Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nukoreshe imigambi yo mu vy’impwemu kugira uninahaze Umuremyi wawe

Nukoreshe imigambi yo mu vy’impwemu kugira uninahaze Umuremyi wawe

Nukoreshe imigambi yo mu vy’impwemu kugira uninahaze Umuremyi wawe

“IGIHE umuntu atazi ikivuko agenda atumbereye, ntamenya umuyaga ushobora kumuyobora neza”. Ayo majambo yitirirwa umufilozofe w’Umuroma wo mu kinjana ca mbere, aradoma urutoke kuri uku kuri ntaharirwa: kugira ngo ubuzima bugire intumbero, ni ntahara ko umuntu yishingira imigambi.

Bibiliya iratanga uburorero bw’abantu bari bafise imigambi mu buzima. Nowa yamaze nk’imyaka 50 ‘abaza ubwato bwo kurokora abo mu nzu yiwe’. Umumenyeshakazoza Musa “yatumbera ingero azogererwa” (Abaheburayo 11:7, 26). Yosuwa umusubirizi wa Musa, Imana yaramushingiye umugambi wo kwigarurira igihugu c’i Kanani.—Gusubira mu vyagezwe 3:21, 22, 28; Yosuwa 12:7-24.

Mu kinjana ca mbere G.C., nta nkeka ko imigambi yo mu vy’impwemu y’intumwa Paulo ahanini yari ishingiye kuri ya majambo Yezu yavuga yuko “ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose” (Matayo 24:14). Paulo aremeshejwe n’ubutumwa ubwiwe yiherewe n’Umukama Yezu be n’ivyo yeretswe na we, ushizemwo igikorwa yashinzwe co ‘kujana izina rya Yezu imbere y’abanyamahanga’, yaragize uruhara ruhambaye mu gushinga amashengero ya gikirisu menshi kuva muri Aziya Ntoya gushika n’i Buraya.—Ivyakozwe 9:15; Ab’i Kolosayi 1:23.

Emwe, abasavyi ba Yehova kuva kera na rindi bamye bishingira imigambi myiza kandi bakayishikako, bigatuma Imana ininahazwa. Twokwishingira gute imigambi yo mu vy’impwemu muri iki gihe? Ni imigambi nyabaki twokwihatira gushikako, kandi ni intambwe ngirakamaro izihe twotera kugira tuyishikeko?

Ni ntahara ko tugira imvo zibereye

Umuntu arashobora kwishingira imigambi mu mice nka yose y’ubuzima, kandi no muri iyi si hariho abantu bafise imigambi mu buzima. Ariko rero, imigambi yo mu vya gitewokarasi iratandukanye n’ivyo isi ihahamira. Myinshi mu migambi yo mw’isi ahanini ishingwa kubera uguhahamira itunga be n’inyota idahera yo kuronka igiti n’ubukuru. Ese ingene umuntu yoba yihenze cane akurikiranye umugambi wo kuronka ubukuru be n’ukuba rurangiranwa! Imigambi ininahaza Yehova Imana ni iyifitaniye isano rya hafi n’ukumusenga, kandi ikaba ifitaniye isano n’ivyungura Ubwami (Matayo 6:33). Imigambi nk’iyo, iva ku rukundo dukunda Imana be n’umuntu nkatwe, kandi umuntu akayishingira afise intumbero yo kuyobokera Imana.—Matayo 22:37-39; 1 Timoteyo 4:7.

Nimuze tube abafise imvo zibereye igihe twishingira imigambi yo mu vy’impwemu tukongera tukayikurikirana, yaba ari iyijanye n’uduteka tw’umurimo twiyongereye canke iyijanye n’ugutera imbere mu vy’impwemu. Naho ari ukwo, birashika mbere n’imigambi ivuye ku mvo nziza ntiranguke. Dushobora gute kwishingira imigambi kandi tukongereza uturyo two kuyishikako?

Ni ngombwa ko tugira icipfuzo gikomeye co kuyishikako

Rimbura ukuntu Yehova yaremye ijuru n’isi. Amajambo ngo “buragoroba, buraca” yerekana ko Yehova yari yashinze ukuntu ibihe vy’irema vyogiye birakurikirana (Itanguriro 1:5, 8, 13, 19, 23, 31). Mu ntango y’igihe kimwekimwe cose c’irema, yaba azi neza intumbero yiwe canke ico ashaka gushikako kuri uwo musi. Gutyo, Imana yarashikije umugambi wayo wo kurema ibintu (Ivyahishuriwe 4:11). Umwe sekuruza w’imiryango Yobu yavuze ati: “Ico umutima [wa Yehova] ugomvye ni co [a]kora” (Yobu 23:13). Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba yarahimbawe no kwitegereza “ivyo yaremye vyose”, maze akavuga ati: ni “vyiza cane”!—Itanguriro 1:31.

Kugira ngo imigambi yacu iranguke, na twebwe nyene dutegerezwa kuba dufise icipfuzo gikomeye co kuyishikako. Ni igiki kizodufasha gutsimbataza icipfuzo gikomeye nk’ico? N’igihe nyene isi itari bwagire imero kandi ata kintu na kimwe cari bwabe kuri yo, Yehova yarashobora kubona imbere y’igihe ukuntu yohavuye imera: yohavuye iba akabuyenge karyoheye ijisho kari mu kirere, gatuma aninahazwa kandi agaterwa iteka. Na twebwe nyene turashobora gukomeza icipfuzo cacu co kurangura ivyo twishingiye gukora, mu kuzirikana ku bizovamwo be no ku vyiza tuzoronka turamutse dushitse kuri uwo mugambi. Ivyo ni vyo Tony w’imyaka 19 yiboneye. Ntiyigeze yibagira iciyumviro ca mbere yagize igihe yagendera ari bwo bwa mbere ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu Buraya bwo mu Burengero. Kuva ico gihe, ikibazo Tony yaguma yibaza cari iki: ‘Mbega yemwe nokwumva merewe gute hamwe noba ahantu nk’aho kandi akaba ari ho nkorera?’. Tony ntiyigeze areka kwiyumvira yuko ashobora kuhakorera, kandi yabandanije kugwa avyuka kugira ashike kuri iryo hangiro. Ese akamwemwe yagize igihe haciye imyaka itari mike yemererwa gukorera kw’ishami!

Kwifatanya n’abandi bamaze gushikira umugambi kanaka na vyo nyene birashobora gutuma tugira icipfuzo co gushika ku mugambi twishingiye. Uwitwa Jayson w’imyaka 30, ntiyakunda kuja mu murimo wo ndimiro igihe yari mu myaka ya mbere y’ubuyabaga. Yamara, aho amariye kurangiza amashure yisumbuye, yarinjiye mu murimo w’ubutsimvyi abishashaye, gutyo acika umwamamaji w’Ubwami w’igihe cose. Ni igiki catumye Jayson agira icipfuzo co gukora ubutsimvyi? Yishura ati: “Kuyaga n’abandi bakoze ubutsimvyi be no gukorana na bo mu busuku vyarangizeko akosho gakomeye”.

Kugira aho twanditse imigambi yacu vyofasha

Iciyumviro kidasobanutse kiratomoka kandi kikumvikana iyo duhisemwo amajambo yo kugiserura. Salomo yavuze yuko amajambo abereye ashobora kugira ububasha nka kurya kw’imihunda, agatuma ubuzima bugira intumbero (Umusiguzi 12:11). Igihe ayo majambo yanditse ahantu, arakora ku muzirikanyi no ku mutima mu buryo bugera ibwina. Hari ikindi cari gutuma Yehova ategeka abami ba Isirayeli kwiyandikira ikopi yabo bwite y’Ivyagezwe (Gusubira mu vyagezwe 17:18)? Hari aho rero twoshima kwandika ku rupapuro imigambi yacu be n’ingene twoyishikako, tugashira ku rutonde intambamyi twiteze hamwe n’uburyo bwo kuzisimba. Vyoshobora kandi kuba ngirakamaro turavye ivyo dutegerezwa kwiga tukamenya, ubuhanga dukeneye kugira, be n’abantu bashobora kudufasha no kudufata mu mugongo.

Kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu vyarafashije Geoffrey kwumva atekaniwe, uno akaba ari umutsimvyi adasanzwe abumazemwo igihe kirekire, akorera mu cibare kiri ukwa conyene co mu gihugu kimwe co muri Aziya. Yarashikiwe n’ivyago igihe umukenyezi wiwe yapfa giturumbuka. Geoffrey amaze kumenyera ubwo buzima bushasha, yarafashe ingingo yo kwihebera igikorwa ciwe c’ubusuku bw’ubutsimvyi mu kwishingira imigambi. Amaze kwandika imigambi yiwe ku rupapuro, abicishije mw’isengesho, yarishingiye umugambi wo gushika ku mpera y’ukwo kwezi amaze gutanguza inyigisho za Bibiliya nshasha zitatu. Ku musi ku musi yarihweza igikorwa yaba yaranguye, kandi uko haciye imisi cumi, agasuzuma aho agejeje umugambi wiwe. Yoba yarashitse ku mugambi wiwe? Kubera yuko yatanze raporo y’inyigisho za Bibiliya nshasha zine, yishurana akamwemwe ati: “Cane nyene!”.

Nufatire ku migambi y’igihe gitogito

Mu ntango imigambi imwimwe ishobora gusa n’iyitoroshe gushikako. Kuri umwe Tony twavuga, gukorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova, vyari nk’indoto. Vyari nk’indoto kubera yuko yari abayeho mu buryo butabereye kandi akaba atari bwaniyegurire Imana. Ariko Tony yarafashe ingingo yo guhuza ubuzima bwiwe n’inzira za Yehova, hanyuma yishingira umugambi wo gukwiza ibisabwa kugira abatizwe. Amaze gushika kuri uwo mugambi, yaciye yishingira gukora ubutsimvyi bwo gufasha be n’ubutsimvyi busanzwe mu gushira ku kirangamisi ikimenyetso ku matariki azobutangurirako. Amaze igihe kinaka akora ubutsimvyi, gukorera ku biro vy’ishami ntiwari umugambi usa n’uwutoshoboka.

Na twebwe nyene vyoba vyiza imigambi yacu y’igihe kirekire tuyicagaguyemwo imigambi mikeyi y’igihe gitogito. Iyo migambi mitomito dushobora kubanza gushikako, yoshobora kuducira inzira yo gushika ku mugambi w’igihe kirekire. Kuguma dusuzuma aho tugejeje iyo migambi mitomito birashobora kudufasha kugumiza umuzirikanyi kuri nya mugambi wacu. Kwama dusenga Yehova ku vyerekeye imigambi yacu na vyo nyene bizodufasha kwumira ku ntumbero yacu. Intumwa Paulo yatanze iyi nkeburo igira iti: “Musenge ubudasība”.—1 Ab’i Tesalonike 5:17.

Turakeneye kugira umwiyemezo no gukomera kw’ibanga

Naho imigambi yacu yoba irashe kandi tukaba dufise icipfuzo gikomeye co kuyishitsa, hariho imigambi imwimwe umuntu adashobora kwigera ashikako. Ese ukuntu umwigishwa Yohani Mariko ategerezwa kuba yaravunitse umutima igihe intumwa Paulo yanka ko bajana mu rugendo rwa Paulo rw’ubumisiyonari rugira kabiri (Ivyakozwe 15:37-40)! Mariko yategerejwe gukura icigwa kuri ukwo kuvunika umutima yongera aragira ivyo ahinduye ku mugambi wiwe wo gukora umurimo wiyongereye. Emwe, biraboneka ko yahakuye icigwa. Mu nyuma, Mariko yaravuzwe neza na Paulo kandi Mariko yaragiraniye ubucuti somambike n’intumwa Petero igihe bari i Babiloni (2 Timoteyo 4:11; 1 Petero 5:13). Kumbure agateka gahambaye kuruta utundi yatewe, kari ako kwandika inkuru y’ubuzima bwa Yezu be n’ubusuku bwiwe.

Igihe dukurikirana imigambi yo mu vy’impwemu, na twebwe nyene twoshobora guhura n’ibituburabuza. Aho guca dutana n’akabando, dutegerezwa gusubira kwihweza uwo mugambi, tukaraba ko vy’ukuri bigishoboka ko tuwushikako, maze tukawuhindura nimba bikenewe. Iyo havyutse intambamyi, turakeneye kwinanata tukaguma ku vyo twiyemeje kandi tukumira kw’ibanga. Wa Mwami Salomo w’inkerebutsi adukura amazinda ati: “Uremeke Uhoraho ibikorwa vyawe, ni ho imigabo yawe izokomera”.—Imigani 16:3.

Yamara rero, ukuntu ibintu vyifashe kuratuma rimwe na rimwe ugukurikirana imigambi kanaka bidashoboka. Nk’akarorero, amagara make canke amabanga yo mu muryango vyoshobora kutubuza gukurikirana imigambi imwimwe. Nimuze ntitwigere twibagira yuko impera ntangere tuzoronka ari ubuzima budahera mw’ijuru canke kw’isi izoba yabaye Iparadizo (Luka 23:43; Ab’i Filipi 3:13, 14)! Ubwo buzima budahera umuntu yoburonka gute? Intumwa Yohani yanditse ati: “Ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira” (1 Yohana 2:17). Naho uko ivyacu vyifashe vyotuma tudashobora gushika ku mugambi kanaka, turashobora kuguma ‘twubaha Imana kandi twitondera ivyagezwe na yo’ (Umusiguzi 12:13). Imigambi yo mu vy’impwemu iradufasha kuguma twitwararika gukora ivyo Imana igomba. Nimuze rero tuyikoreshe mu kuninahaza Umuremyi wacu.

[Uruzitiro ku rup. 22]

Imigambi yo mu vy’impwemu twokwishingira

○ Gusoma Bibiliya ku musi ku musi

○ Gusoma inomero imwimwe yose y’Umunara w’Inderetsi na Be maso!

○ Kuryohora amasengesho yacu

○ Kugaragaza ivyamwa vy’impwemu

○ Kurondera gukora umurimo wiyongereye

○ Kurushiriza kuba kirumara mu kwamamaza no mu kwigisha

○ Gutsimbataza ubuhanga bwo gushinga intahe dukoresheje telefone, akaryo kizanye be no mu bibanza biberamwo ibikorwa vyo mu biro be n’ubucuruzi