Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ko Bibiliya itavuga ivyo gusaba abandi gutera iteka umuntu canke ikintu mu kuduza ibirahuri hejuru hanyuma bakanywa, ni kubera iki none Ivyabona vya Yehova birinda kubijamwo?

Gusaba abandi gutera iteka umuntu kanaka canke ikintu kinaka hakoreshejwe ikirahuri c’umuvinyu (canke iyindi nzoga), ni umugenzo umaze igihe kirekire cane kandi wakwiragiye cane, naho usanga utagirwa kumwe hose. Rimwe na rimwe, abagira ico kintu barasekanya ibirahuri. Nyene gusaba abandi ngo bagire ico kintu, akunda gusabira canke kwipfuriza umuntu kanaka agahimbare, amagara meza, ukuramba, canke ibindi bisa n’ivyo. Abo baba bari kumwe baca bavuga amajambo yo kumushigikira canke bakaduza ibirahuri vyabo hejuru, hanyuma bagasoma utuvinyu dukeyi. Abenshi babona ko ivyo bisa n’aho ari umugenzo ata nabi urimwo, canke ko ari ibintu bigirwa ku bwo kugaragaza urupfasoni. Mugabo rero, hariho imvo zumvikana zituma Ivyabona vya Yehova batabijamwo.

Ntibareka kubijamwo ngo ni uko batipfuza ko kanaka agira agahimbare n’amagara meza. Mw’ikete inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere yarungikiye amashengero, yasozereye n’ijambo rishobora guhindurwa ngo “mugire amagara meza”, “mugire amahoro”, canke ngo “mumererwe neza” (Ivyakozwe n’intumwa 15:29). Bisubiye, hari abasavyi b’Imana b’ukuri babwiye abami bati: “Uragahora[ho] . . . mwami wanje nyen’ingoma”, canke ngo “Mwami nyaguhora[ho]”.​—1 Abami 1:31; Nehemiya 2:3.

Ariko none, umugenzo wo gusaba abandi gutera iteka umuntu canke ikintu mu kuduza ibirahuri hejuru hanyuma bakanywa, wakomotse hehe? Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Munyonyo 1968 warasubiyemwo aya majambo yo mu gitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica, co mu 1910), Imbumbe ya 13, urupapuro rwa 121, agira ati: “Umugenzo w’ukunywa kujanye n’ukwipfuriza ‘amagara’ meza abazima, biboneka cane ko woba wavuye mu mugenzo wo mu vy’idini wa kera wo kunywa ku bwo gutera iteka ibimana canke abapfuye. Abagiriki n’Abaroma, igihe baba bariko barafungura, barasuka hasi ibinyobwa kugira baheko imana zabo. Igihe na ho baba bari ku mazimano ajanye n’ibirori binaka, baratarikira hejuru ivyo banywesha maze bakanywa ku bwo gutera iteka izo mana n’abapfuye”. Ico gitabu cabandanije giti: “Ivyo kuduza ibirahuri hanyuma bakanywa ku bwo kwipfuriza amagara meza abazima, bitegerezwa kuba vyari bifitaniye isano cane n’iyo migenzo yo kunywa yagomba kumera nk’ugutanga ibimazi”.

Ivyo vyoba none bigikora? Igitabu mpuzamakungu kivuga ivy’inzoga n’imico kama (mu congereza) co mu 1995 kigira giti: “[Ivy’ukuduza ibirahuri hanyuma bakanywa ku bwo gutera iteka umuntu canke ikintu kanaka] bishobora kuba ari ibisigarira bitajanye n’idini vy’imigenzo ya kera yo gushikanira imana ibimazi vy’ibintu vyeranda biseseka kurya kw’amazi: barashikana amaraso canke umuvinyu kugira bagire ico bipfurizwa, hakagirwa isengesho riri mu majambo avunaguye ngo ‘urakaramba!’ canke ngo ‘gira amagara meza!’”.

Ego ni ko, kuba ikintu kanaka, canke umugenzo munaka bikomoka mw’idini ry’ikinyoma rya kera canke bikaba bisa n’ivyagirwa muri ryo, ntivyama bisobanura ko umusavyi w’Imana y’ukuri atogira ikintu nk’ico canke umugenzo nk’uyo. Dufate akarorero k’ikomamanga. Inkoranyabumenyi ya Bibiliya izwi cane ivuga iti: “Ikomamanga bisa n’uko kandi ryakoreshwa nk’ikimenyetso ceranda mu madini ya gipagani”. Yamara, Imana yageze ko ku mubuga w’impuzu y’umuherezi mukuru hashirwako amakomamanga akozwe mu nyuzi. N’ikindi kandi, amakomamanga ni yo yari asharije inkingi z’umujumbu za rwa rusengero rwubakwa na Salomo (Kuvayo 28:33; 2 Abami 25:17). Uretse n’ivyo, irya mpeta abubakana bambikana ku musi w’ubugeni yarigeze kuba ifise insobanuro ijanye n’ivy’idini. Yamara, abantu batari bake muri iki gihe ivyo ntibabizi. Babona ko iyo mpeta ari ikimenyetso cerekana gusa ko umuntu yubatse.

Tuvuge iki ku vy’ugukoresha umuvinyu mu bijanye n’ugusenga? Nk’akarorero, igihe kimwe, abagabo b’i Shekemu basenga Bayali “[barinjiye] mu ngoro y’ikigirwamana cabo, bararya baranywa, bavuma Abimeleki” mwene Gideyoni (Abacamanza 9:22-28). Wibaza ko umuntu w’intahemuka kuri Yehova yari kuja muri ukwo kunywa, kumbure agasaba imana yinaka ngo igirire nabi Abimeleki? Mu kuvuga ivy’igihe abenshi mu Bisirayeli bagarariza Yehova, Amosi yagize ati: “Bīryāmira i ruhande y’igicaniro cose . . . , kandi mu ngoro y’[i]mana [z]abo bakahanywera vino baciriye abantu kw iciru” (Amosi 2:8). Abasavyi b’Imana b’ukuri boba bari kuja mu bintu nk’ivyo, uwo muvinyu waba wasukwa hasi bwa kimazi gishikaniwe izo mana canke ukanyobwa mu gihe nk’ico (Yeremiya 7:18)? Canke, umusavyi w’Imana w’ukuri yotarikira hejuru ikirahuri c’umuvinyu agasaba imana yinaka ngo igire ico ikoze kuri kazoza k’umuntu canke akabigira amusabira kazoza kameze neza?

Birashimishije kubona abasavyi ba Yehova rimwe na rimwe baratarikira amaboko hejuru maze bagasaba ko ibintu vyogenda neza. Batarika amaboko bayaroresha kuri ya Mana y’ukuri. Dusoma duti: “Salomo araheza arahagarara imbere y’igicaniro c’Uhoraho . . . agaranzura amaboko ayatumbereje mw ijuru, aravuga at’Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, nta mana ihwanye nawe, . . . uze wame uvyumva uri mw ijuru ah’uba, kand’uk’uzovyumva, uze wame uharira” (1 Abami 8:22, 23, 30). Mu buryo busa n’ubwo, “Ezira [yarahimbaje] Uhoraho . . . abantu bose bashira amaboko hejuru, bati Amen, Amen. Baraheza barunama bashika hasi imbere y’Uhoraho, bubika amaso kw isi” (Nehemiya 8:6; 1 Timoteyo 2:8). Biragaragara ko abo bantu b’intahemuka batariko batarika amaboko yabo bayerekeza mw’ijuru basaba umuhezagiro imana yinaka y’umugisha.​—Yesaya 65:11.

Abantu benshi muri iki gihe baja mu vyo kuduza ibirahuri hanyuma bakanywa ku bwo gutera iteka umuntu canke ikintu, boshobora kuba batiyumvira yuko bariko barasaba ko imana yinaka yogira ico ifashije canke yotanga umuhezagiro. Ariko kandi ntibashobora no gusigura igituma baduza ibirahuri babirabisha hejuru. Yamara rero, kuba batazirikana kuri ico kintu bitonze si imvo yotuma abakirisu b’ukuri babona ko bategerezwa kwigana ivyo abandi bantu bagira.

Birazwi cane ko no mu bindi bintu, Ivyabona vya Yehova birinda kugira ibimenyetso abantu benshi bagira. Nk’akarorero, abantu benshi baragirira ibimenyetso ibintu biranga igihugu canke bakabigirira amabendera. Ntibabona ko kugira ibimenyetso nk’ivyo ari nk’ugusenga. Abakirisu b’ukuri nta we babuza kugira ibimenyetso nk’ivyo, yamara ubwabo ntibabigira. Ivyabona benshi, bamaze kumenya igihe ibintu nk’ivyo vyobereyeko, barakoresheje ukwiyubara kugira ntibahave bababaza abandi. Uko biri kwose, bariyemeje kutagira ibimenyetso biranga ukwiratira igihugu kubera ko ivyo biteye kubiri na Bibiliya (Kuvayo 20:4, 5; 1 Yohana 5:21). Hari aho abenshi batobona ko kuduza ibirahuri hanyuma bakanywa ari ikimenyetso kijanye n’ivy’ugusenga. Yamara rero, hariho imvo zumvikana zituma abakirisu bataja mu bintu nk’ivyo, kubera bifise inkomoko ijanye n’ivy’ugusenga kandi n’ubu bikaba bishobora kubonwa ko ari ugusaba imana umuhezagiro, nk’aho umuntu yoba ariko ararondera gufashwa n’inguvu zinaka zisiga ubwenge.​—Kuvayo 23:2.