Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Inkuru y’ikigereranyo” idufitiye akamaro

“Inkuru y’ikigereranyo” idufitiye akamaro

“Inkuru y’ikigereranyo” idufitiye akamaro

URAZI ukuntu vyogorana gutahura bimwe bishitse insobanuro y’imirongo imwimwe yo mu Vyanditswe iyo ibindi bihimba vya Bibiliya bitaba birasa umuco kuri iyo mirongo! Inkuru z’ivyabaye ziri mw’Ijambo ry’Imana zirashobora kubonwa nk’aho ari inkuru zisanzwe gusa. Ariko zimwezimwe muri zo usanga zirimwo ukuri kwimbitse kudashoka kwibonekeza. Akarorero kamwe kavyerekana ni ya nkuru y’abagore babiri bo mu rugo rw’umwe sekuruza w’imiryango Aburahamu. Iyo nkuru, intumwa Paulo yayise “inkuru y’ikigereranyo”.​—Ab’i Galatiya 4:24, NW.

Iyo nkuru birakwiriye ko turondera kumenya ivyayo kubera ko ivyo igereranya bihambaye cane ku bantu bose bipfuza guhezagirwa na Yehova Imana. Imbere y’uko twihweza igituma bihambaye, nimuze tubanze turabe ivyatumye Paulo ahishura insobanuro y’iyo nkuru.

Mu bakirisu b’i Galatiya ho mu kinjana ca mbere, hari ingorane. Bamwebamwe muri bo bariko “[ba]ziririza imisi n’amezi n’ibihe n’imyaka”, ivyo bikaba vyari ibintu vyategekwa muri vya Vyagezwe vya Musa. Abo bantu bavuga yuko ngo ari ngombwa ko abizera bagamburuka Ivyagezwe kugira babone gushimwa n’Imana (Ab’i Galatiya 4:10; 5:2, 3). Ariko rero, Paulo yari azi ko abakirisu batasabwa kuziririza mwene ivyo bintu. Kugira atange ikivyemeza, yarerekeje ku nkuru abantu bose bakomoka mu Bayuda bari basanzwe bazi neza.

Paulo yibukije Abanyagalatiya yuko Aburahamu, umwe se w’ihanga ry’Abayuda, yavyaye Ishimayeli na Isaka. Ishimayeli yavutse ku ncoreke yitwa Hagari, Isaka na we avuka ku mugore bwite wa Aburahamu, ari we Sara. Nta gukeka ko abantu b’i Galatiya bariko baremesha ivyo kugamburuka Ivyagezwe vya Musa bari bazi inkuru yigana ukuntu Sara mu ntango yari ingumba, be n’ukuntu yahaye Aburahamu incoreke yiwe Hagari ngo imuvyarire umwana. Bategerezwa kuba bari bazi ko aho Hagari amariye gusama inda ya Ishimayeli yaciye atangura gukengera inabuja Sara. Yamara, nk’uko Imana yari yarasezeranye, amaherezo Sara yaribarutse Isaka mu busaza bwiwe. Mu nyuma, Aburahamu yarirukanye Hagari na Ishimayeli kubera ko Ishimayeli yafata nabi Isaka.​—Itanguriro 16:1-4; 17:15-17; 21:1-14; Ab’i Galatiya 4:22, 23.

Abagore babiri bagereranya amasezerano abiri

Paulo yarasiguye abavugwa muri iyo “nkuru y’ikigereranyo”. Yanditse ati: ‘Abo bagore ni amasezerano abiri, rimwe ryavuye ku musozi Sinayi, rivyara abo kuguma mu buja, iryo ni Hagari. Uwo asobanura Yeruzalemu ya none, kuko isangiye ubuja n’abana bayo’ (Ab’i Galatiya 4:24, 25). Hagari yagereranya Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri, umugwa mukuru wayo ukaba wari Yeruzalemu. Ihanga ry’Abayuda ryari rifitaniye ubucuti na Yehova bushingiye kw’isezerano ry’Ivyagezwe ryatangujwe ku Musozi Sinayi. Igihe Abisirayeli bari mw’isezerano ry’Ivyagezwe, bama bibutswa ko bari abaja b’icaha be n’uko bari bakeneye gucungurwa.​—Yeremiya 31:31, 32; Abaroma 7:14-24.

None uwo “mugore bgite” wa Aburahamu, ari we Sara, be n’umwana wiwe Isaka, bagereranya bande? Paulo yarerekanye yuko Sara, uwari “umugore w’ingumba”, yagereranya umugore w’Imana, ari co gice co mw’ijuru c’ishirahamwe ryayo. Uwo mugore wo mw’ijuru yari ingumba mu buryo bw’uko ata “bana” basizwe impwemu yari afise kw’isi imbere y’uko Yezu aza (Ab’i Galatiya 4:27; Yesaya 54:1-6). Ariko rero, kuri Pentekote yo mu 33 G.C., impwemu yera yarasutswe ku mugwi ugizwe n’abagabo be n’abagore, gutyo baba baravutse ubugira kabiri bacika abana b’uwo mugore wo mw’ijuru. Abo bana bavyawe n’iryo shirahamwe barahinduwe abana b’Imana maze bacika abaraganwa na Yezu Kirisitu bafitaniye ubucuti n’Imana bushingiye kw’isezerano rishasha (Abaroma 8:15-17). Umwe muri abo bana, ari we ntumwa Paulo, yarashoboye kwandika ati: “Yerusalemu wo hejuru ni wo mugore bgite, ni wo mama wa twese”.​—Ab’i Galatiya 4:26.

Abana ba nya bagore

Inkuru yo muri Bibiliya yerekana yuko Ishimayeli yahama Isaka. Mu buryo nk’ubwo nyene, mu kinjana ca mbere G.C., abana ba Yeruzalemu yari mu buja baratyekeje abana ba Yeruzalemu wo hejuru bongera barabahama. Paulo yasiguye ati: “Nk’ukw ico gihe uwavyawe mu buryo bg’umubiri [ari we Ishimayeli] yahama uwavyawe mu buryo bg’[im]pwemu [ari we Isaka], na none ni ko biri” (Ab’i Galatiya 4:29). Igihe Yezu Kirisitu yaza kw’isi agatangura gutangaza Ubwami, indongozi z’idini z’Abayuda zagize neza na neza ivyo Ishimayeli wa muhungu wa Hagari yagiriye samuragwa w’ukuri wa Aburahamu, ari we Isaka. Baratyekeje Yezu Kirisitu bongera baramuhama, bikaba biboneka yuko bibona ko ubwabo ari bo bari samuragwa wa Aburahamu yemewe n’amategeko, Yezu na we bakabona ko ari icaduka.

Imbere gatoyi y’uko abakuru ba Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri bicisha Yezu, uno yavuze ati: “Ewe Yeruzalemu! Ewe Yeruzalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda!”.​—Matayo 23:37, 38.

Inkuru yahumetswe y’ivyabaye mu kinjana ca mbere irerekana yuko ihanga ryo mu buryo bw’umubiri ryagereranywa na Hagari ritashoboye ubwaryo kuvyara abana bobaye abaraganwa na Yezu. Abayuda biyumvira n’ubwibone n’akantu ko bari bafise uburenganzira bwo kuba abaraganwa na Yezu kubera abo bakomokako, Yehova yarabikunkumuye, arabaheba. Ego ni ko, hariho Abisirayeli bo mu buryo bw’umubiri, umwumwe wese ku giti ciwe, bacitse vy’ukuri abaraganwa na Kirisitu. Yamara rero, ako gateka ntibagatewe hishimikijwe abo bakomokako mu buryo bw’umubiri, ariko bagatewe hishimikijwe ukuba barizera Yezu.

Abatari bake mu bobaye abaraganwa na Kirisitu bamenyekanye kuri Pentekote yo mu 33 G.C. Uko igihe cagiye kirarengana, ni ko Yehova yagiye asiga impwemu abandi bantu bagacika abana ba Yeruzalemu yo hejuru.

Intumbero Paulo yari afise mu gusobanura iyo “nkuru y’ikigereranyo” yari iyo kwerekana ko isezerano rishasha ryaruta rya sezerano ry’Ivyagezwe, iryo Musa yari yarabaye umuhuza waryo. Nta n’umwe yoshoboye gushimwa n’Imana biciye ku bikorwa vyo mu Vyagezwe vya Musa, kubera ko abantu bose ari abanyagasembwa, Ivyagezwe na vyo bikaba vyarashira ahabona ivy’uko bari abaja b’icaha. Yamara, nk’uko Paulo yabisiguye, Yezu yaje kugira ngo “acungure abaganzwa n’ivyagezwe” (Ab’i Galatiya 4:4, 5). Gutyo rero, kwizera agaciro k’inkuka ya Kirisitu vyatumye bagira umwidegemvyo mu gukurwako ugucirwa urubanza n’Ivyagezwe.​—Ab’i Galatiya 5:1-6.

Akamaro iyo inkuru idufitiye

Ni kubera iki dukwiye kwitwararika kumenya insobanuro y’iyo nkuru Paulo yatanze ahumekewe? Impamvu imwe ni uko idufasha gutahura insobanuro z’Ivyanditswe zitoshoboye gutahurwa iyo hadatangwa iyo nsobanuro. Iyo nsobanuro atanga ituma turushiriza kwizigira yuko ibitabu bigize Bibiliya vyunganirana kandi bivuga rumwe.​—1 Ab’i Tesalonike 2:13.

N’ikindi kandi, ivyo iyo nkuru igereranya biri mu bintu bihambaye cane bizotuma tugira agahimbare muri kazoza. Iyo abana ba Yeruzalemu wo hejuru bataboneka, nta kindi twokwiteze atari ukuba abaja b’icaha n’urupfu. Yamara, biciye ku buyobozi burangwa urukundo bwa Kirisitu n’abaraganwa na we isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu, “amahanga yose yo mw isi [“azokwironsa”, NW] umugisha” (Itanguriro 22:18). Ivyo bizoba igihe bazokurwako rimwe rizima ingaruka z’icaha, agasembwa, intuntu, n’urupfu (Yesaya 25:8, 9). Ese ukuntu kizoba ari igihe ciza cane yemwe!

[Ifoto ku rup. 11]

Rya sezerano ry’Ivyagezwe, ryatangujwe ku Musozi Sinayi

[Abo dukesha ifoto]

Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.

[Ifoto ku rup. 12]

Ya “nkuru y’ikigereranyo” intumwa Paulo yavuga isobanura iki?