Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Turakizwa n’“amaraso y’igiciro kinini”

Turakizwa n’“amaraso y’igiciro kinini”

‘Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu’

Turakizwa n’“amaraso y’igiciro kinini”

IKINTU gihambaye kuruta ibintu vyose Yehova yakoze kiranga urukundo, kwabaye ukurungika Umwana wiwe w’ikinege kugira atangeko incungu ubuzima bwiwe bw’umuntu butagira agasembwa. Twebwe abantu b’abanyavyaha turakeneye rwose ukwo gucungurwa, kubera ko ata muntu n’umwe w’umunyagasembwa “ashobora gucungura mugenzi we na gatoya, canke guha Imana incungu yiwe . . . ngw az’abeho ibihe vyose” (Zaburi 49:6-9). Ese ukuntu dukenguruka kubona Imana “[yaratanze] Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira”!​—Yohana 3:16.

None incungu idukiza gute? Reka turabe uburyo bune turonkamwo umwidegemvyo bivuye kuri ico kintu gihambaye cane Yehova Imana yagize kiranga urukundo.

Turabohorwa n’incungu

Ubwa mbere, inkuka ya Yezu irashobora kudukiza icaha twarazwe. Twese tuvukira mu caha. Ni vyo, n’imbere y’uko tuba abantu bashoboye kurenga kw’itegeko rya Yehova, tuba turi abanyavyaha. Uti gute? Mu Baroma 5:12 havuga hati: “Icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe [Adamu], urupfu [ruzanwa] n’icaha”. Kubera ko turi abana ba wa mucumuzi Adamu, yaraturaze agasembwa kiwe. Ariko rero, kuba incungu yaratanzwe bituma dushobora kubohorwa tugakurwa mu vyara vy’icaha twarazwe (Abaroma 5:16). Yezu ‘yararogoreye umuntu wese urupfu’, arikorerera uruvyaro rwa Adamu inkurikizi z’icaha.​—Abaheburayo 2:9; 2 Ab’i Korinto 5:21; 1 Petero 2:24.

Ubugira kabiri, incungu irashobora kudukiza ingaruka z’icaha zizana urupfu. “Ingero y’icaha n’urupfu” (Abaroma 6:23). Igihano c’icaha ni urupfu. Umwana w’Imana, biciye ku rupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka, yaratumye abantu bagamburuka bashobora kuzoronka ubuzima budahera. Vy’ukuri, “uwizeye Umwana arafise ubu[zima] budashira, arik’ūtumvira Umwana ntazobona ubu[zima]”.​—Yohana 3:36.

Urabona ko igihe twizera Umwana w’Imana ari ho gusa dushobora gukizwa ingaruka z’icaha. Ivyo bisaba ko tugira ivyo duhinduye mu buzima bwacu maze tukabuhuza n’ivyo Imana igomba. Dutegerezwa guheba ingendo iyo ari yo yose itabereye twoba twahoramwo. N’ikindi kandi, dutegerezwa gufata ingingo yo gukora ibihimbara Imana. Intumwa Petero yavuze yuko dukeneye ‘kwigaya, tugahindukira, ivyaha vyacu bikabona guhanagurwa’.​—Ivyakozwe n’intumwa 3:19.

Ubugira gatatu, inkuka Yezu yatanze ituma tutagira ijwi ryo mu mutima ritwagiriza ikibi. Abiyegurira Yehova bose bagacika abigishwa b’Umwana wiwe babatijwe barumva bahumurijwe (Matayo 11:28-30). Naho turi abanyagasembwa, turahimbarwa rwose no gukorera Imana dufise ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi (1 Timoteyo 3:9; 1 Petero 3:21). Iyo twatuye ivyaha vyacu maze tukabiheba, turagirirwa ikigongwe tugaheza tukagira ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi.​—Imigani 28:13.

Incungu iradufasha ikongera ikaduha icizigiro

Ubwa nyuma, igihe twizeye incungu, turakizwa ubwoba twoshobora kugira ku bijanye n’impagararo dufise imbere y’Imana. Intumwa Yohani yanditse ati: “Ni hagira umuntu akora icaha, dufise Umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo” (1 Yohana 2:1). Ku biraba uruhara Yezu afise rwo kuba uwufasha, intumwa Paulo yanditse ati: “Ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire” (Abaheburayo 7:25). Magingo tugifise ikirabagu ico ari co cose c’icaha, tuzokwama dukeneye ko uwo Muherezi Mukuru Yezu Kirisitu agira ico akoze kugira ngo adufashe kugira impagararo igororotse imbere y’Imana. None Yezu yatubereye gute umuherezi mukuru?

Yezu, hashize imisi 40 azutse mu 33 G.C., yaraduze mw’ijuru hanyuma ashikiriza Imana agaciro k’“amaraso [yiwe] y’igiciro kinini”. Ico ivyo vyavuyemwo, ni uko ubu bwa vuba Yezu agiye gukiza icaha n’urupfu abantu bagamburuka * (1 Petero 1:18, 19). Ku bw’ivyo none, ntiwemera nawe ko Yezu Kirisitu akwiriye ko tumukunda tukongera tukamugamburukira?

Na Yehova Imana arakwiriye ko tumukunda tukongera tukamugamburukira. Abigiranye urukundo, yaratumye dushobora ‘gucungurwa’ (1 Ab’i Korinto 1:30). Ntiyaduhaye gusa ubuzima dufise ubu, ariko kandi aranaduha icizigiro ico ari co cose dufise co kuzobaho ibihe bidahera. Uca rero ubona ko dufise imvo yumvikana yo “kwumvira Imana kuyirutisha abantu”.​—Ivyakozwe n’intumwa 5:29.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 12 Raba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2006, mars-avril.

[[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 9]

WARI UBIZI?

• Yezu yaduze mw’ijuru avuye ku Musozi Elayono.​—Ivyakozwe n’intumwa 1:9, 12.

• Intumwa za Yezu z’intahemuka ni zo zonyene zabonye ukuduga kwiwe.​—Ivyakozwe n’intumwa 1:2, 11-13.