Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Ici n’agatasi ntibizovaho’

‘Ici n’agatasi ntibizovaho’

Ubwiza bw’ibiremwa vya Yehova

‘Ici n’agatasi ntibizovaho’

IZUBA rimena imbwa agahanga riraka cane mu bugaragwa. Mu yindi mihingo y’isi, rirazana agasusuruko iyo havuye urushana rurangwamwo igikonyozi. Ego cane, ubushuhe bw’izuba ni kimwe mu bintu nyamukuru bituma mu mihingo imwe hakanya mu yindi hagashuha, bukongera bukaba kimwe mu bintu nyamukuru bituma haba ibihe vy’umwaka.

Ibihe vy’umwaka usanga bitandukanye hirya no hino kw’isi. Mugabo none, ibihe vy’umwaka bigira ico bikoze gute kuri wewe? Woba uhora uhimbarwa n’akayaga karuhura ko mu mpeshi aho usanga ibiti n’amashurwe bitotahaye? Uhora wumva umerewe gute ku migoroba yo mu ci aho usanga hari akayaga gapfutse? Woba uhora uhimbarwa n’imisi yo mu gatasi igihe haba hapfutse aho ubona ubwiza bw’amababi atanguye guhindura amabara? Woba uhora wumva uruhutse igihe ubonye ishamba ripfutswe na shelegi?

Ni igiki gituma habaho ibihe vy’umwaka? Muri make, ni ukuba isi ihengamye. Isi yizungurukako ihengamye nko kuri dogere 23 n’igice ufatiye ku nzira isi ikurikira mu kuzunguruka izuba. Hamwe isi itoba ihengamye gutyo, ibihe vy’umwaka ntivyobaho. Imimerere y’intara yogumye ari ya yindi nyene. Ivyo vyogize ingaruka ku bimera no ku rukurikirane rw’iyimbura.

Uravye ukuntu ibihe vy’umwaka bigenda birakurakuranwa, urashobora kubonamwo ukuboko kw’Umuremyi. Igihe umwanditsi wa Zaburi yariko abwira Yehova Imana, yavuze bikwiriye ati: “Ni wewe washizeh’imbibe zose z’isi, waremye ici n’agatasi”.Zaburi 74:17 *, ni twe tubihiritse.

Ku muntu yihweza ibintu yibereye kw’isi, ibisyo vyo mu kirere ni vyo bintu vyerekana ata kwihenda ibihe vy’umwaka. Igihe Imana yarema izuba be n’imibumbe irizunguruka hamwe n’ibindi bisyo (vyose hamwe bikaba vyitwa système solaire), yavumereye iti: “Mw itāzānure ry’ijuru ni habeh’ivyāka . . . ; bibēreho kuba ibimenyetso, no kwerekana ibihe, n’imisi n’imyaka” (Itanguriro 1:14). Mu kiringo c’umwaka, igihe isi iba iriko irakomeza rwa rugendo rwayo rw’ukuzunguruka izuba, irashika ahantu habiri aho usanga sasita izuba ritumberanye neza na neza na wa mugongo w’ikigererenyo ugaburamwo kabiri isi (witwa équateur). Ivyo bihe bibiri aho usanga izuba ritumberanye n’uwo murongo, mu gifaransa bavyita équinoxes, kandi mu bihugu vyinshi ni vyo vyerekana intango y’impeshi be n’intango y’agatasi. Ico gihe usanga umurango n’ijoro bisa n’ibingana kw’isi yose.

Ukuzunguruka kw’ibisyo vyo mu kirere si kwo kwonyene gutuma ibihe vy’umwaka bibaho kandi bitangura. Ibihe vy’umwaka, ivy’ugukanya canke ugushuha mu mihingo itandukanye be n’ibijanye n’ihindagurika ry’ikirere, ivyo vyose biri mu rukurikirane w’ibintu rutuma ubuzima bushoboka. Igihe ya ntumwa mukirisu Paulo be n’umusangirangendo wiwe Barunaba bariko bayaga n’abantu baba muri Aziya ntoyi, benshi muri bo bakaba bari bamenyereye cane ivy’uburimyi n’iyimbura, bavuze ko Imana ari yo ‘ibaha imvura iva mw’ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, ikabahaza ivyo kurya, ikuzuza imitima yabo umunezero’.—Ivyakozwe 14:14-17.

Rya hingurwa ritangaje ry’ibifungurwa ahanini ribera mu mababi y’ibimera, iryo bita fotosenteze, riratuma ibimera vy’imusozi n’ivyo mu biyaga bishobora kubaho. Kubera ivyo, urukurikirane ruriho rw’ukuntu ibinyabuzima bigenda birarya ibindi binyabuzima be n’isano riri hagati y’ubwoko butandukanye bw’ibikoko n’ibimera, biragerageza guhuza n’ukuntu ikirere cifashe be n’ubukanye canke ubushuhe buranga intara kanaka, ivyo bikaba biba mu buryo bugoye gutahura. Ivyo vyose Paulo yavyitiriye bikwiriye ukuboko kwa Yehova, mu kuvuga ati: “Indimiro zinyoye imvura yaziguyeko kenshi, iyo zimezemw’ibirimwa bikwiye abazirimiwe, zironka umugisha w’Imana”.—Abaheburayo 6:7.

Ijambo “umugisha” rirafata insobanuro nshasha igihe ufashe akanya ko kuzirikana ku bintu bishika mu mihingo aho usanga impeshi ituma haba ubushuhe n’ubukanye biri ku burimbane, umurango ukaba muremure gusumba, izuba rikabandanya kwaka, hakongera hakagwa n’akavura kari ku burimbane. Amashurwe arashurika, udukoko na two tukazukuruka iyo twari twarinyegeje mu gihe c’urushana, tugatangura gufata ifu yo muri ayo mashurwe tuyijana ku mbuto z’ibiterwa kugira ngo haboneke ivyamwa. Inyoni, nk’akarorero iyi ubona ngaha (mu gifaransa yitwa geai bleu), ziruzuza amabara n’indirimbo mw’ishamba, maze mu bidukikije hakaboneka ko hari ubuzima. Haca harushiriza kuboneka ko hari ubuzima, ibinyabuzima na vyo bikabandanya inzinguzingu zavyo zijanye n’irondoka, ni ukuvuga ko habaho ibivuka, ibivutse na vyo bigakura bikavyara, gutyogutyo (Indirimbo ya Salomo 2:12, 13). Ivyo biratanguza ikiringo gishikana kw’iyimbura riheza rikaba ici rigeze kure canke mu gatasi.—Kuvayo 23:16.

Ibikorwa vya Yehova biragaragazwa mu buryo bw’igitangaza n’ukuntu yahengetse isi, akaturonsa umurango n’ijoro, ibihe vy’umwaka be n’igihe c’ibiba n’iyimbura. Turizigiye tudakeka yuko ici rizokwama nantaryo rikurikirwa n’agatasi. Nakare, Imana ni yo yasezeranye iti: “Isi ikiriho, ibiba n’iyimbura, n’imbeho n’ubushuhe, n’ici n’agatāsi, n’umurango n’ijoro ntibizovaho”.—Itanguriro 8:22.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 6 Raba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2004, juillet-août.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 9]

Ukwezi ni igisyo gihambaye ku buzima

Kuva kera na rindi, ukwezi kwamye gukwegera abantu kandi kukabajoreza. Mugabo none, woba utahura yuko ukwezi kugira akosho ku bihe vy’umwaka? Ukuba hariho ukwezi biratuma isi iguma yizunguruka ihengamye kuri dogere ziguma ari za zindi. Ivyo “birarangura uruhara ruhambaye mu gutuma kw’isi haba imimerere ituma ubuzima bushoboka”. Ukwo ni ko umuhinga mu vya siyansi yitwa Andrew Hill avuga. Iyo hataba hariho ico gisyo kinini gituma isi iguma ihengamye kuri dogere ziguma ari za zindi, ubushuhe bwoduze maze bigatuma ubuzima budashobora kubaho kw’isi. Ku bw’ivyo, umugwi umwe w’abahinga mu vy’imibumbe washitse kuri iki ciyumviro: “Vyoshobora kuvugwa yuko Ukwezi ari ikintu gituma imimerere y’ikirere iguma iri ku burimbane ku neza y’isi”.—Zaburi 104:19.

[Abo dukesha ifoto]

Ukwezi: U.S. Fish & Wildlife Service, Washington, D.C./Bart O’Gara

[Ifoto ku rup. 9]

Ingamiya zo muri Afirika yo mu Buraruko no mu gace k’isi k’Abarabu (“peninsule arabique”)