Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Guma witandukanije n’ugusenga kw’ikinyoma!

Guma witandukanije n’ugusenga kw’ikinyoma!

Guma witandukanije n’ugusenga kw’ikinyoma!

“Muve hagati ya ba bandi, mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe”.​—2 AB’I KORINTO 6:17.

1. Abantu benshi b’inziraburyarya bari mu mimerere iyihe yo mu vy’impwemu?

ABANTU benshi b’inziraburyarya ntibazi ukuri kwerekeye Imana na kazoza k’abantu. Kubera yuko bataronse inyishu ku bibaraje ishinga cane mu vy’impwemu, babayeho bazazaniwe kandi bakekeranya ku bijanye na kazoza. Abantu amamiliyoni babaye abaja b’ivy’ukwemera ibintazi, imigenzo be n’imisi mikuru bidahimbara Umuremyi wacu. Ushobora kuba ufise abagenzi n’incuti bemera ivy’umuriro udahera, ivy’uko Imana ari Ubutatu, ivy’uko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa, canke iyindi nyigisho y’ikinyoma iyo ari yo yose.

2. Ni igiki indongozi z’amadini zakoze, kandi vyavuyemwo iki?

2 Ni nde abazwa ivy’uwo mwiza wo mu vy’impwemu ukwiye hose? Igitangaje, ni idini. Tubivuze tudomako, ni amashirahamwe y’ivy’idini be n’indongozi z’amadini vyigishije ivyiyumviro biteye kubiri n’ivyiyumviro vy’Imana (Mariko 7:7, 8). Ico vyavuyemwo ni uko abantu benshi bahenzwe bakemera yuko basenga ya Mana y’ukuri, ariko mu vy’ukuri bayibabaza. Idini ry’ikinyoma ni ryo neza na neza ribazwa ivyo bintu bibabaje.

3. Ni nde ari kizigenza mu vy’ukuremesha ugusenga kw’ikinyoma, kandi adondorwa gute muri Bibiliya?

3 Hariho ikiremwa kitaboneka kiri inyuma y’idini ry’ikinyoma. Mu kuvuga ivy’ico kiremwa, intumwa Paulo yavuze yuko “imana y’iki gihe yahumye imitima [y’abatizera], ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana” (2 Ab’i Korinto 4:4). Iyo “mana y’iki gihe” si iyindi atari Shetani wa Mucokoranyi. Ni we kizigenza mu vy’ukuremesha ugusenga kw’ikinyoma. Paulo yanditse ati: “Satani yīgira umumarayika w’umuco. Nuko s’ikigoye kw abakozi biwe na bo bīgira nk’abakozi b’ukugororoka” (2 Ab’i Korinto 11:14, 15). Shetani atuma ibintu bibi biboneka ko ari vyiza akongera agahenda abantu bakemera ibinyoma.

4. Ivyagezwe Imana yari yarahaye Isirayeli ya kera vyavuga iki ku biraba abahanuzi b’ikinyoma?

4 Ntibitangaje rero kubona Bibiliya yiyamiriza yivuye inyuma idini ry’ikinyoma! Nk’akarorero, Ivyagezwe vya Musa vyarabwira mu buryo butomoye abasavyi b’Imana bari baratoranijwe ko bakwiye kwirinda abahanuzi b’ikinyoma. Umuntu wese yaremesha inyigisho z’imana z’ikinyoma yategerezwa ‘kwicwa ahowe ko yavuze ibitera kugarariza Uhoraho’. Abisirayeli bari barategetswe ‘gukura ikibi hagati muri bo’ (Gusubira mu vyagezwe 13:1-5). Vyemere, idini ry’ikinyoma Yehova aribona nk’ikibi.​—Ezekiyeli 13:3.

5. Ni ingabisho izihe dukwiye kwumvira muri iki gihe?

5 Yezu Kirisitu n’intumwa ziwe barerekanye ukuntu Yehova yanka urunuka idini ry’ikinyoma. Yezu yagabishije abayoboke biwe ati: “Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’amabingira y’inkazi” (Matayo 7:15; Mariko 13:22, 23). Paulo yanditse yuko “uburake bg’Imana [buhishurwa], buvuye mw ijuru, ubgo irakira ukutayubaha kw’abantu kwose n’ukugabitanya, [‘bakaniga’, UB] ukuri” (Abaroma 1:18). Ese ukuntu bihambaye cane ko abakirisu b’ukuri bumvira izo ngabisho bakaguma bitandukanije n’umuntu wese aniga ukuri kw’Ijambo ry’Imana canke akwiragiza inyigisho z’ikinyoma!​—1 Yohana 4:1.

Hunga “Babuloni Hahambaye”

6. “Babuloni Hahambaye” idondorwa gute muri Bibiliya?

6 Raba ukuntu igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuriwe kidondora idini ry’ikinyoma. Ridondorwa ko ari imaraya iborewe, ifise ububasha ku bwami bwinshi no ku bantu baba muri bwo. Uwo mugore w’ikigereranyo arasambana n’abami benshi kandi araborewe amaraso y’abasenga Imana b’ukuri (Ivyahishuriwe 17:1, 2, 6, 18). Afise izina ryanditswe mu ruhanga rwiwe rihuye n’inyifato yiwe yononekaye kandi iteye ishishi. Iryo zina ni “Babuloni Hahambaye, nyina wa ba maraya, kandi nyina w’ibihumanya vyo mw isi”.​—Ivyahishuriwe 17:5.

7, 8. Idini ry’ikinyoma ryasambanye gute, kandi ivyo vyavuyemwo iki?

7 Ukwo kuntu Ivyanditswe bidondora Babiloni Hahambaye kurabereye umugwi w’amadini yose y’ikinyoma yo kw’isi. Naho amadini ibihumbi ariho ubu adasanzwe azwi ko agize ishirahamwe rimwe ryo kw’isi yose ryunze ubumwe, arahuje inama n’ingingo. Idini ry’ikinyoma, iridondorwa mu Vyahishuriwe nk’umugore w’umusambanyikazi, riragira akosho gakomeye ku ntwaro. Nka kurya nyene kw’umugore ahemuka ku ndagano yagize y’umubano w’abubatse, idini ry’ikinyoma ryarasambanye mu kugenda riragiranira amasezerano n’intwaro z’ivya politike zitari zimwe. Wa mwigishwa Yakobo yanditse ati: “Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ukwankana n’Imana? Nuk’umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana”.​—Yakobo 4:4.

8 Ukwo kwivanga mu vy’intwaro kw’idini ry’ikinyoma kwatumye abantu bacumukura cane. Xolela Mangcu, akaba ari umuhinga w’Umunyafirika mu vy’ugutohoza ivya politike, yavuze ko “kahise k’isi kuzuyemwo uburorero bw’ubwicanyi bw’ikivunga bwatejwe n’ukuvanga idini n’ivya politike”. Ikinyamakuru kimwe giherutse kuvuga giti: “Indyane zo muri kino gihe zisesekamwo amaraso kuruta izindi kandi ziteye akaga kurusha izindi . . . usanga zishingiye kw’idini”. Abantu amamiliyoni barasize ubuzima mu matati yari ashigikiwe n’amadini. Babiloni Hahambaye yaranahamye yongera irica abasavyi b’Imana b’ukuri, iraborerwa amaraso yabo, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo.​—Ivyahishuriwe 18:24.

9. Urwanko Yehova yanka ugusenga kw’ikinyoma rwerekanwa gute mu gitabu c’Ivyahishuriwe?

9 Icerekana neza ko Yehova yanka ugusenga kw’ikinyoma, ni ibizoshikira Babiloni Hahambaye. Mu Vyahishuriwe 17:16 havuga hati: “Ya mahembe cumi wabonye na ca gikōko bizokwanka uwo maraya, bizomuzingazinga, bimukobe, birye inyama ziwe, bimutongoze umuriro”. Ubwa mbere, igikoko amahero kiramukakagura gushika apfuye, kikamurya inyama zose. Ubukurikira, ibisigarira vyiwe vyose biratongorwa n’umuriro. Mu buryo nk’ubwo, intwaro z’isi zigiye guhagurukira idini ry’ikinyoma. Imana ni yo izotuma ivyo bishika (Ivyahishuriwe 17:17). Babiloni Hahambaye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, izosangangurwa ata gisivya. ‘Ntizosubira kuboneka ukundi’.​—Ivyahishuriwe 18:21.

10. Ni impagararo iyihe dukwiye kugira ku bijanye n’idini ry’ikinyoma?

10 None abasenga b’ukuri bakwiye kugira impagararo iyihe ku bijanye na Babiloni Hahambaye? Bibiliya ibategeka idakikiriza iti: “Bantu banje, ni muve i we, kugira ngo mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabga ku vyago vyiwe” (Ivyahishuriwe 18:4). Abashaka kuzozigurizwa bategerezwa kuva mw’idini ry’ikinyoma amazi atararenga inkombe. Igihe Yezu Kirisitu yari kw’isi, yaravuze yuko mu misi y’iherezo benshi bovuze yuko ngo bamukurikira (Matayo 24:3-5). Mwene abo bantu ababwira ati: “Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe” (Matayo 7:23). Uwo Mwami ubu yimitswe, ari we Yezu Kirisitu, nta co asangiye n’idini ry’ikinyoma.

Ni gute twoguma twitandukanije na ryo?

11. Dukwiye gukora iki kugira ngo tugume twitandukanije n’ugusenga kw’ikinyoma?

11 Abakirisu b’ukuri baguma bitandukanije n’ugusenga kw’ikinyoma, bakamirira kure inyigisho zo mw’idini ry’ikinyoma. Ivyo bisobanura yuko twirinda kwumviriza canke kuraba ibiganiro vy’idini bica kw’iradiyo no kuri televiziyo, tukirinda no gusoma ibitabu vy’idini bikwiragiza ibinyoma ku vyerekeye Imana n’Ijambo ryayo (Zaburi 119:37). Vyoba vyiza kandi twirinze kuja mu mitororokano no mu vyo kwisamaza bigirwa mu kibano, bitunganijwe n’ishirahamwe iryo ari ryo ryose rifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma. Vyongeye, ntidushigikira ugusenga kw’ikinyoma mu buryo na bumwe (1 Ab’i Korinto 10:21). Kwirinda mwene ivyo bintu biradukingira kugirwa inyagano n’umuntu kanaka, “a[tu]nyagishije ubgenge bg’abantu ar’ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw isi, bidakurikira Kristo”.​—Ab’i Kolosayi 2:8.

12. Umuntu ashobora gute kuvavanura rwose n’amashirahamwe y’idini ry’ikinyoma?

12 Bite ho niba hari umuntu yipfuza kuba Icabona ca Yehova, ariko akaba acanditswe mu rutonde rw’abagize idini rinaka ry’ikinyoma? Kenshi na kenshi, ikete yandika ryo kuvavanura na ryo ni ryo riheza rikerekana ko atagishaka kubonwa ko ari mu barigize. Canecane birahambaye ko uwo muntu afata ingingo ntabanduka yo kwirinda rwose kwanduzwa mu buryo na bumwe n’ugusenga kw’ikinyoma. Ivyo uwugomba kuba Icabona akora bikwiye kwereka neza ishirahamwe ry’ivy’idini yahoramwo be n’abantu muri rusangi yuko yavavanuye na ryo.

13. Ni impanuro iyihe Bibiliya itanga ku bijanye n’uko dukeneye kuguma twitandukanije n’ugusenga kw’ikinyoma?

13 Intumwa Paulo yanditse ati: “Ntimwifatanye n’abatizera, kand’ata co musangiye: ukugororoka n’ukugabitanya bifatana bite? Cank’umuco n’umwiza bifatanya bite? Kandi Kristo ahūriye hehe na Beliyari? Cank’uwizera n’ūtizera basangiye iki? Kand’urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? . . . Nuko muve hagati ya ba bandi, mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe” (2 Ab’i Korinto 6:14-17). Turumvira ayo majambo mu kuguma twitandukanije n’ugusenga kw’ikinyoma. None iyo mpanuro ya Paulo yoba kandi isaba ko tuguma duca kure abasenga b’ikinyoma?

“Mugendane ubgenge”

14. Twoba dutegerezwa kwirinda buhere abari mu gusenga kw’ikinyoma? Sigura.

14 Abasenga b’ukuri boba bakwiye kwirinda kugiranira imigenderanire n’imwe n’abantu bari mu gusenga kw’ikinyoma? Twoba dukwiye kwirinda buhere abo tudasangiye ukwizera? Habe namba. Irya kabiri muri ya mabwirizwa abiri aruta ayandi yose rivuga riti: “Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda” (Matayo 22:39). Nta gukeka turerekana ko dukunda bagenzi bacu igihe tubabwira inkuru nziza y’Ubwami. Turerekana kandi ko tubakunda igihe twigana na bo Bibiliya tukongera tukabafasha kubona ko bakeneye kuguma bitandukanije n’ugusenga kw’ikinyoma.

15. ‘Kutaba uw’isi’ bisobanura iki?

15 Naho tubwira inkuru nziza bagenzi bacu, twebwe abayoboke ba Yezu ‘ntituri ab’isi’ (Yohana 15:19). Ijambo “isi” hano ryerekeza ku kibano c’abantu conkowe ku Mana (Abanyefeso 4:17-19; 1 Yohana 5:19). Twitandukanya n’isi mu kwamirira kure udutima, imvugo be n’inyifato bibabaza Yehova (1 Yohana 2:15-17). Vyongeye, kugira duhuze na ya ngingo ngenderwako ivuga yuko “kubana n’ababi kwonona ingeso nziza”, turirinda gucudika n’abantu batabaho bisunga ingingo mfatirwako za gikirisu (1 Ab’i Korinto 15:33). Kutaba uw’isi ni ukuguma ‘utandujwe n’ivy’isi’ (Yakobo 1:27). Ku bw’ivyo rero, kwitandukanya n’isi ntibisigura yuko twirinda kugiranira imigenderanire n’imwe n’abandi bantu.​—Yohana 17:15, 16; 1 Ab’i Korinto 5:9, 10.

16, 17. Abakirisu bakwiye gufata gute abataramenya ukuri kwo muri Bibiliya?

16 None twofata gute abataramenya ukuri kwo muri Bibiliya? Paulo yandikiye ishengero ry’i Kolosayi ati: “Mugendane ubgenge ku bo hanze, mugura uburyo mubugwiza. Imvugo zanyu zamane ubuntu bg’Imana, zirunzwe umunyu, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese” (Ab’i Kolosayi 4:5, 6). Intumwa Petero yanditse ati: “Mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, [“be n’icubahiro kigera kure”, NW]” (1 Petero 3:15). Paulo yahanuye abakirisu “kutagira uwo bambika ibara, no kutitoraguza, no kwengenga, berekana ubugwaneza bgose ku bantu bose”.​—Tito 3:2.

17 Twebwe Ivyabona vya Yehova turirinda kubwira abandi nabi canke kubishimako. Birumvikana ko tudakoresha amajambo y’ugutyozanya igihe tuvuga abantu bo mu yandi madini. Ahubwo riho, turakoresha ubugenge n’igihe nyene uwo tubwira inkuru nziza, umubanyi canke uwo dukorana atadufashe neza canke atubwiye nabi.​—Ab’i Kolosayi 4:6; 2 Timoteyo 2:24.

“Gumya icitegererezo c’amajambo mazima”

18. Ni imimerere iteye agahinda iyihe yo mu vy’impwemu abasubira inyuma bakaja mu gusenga kw’ikinyoma bajamwo?

18 Ese ukuntu vyoba bibabaje hamwe umuntu amaze kumenya ukuri kwo muri Bibiliya yosubira inyuma akaja mu gusenga kw’ikinyoma! Bibiliya iradondora inkurikizi zibabaje ziva ku ngendo nk’iyo igihe ivuga iti: “Namba kumenya neza Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza kwarabateye kudohoka, bakava mu vy’isi bihumanya, maze bakongera kuvyizingiramwo, bikabanesha, ivyo hanyuma vyabo birusha ivya mbere kuba bibi. . . . Ivyabashitseko n’ivy’uyu mugani w’ukuri ngw Imbga isubiye ku vy’idashwe; kandi, ngw Ingurube yuhagiwe isubiye kwivurunga mu vyondo”.​—2 Petero 2:20-22.

19. Ni kubera iki bihambaye ko tuguma turi maso ku kintu ico ari co cose coshobora kudushira mu kaga mu vy’impwemu?

19 Dutegerezwa kuguma turi maso ku kintu ico ari co cose gishobora kudushira mu kaga mu vy’impwemu. Ibitera akaga vyo ntibibuze! Intumwa Paulo adukebura ati: ‘[“Ijambo ryahumetswe”, NW] rivuga rivyeruye yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ivyizerwa, bagashira umutima ku [“majambo y’amahumekano”, NW] azimiza no ku vy’inyigisho z’abadayimoni’ (1 Timoteyo 4:1). Ivyo ‘bihe vyoje’ ni vyo tubayemwo. Abataguma bitandukanije n’ugusenga kw’ikinyoma barashobora ‘kuzungazungishwa n’imipfunda, bakajanwa irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bwabo, n’uburyo bwinshi bwo kubazimiza’.​—Abanyefeso 4:13, 14.

20. Dushobora gute kwikingira akosho konona k’idini ry’ikinyoma?

20 Dushobora gute kwikingira akosho konona k’idini ry’ikinyoma? Rimbura ibintu vyose Yehova yaturonkeje. Turafise Ijambo ry’Imana, ari ryo Bibiliya (2 Timoteyo 3:16, 17). Yehova yaraturonkeje kandi ibifungurwa umukimba vyo mu buryo bw’impwemu biciye kuri wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” (Matayo 24:45). Uko dutera imbere mu kuri, ntidukwiye none gutsimbataza akayabagu k’‘ivyo kurya bigumye vy’abakuze’ be n’icipfuzo co gukoranira aho twigira ukuri kwo mu vy’impwemu (Abaheburayo 5:13, 14; Zaburi 26:8)? Nimuze twiyemeze kwungukira bimwe bishitse ku ntunganyo Yehova yashizeho maze tubone “[ku]gumya icitegererezo c’amajambo mazima” twumvise (2 Timoteyo 1:13). Gutyo, turashobora kuguma twitandukanije n’ugusenga kw’ikinyoma.

Wize iki?

• “Babuloni Hahambaye” ni iki?

• Ni igiki dutegerezwa gukora kugira tugume twitandukanije n’idini ry’ikinyoma?

• Ni ibintu ibihe dukwiye kwirinda vyohava bidushira mu kaga mu vy’impwemu?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 28]

Woba uzi igituma “Babuloni Hahambaye” idondorwa nk’umugore w’umusambanyikazi?

[Ifoto ku rup. 29]

“Babuloni Hahambaye” izosangangurwa ata gisivya

[Ifoto ku rup. 31]

Turagaragariza ‘ubugwaneza be n’icubahiro kigera kure’ abo tudasangiye ukwizera