Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ehe umusavyi Yehova ashima

Ehe umusavyi Yehova ashima

Ehe umusavyi Yehova ashima

“Ehe umusavyi wanje, . . . umutima wanje ushima!”​—YES. 42:1, NW.

1. Abasavyi ba Yehova baremeshwa gukora iki, canecane uko Icibutso cegereza, kandi kubera iki?

 UKO igihe co kwibuka urupfu rwa Kristu cegereza, abasavyi b’Imana baremeshwa gukurikiza impanuro intumwa Paulo yatanze ibasaba “[gushinga] ijisho ya Mboneza akaba n’Uwutunganya ukwizera kwacu, Yezu.” Paulo yongeyeko ati: “Egome, murimbure mwitonze umwe yihanganira mwene ayo majambo y’ibihari abacumuzi bavuga bigirira nabi, kugira ntimuruhe ngo mudendebukirwe mu mitima yanyu.” (Heb. 12:2, 3) Kurimbura twitonze ingendo Kristu yakurikiranye y’ubwizigirwa, ivyo akaba yabigize gushika igihe yatanga inkuka, bizofasha abakirisu basizwe be na bagenzi babo bo mu zindi ntama kubandanya gusukurira Yehova ari abizigirwa no kwirinda ‘kudendebukirwa mu mitima yabo.’​—Gereranya n’Abagalatiya 6:9.

2. Ni ibiki dushobora kwigira ku buhanuzi bwa Yesaya buvuga ivyerekeye Umwana w’Imana?

2 Yehova abicishije ku muhanuzi Yesaya, yarahumetse urukurikirane rw’ubuhanuzi buvuga neza na neza ivyerekeye Umwana wiwe. Ubwo buhanuzi buradufasha “[gushinga] ijisho ya Mboneza akaba n’Uwutunganya ukwizera kwacu,” Kristu Yezu. a Buratanga umuco ku bijanye na kamere ziwe, imibabaro yagize be n’ukuntu yashizwe hejuru akaba Umwami wacu n’Umucunguzi wacu. Buratuma turushiriza gutahura neza Icibutso, kino tukaba muri uwu mwaka tuzogihimbaza ku musi wa kane, igenekerezo rya 9 Ndamukiza, izuba rirenze.

Uwo Musavyi amenyekana

3, 4. (a) Mu gitabu ca Yesaya, ijambo “umusavyi” ryerekeza kuri nde? (b) Umusavyi avugwa muri Yesaya ikigabane ca 42, 49, 50, 52, be n’ica 53, Bibiliya ubwayo yerekana ko ari nde?

3 Ijambo “umusavyi” riraboneka incuro nyinshi mu gitabu ca Yesaya. Mu bihe bimwe usanga ryerekeza kuri uwo muhanuzi nyene. (Yes. 20:3; 44:26) Hari n’igihe riba ryerekeza kw’ihanga rya Isirayeli uko ryakabaye, ni ukuvuga kuri Yakobo. (Yes. 41:8, 9; 44:1, 2, 21) Ariko tuvuge iki ku bijanye n’ubuhanuzi buhambaye buvuga ivyerekeye Umusavyi, buno tukaba tubusanga muri Yesaya ikigabane ca 42, 49, 50, 52, be n’ica 53? Ivyanditswe vy’ikigiriki biratwereka neza uwo Musavyi wa Yehova adondorwa muri ivyo bigabane uwo ari we. Birashimishije kubona umutegetsi umwe w’Umunyetiyopiya avugwa mu gitabu c’Ibikorwa yariko arasoma bumwe muri ubwo buhanuzi igihe Filipo wa mwamamaji w’injili yayoborwa n’impwemu ngo aje iyo ari. Uwo mutegetsi amaze gusoma icanditswe co muri Bibiliya ubu dusanga muri Yesaya 53:7, 8, yaciye abaza Filipo ati: “Ndakwinginze umbwire: Ibi umuhanuzi abivuga kuri nde? Kuri we nyene canke ku wundi muntu?” Filipo yaciye ubwo nyene amusigurira ko Yesaya yariko aravuga ivyerekeye Mesiya, ari we Yezu.​—Ibik. 8:26-35.

4 Igihe Yezu yari akiri uruyoya, umugabo umwe w’umugororotsi yitwa Simeyoni yaravuze bivuye ku bubasha bw’impwemu nyeranda ko uwo “mwana mutoyi Yezu” yobaye “umuco wo gukura icitwikiro ku mahanga,” nk’uko vyari vyaravuzwe muri Yesaya 42:6 no muri Yesaya 49:6. (Luka 2:25-32) Vyongeye, ukuntu Yezu bamumaramaje muri rya joro yariko aracirwa urubanza, vyari vyaravuzwe imbere y’igihe mu buhanuzi bwo muri Yesaya 50:6-9. (Mat. 26:67; Luka 22:63) Inyuma ya Pentekoti yo mu 33 G.C., intumwa Petero yarerekanye neza ko Yezu yari we “Musavyi” wa Yehova. (Yes. 52:13; 53:11; soma Ibikorwa 3:13, 26.) Ni ibiki none dushobora kwigira kuri ubwo buhanuzi bwerekeye Mesiya?

Yehova amenyereza Umusavyi wiwe

5. Ni ukumenyerezwa nyabaki wa Musavyi yaronse?

5 Bumwe mu buhanuzi bwa Yesaya buvuga ivyerekeye Umusavyi w’Imana buratanga umuco ku bijanye n’ubucuti somambike bwari hagati ya Yehova be n’Umwana wiwe w’imfura imbere y’uko aba umuntu nkatwe. (Soma Yesaya 50:4-9.) Uwo Musavyi ubwiwe arahishura ko Yehova yagumye amumenyereza, ati: “Akangurira ugutwi kwanje kwumva, nk’ukw abigishwa bumviriza.” (Yes. 50:4) Muri ivyo bihe vyose, uwo Musavyi wa Yehova yarateze ugutwi Se wiwe, aragira ivyo amwigiyeko, bituma aba umwigishwa ayoboka. Ese ukuntu yatewe agateka kadasanzwe kuba yigishijwe n’Umuremyi w’ibiriho vyose!

6. Wa Musavyi yerekanye gute ko ayobokera Se wiwe mu buryo butagira agahaze?

6 Muri ubwo buhanuzi, uwo Musavyi avuga yuko Se wiwe ari “Umukama Segaba Yehova.” (NW) Ivyo vyerekana ko uwo Musavyi yari yarize ukuri kw’ishimikiro kwerekana ko Yehova ari we Segaba w’ibiriho vyose. Mu kwerekana ko ayobokera Se wiwe mu buryo butagira agahaze, yavuze ati: “[“Umukama Segaba Yehova,” NW] anziburuye ugutwi, nanje sinabaye ikigāba, canke ngo mpindukire nsubire inyuma.” (Yes. 50:5) Yari ‘kumwe na [Yehova] ari umukozi w’umuhanga’ mu kurema ivyo kw’isi n’ibiri mu kirere be n’abantu. Uwo “mukozi w’umuhanga,” ‘imisi yose yarahimbara [Yehova], akama yiginagura imbere yiwe; yiginagura mw’isi yiwe yaganutse, agahimbarwa n’abana b’abantu.’​—Imig. 8:22-31.

7. Ni igiki cerekana ko wa Musavyi yizigira adakeka ko Se wiwe yomushigikiye mu bigeragezo vyari kumushikira?

7 Ukwo kumenyerezwa uwo Musavyi yaronse be n’ukuba yarahimbarwa cane n’abantu, vyaramufashije cane igihe yaza ng’aha kw’isi be n’igihe yarwanywa bimwe bikaze. Yagumye ahimbarwa no gukora ivyo Se wiwe agomba, mbere n’igihe yaba ashikiwe n’uruhamo rukaze. (Zab. 40:8; Mat. 26:42; Yoh. 6:38) Mu bigeragezo vyose vyashikiye Yezu ng’aha kw’isi, yagumye yizigiye adakeka ko Se wiwe amushima kandi amushigikira. Nk’uko vyari vyaravuzwe mu buhanuzi bwa Yesaya, Yezu yarashoboye kuvuga ati: “Ūntsindishiriza ari hafi; non’uwombūranya ni nde? . . . Rāba Umwami Uhoraho ni we azompagarikira.” (Yes. 50:8, 9) Nta gukeka ko Yehova yafashije uwo Musavyi wiwe w’umwizigirwa mu kiringo cose c’ubusuku bwiwe ng’aha kw’isi, nk’uko ubundi buhanuzi bwa Yesaya buvyerekana.

Ubusuku uwo Musavyi yaranguriye kw’isi

8. Ni igiki cerekana yuko Yezu ari we Yehova ‘yatoranije,’ nk’uko vyari vyaravuzwe muri Yesaya 42:1?

8 Inkuru yo muri Bibiliya irigana ivyabaye igihe Yezu yabatizwa mu 29 G.C., iti: “Impwemu nyeranda iramanuka kuri we . . . maze ijwi riva mw’ijuru riti: ‘Uri Umwana wanje, umukundwa; naragushimye.’” (Luka 3:21, 22) Yehova rero, yari yerekanye neza ‘uwo yatoranije’ avugwa mu buhanuzi bwa Yesaya uwo ari we. (Soma Yesaya 42:1-7.) Mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo ng’aha kw’isi, Yezu yarashikije ubwo buhanuzi mu buryo bwibonekeje. Mu nkuru yiganwa mu Njili Matayo yanditse, arasubiramwo amajambo dusanga muri Yesaya 42:1-4, maze akayerekeza kuri Yezu.​—Mat. 12:15-21.

9, 10. (a) Yezu yashikije gute ubuhanuzi dusanga muri Yesaya 42:3 mu gihe c’ubusuku bwiwe? (b) Ni mu buryo ki Kristu ‘yashikanye ubutungane’ igihe yari ng’aha kw’isi, kandi ni ryari ‘ashinga ubutungane mw’isi’?

9 Abayuda babayabaye barakengerwa n’indongozi z’idini ryabo. (Yoh. 7:47-49) Abo bantu barafatwa nabi akaba ari co gituma bari bashoboye kugereranywa n’‘amarenga avunitse’ canke n’‘urutambi’ (NW) ruriko ruraka rusigaje gatoyi ngo ruhere. Yezu wewe yaragirira impuhwe aboro n’abahahazwa. (Mat. 9:35, 36) Yaraha abantu mwene abo ubutumire buranga ubuntu, ati: “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira.” (Mat. 11:28) N’ikindi kandi, Yezu ‘yarashikanye amateka,’ ari bwo butungane, mu kwigisha ingingo mfatirwako za Yehova zerekeye ikibereye n’ikitabereye. (Yes. 42:3) Yarerekanye kandi ko vyari bikenewe yuko Itegeko ry’Imana rikurikizwa hisunzwe ukugira ibitegereka n’imbabazi. (Mat. 23:23) Vyongeye, Yezu yaragaragaje ubutungane mu kubwira inkuru nziza abatunzi n’aboro, atavangura.​—Mat. 11:5; Luka 18:18-23.

10 Ubuhanuzi bwa Yesaya kandi buravuga imbere y’igihe yuko uwo Yehova ‘yatoranije’ ‘azoshinga ubutungane mw’isi.’ (Yes. 42:4, NW) Kubera ko ari Umwami w’Ubwami arongoye ari Mesiya, ivyo azobigira gatoyi inyuma y’aho azorandurana n’imizi ubwami bwose bw’ivya politike, maze akabusubiriza ubutegetsi bwiwe bugororotse. Azoyobora abantu abashikane mw’isi nshasha, aho “ubugororotsi buzoba.”​—2 Pet. 3:13; Dan. 2:44.

“Umuco” be n’“isezerano”

11. Ni mu buryo ki Yezu yabaye “umuco w’amahanga” mu kinjana ca mbere, kandi ni gute akibandanya kuba uwo muco muri kino gihe?

11 Mu gushitsa ibivugwa muri Yesaya 42:6, NW, Yezu yaragaragaje vy’ukuri ko ari “umuco w’amahanga.” Mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo ng’aha kw’isi, Abayuda ni bo ahanini yahaye umuco wo mu buryo bw’impwemu. (Mat. 15:24; Ibik. 3:26) Ariko Yezu yaravuze ati: “Ndi umuco w’isi.” (Yoh. 8:12) Ntiyabaye gusa umuco ku Bayuda no ku mahanga mu gutuma bamurikirwa mu buryo bw’impwemu, ariko kandi yaranawubaye mu gutanga ubuzima bwiwe butagira agasembwa ngo bube incungu y’umuryango wose w’abantu. (Mat. 20:28) Amaze kuzuka, yaciye ashinga abigishwa biwe igikorwa co kumubera ivyabona “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ibik. 1:8) Mu gihe c’ubusuku Paulo na Barunaba baranguye, barasubiyemwo iyo mvugo ngo “umuco w’amahanga,” maze bayerekeza ku gikorwa co kwamamaza bariko bararangurira mu batari Abayuda. (Ibik. 13:46-48; gereranya na Yesaya 49:6.) Ico gikorwa n’ubu kibandanya kirangurwa uko benewabo na Yezu basizwe bakiri kw’isi be na bagenzi babo bakwiragiza umuco wo mu buryo bw’impwemu bakongera bagafasha abantu kwizera Yezu, we “muco w’amahanga.”

12. Yehova yatanze gute Umusavyi wiwe ngo abere “abantu isezerano”?

12 Muri ubwo buhanuzi nyene, Yehova yabwiye uwo Musavyi wiwe yatoranije ati: “Nzogufata nkuzigame, ngutange ng’ubere abantu isezerano.” (Yes. 42:6) Shetani ntako atagize kugira ngo akureho Yezu yongere amubuze gusozera ubusuku bwiwe bwo ng’aha kw’isi, ariko Yehova yaramuzigamye gushika igihe cashinzwe ko yopfiriyeko kigeze. (Mat. 2:13; Yoh. 7:30) Mu nyuma, Yehova yarazuye Yezu maze aramutanga ngo abe “isezerano” ku bantu bo kw’isi. Iryo sezerano ryagizwe ku mugaragaro ryarabaye ikimenyamenya c’uko uwo Musavyi w’Imana w’umwizigirwa yobandanije kuba “umuco w’amahanga,” maze agakura abantu mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu.​—Soma Yesaya 49:8, 9. b

13. Ni mu buryo ki Yezu yarokoye “abicaye mu mwiza” mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo ng’aha kw’isi, kandi abandanya gute kubigenza gutyo?

13 Mu buryo buhuje n’iryo sezerano, uwo Musavyi Yehova yatoranije ‘yohumuye impumyi,’ ‘agasohora imbohe mw’ibohero,’ kandi akarokora “abicaye mu mwiza.” (Yes. 42:7) Mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo ng’aha kw’isi, Yezu ivyo yarabikoze mu gushira ku kabarore imigenzo itari yo y’amadini no mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. (Mat. 15:3; Luka 8:1) Gutyo rero, yari akuye mu mvuto z’idini ry’ikinyoma Abayuda bahavuye baba abigishwa biwe. (Yoh. 8:31, 32) Muri ubwo buryo nyene, Yezu yararokoye mu buryo bw’impwemu abantu amamiliyoni batari Abayuda. Abayoboke biwe yabashinze igikorwa co ‘kugenda bagahindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa,’ abasezeranira ko azoguma ari kumwe na bo “gushika ku nsozero y’ivy’isi.” (Mat. 28:19, 20) Kristu Yezu ni we ahagarikiye igikorwa co kwamamaza kiriko kirangurirwa kw’isi yose, ari mu kibanza ciwe co mw’ijuru.

Yehova yarashize hejuru uwo “Musavyi”

14, 15. Ni kubera iki Yehova yashize hejuru Umusavyi wiwe kandi yabigize gute?

14 Mu bundi buhanuzi bwerekeye uwo Musavyi wiwe ari we Mesiya, Yehova avuga ati: “Rāba, [“umusavyi,” NW] wanje azoja imbere, azokuzwa ashirwe hejuru, asumbe abandi.” (Yes. 52:13) Yehova yarashize hejuru Umwana wiwe kubera ko yagumye ayoboka ubusegaba bwiwe adahemuka kandi akaguma ari umwizigirwa igihe yashikirwa na ca kigeragezo gikomeye kuruta ibindi vyose.

15 Intumwa Petero yanditse ku vyerekeye Yezu, ati: “Ari iburyo bw’Imana, kuko yigiriye mw’ijuru; kandi abamarayika n’ubukuru n’ububasha yarabihawe ngo abiganze.” (1 Pet. 3:22) Intumwa Paulo na we nyene yanditse ati: “Yaricishije bugufi, aragamburuka gushika no ku rupfu, egome, urupfu rwo ku giti co gusinzikarizwako. Ico nyene ni co catumye kandi Imana imuduza ikamushira mu kibanza co hejuru cane, yongera imuha n’umutima ukunze izina riri hejuru y’irindi zina iryo ari ryo ryose, kugira ngo mw’izina rya Yezu ivi ryose ripfunywe, ry’abari mw’ijuru n’abari kw’isi n’abari munsi y’ivu, no kugira ngo ururimi rwose rwemange icese yuko Yezu Kristu ari Umukama ku bw’ubuninahazwa bw’Imana ari yo Data.”​—Flp. 2:8-11.

16. Ni mu buryo ki Yezu ‘yashizwe hejuru’ cane mu 1914, kandi ni ibiki yaranguye kuva ico gihe?

16 Mu 1914, Yehova yararushirije gushira Yezu hejuru. ‘Yarashizwe hejuru’ cane igihe Yehova yamwimika akaba Umwami w’Ubwami arongoye ari Mesiya. (Zab. 2:6; Dan. 7:13, 14) Kuva ico gihe, Kristu yaratanguye ‘kuganza hagati y’abansi biwe.’ (Zab. 110:2) Yabanje kunesha Shetani n’amadayimoni yiwe, abaraririza mu micungararo yo kw’isi. (Ivyah. 12:7-12) Kristu yaciye arangura uruhara rwa Kuro Mukuru, ararokora amasigarira ya benewabo basizwe bo kw’isi abakura mu vyara vya “Babiloni Akomeye.” (Ivyah. 18:2; Yes. 44:28) Yarayoboye igikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose, icatumye haba itororokanywa rya benewabo bo mu buryo bw’impwemu “basigaye,” hanyuma hakurikira iry’abantu amamiliyoni bo mu bagize “izindi ntama,” bano bakaba ari abantu badahemuka bifatanya n’abo bagize “ubusho buto.”​—Ivyah. 12:17; Yoh. 10:16; Luka 12:32.

17. Ni ibiki tumaze gutahura gushika ubu muri iki cigwa kijanye n’ubuhanuzi bwa Yesaya buvuga ivyerekeye “umusavyi”?

17 Kwihweza ubwo buhanuzi buhambaye bwo mu gitabu ca Yesaya nta gukeka ko vyatumye turushiriza kumenya neza Kristu Yezu, Umwami wacu akaba n’Umucunguzi wacu. Kuba yarayobokeye Se wiwe mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo ng’aha kw’isi vyarerekanye ko yari yaramenyerejwe na we imbere y’uko aza ng’aha kw’isi. Yaragaragaje ubwiwe ko ari “umuco w’amahanga” biciye ku busuku ubwiwe yaranguye be no ku gikorwa co kwamamaza yamye ahagarikiye na bugingo n’ubu. Nk’uko tuzobibona, hariho ubundi buhanuzi bwerekeye uwo Musavyi ari we Mesiya buhishura yuko yogize umubabaro kandi ko yotanze ubuzima bwiwe ku bwacu, ivyo bikaba ari ibintu dukwiye ‘kurimbura twitonze’ uko Icibutso c’urupfu rwiwe cegereza.​—Heb. 12:2, 3.

[Utujambo tw’epfo]

a Ubwo buhanuzi urashobora kubusanga muri Yesaya 42:1-7; 49:1-12; 50:4-9; be na 52:13–53:12.

b Niba ushaka kumenya vyinshi ku vyerekeye ubuhanuzi bwo muri Yesaya 49:1-12, raba igitabu La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains II, urupapuro rwa 136-145.

Mu buryo bw’isubiramwo

• “Umusavyi” avugwa mu buhanuzi bwa Yesaya ni nde, kandi ivyo tubimenya gute?

• Ni ukumenyerezwa ukuhe wa Musavyi yahawe na Yehova?

• Ni mu buryo ki Yezu ari “umuco w’amahanga”?

• Uwo Musavyi yashizwe hejuru gute?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 21]

Filipo yarerekanye neza ko “umusavyi” avugwa na Yesaya ari Yezu, Mesiya

[Ifoto ku rup. 23]

Kubera ko Yezu ari we Musavyi Yehova yatoranije, yaragaragarije impuhwe aboro be n’abahahazwa

[Ifoto ku rup. 24]

Yezu yarashizwe hejuru na Se wiwe yongera arimikwa ngo abe Umwami w’Ubwami arongoye ari Mesiya