Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Ivyahishuwe—Igice ca 1

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Ivyahishuwe—Igice ca 1

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Ivyahishuwe​—Igice ca 1

MU GIHE intumwa Yohani uwugeze mu zabukuru apfungiwe mw’izinga rya Patimo, arerekwa urukurikirane rw’amayerekwa 16. Muri ayo mayerekwa, arabona ivyo Yehova Imana be na Yezu Kristu barangura mu gihe c’umusi w’Umukama, ico na co kikaba ari ikiringo gihera ku gushingwa kw’Ubwami bw’Imana mu 1914 gushika kw’iherezo rya ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. Igitabu c’Ivyahishuwe, icanditswe na Yohani nko mu mwaka wa 96 G.C., ni inkuru iteye umunezero yigana ivy’ayo mayerekwa.

Reka ubu turimbure ibikurubikuru vyo mu Vyahishuwe 1:1–12:17, aho hakaba havugwamwo amayerekwa indwi ya mbere Yohani yeretswe. Ayo mayerekwa aradufitiye akamaro kubera ko yerekeza ku biriko biraba mw’isi muri iki gihe kandi akaba yerekana ukuntu Yehova agiye kugira ico akoze ubu bwa vuba. Abasoma inkuru yigana ivy’ayo mayerekwa kandi bakayizera, mu vy’ukuri barumva bahumurijwe kandi baremeshejwe.​—Heb. 4:12.

“WA MWAGAZI W’INTAMA” AMATURA DUTANDATU MURI TWA DUSHASHARA INDWI

(Ivyah. 1:1–7:17)

Ubwa mbere, Yohani arerekwa Yezu Kristu uwaninahajwe, maze agaca ahabwa ubutumwa bukurikirana ategerezwa ‘kwandika mu muzingo hanyuma akaburungikira ya mashengero indwi.’ (Ivyah. 1:10, 11) Haca hakurikira iyerekwa rijanye n’intebe y’ubwami iri mu kibanza cayo mw’ijuru. Mu kuboko kw’ukuryo kw’Umwe yicaye kuri iyo ntebe y’ubwami hari umuzingo uhomeshejwe udushashara indwi tudomweko ikidodo. Uwabonywe ko ari we “abereye kuzingurura uwo muzingo” si uwundi atari “ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda,” canke “umwagazi w’intama . . . ufise amahembe indwi n’amaso indwi.”​—Ivyah. 4:2; 5:1, 2, 5, 6.

Iyerekwa rigira gatatu rirahishura ibiba igihe “wa Mwagazi w’intama” aza aramatura kamwekamwe muri twa dushashara dutandatu twa mbere. Igihe amatura agashashara ka gatandatu, haca haba nyamugigima ikomeye maze umusi ukomeye w’uburake ugashika. (Ivyah. 6:1, 12, 17) Ariko iyerekwa rikurikira rirerekana ‘abamarayika bane bafashe bagumije ya miyaga ine y’isi’ gushika bamwe 144.000 bahejeje kudomwako ikidodo. Haca haboneka “isinzi rinini” ry’abatadomweko ico kidodo, “bahagaze imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya wa Mwagazi w’intama.”​—Ivyah. 7:1, 9.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:4; 3:1; 4:5; 5:6—Imvugo ngo “za mpwemu indwi” yerekana iki? Igitigiri indwi cerekana ko ikintu cuzuye mu nyonga z’Imana. Ku bw’ivyo, ubutumwa bushikirizwa “ya mashengero indwi” ahanini bwerekeye abasavyi b’Imana bose bakoranira hamwe mu mashengero arenga 100.000 ari hirya no hino kw’isi. (Ivyah. 1:11, 20) Kubera ko Yehova atanga impwemu nyeranda bivanye n’ico aba akeneye ko irangura, iyo mvugo ngo “za mpwemu indwi” yerekana ko iyo mpwemu ikora vyose bimwe vyuzuye mu gutuma abatega yompi ubwo buhanuzi babutahura neza bakongera bakironkera imihezagiro. Mu vyo igitabu c’Ivyahishuwe cigana, gisa n’ikiguma gishimikira ku rukurikirane rw’ibintu indwindwi biba. Muri iyo nkuru, ico gitigiri indwi cerekana ikintu cuzuye, kanatsinda, ico gitabu kivuga ibijanye no gutuma “ibanga ryeranda ry’Imana” ‘rirangizwa,’ canke risozerwa.​—Ivyah. 10:7.

1:8, 17—Amazina y’icubahiro “Alufa na Omega” be na “uwa Mbere n’uwa Nyuma” yerekeza kuri nde? Iryo zina ry’icubahiro “Alufa na Omega” ryerekeza kuri Yehova, rikaba rishimika ku vy’uko ata yindi Mana Mushoboravyose yigeze ibaho imbere yiwe kandi ko ata yindi izokwigera ibaho inyuma yiwe. Ni we “ntango n’iherezo.” (Ivyah. 21:6; 22:13) Naho mu Vyahishuwe 22:13, Yehova avugwa ko ari we “wa mbere n’uwa nyuma,” kubera ko ata wigeze abaho imbere yiwe canke ngo azokwigere abaho inyuma yiwe, amajambo akikuje ikigabane ca mbere c’Ivyahishuwe yerekana ko muri ico canditswe iryo zina ry’icubahiro “uwa Mbere n’uwa Nyuma” ryerekeza kuri Yezu Kristu. Ni we muntu wa mbere yazuriwe ubuzima bwo mu buryo bw’impwemu budapfa, akaba na we muntu wa nyuma Yehova ubwiwe yazuye muri ubwo buryo.​—Kol. 1:18.

2:7—“Iparadizo y’Imana” ni iki? Kubera ko ayo majambo abwirwa abakirisu basizwe, iparadizo ivugwa muri ico canditswe itegerezwa kuba yerekeza ku hantu hameze nk’iparadizo ho mw’ijuru, ni ukuvuga aho Imana ubwayo ivyagiye. Abasizwe b’abizigirwa bazohabwa impera yo kurya “ku giti c’ubuzima.” Bazoronswa ukudapfa.​—1 Kor. 15:53.

3:7—Ni ryari Yezu yaronse “urupfunguruzo rwa Dawidi,” kandi kuva ico gihe ariko akoresha gute urwo rupfunguruzo? Igihe Yezu yabatizwa mu 29 G.C., yaciye aba Umwami yagenywe akomoka mu muryango wa Dawidi. Ariko rero, Yezu yagiye kuronka urupfunguzo rwa Dawidi mu 33 G.C., igihe yashirwa hejuru akaja iburyo bw’Imana mw’ijuru. Ari aho mw’ijuru, yaratoranye ibintu vyose vyegukira Ubwami bwa Dawidi. Kuva ico gihe, Yezu ariko arakoresha urwo rupfunguruzo kugira ngo aronse abantu uturyo two gukora imirimo ijanye n’ivy’Ubwami. Mu 1919, Yezu yarashize “urupfunguzo rw’inzu ya Dawidi” ku bitugu vya wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” mu gushinga umugwi w’uwo mushumba “ivyo atunze vyose.”​—Yes. 22:22; Mat. 24:45, 47.

3:12—Iryo ‘zina rishasha’ rya Yezu ni irihe? Iryo zina rirafitaniye isano n’ibanga rishasha be n’uduteka dushasha Yezu afise. (Flp. 2:9-11) Naho ata wundi muntu ashobora kumenya iryo zina nk’uko Yezu arizi, Yezu araryandika kuri benewabo b’abizigirwa bo mw’ijuru, agatuma bagiranira na we ubucuti bwa hafi. (Ivyah. 19:12) Aranasangira na bo uduteka yatewe.

Ivyigwa tuhigira:

1:3. Kubera ko “igihe cashinzwe [co gushitsa urubanza rw’Imana kw’isi ya Shetani] kiri hafi,” birihutirwa cane ko dutahura ubutumwa buri mu gitabu c’Ivyahishuwe, kandi tukagira ico dukoze.

3:17, 18. Kugira ngo tube abatunzi mu vy’impwemu, turakeneye kugurira kuri Yezu “inzahabu ityorojwe umuriro.” Ivyo bisobanura ko dukwiye kwihatira kuba abatunzi mu bikorwa vyiza. (1 Tim. 6:17-19) Turakeneye kandi kwambara “imitamana yera,” iyerekana ko turi abayoboke ba Kristu, tukongera tugakoresha “umuti wo gusiga mu maso,” uwo na wo ukaba ari nk’akarorero zirya mpanuro dusanga mu kinyamakuru Umunara w’Inderetsi, kugira ngo dutahure ibintu vy’impwemu.​—Ivyah. 19:8.

7:13, 14. Abo bakurambere 24 bagereranya bamwe 144.000 igihe bari mu buninahazwa bwabo mw’ijuru, aho basukura atari abami gusa, ariko kandi ari abaherezi. Muri Isirayeli ya kera, abo bakurambere bagereranywa n’abaherezi, bano Umwami Dawidi akaba yari yabungunganirije mu migwi 24. Umwe muri abo bakurambere arahishurira Yohani abagize isinzi rinini abo ari bo. Ku bw’ivyo, izuka ry’abakirisu basizwe ritegerezwa kuba ryatanguye igihe kinaka imbere yo mu 1935. Kubera iki? Kubera yuko muri uwo mwaka ari ho abasavyi b’Imana basizwe bari kw’isi bamenya neza abagize isinzi rinini abo ari bo.​—Luka 22:28-30; Ivyah. 4:4; 7:9.

IMATURWA RYA KA GASHASHARA KAGIRA INDWI RITUMA HAVUZWA INZUMBETE INDWI

(Ivyah. 8:1–12:17)

Wa Mwagazi w’intama aramatura ka gashashara kagira indwi. Abamarayika indwi barahabwa inzumbete indwi. Batandatu muri abo bamarayika baravuza inzumbete zabo, bagatangaza ubutumwa bwerekeye urubanza rushitswa ku “ca gatatu” c’abantu, ni ukuvuga abari mu madini y’abiyita abakirisu. (Ivyah. 8:1, 2, 7-12; 9:15, 18) Ivyo ni vyo Yohani abona mw’iyerekwa rigira gatanu. Mu kugira uruhara mw’iyerekwa rikurikira, Yohani ararya akazingo gatoyi akongera akagera ahantu heranda h’urusengero. Urumbete rugira indwi rumaze kuvuzwa, haca humvikana amajwi arenga, atangaza ati: “Ubwami bw’isi bucitse ubwami bw’Umukama wacu n’ubwa Kristu wiwe.”​—Ivyah. 10:10; 11:1, 15.

Iryo yerekwa rigira indwi ribandaniriza ku bivugwa mu Vyahishuwe 11:15, 17. Mw’ijuru haraboneka ikimenyetso gikomeye. Umugore wo mw’ijuru aribaruka umwana w’umuhungu, ni ukuvuga igitsina-gabo. Wa Mubesheranyi arirukanwa mw’ijuru. Kubera ko agirira uburake uwo mugore wo mw’ijuru, aca agenda “kurwana n’abasigaye b’uruvyaro rwiwe.”​—Ivyah. 12:1, 5, 9, 17.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

8:1-5—Ni kubera iki habaye agacerere mw’ijuru, kandi ni igiki caciye kiraririzwa kw’isi? Mu buryo bw’ikigereranyo, mw’ijuru harabaye agacerere kugira ngo “amasengesho y’aberanda” bari kw’isi yumvirwe. Ivyo vyabaye igihe intambara ya mbere y’isi yose yariko irarangira. Abakirisu basizwe ntibaciye baduga mw’ijuru igihe Ibihe vy’Abanyamahanga vyarangira, nk’uko benshi muri bo bari bavyiteze. Barashikiwe n’ibihe bigoye muri iyo ntambara. Ni co gituma ico gihe baciye basengana ubwira basaba ubuyobozi. Mu kwerekana ko amasengesho yabo yishuwe, umumarayika yaciye araririza kw’isi umuriro w’ikigereranyo watumye abo bakirisu basizwe barurumba mu buryo bw’impwemu. Naho bari imparurwa, baratanguje isekeza ryo kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose, iryatumye Ubwami bw’Imana buba nk’ikintu giturira, gutyo riba ridometse umuriro mu madini y’abiyita abakirisu. Imburi zo muri Bibiliya zimeze nk’umuturagaro zarumvikanye, umuco w’ukuri kwo mu Vyanditswe uraravya, mw’idini ry’ikinyoma na ho haranyiganyiga gushika ku mushinge waryo, nka kurya nyene nyamugigima inyiganyiza inzu.

8:6-12; 9:1, 13; 11:15—Ni ryari abo bamarayika indwi biteguriye kuvuza inzumbete zabo, kandi izo nzumbete zumvikanye ryari kandi gute? Ukwitegurira kuvuza izo nzumbete indwi kwarimwo ukuronsa ubuyobozi abagize umugwi wa Yohani bari kw’isi basubijwe intege, ivyo bikaba vyabaye kuva mu 1919 gushika mu 1922. Ico gihe, abo basizwe bariko barakora bivuye inyuma mu bijanye no gutunganya ubusuku burangurwa ku mugaragaro be no kwubaka inyubakwa zo kwandikiramwo ibisohokayandikiro. (Ivyah. 12:13, 14) Ijwi ry’izo nzumbete rigereranya ubutumwa bwerekeye imanza Yehova azocira isi ya Shetani, ubwo abasavyi b’Imana batangaza babigiranye umutima rugabo, basenyeye ku mugozi umwe n’abamarayika. Ivyo vyatanguriye canecane kw’ihwaniro ryabereye i Cedar Point muri leta ya Ohio mu 1922, bikaba bizobandanya gushika mu gihe ca ya makuba akomeye.

8:13; 9:12; 11:14—Ni mu buryo ki ukuvuza inzumbete zitatu za nyuma gutuma haba “amagorwa”? Mu gihe ukuvuza inzumbete zine za mbere gutuma hatangazwa ubutumwa bwerekana icese ko amadini y’abiyita abakirisu yapfuye mu buryo bw’impwemu, ukuvuza inzumbete zitatu za nyuma kwokwo gutuma haba amagorwa kubera yuko gufitaniye isano n’ibintu binaka bica biba. Ukuvuza urumbete rwa gatanu kujanye n’irekurwa ry’abasavyi b’Imana ryabaye mu 1919, bakava mu “cobo c’inyenga” kigereranya kuba ata co bari bashoboye gukora, maze bagaca bakora igikorwa co kwamamaza badatezura, kino kikaba cahavuye kimera nk’icago kibabaza cane amadini y’abiyita abakirisu. (Ivyah. 9:1) Ukuvuza urumbete rwa gatandatu kwerekeye igitero c’abagendera ku mafarasi gikaze kuruta icigeze kugirwa muri kahise kose be n’isekeza ryo kwamamaza inkuru nziza rigirwa kw’isi yose ryatanguye mu 1922. Ukuvuza urumbete rwa nyuma gufitaniye isano n’ivuka ry’Ubwami burongowe na Mesiya.

Ivyigwa tuhigira:

9:10, 19. Amajambo y’ububasha ashingiye kuri Bibiliya dusanga mu bisohokayandikiro vya wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” arimwo ubutumwa bumeze nk’imboyi. (Mat. 24:45) Ubwo butumwa bumeze nk’imirizo y’inzige ifise “imboyi nk’utumina,” bukaba kandi bumeze nk’amafarasi y’intambara afise “imirizo . . . imeze nk’inzoka.” Uti kubera iki? Kubera yuko ivyo bisohokayandikiro bigabisha abantu ku bijanye na wa “musi [wa Yehova] wo kwīhōra.” (Yes. 61:2) Ese twogira umutima rugabo kandi tukaba abanyamwete mu gushikiriza abantu ivyo bisohokayandikiro!

9:20, 21. Abantu benshi batekereza baba mu vyitwa ngo ni ibihugu bitari ivya gikirisu barakiriye neza ubutumwa dutangaza. Yamara rero, ntitwiteze yuko benshi cane muri abo batari abo mu madini y’abiyita abakirisu, abavugwa ko ari “abantu basigaye,” bazohinduka bakaba abakirisu b’ukuri. Naho ari ukwo, turashishikara kurangura ubusuku.

12:15, 16. “Isi,” ino na yo ikaba igereranya ivy’iyi si ya Shetani, canke ubutegetsi buganza mu bihugu bitari bimwe, yarashigikiye ibijanye n’ukuronsa abantu umwidegemvyo wo gusenga. Kuva mu myaka ya 1940, ubwo butegetsi ‘bwaramize rwa ruzi [rw’uruhamo] ca gisato caruka ruvuye mu kanwa kaco.’ Mu vy’ukuri, Yehova arashobora gutuma abategetsi bo mu vy’intwaro bashitsa ivyo agomba, igihe aba ahisemwo kubigira. Birabereye rero kubona mu Migani 21:1 hagira hati: “Umutima w’umwami uri mu kuboko kw’Uhoraho nk’umugende w’amazi. Awukwegera ah’agomba hose.” Ivyo birakwiye gutuma turushiriza kwizera Imana.