Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gukorana n’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga

Gukorana n’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga

Gukorana n’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga

INTUMWA Yohani yanditse ati: “Mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose” (Ivyahishuriwe 14:6). Mw’iranguka ry’ivyo bintu Yohani yeretswe vy’ubuhanuzi, inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana iriko iramamazwa mw’isi yose mu ndimi zitandukanye. Nyinshi muri izo ndimi usanga zivugwa n’abantu baba kure y’ibihugu vyabo vy’amavukiro. Abo bantu na bo nyene bariko barumva inkuru nziza ishikirizwa n’Ivyabona vya Yehova b’abanyamwete bize urundi rurimi.

Woba uri muri ivyo Vyabona bariko bakorana n’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga? Canke woba kumbure uriko wiyumvira kubigira? Kugira ngo uroranirwe mu twigoro ugira, urakeneye gukorana imvo zitarimwo ubwikunzi no kubona ibintu mu buryo bubereye. Kubera ko intumbero ufise ari iyo gufasha abandi kwiga ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana, ufise imvo nziza cane iruta izindi zose, iyo na yo ikaba ari urukundo ukunda Imana be n’abantu nkawe (Matayo 22:37-39; 1 Ab’i Korinto 13:1). Icipfuzo co gufasha abandi kumenya Imana kiravyurira umuntu ishaka cane kuruta uguhimbarwa no kuba kumwe n’abantu canke umugwi munaka w’abantu bo mu kindi gihugu, ibifungurwa vyabo be n’imico kama yabo. Ivy’ukwiga urundi rurimi woba ubona umenga ni amananiza? Niba ari ko ubibona, kubona ibintu mu buryo bwiza bizogufasha. Uwita James, akaba yarize ikiyapani, avuga ati: “Ntureke ngo ururimi rugutere ubwoba”. Kumenya yuko n’abandi benshi b’imbere yawe babishoboye birashobora kugufasha gukomera kw’ibanga no kuguma ubona ko ibintu bizogenda neza. None ushobora gute kwiga ururimi rushasha? Ni igiki kizogufasha kumenyera ishengero urwo rurimi rukoreshwamwo? Vyongeye, ni igiki utegerezwa gukora kugira ngo ugume ukomeye mu vy’impwemu?

Kunyinyana n’ururimi

Hariho uburyo bwinshi bwo kwiga ururimi. Haba mu banyeshure no mu bigisha, usanga umuntu wese ashima uburyo butandukanye n’ubwo uwundi ashima. Ariko rero, abanyeshure benshi bavuga ko gukurikirana ivyigwa bikeyi bitangwa n’umwigisha abizi neza bituma kwiga ururimi birushiriza kunyaruka no kworoha. Gusoma Bibiliya n’ibitabu bishingiye kuri yo vyo muri urwo rurimi uriko uriga no kwumviriza amakaseti be n’ibindi ivyo ari vyo vyose vyafatiweko amajwi vyoba biboneka, bizogufasha kugenda umenya amajambo ya nya rurimi vyongere bigufashe kumenya amajambo menshi ya gitewokarasi. Ibiganiro vyo kuri radiyo, kuri televiziyo no mu mavidewo birimwo ibintu bibereye na vyo nyene birashobora gutuma umenya urwo rurimi be n’imico kama y’abaruvuga. Ku bijanye n’umwanya womara uriko uriga, kwiga dukeduke ku musi ku musi, kenshi na kenshi biragira akamaro kuruta kwiga umwanya munini cane uruhisha yamara ukaza uriga rimwerimwe.

Kwiga ururimi ni nko kwiga kwoga. Ntushobora kwiga kwoga mu kubisoma gusa mu gitabu. Utegerezwa kuja mu mazi ukayogamwo. No kwiga ururimi ni ukwo. Ivyo biragoye mu gihe ubigira mu kwiga ivyigwa gusa. Urakeneye kwifatanya n’abantu igihe cose bishoboka: umviriza ingene bavuga, biyegereze, kandi ntureke gukurako umunwa ngo ugire ico uvuze! Imirimo ya gikirisu iratanga akaryo keza cane ko kubigira. Akenshi, urashobora guca ukoresha mu ndimiro ivyo wiga. Uwitwa Midori, akaba ariko yiga igishinwa, avuga ati: “Vyoshobora gusa n’ibiteye ubwoba, mugabo abo tuyaga barashobora kubona ko twebwe Ivyabona turiko tugira akigoro gakomeye. Ivyo birashobora kubakora ku mutima. Dupfa gusa kuvuga mu rurimi rwabo ngo: ‘Ndahimbawe no kubabona’, tugaca tubona bagize akamwemwe!”.

Amakoraniro ya gikirisu na yo nyene arafasha cane. Kw’ikoraniro rimwerimwe ryose, gerageza n’imiburiburi gutanga inyishu imwe. Naho mu ntango ivyo vyoshobora gusa n’ibiteye ubwoba gute, ntuhagarike umutima. Ishengero rishaka ko bikugendera neza! Uwitwa Monifa, akaba ariko ariga ikinyakoreya, avuga ati: “Ndakengurukira cane umuvukanyikazi yama yicara iruhande yanje mu gihe c’amakoraniro, akaza aranyandikira insobanuro y’amajambo amwamwe. Ukuntu amfasha abigiranye igishika n’ukwihangana birangirira akamaro koko”. Uko urushiriza kumenya amajambo menshi, urashobora gutangura kwiyumvira muri urwo rurimi rushasha, mu kugerageza kubona ivyo amajambo yerekezako aho kuza urahindura ijambo rimwerimwe ryose mu bwenge.

Ihangiro ryawe rya mbere mu bijanye n’ivy’ururimi rikwiye kuba iryo “[ku]vuga ibimenyekana”, ni ukuvuga ivyo umuntu ashobora gutahura (1 Ab’i Korinto 14:8-11). Naho abantu boshobora gutegera ingorane yawe, amakosa ugira mu kuvuga canke ukwatura ukutari kwo vyoshobora gutuma batitwararika kwumviriza ubutumwa ushikiriza. Kwitaho kwatura neza be no gukoresha neza indimburo kuva ugitangura kwiga ururimi bizokurinda kugira utumenyero tubi tugoye guheba. Uwitwa Mark, akaba yarize igiswahili, atanga iyi nama: “Saba abavuga neza urwo rurimi baze baragukosora amakosa akomeye cane kuruta ugira mu kuvuga, maze ubakengurukire kuri ico kintu!”. Yamara, niwitwararike umwanya be n’inguvu abagufasha muri ubwo buryo bakoresha. Naho woshobora gusaba umuntu ngo asuzume ivyo wanditse, nugerageze gutegura ibiganiro n’insasanuro uzoshikiriza, ukoresheje amajambo umaze kumenya canke waravye mu gitabu. Ivyo bituma utebuka kwiga bikongera bakagufasha kuvuga umutima uri mu nda.

Guma utera uja imbere

Monifa avuga ati: “Kwiga ururimi ni co gikorwa kingora rwose kuruta ibindi vyose maze gukora. Hari ibihe numva nshaka gutana n’akabando. Mugabo ndibuka ukuntu uwo twigana Bibiliya anezerwa no kwumva ukuri kwimbitse kwo mu vy’impwemu mu kinyakoreya kibayabaye nkoresha, nkibuka n’ingene abavukanyi banezerwa iyo babonye nteye imbere na gatoyi”. Ico rero dushaka kuvuga ni iki: ntiwihutire guca uta hasi. Ihangiro ryawe ni iryo kuba uwushoboye kwigisha abandi ukuri kwo mu Vyanditswe kurokora ubuzima (1 Ab’i Korinto 2:10). Ku bw’ivyo, kwiga kwigisha Bibiliya mu rundi rurimi bisaba akigoro gakomeye kandi k’igihe kirekire. Uko utera imbere, niwirinde kuraba aho iterambere ryawe rigeze mu kwigereranya n’abandi wikengera. Abiga ururimi rushasha ntibagenda batera imbere ku rugero rumwe no mu buryo bumwe. Ariko rero, ni ngirakamaro ko umenya iterambere ryawe bwite (Ab’i Galatiya 6:4). Uwitwa Joon, akaba yaratanguye kwiga igishinwa, avuga ati: “Kwiga ururimi ni nk’ukuduga ingazi. Igihe nyene uba wiyumvamwo ko utariko uratera imbere, ni ho uca ubona ko wateye imbere”.

Kwiga ururimi rushasha ni igikorwa umuntu abandanya ubuzima bwiwe bwose. Ku bw’ivyo, nuhimbarwe no kurwiga, mugabo ntiwitege ko uzorumenya ijana kw’ijana (Zaburi 100:2). Ushake ugire gute, amakosa yo ntabura. Ari mu bigize ukwiga kwawe. Umukirisu umwe, igihe yatangura kwamamaza mu gitaliyano, yabajije umuntu umwe bariko barayaga ati: “Woba uzi umukubuzo w’ubuzima?”. Aho rero ga yashaka kuvuga “intumbero y’ubuzima”. Icabona umwe na we yariko yiga igipolonye yabwiye ishengero ati nimuze turirimbe imbwa aho kuribwira ngo nimuze turirimbe ururirimbo. Umuntu umwe yariko yiga igishinwa yapfuye guhindura gatoyi gusa inyaturo, asanga yabwiye abariko bamwumviriza ngo bizere akagege k’ibitabu ka Yezu aho kubabwira ngo bizere incungu. Iciza c’amakosa, ni uko iyo umenye amajambo abereye wari kuvuga, ushobora kutazopfa uyibagiye.

Gukorana n’ishengero

Ukudahuza indimi si vyo vyonyene bitandukanya abantu. Ukudahuza imico kama, ibara ry’urukoba be n’igihugu c’amavukiro akenshi biratandukanya abantu mbere kuruta. Ariko rero, izo ntambamyi si izo umuntu adashobora kurengera. Incabwenge imwe yariko iragira itohoza ku migwi y’ivy’idini y’i Buraya ikoresha igishinwa yavuze ko Ivyabona vya Yehova “barengera imbibe z’ibihugu”. Yavuze ko mu Vyabona, “ivy’ubwoko ata ruhara na rutoyi bifise be n’uko ururimi ari uburyo gusa bufasha gutahura Ijambo ry’Imana”. Mu vy’ukuri, gushira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya ni vyo bifasha abakirisu b’ukuri kurengera ukudahuza ubwenegihugu. Ku bambara wa ‘muntu mushasha, nta Mugiriki canke Umuyuda canke kavantara ahaba’.​—Abanyakolosi 3:10, 11, UB.

Abagize ishengero bose bakwiye rero gukora uko bashoboye kwose kugira baremeshe ubumwe. Ivyo bisaba ko umuntu agira umutima ukunze wo kwemera uburyo bwo kwiyumvira bushasha, inyiyumvo nshasha be n’uburyo bwo gukora ibintu bushasha. Urashobora kubuza ko ukudahuza guhinduka amacakubiri mu kutitwararika birenze urugero ivyo wewe ubwawe ushima (1 Ab’i Korinto 1:10; 9:19-23). Niwige kwungukira ku mice myiza kuruta iyindi yo mu mico kama yose. Niwibuke yuko urukundo ruzira ubwikunzi ari co kintu nyamukuru gituma haba imigenderanire myiza be n’ubumwe nyakuri.

Menshi mu mashengero akoresha ururimi runyamahanga usanga atangura ari imigwi mitomito, akenshi ikaba igizwe ahanini n’abiga urwo rurimi rushasha hamwe n’abantu bamwebamwe baba baherutse gutangura kwiga ingingo ngenderwako za Bibiliya. Ku bw’ivyo, usanga muri mwene iyo migwi bishoboka cane ko haba ukutumvikana kuruta uko vyoshika mw’ishengero rinini rimaze gushinga imizi. Abakirisu bahumuye bakwiye rero kwihatira gutuma haba itekane. Kugaragaza urukundo n’ubuntu mu mvugo no mu ngiro biratuma muri iyo migwi haba ahantu heza abashasha bashobora gukurira mu vy’impwemu.

Abitanga kuja gufasha mw’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga bategerezwa na bo nyene kugira uburimbane mu vyo bitega ku bandi. Uwitwa Rick, akaba ari umukurambere mw’ishengero rimwe nk’iryo, asigura ati: “Ivyabona bamwebamwe bataramara igihe mu kuri boshobora kuba batazi neza ivy’ukuringaniza ibintu nk’abari mu mashengero akoresha ururimi rusanzwe ruvugwa muri ako karere. Yamara, ivyo bahajije mu bijanye n’ubuhanga akenshi usanga bisubirirwa n’urukundo be n’igishika bagaragaza. N’ikindi kandi, hari abashimishijwe benshi bariko baza mu kuri”. Mu kwama uboneka no mu kwitanga uko ushoboye kwose, uzogira vy’ukuri ico umariye ishengero, mbere n’aho woba ukiriko uriga ururimi rikoresha. Igihe bose bakoze basenyera ku mugozi umwe, barashobora kugira ico baterereye mw’iterambere ryo mu vy’impwemu ry’ishengero.

Guma ufise inkomezi zo mu vy’impwemu

Umuvukanyi umwe yasa n’uko ari mushasha mw’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga, yarumvise inabibondo umwe ariko afasha umwana wiwe gutegura inyishu. Nya mwana yinginze nyina ati: “None ga ma, sinotanga inyishu ngufi?”. Nyina yaciye amwishura ati: “Oya kibondo. Inyishu ngufi reka tuzirekere abiga ururimi”.

Ku muntu akuze, kumara amezi n’amezi eka mbere n’imyaka adashobora kuvuga bitamugoye birashobora kuba ibiruhisha mu bwenge, mu mutima no mu vy’impwemu. Uwitwa Janet, ubu akaba avuga neza igisupanyoli, yibuka ati: “Kubona ko hari ivyo ntashoboye vyarakunda kumvuna inkokora”. Uwitwa Hiroko, akaba yize icongereza, aribuka ariko yiyumvira ati: ‘N’imbwa ari imbwa be n’inyabu ari inyabu vyo mu cibare birumva icongereza kundusha’. Uwitwa Kathie na we avuga ati: “Igihe nimukira mw’ishengero rikoresha igisupanyoli, nasigaye ata n’inyigisho canke isubirayo mfise kandi nari nahoze mfise inyigisho nyinshi be n’amasubirayo menshi. Nabona umenga nta co ndiko ndakora”.

Aho rero ni ho bihambaye cane yuko ubona ko ibintu bizogenda neza. Igihe Hiroko yacika intege, yiyumviriye ati: “Niba abandi babishobora, jeho kuki?”. Kathie avuga ati: “Narazirikana ku vy’umunega wanje, uwuriko aratera imbere neza cane kandi akaba ariko ararangura vyinshi cane mw’ishengero. Ivyo vyaratumye ntsinda intambamyi. Impinga iracari ndende, mugabo ndiko buhorobuhoro ndagira ububangukirwe bwo kwamamaza no kwigisha, kandi ivyo biranezera cane”. Umunega wiwe Jeff yongerako ati: “Kutumva ibintu vyose bivugwa mu matangazo no mu manama y’abakurambere birashobora kuba ibiryana mu mutwe. Mbwirizwa kuvugisha ukuri nkongera nkicisha bugufi ngasaba ko bambwira utwo ntumvise, kandi abavukanyi barahimbarwa no kumfasha”.

Kugira wirinde kuruha mu vy’impwemu igihe ukorana n’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga, utegerezwa gushira imbere amagara yawe yo mu vy’impwemu (Matayo 5:3). Uwitwa Kazuyuki, akaba amaze imyaka myinshi akorera mu ndimiro y’igiporotigali, avuga ati: “Birahambaye ko twigaburira bihagije mu vy’impwemu. Ni co gituma uko tugize umuryango twigira hamwe tukongera tugategurira hamwe amakoraniro mu rurimi rwacu kavukire no mu giporotigali”. Bamwebamwe baza baracishamwo bakitaba amakoraniro agirwa mu rurimi rwabo kavukire. Vyongeye, birahambaye cane ko uruhuka bihagije.​—Mariko 6:31.

Nurimbure ico bizosaba

Niba uriko wiyumvira ivyo kwimukira mw’ishengero rikoresha urundi rurimi, utegerezwa kurimbura ico ivyo bizogusaba (Luka 14:28). Mu bijanye n’ivyo, imice worimbura ihambaye kuruta iyindi yose ni kamere yawe y’ivy’impwemu be n’ubucuti ufitaniye na Yehova. Rimbura ivyawe ubishize mw’isengero. Ntiwirengagize ivy’umugore wawe n’abana bawe. Niwibaze uti: ‘Ndavye ukuntu ivyanje vyifashe, nkaraba n’inguvu zo mu vy’impwemu no mu mutima mfise, noba nshobora gushira mu ngiro umugambi w’igihe kirekire nk’uwo?’. Gukora icobabera ciza cane mwe n’umuryango wawe mu vy’impwemu, ni yo ngendo iranga ubukerebutsi. Aho wokorera hose uri umwamamaji w’Ubwami, hari ibintu vyinshi wokora be n’umunezero mwinshi woharonkera.

Abashobora gukorera mw’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga, hari impera nyinshi baronka. Uwitwa Barbara, akaba yarimukiye mw’ishengero rikoresha igisupanyoli n’umunega wiwe, avuga ati: “Ico ni kimwe mu bintu bihimbaye cane kuruta ibindi vyose vyabaye mu buzima bwanje. Ni nk’ugusubira kuza mu kuri. Ndakenguruka cane ako karyo twaronse, na canecane kubera ko tudashobora kuba abamisiyonari mu kindi gihugu”.

Hirya no hino kw’isi, hari abantu ibihumbi n’ibihumbi basanzwe b’imyaka itandukanye bariko bakora igikorwa kitoroshe co kwiga urundi rurimi kugira ngo bateze imbere inkuru nziza. Niba uri muri bo, nugume ubikorana imvo nziza kandi ugume ubona ko ibintu bizogenda neza. Ikiruta vyose, niwizigire ko Yehova azohezagira utwigoro ugira.​—2 Ab’i Korinto 4:7.

[Ifoto ku rup. 18]

Gukurikirana ivyigwa vyo kwiga ururimi bitangwa n’umwigisha abizi neza bituma kwiga ururimi birushiriza kunyaruka no kworoha

[Ifoto ku rup. 20]

Ntureke ngo amagara yawe yo mu vy’impwemu amererwe nabi igihe wiga ururimi runyamahanga