Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umuti rudende!

Umuti rudende!

Umuti rudende!

UMUGABO umwe yitwa Lazaro be na bashikiwe Marita na Mariya, basanzwe baba mu gisagara citwa Betaniya kiri nko ku bilometero bitatu uvuye i Yeruzalemu. Umusi umwe, igihe umugenzi wabo Yezu atari kumwe na bo, Lazaro ararwara akaremba rwose. Bashikiwe barahagaritswe umutima rwose n’ivya musaza wabo. Bararungikira ubutumwa Yezu. Hataraca n’igihe Yezu yumvise ayo makuru, arafata urugendo akaja kuraba Lazaro. Yezu ari ku rugendo, aramenyesha abigishwa biwe yuko agiye i Betaniya gukangura Lazaro mw’itiro. Ubwa mbere, abo bigishwa bamutahura ukutari kwo, mugabo Yezu aca atomora neza ivyo avuze mu kugira ati: “Lazaro yahwereye”.​—Yohana 11:1-14.

Yezu ashitse ku mva ya Lazaro, aca abanza gutegeka ko bakurako ibuye rizibiye urwinjiriro rwa nya mva. Amaze gusenga n’ijwi ryumvikana, aca avuga ati: “Lazaro, ngwino, sohoka”. Lazaro aca arasohoka. Umugabo yari amaze imisi ine apfuye ng’uyo yazuwe.​—Yohana 11:38-44.

Iyo nkuru yerekeye Lazaro irerekana yuko izuka ari wo muti nyawo w’urupfu. Mugabo none, ico gitangaro co gusubiza Lazaro muzima coba koko carabaye? Bibiliya ikivuga nk’icabaye koko. Soma inkuru iri muri Yohana 11:1-44, uraheza ubone ukuntu ivyiganwa ido n’ido muri yo bivugwa mu buryo umuntu aca abibona mu bwenge. Mbega wohakana ko ico gitangaro cabaye? Hamwe wobihakana, woca rero ukekeranya nimba ibitangaro vyose vyanditswe muri Bibiliya, ushizemwo n’izuka rya Yezu Kirisitu ubwiwe,vyarabaye vy’ukuri. N’ikindi kandi, nk’uko Bibiliya ibivuga, “[niba] Kristo atāzutse, ukwizera kwa[we] n’ukw’ubusa” (1 Ab’i Korinto 15:17). Izuka ni inyigisho y’ishimikiro yo mu Vyanditswe (Abaheburayo 6:1, 2). Ariko none, ijambo “izuka” risobanura iki?

“Izuka” ni iki?

Mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, ijambo “izuka” ribonekamwo incuro zirenga 40. Iryo jambo rihinduwe rikuwe mw’ijambo ry’ikigiriki risobanura urudome ku rundi ngo “ugusubira guhagarara”. Ijambo ry’igiheburayo rijanye na ryo, risobanura “ugusubira kuba muzima kw’uwapfuye”. None umuntu amaze gupfa, hazurwa iki? Ntihazurwa wa mubiri wiwe kuko uca ubora ugasubira mu mukungugu wo hasi. Ikizurwa si wa mubiri nyene, yamara hazurwa wa muntu nyene yapfa. Gutyo rero, kuzura umuntu ni ukugarukana ivyari bigize ubuzima bwiwe, ni ukuvuga kamere yari afise, ivyo yakoze mu buzima bwiwe, be n’utundi tuntu twose twamuranga.

Kuri Yehova Imana, umwe afise ukwibuka kutagira agahaze, kwibuka ivyari bigize ubuzima bw’abantu bapfuye si ingorane (Yesaya 40:26). Kubera ko Yehova ari we Nkomoko y’ubuzima, arashobora kugarukana wa muntu nyene akaza afise umubiri mushasha (Zaburi 36:9). Vyongeye, Bibiliya ivuga yuko Yehova Imana ‘yipfuza’ canke ashashaye rwose kuzura abapfuye (Yobu 14:14, 15). Ese ukuntu duhimbarwa kubona Yehova adashoboye gusa gusubiza umuntu muzima, ariko kandi yipfuza no kubigira!

Yezu Kirisitu na we nyene arafise uruhara ruhambaye mu kuzura abapfuye. Hashize umwaka urenga gatoyi Yezu atanguye ubusuku bwiwe, yavuze ati: “Nk’uko Se azura abapfuye akabaha ubu[zima], ni ko n’Umwana aha ubu[zima] abo agomba” (Yohana 5:21). Ivyabaye kuri Lazaro, ntivyerekana none ko Yezu Kirisitu afise ububasha be n’icipfuzo vyo kuzura abapfuye?

Tuvuge iki ku ciyumviro abantu bafise c’uko ngo hari ikintu kiri muri twebwe kibandanya kubaho iyo dupfuye? Mu vy’ukuri, inyigisho y’izuka be n’iciyumviro c’uko ngo umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa, ntibijana na gato. Niba hari ikintu kiri muri twebwe kibandanya kubaho iyo dupfuye, wumva none hari izuka ryoba rikenewe? Marita mushiki wa Lazaro ntiyemera ko igihe musazawe yapfa, yabandanirije kuba mu karere kanaka k’impwemu. Yari yizeye izuka. Igihe Yezu yakura amazinda Marita ngo: “Musazawe azozuka”, Marita yavuze ati: “Ndazi kw azozuka mw izuka ryo ku musi w’iherezo” (Yohana 11:23, 24). Bisubiye, igihe Lazaro yasubira kuba muzima, nta kintu na kimwe yiganye kijanye n’ubuzima bw’inyuma yo gupfa. Yari yarapfuye. Bibiliya ivuga iti: “Abapfuye nta co baba bakizi”. Yongerako iti: “[N]ta gikorwa cank’inama cank’ukumenya cank’ubgenge i kuzimu ah’urāriye kuja”.​—Umusiguzi 9:5, 10.

Twisunze Bibiliya, umuti rudende w’urupfu ni izuka. Mugabo none, mu bantu badaharurika bapfuye, ni bande bazozurwa, kandi bazozukira kuba hehe?

Ni bande bazozurwa?

Yezu yavuze ati: “Igihe [kiraje], ah’abari mu mva [“z’icibutso”, NW] bose bazokwumvira ijwi [rya Yezu], bakazivamwo” (Yohana 5:28, 29). Uwo muhango werekana ko abari mu mva z’icibutso, ni ukuvuga abo Yehova yibuka, bazozurwa. Ikibazo rero ni iki: Mu bantu bapfuye bose, ni bande mu vy’ukuri Imana yibuka barindiriye kuzurwa?

Ikigabane ca 11 c’igitabu ca Bibiliya c’Abaheburayo kiratanga urutonde rw’amazina y’abagabo n’abagore bakoreye Imana badahemuka. Bo hamwe n’abandi basavyi b’Imana b’intahemuka bapfuye muri iyi myaka ya vuba bazoba bari mu bazoba bazutse. Bite ho ku bantu batakurikije ingingo mfatirwako z’Imana zigororotse, kumbure bivuye ku kutamenya? Boba na bo nyene bibukwa n’Imana? Me! Benshi muri bo irabibuka, kubera ko Bibiliya isezerana iti: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya”.​—Ivyakozwe n’intumwa 24:15.

Ariko rero, si umuntu wese yigeze kubaho azozurwa. Bibiliya ivuga iti: “Namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabga kumenya ivy’ukuri, ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha, ariko haba hasigaye kwitegana ubgoba gucirwakw iteka” (Abaheburayo 10:26, 27). Hari abakoze ivyaha bidashobora guharirwa. Abo ntibari muri Hadesi (ari yo mva rusangi abantu bajamwo), mugabo bari muri Gehinomu, ni ukuvuga ikibanza c’ikigereranyo kigereranya ugusangangurwa ubutakigaruka (Matayo 23:33). Ariko rero, dutegerezwa kwiyubara kugira ntiduhave dutangura kuvuga ngo kanaka azozuka canke ntazozuka. Ivyo ni ivy’Imana kumenya. Ni yo izi uwuri muri Hadesi n’uwuri muri Gehinomu. Ku ruhande rwacu, vyoba vyiza tubayeho mu buryo buhuye n’ivyo Imana igomba.

Ni bande bazukira kuba mw’ijuru?

Izuka ridasanzwe ryabaye riruta ayandi yose, ryari izuka rya Yezu Kirisitu. “Yishwe umubiri, ariko [ahindurwa] muzima mu buryo bg’impwemu” (1 Petero 3:18). Nta muntu n’umwe yari bwigere azurwa muri mwene ubwo buryo. Yezu ubwiwe yavuze ati: “Nta wadūze mw ijuru, atar’uwamanutse ava mw ijuru, ni we Mwana w’umuntu wo mw ijuru” (Yohana 3:13). Emwe, Umwana w’umuntu ni we yabaye uwa mbere mu kuzurwa ari umuntu w’impwemu (Ivyakozwe n’intumwa 26:23). Hari n’abandi bozuwe ari abantu b’impwemu. Ivyanditswe bivuga ngo: “Umuntu wese mu mwanya wiwe: Kristo ni we mushuzo, maz’aba Kristo bazobonerwa bazuke [“mu gihe c’ukuhaba kwiwe”, NW]”.​—1 Ab’i Korinto 15:23.

Abantu bakeyi, ni ukuvuga “aba Kristo”, ni bo bazurirwa kuja kuba mw’ijuru ku bw’umugambi udasanzwe munaka (Abaroma 6:5). Bazofatanya na Kirisitu kuganza ari “abami mw isi” (Ivyahishuriwe 5:9, 10). Vyongeye, bazoba abaherezi mu buryo bw’uko bazogira uruhara mu gukuraho ingaruka z’icaha abantu barazwe na wa muntu wa mbere Adamu (Abaroma 5:12). Abazofatanya na Kirisitu kuganza ari abami n’abaherezi bangana 144.000 (Ivyahishuriwe 14:1, 3). None bahabwa umubiri bwoko ki igihe bazuwe? Bibiliya ivuga ko ari “umubiri w’impwemu”. Ivyo bituma bazoshobora kuba mw’ijuru.​—1 Ab’i Korinto 15:35, 38, 42-45.

None izurwa ry’abaja mw’ijuru riba ryari? Mu 1 Ab’i Korinto 15:23, hishura ko riba “mu gihe c’ukuhaba [kwa Kirisitu]” (NW). Ibiba kw’isi kuva mu 1914 birerekana neza ko ukuhaba kwa Kirisitu be n’‘umuhero w’ivy’iyi si’ vyatanguye muri uwo mwaka (Matayo 24:3-7). Rero, hariho imvo yumvikana yo kuvuga ko izuka ry’abakirisu b’intahemuka bazukira kuja mw’ijuru ryamaze gutangura, naho mu vy’ukuri twebwe abantu tutaribona. Ivyo vyoca bisobanura rero ko intumwa be n’abakirisu bo mu ntango bamaze kuzuriwa kuba mw’ijuru. Tuvuge iki none ku bijanye n’abakirisu bariho ubu, bafise icizigiro ntakekeranywa bahawe n’Imana co kuzofatanya na Kirisitu kuganza mw’ijuru? Bazurwa “mu kanya nk’ako gukubita urugohe”, ni ukuvuga buno nyene bakimara gupfa (1 Ab’i Korinto 15:52). Kubera ko ukuzuka kw’abo bantu bakeyi 144.000 ari kwo kubanza, hanyuma hagakurikira ukuzuka kw’abantu benshi cane bazozurirwa kuba kw’isi, ukwo kuzuka kw’abo bakeyi kwitwa “ukuzuka [“kwa kare”, NW]”, kukitwa kandi “ukuzuka kwa mbere”.​—Ab’i Filipi 3:11; Ivyahishuriwe 20:6.

Ni bande bazozurirwa kuba kw’isi?

Ivyanditswe vyerekana ko benshi cane mu bapfuye bazozurirwa kuba kw’isi (Zaburi 37:29; Matayo 6:10). Intumwa Yohani, mu kudondora ibintu vy’igitangaza yeretswe ku bijanye n’abazozurwa, yanditse ati: “Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu [“na Hadesi”, NW] bigarukana abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza zikwiranye n’ivy’umuntu wese yakoze. Rupfu na [“Hadesi”, NW] bitererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri” (Ivyahishuriwe 20:11-14). Abari muri Hadesi, ni ukuvuga abari mu mva rusangi abantu bose bajamwo, baribukwa n’Imana. Umwumwe wese muri bo azokurwa mu vyara vy’urupfu (Zaburi 16:10; Ivyakozwe n’intumwa 2:31). N’ikindi kandi, umwumwe wese azocirwa urubanza hisunzwe ivyo azokora amaze kuzurwa. Uti none ni igiki kizoca gishikira Rupfu na Hadesi? Bazotererwa muri “ca kiyaga caka umuriro”. Ivyo bisobanura ko abantu batazoba bagihitanwa n’urupfu twarazwe na Adamu.

Iyumvire ntuze icizigiro giteye umunezero ababuze uwabo bashobora kugira bivuye ku muhango w’izuka! Ihe ishusho y’umunezero wa mupfakazi w’i Nayini ategerezwa kuba yaragize aho Yezu amuzuriye umwana umwe rudende yari afise (Luka 7:11-17)! Ku vyerekeye na ho abavyeyi b’agakobwa kamwe k’imyaka 12 Yezu yazuye, Bibiliya ivuga iti: “Baca [‘baragira akanyamuneza kadasanzwe’, NW]” (Mariko 5:21-24, 35-42; Luka 8:40-42, 49-56). Mw’isi nshasha Imana yasezeranye, bizoba bihimbaye kwakira abacu bazoba bazutse.

Kumenya ukuri kwerekeye izuka bishobora gute kugira ico bidukozeko ubu? Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The World Book Encyclopedia) kivuga giti: “Abantu benshi baratinya urupfu bakagerageza kwirinda kurwiyumvira”. Kubera iki? Kubera ko abantu benshi babona ko urupfu ari amayobera, ni ukuvuga ikintu kitazwi gikwiye gutinywa. Kumenya ukuri ku vyerekeye ukuntu abapfuye bamerewe no kugira icizigiro c’izuka birashobora gutuma tugira umutima rugabo igihe duhanganye n’“urupfu” wa “mwansi w’imperuka” (1 Abakorenti 15:26, UB). Ubwo bumenyi butuma kandi bitworohera kwihanganira umubabaro tugira iyo tubuze umugenzi somambike canke incuti.

None ukuzukira kw’isi kuzotangura ryari? Isi muri iki gihe yuzuye ubukazi, umuryano, ugusesa amaraso be n’ukwonona ibidukikije. Hamwe abapfuye bozurirwa mw’isi nk’iyo, tuvugishije ukuri, agahimbare ako ari ko kose bogira koba ak’igihe gito. Ariko rero, Umuremyi yasezeranye yuko vuba azokuraho iyi si iganzwa na Shetani (Imigani 2:21, 22; Daniyeli 2:44; 1 Yohana 5:19). Umugambi Imana ifitiye isi uri mu kuranguka. Niwamara kuranguka, mw’isi nshasha y’Imana izoba isasagayemwo amahoro, abantu amamiliyoni ubu bari mw’itiro ry’urupfu bazokwikangura.

[Ifoto ku rup. 7]

Benshi mu bapfuye bazozurirwa kuba kw’isi