Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bagore, nimwubahe cane abagabo banyu

Bagore, nimwubahe cane abagabo banyu

Bagore, nimwubahe cane abagabo banyu

“Bagore, mugamburukire abagabo banyu”.​—ABANYEFESO 5:22.

1. Ni kubera iki kwubaha umugabo akenshi usanga bigora?

MU BIHUGU vyinshi, igihe abantu babiri bashinze urwabo, umugeni aragira indagano akemera yuko azokwubaha cane umugabo wiwe. Ariko rero, uburyo abagabo benshi bafata abagore babo, buratuma kubaho bisunga iyo ndagano biborohera canke ntibiborohere. Ikizwi co ni uko umubano watanguye mu buryo bwiza igitangaza. Imana yakuye urubavu muri wa mugabo wa mbere Adamu, maze irukuramwo umugore. Adamu yaciye avuga ati: “Uyu n’igufa ryo mu magufa yanje, n’akara ko mu mara yanje”.​—Itanguriro 2:19-23.

2. Muri iyi myaka ya vuba, uruhara abagore bafise mu mubano be n’ukuntu bawubona, vyahindutse gute?

2 Naho iyo ntango yari nziza, hari umuhari uharanira ubwigenge bw’abagore, uwo ukaba wari umuhari w’abagore barondera kwiganzura abagabo babo, watanguye mu ntango z’imyaka ya 1960 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ico gihe umugore umwe be n’abagabo 300 ni bo bata ingo zabo, ariko mu mpera z’iyo myaka igitigiri carahindutse kiva ku mugore umwe gishika nko kuri batatu. Muri iki gihe, biboneka ko abagore basigaye batukana, bakanywa inzoga, bagatumura itabi bakongera bagakora ivy’ubuhumbu ku rugero rumwe n’abagabo. None ivyo vyoba vyaratumye abagore bagira agahimbare kuruta? Uwokubesha! Mu bihugu bimwebimwe, hafi igice c’abashinga izabo baruhira kwahukana. None utwigoro abagore bamwebamwe bagize kugira ngo ivyo mu mibano yabo bigende neza, twoba twaratumye ibintu birushiriza kumera neza canke twatumye vyunyuka?​—2 Timoteyo 3:1-5.

3. Ni ingorane nyamukuru iyihe ihanze umubano w’abubatse?

3 None ingorane nyamukuru ni iyihe? Ku rugero runaka, ni ingorane yabayeho kuva Eva ahenzwe na wa mumarayika w’umugarariji, ni ukuvuga “ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani” (Ivyahishuriwe 12:9; 1 Timoteyo 2:13, 14). Shetani yararwanije inyigisho z’Imana. Nk’akarorero, ku bijanye n’umubano, Shetani yatumye uboneka ko ari ikintu kizitira abantu kandi kigoye cane. Ivyiyumviro bitari vyo akwiragiza biciye ku bimenyeshamakuru vyo muri iyi si, iyo abereye umutware, bifise intumbero yo kwerekana yuko ubuyobozi buva ku Mana busa n’aho burimwo akarenganyo kandi ko bwataye igihe (2 Ab’i Korinto 4:3, 4). Ariko rero, nitwasuzuma ata kwihenda ivyo Imana ivuga ku bijanye n’uruhara umugore afise mu mubano, turaza kubona ukuntu Ijambo ry’Imana ririmwo ubukerebutsi kandi ko ari ngirakamaro.

Ingabisho ku bubaka izabo

4, 5. (a) Ni kubera iki umwigeme akwiye kwiyubara igihe agomba kwubaka urwiwe? (b) Umwigeme yokora iki imbere y’uko yemera kwubaka?

4 Bibiliya iratanga ingabisho. Ivuga yuko n’abari mu mibano iroraniwe bazogira “amagorwa” muri iyi si itwarwa na Shetani. Rero, naho umubano ari indinganizo y’Imana, Bibiliya iragabisha abagomba kwubaka izabo. Ku bijanye n’umugore yabuze umugabo wiwe, gutyo akaba ata comubuza gusubira kwubaka, umwanditsi umwe wa Bibiliya, ahumekewe n’Imana yanditse ati: “Iy’agumye ukw ari, ni ho arushiriza guhirwa”. Yezu na we nyene yaravuze ko vyoba vyiza umuntu atubatse ku “[ba]shobora kuvyemera”. Ariko rero, nimba umuntu ahisemwo kwubaka, akwiye kwubakana n’uwuri “mu Mwami”, ni ukuvuga umusavyi w’Imana yiyeguye kandi yabatijwe.​—1 Ab’i Korinto 7:28, 36-40; Matayo 19:10-12.

5 Ikintu cotuma canecane umwigeme asuzuma neza uwo bazokwubakana, ni iyi mpanuro yo muri Bibiliya igira iti: “Ivyagezwe bihambirira umugore ku mugabo wiwe”. Igihe umugabo apfuye canke arenze ibigo, maze ivyo bigatuma abo bari bubakanye bahukana, ni ho gusa umugore “aba akuweko itegeko ry’umugabo” (Abaroma 7:2, 3, NW). Urukundo umuntu agirira uwundi ari ho akimukubita ijisho rwoshobora gusa n’aho umengo rurahagije kugira ngo umuntu aryohererwe ivy’urukundo, yamara si rwo mushinge nyawo w’umubano uhimbaye. Ku bw’ivyo, vyoba vyiza umwigeme yibajije ati: ‘Noba niteguriye kwubaka urwanje ku buryo nzokwemera kuganzwa n’itegeko ry’uyu mugabo?’. Ico kibazo, kirimburwa imbere yo kwubaka ntikirimburwa inyuma yaho.

6. Ni ingingo iyihe abigeme batari bake bashobora gufata muri iki gihe, kandi ni kubera iki ihambaye cane?

6 Mu mihingo myinshi muri kino gihe, umwigeme arashobora guhitamwo kwemerera canke kutemerera uwumusavye ko bokwubakana. Ariko rero, guhitamwo uwo muntu mu buryo buranga ubukerebutsi ryoshobora kuba ryo hitamwo rigoye cane kuruta ayandi mahitamwo yose umwigeme amaze kugira, narirya icipfuzo aba afise co kugaragarizwa igishika kigera kure be n’urukundo bishobora kuba biri mu mubano, kiba gikomeye. Umwanditsi umwe yavuze ati: “Uko turushiriza kwipfuza gukora ikintu kinaka, kwaba ari ukwubaka urugo canke kuduga umusozi munaka, ni na ko turushiriza kudasuzuma neza ibintu uko biri koko, maze tukitwararika kwumviriza gusa amakuru adushirira aho dushaka”. Umuntu afashe ingingo yo kuduga umusozi atabanje kuzirikana, yoshobora kuhasiga ubuzima. Guhitamwo mu buryo butaranga ubukerebutsi uwo muzokwubakana na vyo nyene birashobora gukwega akarambaraye.

7. Ni impanuro iyihe iranga ubukerebutsi yatanzwe ku bijanye no kurondera uwo muzokwubakana?

7 Umwigeme arakwiye kurimbura yitonze ico bisobanura kuganzwa n’itegeko ry’umugabo amusavye ko bokwubakana. Haraciye imyaka itari mike umwigeme umwe w’Umuhindikazi yiyemereye, abigiranye ukwicisha bugufi ibi: “Abavyeyi bacu barakuze kuturuta kandi baraciye uruma kuturusha, bisubiye ntiboroshe guhendwa nkatwe. . . . Jewe nari gushobora kwihenda bitagoranye”. Imfashanyo ishobora gutangwa n’abavyeyi be n’abandi bantu, irahambaye. Umuntu umwe atanga impanuro z’ubukerebutsi aramaze igihe kitari gito ahanura abakiri bato kurondera kumenya abavyeyi b’uwo bipfuza kuzokwubakana be no kwihweza bitonze imigenderanire uwo muntu afitaniye n’abavyeyi biwe hamwe n’abandi bo mu muryango.

Ukuntu Yezu yagamburutse

8, 9. (a) Yezu yabona gute ukugamburukira Imana? (b) Ni ivyiza ibihe bishobora kuva ku kugamburuka?

8 Naho kugamburuka bishobora kuba bigoye, abagore bakwiye kubona ko ari ikintu giteye iteka, nk’uko na Yezu yabibona. Naho kugamburukira Imana vyatumye ababazwa, harimwo no gupfira ku giti co kubabarizwako, yarahimbarwa no kuyigamburukira (Luka 22:41-44; Abaheburayo 5:7, 8; 12:3). Abagore barashobora kwigira ku karorero ka Yezu, kubera yuko Bibiliya ivuga iti: ‘Umutwe w’umugore ni umugabo, umutwe wa Kristu na wo ni Imana’ (1 Ab’i Korinto 11:3). Ariko rero, igishimishije ni uko igihe abigeme bubatse izabo atari ho gusa baca batangura kuyobokera ubukuru bw’abagabo.

9 Bibiliya ivuga yuko, baba abagore canke abigeme, bakwiye kugamburuka ubukuru bw’abagabo bakwije ibisabwa mu vy’impwemu bacungera ishengero rya gikirisu (1 Timoteyo 2:12, 13; Abaheburayo 13:17). Igihe abagore bakurikije ubuyobozi buva ku Mana bubasaba kugamburuka, baba beretse abamarayika akarorero bokurikiza mu ndinganizo y’ishirahamwe ry’Imana (1 Ab’i Korinto 11:8-10). N’ikindi kandi, abagore bamaze igihe kinini bubatse, biciye ku karorero keza be n’inama ngirakamaro batanga, barigisha abagore bakiri bato ‘kugororokera abagabo babo’.​—Tito 2:3-5.

10. Yezu yatanze akarorero gute ku bijanye n’ukugamburuka?

10 Yezu yari azi ko ukugamburuka kubereye kuri n’agaciro. Igihe kimwe, yategetse intumwa Petero kuriha ikori ryabo bompi, akariha abakuru, mbere aranamuha amahera yo kuriha iryo kori. Mu nyuma Petero yanditse ati: “Kubg’Umwami wacu, ubukuru bgose bgashizweho n’abantu mubugamburukire” (1 Petero 2:13; Matayo 17:24-27). Ku bijanye n’akarorero kadasanzwe Yezu yatanze kerekeye ukugamburuka, dusoma duti: “Yīsiga ubusa, yābīra ishusho y’umugurano, acika ūsa n’abantu. Kand’abonetse afise ishusho nk’iy’umuntu, yicisha bugufi, araganduka no gushitsa ku rupfu”.​—Ab’i Filipi 2:5-8.

11. Ni kubera iki Petero yaremesheje abagore kugamburukira mbere n’abagabo babo batizera?

11 Igihe Petero yaremesha abakirisu kugamburukira abakuru b’iyi si batagira impuhwe kandi bakoresha akarenganyo, yavuze ati: “Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe” (1 Petero 2:21). Petero ahejeje kudondora ukuntu Yezu yababajwe be n’ukuntu yihanganye abigiranye ukugamburuka, yaremesheje abagore bafise abagabo batizera ati: “Namwe bagore n’uko, mugamburukire abagabo banyu, kugira ngo, naho bamwe batumvira ijambo ry’Imana, bareshwe n’ingeso nziza z’abagore babo, batagize ijambo bavuze, nibābona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n’[“icubahiro kigera kure”, NW]”.​—1 Petero 3:1, 2.

12. Ukugamburuka kwa Yezu kwavuyemwo ivyiza ibihe?

12 Kugamburukira umuntu ariko aragutyekeza yongera agutuka vyoshobora kubonwa nk’aho ari ikimenyetso c’ubugoyagoye. Yamara, ukwo si ko Yezu yabibona. Petero yanditse ati: “Yaratutswe, ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira” (1 Petero 2:23). Abantu bamwebamwe biboneye ingene Yezu yababajwe baracitse abizera n’imiburiburi ku rugero runaka, ushizemwo n’inkozi y’ikibi yari imanitswe ku giti i ruhande yiwe hamwe na ya ntwazangabo yibonera ingene Yezu yicwa (Matayo 27:38-44, 54; Mariko 15:39; Luka 23:39-43). Muri ubwo buryo nyene, Petero yaravuze yuko abagabo bamwebamwe batizera, ushizemwo mbere n’abagabo baryagagura abagore babo, bocitse abakirisu bamaze kwihweza inyifato y’abagore babo iranga ukugamburuka. Turibonera ikimenyamenya c’ukuntu ivyo biriko biraranguka muri iki gihe.

Ukuntu abagore bashobora kwironkera igikundiro

13, 14. Ukugamburukira abagabo batizera kwavuyemwo ivyiza ibihe?

13 Abagore bacitse abizera barashoboye kuresha abagabo babo biciye ku nyifato yabo imeze nk’iya Kristu. Kw’ihwaniro rimwe ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova riheruka kuba, hari umugabo yavuze ku bijanye n’umugore wiwe mukirisu ati: “Nibaza ko umugore wanje namufata bunyamaswa. Naho vyari ukwo yaranyubaha cane. Ntiyigeze ankengera na rimwe. Ntiyigeze agerageza kumpatira ku kwemera ivyo yizera. Yaranyitwararika mu buryo buranga urukundo. Igihe yaba agira aje kw’iteraniro yarakora agatama kugira ngo asige andondereye ibifungurwa yongere asige atunganije udukorwa two mu rugo. Inyifato yiwe yaratumye ntangura gushimishwa n’ibijanye na Bibiliya. None ehe raba ubu ndi Icabona ca Yehova!”. Ni vyo, uwo mugabo ‘yararehejwe ata jambo rivuzwe’ n’inyifato y’umugore wiwe.

14 Nk’uko Petero yabishimitseko, ivyo umugore avuga si vyo ahanini bituma ibintu bigenda neza, ahubwo ni ivyo akora. Ivyo vyarerekanywe n’umugore umwe yize ukuri kwo muri Bibiliya maze araheza afata ingingo yo kwitaba amakoraniro ya gikirisu. Umugabo wiwe yamubwiye amukankamira ati: “Agnes, ukabona urenze uyo muryango ntungarukireho”. Murundikazi ntiyaciye muri ‘nya muryango’ yari amubujije, ariko yaciye yicira mu wundi. Ku rindi koraniro Agnes yari kwitaba ku mugoroba, uwo mugabo wiwe yamubwiye amutera ubwoba ati: “Niwagaruka ntunsanga aha”. Erega uko yabivuze ni ko vyagenze, yaragiye amara imisi itatu atahari. Igihe yagaruka, Agnes yamubajije n’umutima mwiza ati: “Mwoba mwipfuza ko nobaronsa utwo mufungura?”. Agnes ntiyigeze areka na gato kuyobokera Yehova. Amaherezo, uwo mugabo wiwe yaremeye kwiga Bibiliya, ariyegurira Imana maze mu nyuma asukura ari umucungezi afise amabanga menshi.

15. Ni “ugushaza” nyabaki abagore bakirisu basabwa?

15 Hari ikintu intumwa Petero yavuze ko abagore bokora ari na co abo bagore bahejeje kuvugwa bagize, ico na co kikaba ari “ugushaza”, yamara atari ugushaza kwo kwitwararika cane ivyo “gutsiba imishatsi” canke “kwambara impuzu nziza”. Ahubwo yavuze ati: “[Ugushaza kwanyu] kube ukw’umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w’ubugwaneza utekereje, ni kwo kw’igiciro kinini imbere y’Imana”. Uwo mutima w’ubugwaneza utekereje, ugaragarira ku rugero rw’ijwi rubereye umuntu akoresha mu kuvuga be no ku nyifato ibereye agaragaza, aho kugaragarira mu majambo canke mu nyifato vyotera ingorane. Ku bw’ivyo, umugore mukirisu arubaha cane umugabo wiwe.​—1 Petero 3:3, 4.

Uburorero abagore bokwigirako

16. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Sara ari akarorero keza ku bagore bakirisu?

16 Petero yanditse ati: “Ni kw abagore bera bizigira Imana bāshaza kera, bagamburukira abagabo babo” (1 Petero 3:5). Abagore nk’abo baratahura yuko gushimisha Yehova biciye ku kwumvira impanuro atanga, amaherezo vyotumye bagira agahimbare mu rugo bakaronka n’impera y’ubuzima budahera. Petero aravuga Sara, umugore w’akaranga wa Aburahamu, akerekana yuko “yumvira Aburahamu, akamwita umwami wiwe”. Sara yarashigikira umugabo wiwe yatinya Imana, uwo Imana yari yarashinze igikorwa co gukorera mu gihugu ca kure. Yarahevye ubuzima bwo kwidibamira yongera aranemera yuko ubuzima bwiwe buja mu kaga (Itanguriro 12:1, 10-13). Petero yarakeje Sara kubera akarorero kiwe k’uburindutsi, mu kuvuga ati: “Mur’abana b’uwo, ni mwahora mukora neza, mudaterwa ubgoba n’icobaca ivutu”.​—1 Petero 3:6.

17. Ni igiki cerekana yuko Petero ashobora kuba yabona ko Abigayili ari akarorero ku bagore bakirisu?

17 Abigayili yari uwundi mugore adatinya yizigira Imana, kandi bishoboka ko na we nyene Petero yari amufise mu muzirikanyi. “Yar’umunyabgenge” ariko umugabo wiwe Nabali “yar’umuntu w’ikigoryi kandi w’imico mibi”. Igihe Nabali yanka gutanga ivyofasha Dawidi n’abantu biwe, bano baciye bitegura kugira ngo baje kuzimanganya Nabali n’abo mu rugo rwiwe bose. Ariko Abigayili yaragize ico akoze kugira ngo akize abo mu rugo rwiwe. Yarashize imizigo y’ibifungurwa ku ndogoba maze aja guhura na Dawidi igihe we n’abantu biwe bari bakiri mu nzira baje kubatera. Agikubita ijisho Dawidi yaciye yururuka indogoba akubita ibipfukamiro imbere y’ibirenge vyiwe maze aramwinginga ngo ntakore mu buryo butaranga ubukerebutsi. Dawidi vyaramukoze ku mutima cane. Yavuze ati: “Uhoraho Imana y’Abisirayeli ashimagizwe, yakurungitse uyu musi kunsanganira; hahezagirwe n’ubgenge bwawe”.​—1 Samweli 25:2-33.

18. Bishitse abagore bakaryoshwaryoshwa n’uwundi mugabo ngo bakundane, ni akarorero akahe bozirikanako, kandi kubera iki?

18 Akandi karorero keza abagore bokwigana, ni aka wa mwigeme w’Umushulamukazi yagumye ari intahemuka ku mwungere aciye bugufi yari yaremereye ko bazokwubakana. Urukundo yamukunda rwagumye rukomeye naho umutware umwe w’umutunzi yaguma amuryosharyosha ngo bakundane. Avyuriwe umutima wo guserura urwo yakunda uwo musore w’umwungere, yavuze ati: “Nshira ku mutima wawe nk’ikimenyetso, mbe nk’ikimenyetso ku kuboko kwawe: kuk’urukundo rufise inkomezi nk’urupfu, . . . Amazi n’iyo yoba menshi ntiyozimya urukundo, n’inzūzi zuzuye ntizorurenga hejuru” (Indirimbo ya Salomo 8:6, 7). Ese abigeme bose bemereye ababasavye kwubakana na bo, bokwiyemeza na bo nyene kuguma ari intahemuka kuri bo kandi bakabubaha cane!

Izindi mpanuro ziva ku Mana

19, 20. (a) Ni imvo iyihe ikwiye gutuma abagore bagamburukira abagabo babo? (b) Ni akarorero keza akahe abagore basigiwe?

19 Mu kurangiza, reka turimbure imirongo ikikije icanditswe cacu c’ishimikiro, ikivuga giti: “Bagore, mugamburukire abagabo banyu” (Abanyefeso 5:22). Ni kubera iki mwene ukwo kugamburuka gukenewe? Umurongo ukurikira ubandanya uti: “Kuk’umugabo ari we mutwe w’umugore wiwe, nk’uko Kristo na we ar’umutwe w’ishengero”. Ku bw’ivyo rero, abagore bahimirizwa bati: “Nk’ukw ishengero rigamburukira Kristo, abe ari kw abagore bagamburukira abagabo babo muri vyose”.​—Abanyefeso 5:23, 24, 33.

20 Kugira ngo abagore bumvire iryo tegeko, bakwiye gusuzuma bitonze akarorero k’ishengero rya Kristu rigizwe n’abayoboke biwe basizwe maze bagaca baryigana. Turakwinginze usome mu 2 Ab’i Korinto 11:23-28 maze wibonere ivyo intumwa Paulo, umwe mu bagize iryo shengero, yihanganiye kugira ngo agume ari intahemuka kuri Yezu Kristu we mutwe wiwe. Cokimwe na Paulo, abagore be n’abandi bose bagize ishengero barakwiye kuguma bagamburukira Yezu badahemuka. Ivyo abagore bavyerekana mu kugamburukira abagabo babo.

21. Imvo zihambaye kuruta izindi zose zotuma abagore baguma bagamburukira abagabo babo, ni izihe?

21 Naho muri iki gihe abagore benshi bashobora kubabazwa n’ivyo kugamburuka, umugore w’inkerebutsi arazirikana ku vyiza bivamwo. Nk’akarorero, ku bijanye n’umugabo atizera, mu gihe umugore yogamburukira ubukuru bwiwe mu bintu vyose bidasaba kurenga ku mabwirizwa y’Imana canke ingingo ngenderwako zayo, vyoshobora gutuma aronka impera nziza igitangaza yo ‘gukiza umugabo wiwe’ (1 Ab’i Korinto 7:13, 16). N’ikiruta vyose, arashobora guhimbarwa no kumenya ko Yehova Imana ashima ingendo yiwe yo kugamburuka kandi ko amuhezagira cane kubera yuko yigana akarorero k’Umwana wiwe mukundwa.

Woba uvyibuka?

• Ni kubera iki bishobora kuba bitoroshe ko umugore yubaha umugabo wiwe?

• Ni kubera iki kwemerera uwugusavye ko mwokwubakana bihambaye cane?

• Ni gute Yezu yabereye abagore akarorero, kandi ni ivyiza ibihe bishobora kuva mu gukurikiza akarorero kiwe?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 19]

Ni kubera iki gufata ingingo yo kwemerera canke kutemerera uwugusavye ko mwokubakana, bihambaye cane?

[Ifoto ku rup. 21]

Ni ibiki abagore bakwiye kwigira ku burorero bw’abantu bavugwa muri Bibiliya, nka kamwe ka Abigayili?