Ibitangaro vya Yezu dushobora kuvyigirako iki?
Ibitangaro vya Yezu dushobora kuvyigirako iki?
WOSHOBORA gutangazwa no kumenya yuko inkuru zidonda ubuzima bwa Yezu kw’isi zitigera zikoresha ijambo ryo mu rurimi rwo mu ntango rikoreshwa kw’ijambo “igitangaro”. Ijambo ry’ikigiriki (dyʹna·mis) rihindurwa rimwe na rimwe ngo “igitangaro”, urudome ku rundi risobanura “ububasha” (Luka 8:46, UB). Rishobora kandi guhindurwa ngo ‘ubushobozi’ canke “ibikorwa vy’ububasha” (Matayo 11:20, NW; 25:15). Nk’uko incabwenge imwe ibivuga, iryo jambo ry’ikigiriki “rishimika ku gikorwa gikomeye cakozwe, na canecane ku bubasha bwakoreshejwe mu kugikora. Ico kintu kidondorwa ko ari ububasha bw’Imana buba buriko burakora”.
Irindi jambo ry’ikigiriki (teʹras), mu bisanzwe rihindurwa ngo “utwumiza” canke “ibitangaza” (Yohana 4:48; Ivyakozwe 2:19). Iryo jambo rirashira ahabona ingaruka bigira kuri bene kuvyitegereza. Kenshi na kenshi, ishengero be n’abigishwa ba Yezu barumirwa bakongera bakajorezwa n’ibikorwa vyiwe vy’ububasha.—Mariko 2:12; 4:41; 6:51; Luka 9:43.
Ijambo ry’ikigiriki rigira gatatu (se·meiʹon) rivuga ivyerekeye ibitangaro vya Yezu, risobanura “ikimenyetso”. Nk’uko incabwenge Robert Deffinbaugh abivuga, iryo jambo “rishimika ku nsobanuro igera ibwina y’[ijambo] igitangaro”. Yongerako ati: “Ikimenyetso ni igitangaro giserura ukuri kanaka ku vyerekeye Umukama wacu Yezu”.
Rwari uruhendo canke bwari ububasha butangwa n’Imana?
Bibiliya ntivuga yuko ibitangaro Yezu yakoze vyari amayeri canke uruhendo bigenewe guteramisha abantu. Vyagaragaza ‘[“ububasha”, UB] buhambaye bw’Imana’, nk’uko bwigaragaje ca gihe Yezu yasenda idayimoni yari mu muhungu (Luka 9:37-43). Wumva none ibikorwa vy’ububasha nk’ivyo vyonanira Imana Mushoboravyose, imwe idondorwa ko ifise “ububasha bg’ubushobozi” bwinshi (Yesaya 40:26)? Nawe uravyumva ko bitoyinanira!
Inkuru ziganwa mu Njili ziravuga ibitangaro vya Yezu bishika nka 35. Mugabo, igitigiri cose hamwe c’ibitangaro yakoze ntigihishurwa. Nk’akarorero, muri Matayo 14:14 havuga hati: “[Yezu] abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe, abakiriza abarwaye”. Ntitubwirwa abo yakijije ico gihe ingene bari bangana.
Ivyo bikorwa vy’ububasha ni vyo ahanini vyemeje amajambo Yezu yavuze yuko ari Umwana w’Imana, umwe Mesiya yari yarasezeranywe. Ivyanditswe vyarerekanye koko yuko ububasha Yezu yahawe n’Imana ari bwo bwamushoboza gukora ibitangaro. Intumwa Petero yaravuze ivyerekeye Yezu ko ari “umuntu Imana yashimagirishije kuri mwebge ibitangaza n’utwumiza n’ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk’uko mubizi ubganyu” (Ivyakozwe 2:22). Ikindi gihe na ho, Petero yarerekanye yuko Yezu, “Imana yamusutseko [im]pwemu [y]era n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we”.—Ivyakozwe 10:37, 38.
Ibitangaro vya Yezu be n’ubutumwa yashikiriza vyarajana. Muri Mariko 1:21-27 harahishura inyifato ishengero ryagize aho ryumviye inyigisho za Yezu rikongera rikibonera kimwe mu bitangaro vyiwe. Muri Mariko 1:22 havuga yuko ishengero ‘ryatangajwe n’uburyo yigisha’, umurongo wa 27 na wo ukerekana yuko abantu ‘batangaye’ igihe yasenda idayimoni. Ibitangaro vy’ububasha Yezu yakoze be n’ubutumwa bwiwe, vyompi vyaratanze igihinyuza c’uko yari we Mesiya yari yarasezeranywe.
Yezu ntiyapfuye gusa kuvuga ko ari Mesiya; amajambo yiwe be n’ibindi bikorwa yakoze, bifatanije n’ububasha yahawe n’Imana bwabonekeye mu bitangaro vyiwe, vyaratanze ikimenyamenya c’uko ari we Mesiya koko. Igihe havyuka ibibazo bijanye n’uruhara rwiwe be n’igikorwa camuzanye, Yezu yishuranye ugushira amanga ati: “Jewe mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana [Umubatizi], kukw ibikorwa Data yampaye ngo mbiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye”.—Yohana 5:36.
Ibimenyamenya vyerekana yuko nya bitangaro vyabaye koko
Ni kubera iki twohera amazinda yuko ibitangaro vya Yezu atari umugani, yuko vyabaye koko? Reka turimbure bimwebimwe mu bimenyamenya vyerekana yuko vyabaye koko.
Mu gukora ibikorwa vy’ububasha vyiwe, Yezu ntiyigeze arondera kwiyerekana. Yararaba neza yuko igitangaro cose akora citirirwa Imana kandi kigatuma ininahazwa. Nk’akarorero, imbere yuko akiza umugabo umwe w’impumyi, yarashimitse ku vy’uko uwo mugabo yari agiye gukizwa “kugira ngw ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we”.—Yohana 9:1-3; 11:1-4.
Yezu ntiyari ameze nka bamwe bakora ibintu vy’uruhendo, nk’abanyamageza be n’abasengera abarwaye. We ntiyigeze akoresha ivy’uguhunika, amayeri, ivy’ugutangaza abantu, amajambo y’ugutongera canke imihamuro ivyura akanyengetera k’abantu. Ntiyakoresheje ibintazi canke ibintu vyitwa ko ari vyeranda. Raba uburyo buranga ukutishira hejuru Yezu yakijijemwo abagabo babiri b’impumyi. Iyo nkuru ivuga iti: “Yezu azigirira akagongwe, akora ku maso yazo, zica zirahumūka, baramukurikira” (Matayo 20:29-34). Nta mihamuro, canke ibirori, canke ivyo kwiyerekana vyabayemwo. Yezu yakora ibikorwa vyiwe vy’ibitangaza izuba riva, akenshi akabikorera mu maso y’abantu benshi. Ntiyarinda gutegura ibitanga umuco bidasanzwe, gutunganya aho abikorera, canke gukoresha ibikoresho vy’ugushariza bidasanzwe. Ibitangaro abantu bavuga ko bikorwa ubu, vyovyo usanga kenshi ata kivyemeza kiriho.—Mariko 5:24-29; Luka 7:11-15.
Yezu rimwe na rimwe yaremera icese yuko abungukira ku bitangaro vyiwe bari bafise ukwizera. Mugabo rero, naho umuntu yaba abuze ukwizera, nticabuza ko Yezu akora igitangaro. Ari i Kaperinawumu i Galilaya, “[abantu baramuzaniye] benshi binjiwemwo n’abadayimoni; izo mpwemu mbi azirukanisha ijambo, akiza abāri barwaye bose”.—Matayo 8:16, ni twe tubihiritse.
Ibitangaro Yezu yakora yabikora kugira ngo aronse abantu ivyo bakeneye koko, ntiyabikora kugira ngo ashimishe abantu bironderera kubona ibintu (Mariko 10:46-52; Luka 23:8). Vyongeye, Yezu ntiyigeze akora ibitangaro kugira yironderere inyungu yiwe bwite n’imwe.—Matayo 4:2-4; 10:8.
Tuvuge iki none ku nkuru ziganwa mu Njili?
Ivyabaye bijanye n’ibitangaro vya Yezu twebwe twabimenye biciye ku nkuru ziganwa muri za Njili zine. Hoba hariho imvo zotuma twizigira izo nkuru igihe dusuzuma ivy’uko ibitangaro vyitirirwa Yezu vyabaye koko? Me! Zirahari.
Nk’uko twamaze kubibona, ibitangaro Yezu yakora yabikorera ku mugaragaro, mu maso y’abantu benshi. Injili za mbere na mbere zanditswe benshi muri abo bene kuvyibonera bakiriho. Ku bijanye n’uko abanditsi b’Injili bavugishije ukuri, igitabu Ibitangaro n’izuka (mu congereza) kivuga giti: “Kwagiriza abanditsi b’Injili ko bafashe ibintu vyabaye kera bakabipfukiranya mu nkuru umuyoro z’ivyitwa ibitangaro bashaka gusa kumenyekanisha ivyo bemera, koba ari akarenganyo kaboneka. . . . Barondera kwandika ibintu nk’uko biri”.
Abayuda barwanya Ubukirisu ntibigeze baharira ibikorwa vy’ububasha bivugwa mu Njili. Bahaririye gusa ububasha bwakoreshejwe mu kubikora Mariko 3:22-26). Eka mbere n’abahinyurana mu nyuma ntibashoboye guhakana ibitangaro vya Yezu. Ahubwo riho, mu kinjana ca mbere n’ica kabiri mu G.C., hariho ibitabu bivuga ibikorwa vy’ibitangaza vyakozwe na Yezu. Si agaseseshwarumuri, turafise imvo zumvikana zo kubona yuko inkuru zo mu Njili zivuga ivy’ibitangaro vya Yezu ari iz’ukuri.
(Nyene gukora ivyo bitangaro
Ntitwoba twihweje mu buryo bushitse ibitangaro vya Yezu hamwe twogarukiriza gusa ku vyiyumviro bifadika bitangwa mu kwerekana ko vyabayeho koko. Mu kudondora ibikorwa vy’ububasha vya Yezu, Injili zirashira ahabona umugabo w’inyiyumvo zigera kure kandi w’imbabazi ntangere, yari afise icipfuzo gikomeye co kwitaho ukumererwa neza kw’abandi bantu nka we.
Rimbura nk’akarorero ivy’umunyamibembe yegereye Yezu akamubwirana umwiheburo ati: “Ukunze, woshobora kumpumanura”. Yezu yaciye “[aterwa] akagongwe”, aramvura ukuboko maze akora kuri nya munyamibembe, avuga ati: “Ndakunze, humanuka”. Ako kanya nyene uwo mugabo yaciye akira (Mariko 1:40-42). Gutyo, Yezu yaragaragaje impuhwe zatumye akoresha ububasha yahawe n’Imana bwo gukora ibitangaro.
Ni igiki cabaye igihe Yezu yahura n’abantu bagiye ku maziko bari bavuye mu gisagara c’i Nayini? Uwo muhungu yari yapfuye ni we mwana wenyene umupfakazi yari afise. Yezu ‘yaratewe akagongwe’ n’uwo mupfakazi, maze aramwegera amubwira ati: “Nta co urira”. Yaciye asubiza muzima nya muhungu w’uwo mupfakazi.—Luka 7:11-15.
Icigwa kiremesha umuntu ashobora kwigira ku bitangaro vya Yezu, ni ic’uko yari umuntu ‘aterwa akagongwe’ n’abantu kandi akagira ivyo akoze kugira abafashe. Mugabo, ivyo bitangaro si inkuru gusa z’ibintu vyabaye muri kahise. Mu Baheburayo 13:8 havuga hati: “Yesu Kristo uko yar’ar’ejo, n’uyu musi ni kw akiri, ni kw azokwama ibihe bidashira”. Ubu araganza ari Umwami wo mw’ijuru, akaba yiteguriye gukoresha ububasha yahawe n’Imana bwo gukora ibitangaro ku rugero rurengeye kure n’iyo urwo yabigizeko igihe yari umuntu kw’isi, kandi arabishoboye. Vuba, Yezu azobukoresha mu kuvura abantu bagamburuka. Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kugufasha kumenya n’ibindi ku vyerekeye ico kintu ciza igitangaza twiteze muri muri kazoza.
[Amafoto ku rup. 4, 5]
Ibitangaro vya Yezu vyaragaragaza ‘ububasha buhambaye bw’Imana’
[Ifoto ku rup. 7]
Yezu yari umuntu w’inyiyumvo zigera kure