Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abaherutse kuja mu Nama Nyobozi

Abaherutse kuja mu Nama Nyobozi

Abaherutse kuja mu Nama Nyobozi

KU WA gatatu mu gitondo, igenekerezo rya 24 Myandagaro 2005, imiryango ya Beteli yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no muri Kanada, yarumvise biciye ku vyuma birungika amajwi n’amasanamu itangazo riteye akamwemwe ryashikirijwe. Kw’igenekerezo rya 1 Nyakanga 2005, hari abavukanyi babiri bokwongewe ku bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, abo bakaba bari Geoffrey W. Jackson na Anthony Morris.

Umuvukanyi Jackson yatanguye gukora ubutsimvyi muri Ruhuhuma 1971 mw’izinga rya Tasmanie, rikaba ari Leta ikukira Ositaraliya. Muri Ruheshi 1974, yarubakanye na Jeanette (canke Jenny). Hashize igihe gito, baragenywe ngo babe abatsimvyi badasanzwe. Kuva mu 1979 gushika mu 2003, barakoreye igikorwa c’ubumisiyonari muri Tuvalu, muri Samoa, no muri Fiji, ayo akaba ari amazinga yo muri Pasifike yo mu Bumanuko. Igihe bari muri ayo mazinga, umuvukanyi Jackson n’umukenyezi wiwe barafashije cane mu gikorwa co guhindura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Guhera mu 1992, umuvukanyi Jackson yarabaye umwe mu bagize Komite y’ishami muri Samoa, hanyuma guhera mu 1996 aba umwe mu bagize Komite y’ishami muri Fiji. Muri Ndamukiza 2003, we n’umukenyezi wiwe Jenny barabaye abo mu bagize umuryango wa Beteli yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, batangura gukorera mu Rwego ruraba ivy’ubuhinduzi. Haciye igihe gito, umuvukanyi Jackson yaragenywe kuba umufasha muri Komite nshingwanyigisho y’Inama Nyobozi.

Umuvukanyi Morris na we nyene yinjiye mu murimo w’ubutsimvyi mu 1971 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Muri Kigarama muri uwo mwaka nyene, yarubakanye na Susan, maze baca barabandanya gukora ubutsimvyi imyaka hafi ine gushika umuhungu wabo wa mbere yitwa Jesse avutse. Mu nyuma bahavuye baronka uwundi muhungu yitwa Paul. Umuvukanyi Morris yasubiye mu murimo w’igihe cose mu 1979 aca akora ari umutsimvyi asanzwe. Abahungu babo batanguye kuja kw’ishure, umukenyezi wiwe yaciye yifatanya na we. Uwo muryango warakoreye aho abamamaji bari bakenewe kuruta ahandi muri Leta ya Rhode Island no muri Leta ya Caroline du Nord, mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Aho muri Leta ya Caroline du Nord, umuvukanyi Morris yari umucungezi w’umuzunguruko musubirizi, abahungu biwe na bo bakaba bahavuye bakora ari abatsimvyi basanzwe. Jesse na Paul baratumiwe gukorera kw’ishami ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bafise imyaka 19. Muri ico gihe, umuvukanyi Morris yaratanguye igikorwa co kugendera amashengero. Maze mu 2002, we na Susan baratumiwe kuri Beteli, batangura umurimo wabo mushasha itariki ya 1 Myandagaro. Umuvukanyi Morris yarakoreye mu Rwego rujejwe umurimo i Patterson, mu nyuma na ho aca aba umufasha mu Rwego rujejwe umurimo rw’Inama Nyobozi.

Uretse abo babiri baherutse kuja mu Nama Nyobozi, abandi bayirimwo ni C. W. Barber; J. E. Barr; S. F. Herd; M. S. Lett; G. Lösch; T. Jaracz; G. H. Pierce; A. D. Schroeder; D. H. Splane; hamwe na D. Sydlik. Abagize Inama Nyobozi bose ni abakirisu basizwe.