w’abariho n’abapfuye” kandi arafise ububasha yahawe n’Imana bwo kuzura abasinziriye mu rupfu (Ivyakozwe 10:42; Yohana 5:26-28). Emwe, ibwirizwa ryatanzwe n’uwahawe ubukuru ntangere nk’ubwo, rikwiye kubonwa ko rihambaye kuruta ayandi yose. Ku bw’ivyo, turagamburuka rya bwirizwa rya Kirisitu ryo ‘kugenda guhindura abantu abigishwa’, ivyo tukabigira n’icubahiro kandi tubikunze.

5. (a) Petero yagamburutse gute amajambo ya Yezu? (b) Ukuba Petero yaragamburutse inyobozo za Yezu vyashikanye ku wuhe muhezagiro?

5 Mu ntango y’ubusuku bwiwe, Yezu yarigishije abigishwa biwe mu buryo bukomeye yuko kwemera ubukuru bwiwe no kugamburuka amabwirizwa yiwe vyotumye baronka imihezagiro. Igihe kimwe yarabwiye Petero, uwari umurovyi, ati: “Igira mw idamba, muterere insenga zanyu murobe”. Petero yari azi neza yuko ata mafi ariyo, ari co gituma yaciye abwira Yezu ati: “Erega Mwigisha, twakesheje ijoro ryose twātamye, nta co twafashe”. Ariko rero, Petero abigiranye ukwicisha bugufi yongeyeko ati: “Ariko kubg’ijambo ryawe ndaterera insenga”. Petero amaze kugamburuka ibwirizwa rya Kirisitu, yararovye “ifi nyinshi cane”. Petero vyaramurengeye maze “yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’umunyavyaha”. Mugabo Yezu yishura ati: “Nta co utinya, uhereye none uzoroba abantu” (Luka 5:1-10; Matayo 4:18). Iyo nkuru itwigisha iki?

6. (a) Inkuru ivuga ivya kwa kuroba amafi gutangaje yerekana iki ku bijanye n’ubwoko bw’ukugamburuka Yezu asaba? (b) Dushobora gute kwigana Yezu?

6 Igikorwa co “[kuba] abaroba abantu” Yezu ntiyagishinze Petero, Andereya be n’izindi ntumwa imbere y’uko baroba ayo mafi mu buryo butangaje, ahubwo yakibashinze inyuma yaho (Mariko 1:16, 17). Biratomoye rero yuko Yezu atasavye ko abantu bapfa kugamburuka gusa. Yarahaye abo bagabo imvo ijijura yerekana igituma bakwiye kumugamburukira. Nka kurya nyene kugamburuka ibwirizwa rya Yezu ryo guterera insenga mu mazi vyavuyemwo ivyiza bihambaye, ni na ko kugamburuka ibwirizwa ryiwe ryo ‘kuroba abantu’ vyoshikanye ku mihezagiro myinshi. Izo ntumwa zibigiranye ukwizera gushitse, zarashize mu ngiro ivyo Yezu azibwiye. Iyo nkuru isozera iti: “Bahejeje gushikana amato yabo ku nkombe, basiga vyose, baramukurikira” (Luka 5:11). Muri iki gihe, igihe turemesha abandi kugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa, tuba twiganye Yezu. Ntidusaba abantu ngo bapfe kugira nk’uko tubabwiye, mugabo turabaha imvo zijijura zibereka igituma bakwiye kugamburuka iryo bwirizwa rya Kirisitu.

Imvo zishwirura be n’imvo zibereye zituvyurira ingiro

7, 8. (a) Ni imvo zimwezimwe izihe zishingiye ku Vyanditswe zituma twamamaza Ubwami kandi tugahindura abantu abigishwa? (b) Ni icanditswe ikihe canecane kikuvyurira umutima wo kubandanya igikorwa co kwamamaza (Raba kandi akajambo k’epfo.)?

7 Kubera ko twemera icese ubukuru bwa Kirisitu, turagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Ni izindi mvo zo mu Vyanditswe izihe zituma dukora ico gikorwa, twoha abo twipfuza kuvyurira umutima wo gukora ibikorwa vyiza? Rimbura amajambo akurikira yavuzwe n’Ivyabona batari bake b’abizerwa bo mu bihugu bitandukanye, urabe n’ingene ivyanditswe vyatanzwe bishigikira ivyo bavuze.

8 Roy, yabatijwe mu 1951, avuga ibi: “Igihe niyegurira Yehova, namusezeraniye kumusukurira imyaka yose. Ndashaka gushitsa ivyo nasezeranye” (Zaburi 50:14; Matayo 5:37). Heather, yabatijwe mu 1962, avuga ibi: “Iyo nzirikanye ku bintu vyose Yehova yankoreye, numva nshaka kumukurira ubwatsi mu kumusukurira ntahemuka” (Zaburi 9:1, 9-11; Ab’i Kolosayi 3:15). Hannelore, yabatijwe mu 1954 avuga ibi: “Igihe cose turi mu busuku, tuba dushigikiwe n’abamarayika. Mbega agateka!” (Ivyakozwe 10:30-33; Ivyahishuriwe 14:6, 7). Honor, yabatijwe mu 1969, avuga ibi: “Igihe Yehova yashinze co guca urubanza nicashika, sinshaka ko hagira umuntu n’umwe mu kibano mbamwo azokwagiriza Yehova be n’abasavyi biwe yuko bafashe ibintu minenerwe maze akavuga ati: ‘Sinigeze mburirwa!” (Ezekiyeli 2:5; 3:17-19; Abaroma 10:16, 18). Claudio, uwabatijwe mu 1974, avuga ibi: “Iyo turiko turamamaza, ‘Imana iba idushinze ijisho’ kandi ‘tuba turi kumwe na Kirisitu’. Iyumvire nawe! Iyo turi mu busuku, tuba turi kumwe n’Abagenzi bacu somambike kuruta abandi bose”.—2 Ab’i Korinto 2:17 *.

9. (a) Ya nkuru ivuga ivyashikiye Petero be n’izindi ntumwa ku bijanye no kuroba ihishura iki ku vyerekeye imvo ibereye yo kugamburukira Kirisitu? (b) Imvo ibereye yo kugamburukira Imana na Kirisitu muri iki gihe ni iyihe, kandi kubera iki?

9 Ya nkuru ivuga ivyerekeye iroba ry’amafi ritangaje irerekana kandi yuko bihambaye kugira imvo ibereye idusunikira ku kugamburukira Kirisitu, na yo ikaba ari urukundo. Igihe Petero yavuga ngo “Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’umunyavyaha”, Yezu ntiyavuye ngaho, eka kandi nta caha yagirije Petero (Luka 5:8). Yezu ntiyanebaguye mbere Petero ngo ni uko yariko amusaba kugenda. Ahubwo, Yezu yamwishuranye umutima mwiza ati: “Nta co utinya”. Ugutinya kutabereye kwari kuba ari imvo itabereye yo kugamburukira Kirisitu. Ahubwo, Yezu yabwiye Petero yuko we hamwe na bagenziwe bocitse abarovyi ngirakamaro b’abantu. Muri iki gihe, na twebwe nyene ntidukoresha ubwoba canke inyiyumvo zo mu mutima zitabereye nk’izo, nk’ugutuma abandi biyagiriza canke bumva isoni kugira ngo tubahatire kugamburukira Kirisitu. Ukugamburuka umuntu agiranye ubugingo bwiwe bwose kandi gushingiye ku rukundo akunda Imana na Kirisitu, ni kwo kwonyene kunezereza umutima wa Yehova.—Matayo 22:37.

‘Muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa’

10. (a) Ni ikintu ikihe kijanye na rya bwirizwa rya Yezu cabaye urugamba rukomeye ku bigishwa biwe? (b) Abo bigishwa bakiriye gute ibwirizwa rya Yezu?

10 Ikibazo kigira kabiri kivyuka ku bijanye na rya bwirizwa rya Kirisitu ni iki: Ico gikorwa co guhindura abantu abigishwa gikwiye kurangurirwa hehe? Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: ‘Muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa’. Imbere y’igihe c’ubusuku bwa Yezu, abantu bo mu mahanga barakirwa igihe baba baje muri Isirayeli gusukurira Yehova (1 Abami 8:41-43). Yezu ubwiwe yamamaje ahanini ku Bayuda bo ku mubiri, mugabo ngaha yabwiye abayoboke biwe kuja ku bantu bo mu mahanga yose. Mu vy’ukuri, ahantu abigishwa biwe bărobera, ni ukuvuga icibare bamamarizamwo, hagarukira ku “gapande k’amazi” gatoya, ni ukuvuga Abayuda bo ku mubiri, mugabo ntihotevye kujamwo “ikiyaga” cose kigereranya umuryango w’abantu. Naho iryo hinduka ryari urugamba kuri abo bigishwa, baragamburutse ubuyobozi bwa Yezu n’umutima ukunze. Hatarahera imyaka 30 Yezu apfuye, intumwa Paulo yaranditse yuko inkuru nziza itari yaramamajwe mu Bayuda gusa, ariko kandi ko yari yaramamajwe “mu bāremwe bose”.—Ab’i Kolosayo 1:23.

11. Ni irihe yaguka ry’‘ahantu ho kurobera’ ryabaye kuva mu ntango z’ikinjana ca 20?

11 Muri ibi bihe vya vuba, iyaguka nk’iryo ry’icibare co kwamamazamwo ryaribonekeje. Mu ntango y’ikinjana ca 20, ‘ahantu ho kurobera’ hari mu bihugu bikeyi gusa. Yamara, kuva ico gihe abayoboke ba Kirisitu bariganye abakirisu bo mu kinjana ca mbere maze babigiranye umushasharo baragura icibare bamamarizamwo (Abaroma 15:20). Mu ntango z’imyaka ya 1930, bariko bahindura abantu abigishwa mu bihugu nka 100. Muri iki gihe, ‘ahantu turobera’ haragutse hashika ku bihugu 235.—Mariko 13:10.

‘Mu . . . ndimi zose’

12. Ubuhanuzi bwo muri Zekariya 8:23 bushimika ku ruhe rugamba?

12 Guhindura abantu abigishwa mu mahanga yose si urugamba gusa uravye ubwaguke bw’icibare, mugabo kandi ni urugamba uravye indimi zihavugwa. Yehova abicishije ku mumenyeshakazoza Zekariya, yabuye ibi: “Mur’iyo misi abantu cumi bazova mu mahanga y’indimi [“zose”, “NW”], bafate umutwe w’impuzu y’Umuyuda, bamubwire, bati Turajana, kuko twumvise kw Imana iri kumwe namwe” (Zekariya 8:23, ni twe tubihiritse.). Mw’iranguka rinini kuruta ry’ubwo buhanuzi, uwo “Muyuda” agereranya amasigarira y’abakirisu basizwe, mu gihe abo “bantu cumi” bagereranya “ishengero ryinshi” * (Ivyahishuriwe 7:9, 10; Ab’i Galatiya 6:16). Iryo shengero ryinshi ry’abigishwa ba Kirisitu bobonetse mu mahanga atandukanye, kandi nk’uko Zekariya yabivuze, bobaye bavuga indimi injojo. None inkuru z’ivyabaye zerekeye abasavyi b’Imana bo muri iki gihe zoba zishira ahabona uwo muce w’ivyo guhindura abantu abigishwa? Neza cane.

13. (a) Ku bijanye n’indimi, ni ibiki vyabaye mu Vyabona vya Yehova? (b) Wa mugwi w’umushumba w’umwizerwa witwararitse gute ivy’uko harushiriza gukenerwa imfungurwa zo mu vy’impwemu mu ndimi zitandukanye (Shiramwo n’ibiri mu ruzitiro ruvuga ngo “Ibisohokayandikiro bigenewe impumyi”.)?

13 Mu 1950, Ivyabona vya Yehova 3 kuri 5 ni bo bavuga icongereza kw’isi yose. Mu 1980, bari bamaze kugabanuka bashika nka 2 kuri 5. Muri iki gihe na ho, Icabona 1 gusa kuri 5 ni we avuga icongereza. None wa mugwi w’umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge witwararitse gute iryo hinduka ry’uko ubu abavukanyi badakoresha icongereza ari bo benshi kuruta abagikoresha? Uratanga imfungurwa z’ivy’impwemu mu ndimi ziguma zirushiriza kwongerekana (Matayo 24:45). Nk’akarorero, mu 1950 ibisohokayandikiro vyacu vyasohoka mu ndimi 90, mugabo muri iki gihe ico gitigiri carongerekanye gishika ku ndimi nka 400. Ukwo kurushiriza kwitwararika abantu bo mu migwi y’indimi zitari zimwe kwoba hari ico kwavuyemwo? Neza cane! Incahagati y’abantu nka 5.000 ‘bo mu ndimi zose’ baracika abigishwa ba Kirisitu ku ndwi ku ndwi (Ivyahishuriwe 7:9)! Kandi iryo yongerekana rirabandanya. Mu bihugu bimwebimwe “insenga” ziriko zirazana amafi menshi!—Luka 5:6; Yohana 21:6.

Woba ushobora kugira uruhara mu busuku buteye umunezero?

14. Twofasha gute ababa mu cibare cacu bavuga ururimi runyamahanga (Shiramwo n’ibiri mu ruzitiro ruvuga ngo “Guhindura abantu abigishwa hakoreshejwe ururimi rw’ibimenyetso”.)?

14 Mu bihugu vyinshi vyo mu Burengero, kubera abantu b’abimukira bagiye barahashika, vyabaye ngombwa yuko igikorwa co guhindura abantu bo mu “ndimi zose” abigishwa umuntu akirangura atarinze kuva mu gihugu ciwe c’amavukiro (Ivyahishuriwe 14:6). Twofasha gute ababa mu cibare twakebewe bavuga ururimi rutandukanye n’urwacu (1 Timoteyo 2:4)? Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, twoshobora gukoresha ibikoresho bibereye vyo kuroba. Nuhe mwene abo bantu ibisohokayandikiro vyo mu rurimi bavuga. Nimba bishoboka, nuringanize ivy’uko Icabona azi urwo rurimi bavuga yobagendera (Ivyakozwe 22:2). Kugira izo ndinganizo ubu biroroshe kuruta, kubera ko Ivyabona benshi bize kuvuga ururimi rutandukanye n’urwo basanzwe bavuga kugira ngo bafashe ba kavantara gucika abigishwa ba kirisitu. Amaraporo arerekana yuko gufasha muri ubwo buryo ari ikintu kivamwo ivyiza ntangere.

15, 16. (a) Ni uburorero ubuhe bwerekana yuko gufasha abavuga ururimi rw’urunyamahanga bimara akanyota? (b) Ni ibibazo ibihe bijanye no gusukurira mu ndimiro ivugwamwo ururimi rw’urunyamahanga twoshobora kurimbura?

15 Rimbura uburorero bubiri bwo mu Buholande, aho igikorwa catunganijwe co kwamamaza Ubwami kirangurwa mu ndimi 34. Ivyabona babiri bubakanye baritanze kuja guhindura abantu abigishwa mu baje kuhagerera bavuga ikinyapolonye. Utwigoro bagize twatumye abantu benshi cane bavyakira neza gushika n’aho umunega yumva avyuriwe umutima wo kugabanya umwanya yakoresha ku kazi kugira ngo aronke uwundi musi mu ndwi wo kwigana Bibiliya n’abagaragaza ugushimishwa. Bidatevye, abo bubakanye bari basigaye barongora inyigisho za Bibiliya zirenga 20 ku ndwi ku ndwi. Bavuze bati: “Ubusuku bwacu buraduhimbara cane”. Abahindura abantu abigishwa barahimbarwa canecane igihe abumva ukuri kwa Bibiliya mu rurimi rwabo bwite bavyurirwa umutima wo guserura ugukenguruka. Nk’akarorero, mu gihe c’ikoraniro ryagirwa mu kinyaviyetinamu, umutama umwe yarahagurutse maze asaba ijambo. Yabwiye ivyo Vyabona n’amosozi mu maso ati: “Ndabakengurukiye ku twigoro muriko muragira kugira ngo mwige ururimi rwanje rugoye. Ndakenguruka cane kubona ndiko ndiga ibintu vyinshi bitangaje vyo muri Bibiliya mu busaza bwanje”.

16 Ntibitangaje rero kubona abasukurira mu mashengero akoresha indimi z’inyamahanga biyumvamwo yuko baheze akanyota rwose. Umugabo n’umugore bubakanye bo mu Bwongereza bavuze bati: “Ubusuku bwo mu ndimiro ivugwamwo ururimi rw’urunyamahanga ni bumwe mu bwoko bw’ubusuku buteye umunezero kuruta ubundi bwose twakoze mu myaka 40 tumaze mu murimo w’Ubwami”. Woba ushobora kugira ivyo uhinduye mu buzima bwawe kugira ngo ugire uruhara muri ubwo busuku bushimishije? Nimba ukiri ku ntebe y’ishure, woba ushobora kwiga ururimi rw’urunyamahanga mu kwitegurira ubwo bwoko bw’ubusuku? Kubigira gutyo vyoshobora kwugurura urugi rujana mu buzima bumara akanyota bwuzuye imihezagiro (Imigani 10:22). Ubona gute ubiganiriye n’abavyeyi bawe?

Tuze turahindura uburyo bwacu bwo gukora

17. Twoshobora gute gushikira abantu benshi kuruta mu cibare c’ishengero dukukira?

17 Birumvikana yuko ukuntu ibintu vyifashe bidakundira benshi muri twebwe guterera “insega” zacu mu vyibare bivugwamwo indimi z’inyamahanga. Ariko rero, twoshobora gushikira abantu benshi kuruta abo dusanzwe dushikira muri iki gihe mu cibare c’ishengero dukukira. Uti gute? Mu kuza turahindura uburyo bwacu bwo gukora ariko ntiduhindure ubutumwa bwacu. Mu turere twinshi abantu barushiriza kuba benshi usanga baba mu nyubakwa zirindwa cane. Abandi benshi usanga batari i muhira igihe tubagendeye turi mu busuku bw’inzu ku nzu. Hari aho rero twoba dukeneye guterera “insenga” zacu mu bihe bitandukanye be n’ahantu hatandukanye. Gutyo tuba twiganye Yezu. Yararondera uturyo two kuganirira abantu mu bihe bitandukanye be n’ahantu hatandukanye.—Matayo 9:9; Luka 19:1-10; Yohana 4:6-15.

18. Ugushinga intahe mu bibanza bitandukanye vyagaragaje gute ko bigira ico bivuyemwo (Nushiremwo n’ibiri mu ruzitiro ruvuga ngo “Guhindura abantu abigishwa mu bantu b’abakozi”.)?

18 Mu mihingo imwimwe y’isi, gushinga intahe ahantu hose abantu bashobora kuboneka ni uburyo buhambaye bwo guhindura abantu abigishwa. Abazi utuntu n’utundi mu vyo guhindura abantu abigishwa, bamaze igihe barushiriza kwitwararika ivyo gushinga intahe mu bibanza bitandukanye. Turetse ukugira uruhara mu busuku bw’inzu ku nzu, ubu abamamaji barashinga intahe ku bibuga vy’indege, mu biro, mu mangazini, mu bibanza baparikamwo imiduga, ku bituro vy’amabisi, ku mabarabara, mu busitani, ku nkengera z’ibiyaga, n’ahandi. Igitigiri kinini c’Ivyabona baherutse kubatizwa muri Hawayi babwiriwe inkuru nziza ari bwo bwa mbere muri mwene ivyo bibanza. Kuza turahindura uburyo bwacu bwo gukora biradufasha gushitsa neza rya bwirizwa rya Yezu ryo guhindura abantu abigishwa.—1 Ab’i Korinto 9:22, 23.

19. Ni imice iyihe y’igikorwa Yezu yadushinze yihwezwa mu kiganiro gikurikira?

19 Igikorwa Yezu yadushinze co guhindura abantu abigishwa nticarimwo gusa ibintu bijanye n’igituma dutegerezwa kurangura ico gikorwa be n’ahantu dukwiye kukirangurira, mugabo kandi carimwo n’ibijanye n’ivyo dukwiye kwamamaza be n’igihe dukwiye gushikanako mu kubandanya twamamaza. Iyo mice uko ari ibiri y’igikorwa Yezu yadushinze irihwezwa mu kiganiro gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 2 Turarimbura ibibazo bibiri vya mbere muri iki kiganiro. Ibibazo bibiri vya nyuma birihwezwa mu kiganiro gikurikira.

^ ing. 12 Nimba ushaka kumenya ibindi kw’iranguka ry’ubwo buhanuzi, raba Umunara w’inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 2001 urupapuro rwa 10, be n’igitabu La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains, Imbumbe ya 2, urupapuro rwa 408, vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Woba uvyibuka?

• Ni imvo izihe zituma tugira uruhara mu kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa kandi ni igiki kidusunikira kubigira?

• Abasavyi ba Yehova baranguye igikorwa co guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa ku rugero rungana iki?

• Twoshobora gute kuza turahindura ‘uburyo bwacu bwo kuroba’, kandi ni kubera iki dukwiye kuza turabuhindura?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 10]

Ibisohokayandikiro bigenewe impumyi

Albert ni umukurambere mukirisu akaba n’umusuku w’igihe cose aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ni impumyi. Gukoresha ibisohokayandikiro vy’impumyi bishingiye kuri Bibiliya biramufasha kurushiriza kuba kirumara mu busuku bwiwe, tutibagiye no mu bikorwa arangura bwa mucungezi w’umurimo. Ibanga ashinzwe mw’ishengero arirangura gute?

“Mw’ishengero ryacu, ntitwigeze tugira umucungezi w’umurimo yatubereye kirumara kuruta Albert”. Ivyo bivugwa n’uwitwa James, akaba ari umucungezi muhangarikizi. Albert ni umwe mu bantu b’impumyi nka 5.000 bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bamaze imyaka itari mike baronka ibisohokayandiro vy’impumyi bishingiye kuri Bibiliya, vyo mu congereza no mu gisupanyoli. Nkako, kuva mu 1912 kubandanya, wa mugwi w’umushumba w’umwizerwa warasohoye ibisohokayandikiro bitandukanye vy’impumyi birenga 100. Mu gukoresha ubuhinga bwa none, amacapuriro y’Ivyabona vya Yehova ubu aracapura ku mwaka ku mwaka impapuro amamiliyoni n’ayandi ziriko ibisomwa vy’impumyi mu ndimi zirenga cumi kandi akazigabanganya mu bihugu birenga 70. Woba uzi umuntu yokwungukira ku bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bitegurirwa impumyi?

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 11]

Guhindura abantu abigishwa hakoreshejwe ururimi rw’ibimenyetso

Ivyabona ibihumbi n’ibihumbi bo hirya no hino kw’isi, aho hakaba harimwo n’urwaruka rwinshi b’abanyamwete, barize ururimi rw’ibimenyetso kugira ngo bafashe abantu b’ibipfamatwi gucika abigishwa ba Kirisitu. Ico ivyo vyavuyemwo ni uko muri Berezile honyene abantu b’ibipfamatwi 63 babatijwe muri uyu mwaka uheze, Ivyabona b’ibipfamatwi 35 bo muri ico gihugu na bo ubu bakaba ari abamamaji b’inkuru nziza b’igihe cose. Kw’isi iyo iva ikagera, hariho amashengero be n’imigwi birenga 1.200 bikoresha ururimi rw’ibimenyetso. Umuzunguruko umwe gusa ukoresha ururimi rw’ibimenyetso wo mu Burusiya, turavye ubwaguke bwawo ni wo muzunguruko munini kuruta iyindi yose kw’isi, ukaba ukwiye mu Burusiya bwose uko bungana!

[Uruzitiro ku rup. 12]

Guhindura abantu abigishwa mu bantu b’abakozi

Igihe Icabona umwe wo muri Hawayi yariko agendera abantu aho bakorera mu biro, yarahuye n’umuyobozi w’ikompanyi ijejwe gutwara abantu n’ibintu. Naho uwo mugabo yari afise akazi kenshi, yaremeye kuza ariga Bibiliya mu kiringo c’iminuta 30 mu ndwi mu biro vyiwe. Imisi yose ku wa gatatu mu gitondo, arabwira abakozi biwe ngo ntibamurungikire telefone zimurondera, agaheza agashira umutima wiwe wose kuri iyo nyigisho. Ikindi Cabona wo muri Hawayi arigana Bibiliya rimwe mu ndwi na nyene inzu ishonerwamwo ibirato. Iyo nyigisho igirirwa kw’ikontwari yo muri nya nzu. Iyo umukiriya yinjiye, nya Cabona aca aja ku ruhande. Nya mukiriya agiye, bagaca babandanya kwiga.

Wa muyobozi be n’uwo nyene inzu ishonerwamwo ibirato, babonetse kubera ko Ivyabona bibwirije guterera “insenga” zabo mu bibanza bitandukanye. Woba ushobora kwiyumvira ibibanza vyo mu cibare c’ishengero ukukira, aho woshobora kubona abantu bagoye gusanga i muhira?

[Ifoto ku rup. 12]

Woba ushobora gusukurira mu ndimiro ivugwamwo ururimi rw’urunyamahanga?