Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Ingo unkurikire’

‘Ingo unkurikire’

‘Ingo unkurikire’

“Nimba hari uwushaka kunkurikira, niyiyanke atore igiti co gusinzikarizwako ciwe imisi yose, hanyuma ankurikire ubudahengeshanya.”​—LUKA 9:23.

1, 2. (a) Ni ubutumire ubuhe buranga ubuntu Yezu yatanze? (b) Wakiriye gute ubutumire bwa Yezu?

 MU MPERA z’ubusuku bwiwe, Yezu yariko yamamaza inkuru nziza i Pereya, intara yo hakurya ya Yorodani, mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’Ubuyuda. Hari umusore umwe yamwegereye maze amubaza ico yabwirizwa gukora kugira ngo atorane ubuzima budahera. Yezu amaze kumenya neza yuko uwo musore yitondera Itegeko rya Musa adahemuka, yaciye amuha ubutumire budasanzwe. Yavuze ati: “Genda, ugurishe ivyo ufise vyose hanyuma uhe aboro, ni ho uzogira itunga mw’ijuru, maze uze unkurikire.” (Mrk. 10:21) Iyumvire ntuze, gutumirwa ngo ukurikire Yezu, Umwana w’ikinege w’Imana Musumbavyose!

2 Uwo musore yaranse ubwo butumire, ariko abandi barabwemeye. Imbere y’aho, Yezu yari yabwiye Filipo ati: “Nkurikira.” (Yoh. 1:43) Filipo yaremeye, mu nyuma araba intumwa. Yezu yarahaye kandi ubwo butumire Matayo, na we nyene arabwemera. (Mat. 9:9; 10:2-4) Ubwo butumire nyene ni bwo Yezu yahaye abakunda ubugororotsi bose, igihe yavuga ati: “Nimba hari uwushaka kunkurikira, niyiyanke atore igiti co gusinzikarizwako ciwe imisi yose, hanyuma ankurikire ubudahengeshanya.” (Luka 9:23) Ku bw’ivyo, uwo ari we wese arashobora gukurikira Yezu nimba vy’ukuri abishaka. Woba ufise ico cipfuzo? Benshi muri twebwe twaramaze kwakira neza ubwo butumire bwa Yezu buranga ubuntu, kandi mu busuku bwo mu ndimiro, turabuha abandi.

3. Dushobora gute kwirinda kugenda akayombekere maze ntitube tugikurikira Yezu?

3 Ikibabaje ni uko hari abashimishwa n’ukuri kwo muri Bibiliya ariko ntibabandanye bakwironsa. Ahubwo riho, barasubiye inyuma nk’ibirenge, amaherezo “[ba]genda akayombekere” ntibaba bagikurikira Yezu. (Heb. 2:1) Dushobora gute kwirinda kugwa muri uwo mutego? Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Ni kubera iki nahisemwo gukurikira Yezu imbere y’ibindi vyose? Bisobanura iki kumukurikira?’ Nitwagumiza ku muzirikanyi inyishu z’ivyo bibazo bibiri, bizodufasha gukomeza umwiyemezo dufise wo kuguma mu nzira nziza twahisemwo. Bizodufasha kandi kuremesha abandi ngo bakurikire Yezu.

Ni kubera iki twokurikira Yezu?

4, 5. Ni kubera iki Yezu abereye kuba Indongozi?

4 Umuhanuzi Yeremiya yavuze ati: “Uhoraho, nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.” (Yer. 10:23) Kahise karerekanye ko ayo majambo ya Yeremiya ari ay’ukuri. Vyagiye birarushiriza kwibonekeza ko abantu b’abanyagasembwa badashobora kwiyobora ngo baroranirwe. Twaremeye ubutumire bwo gukurikira Yezu kubera ko twamenye yuko akwije ibisabwa vyo kuba Indongozi yacu mu buryo ata wundi muntu n’umwe yokwigera abikwiza. Reka turimbure bimwebimwe muri ivyo bisabwa.

5 Ubwa mbere, Yehova ni we yirobanuriye Yezu ngo abe Mesiya Indongozi yacu. Hari uwundi none yoba azi uwotubera Indongozi kuruta Umuremyi wacu? Ubwa kabiri, Yezu arafise kamere zishobora kudushimisha kandi dushobora kwigana. (Soma Yesaya 11:2, 3.) Ni we karorero ntangere. (1 Pet. 2:21) Ubwa gatatu, Yezu aritaho cane abamukurikira, nk’uko yavyerekanye igihe yatanga ubuzima bwiwe ku bwabo. (Soma Yohani 10:14, 15.) Vyongeye, arerekana ubwiwe ko ari umwungere yitwararikana igihe atuyobora mu buzima butuzanira agahimbare muri iki gihe kandi bukanadushikana kuri kazoza kaninahaye k’ibihe bidahera. (Yoh. 10:10, 11; Ivyah. 7:16, 17) Kubera izo mvo eka mbere n’izindi, tuba dufashe ingingo iranga ubukerebutsi igihe duhisemwo kumukurikira. None ukwo kumukurikira bisobanura iki?

6. Gukurikira Yezu bisobanura iki?

6 Gukurikira Kristu ntibigarukira gusa ku kuba twitwa abakirisu. Muri iki gihe, abantu nk’imiliyaridi zibiri bariyita ko ari abakirisu, ariko ivyo bakora bikagaragaza ko ari “abakora ivy’ubugarariji.” (Soma Matayo 7:21-23.) Igihe abantu bagaragaje ko bashimishwa n’ubutumire bahabwa bwo gukurikira Yezu, turabasigurira yuko abakirisu b’ukuri bahuza uburyo bwabo bwose bwo kubaho n’inyigisho ziwe be n’akarorero yatanze, ivyo bakabigenza gutyo mu buzima bwabo bwose. Kugira ngo dutange akarorero k’ico ivyo bisobanura, reka turimbure bimwebimwe mu bintu tuzi ku vyerekeye Yezu.

Nitwigane akarorero ka Yezu karanga ubukerebutsi

7, 8. (a) Ubukerebutsi ni iki, kandi ni kubera iki Yezu yari afise bwinshi? (b) Yezu yagaragaje gute ubukerebutsi, kandi dushobora gute kumwigana?

7 Yezu yaragaragaje kamere nyinshi zidasanzwe, ariko tugiye kwibanda kuri izi zine: Ubukerebutsi bwiwe, ukwicisha bugufi kwiwe, umwete wiwe be n’urukundo rwiwe. Ubwa mbere, reka turimbure ubukerebutsi bwiwe, ni ukuvuga ubushobozi bwiwe bwo gukoresha ubumenyi be n’ugutahura mu buryo ngirakimazi. Intumwa Paulo yanditse ati: “Muri [Yezu] ni ho itunga ryose ry’ubukerebutsi n’ubumenyi ryahishijwe bimwe vyitondewe.” (Kol. 2:3) None ubukerebutsi nk’ubwo Yezu yabukuye hehe? Ubwiwe yavuze ati: “Nk’uko Data yanyigishije ni ko mvuga ivyo bintu.” (Yoh. 8:28) Ubukerebutsi bwa Yezu bwava kuri Yehova, akaba ari co gituma tudatangazwa n’ukuntu abona ibintu mu buryo buroranye.

8 Nk’akarorero, Yezu yarakoresheje ukubona ibintu mu buryo buroranye igihe yahitamwo ico yokoze mu buzima. Yahisemwo kuguma yoroheje ubuzima bwiwe, akibanda ku kintu kimwe gusa, na co kikaba kwari ugukora ivyo Imana igomba. Yarakoresheje abigiranye ubukerebutsi umwanya wiwe wose be n’inguvu ziwe zose kugira ngo ateze imbere ivy’Ubwami. Turakurikiza akarorero ka Yezu mu kwihatira kuguma dufise ‘ijisho riremuruye,’ gutyo tukirinda kwiremereza ibintu bidakenewe bidutwara inguvu kandi bisaba ko tuvyitwararika. (Mat. 6:22) Abakirisu benshi barateye intambwe yo kworosha uburyo bwabo bwo kubaho kugira ngo bashobore guhebera ubusuku umwanya wiyongereye. Hari abashoboye gutangura gukora ubutsimvyi. Niba uri umwe muri abo, turagukeje cane. ‘Kubanza kurondera ubwami’ birazana agahimbare kenshi be n’ugushira akanyota.​—Mat. 6:33.

Nitube abicisha bugufi nka Yezu

9, 10. Yezu yagaragaje gute ukwicisha bugufi?

9 Umuce ugira kabiri wa kamere za Yezu tugiye kurimbura ni ukwicisha bugufi kwiwe. Igihe abantu b’abanyagasembwa baronse ubukuru, bakunze guca bagira agatima ko kwibona ko ari bo bahambaye. Ese ukuntu ivyo bihushanye n’ukuntu Yezu yari ameze! Naho Yezu afise ikibanza nyamukuru mw’iranguka ry’umugambi wa Yehova, ntiyigeze agaragaza agatima ko kwishira hejuru. Natwe turemeshwa kumwigana muri uwo muce. Intumwa Paulo yanditse ati: “Mugumane uyu mutima muri mwebwe ari na wo wari muri Kristu Yezu. Uyo naho yari mu mero y’Imana, ntiyiyumviriye kunyaga ubukuru, ngo arondere kungana n’Imana. Oya, ahubwo yahevye vyose afata imero y’umushumba, acika uwusa n’abantu.” (Flp. 2:5-7) None ivyo vyasavye iki?

10 Yezu yaratewe agateka kaninahaye ko kubana na Se wiwe mw’ijuru, yamara “ya[ra]hevye vyose” abigiranye umutima ukunze. Ubuzima bwiwe bwarimuriwe mu nda y’Umuyudakazi w’isugi, bukurirayo mu kiringo c’amezi icenda gushika aho avukiye ari akayoya ata co kishoboje mu rugo rw’umubaji aciye bugufi. Aho kwa Yozefu, Yezu yagiye arakura buhorobuhoro, ariga gutambuka, araba agahungu gatoyi, mu nyuma araba umuyabaga. Nta gicumuro yagira. Yamara, mu buto bwiwe bwose yagumye ayobokera abavyeyi biwe, abari abanyagasembwa n’abanyabicumuro. (Luka 2:51, 52) Mbega ukwicisha bugufi kw’igitangaza!

11. Ni mu buryo ubuhe dushobora kwigana ukwicisha bugufi kwa Yezu?

11 Turigana ukwicisha bugufi kwa Yezu igihe twemera n’umutima ukunze gukora ibikorwa vyoshobora gusa n’ibikengeretse. Nk’akarorero, zirikana ku gikorwa twashinzwe co kwamamaza inkuru nziza. Ico gikorwa coshobora gusa n’igikengeretse, na canecane igihe abantu batanegwa ubutumwa tubashikiriza, badutyekeza canke bakaturwanya. Yamara rero, mu gushishikara ico gikorwa co kwamamaza, turafasha abandi kwemera ubutumire bwa Yezu bwo kumukurikira. Ico gihe tuba dufashije mu kurokora ubuzima. (Soma 2 Timoteyo 4:1-5.) Akandi karorero ni akajanye n’ukubungabunga Ingoro yacu y’Ubwami. Aho harimwo ukuja gusesa umwavu, gukoropa be n’ugusukura utuzu twa surwumwe n’aho bakarabira, ivyo vyose bikaba ari ibikorwa bisaba ukwicisha bugufi! Naho biri ukwo, turazi neza yuko kubungabunga Ingoro yacu y’Ubwami, iyo na yo ikaba ari intimatima y’ugusenga gutyoroye mu karere iba irimwo, biri mu bigize umurimo mweranda turangura. Igihe turanguye n’umutima ukunze ibikorwa bisa n’aho bikengeretse, tuba tugaragaje ukwicisha bugufi, gutyo tukaba tugeze ikirenge mu ca Kristu.

Nitube abanyamwete nka Yezu

12, 13. (a) Yezu yagaragaje gute umwete, kandi ni ibiki vyabimutuma? (b) Ni ibiki bizotuma tuba abanyamwete mu busuku?

12 Rimbura umwete Yezu yari afise mu busuku. Yezu yarakoze ibintu vyinshi igihe yari ngaha kw’isi. Mu ntango y’ubuzima bwiwe, ashobora kuba yarakoze igikorwa c’ububaji ari kumwe na Yozefu, se wiwe murezi. Mu busuku bwiwe, Yezu yarakoze ibitangaro, harimwo gukiza abarwaye no kuzura abapfuye. Ariko, igikorwa ciwe nyamukuru cari ic’ukwamamaza inkuru nziza no kwigisha abamwumviriza. (Mat. 4:23) Twebwe abayoboke biwe, dukora igikorwa nk’ico nyene. Dushobora gute none kwigana akarorero kiwe? Kimwe coco, turashobora gukora ico gikorwa tubitumwe na zirya mvo nyene zatuma Yezu agikora.

13 Ikiruta vyose, urukundo yakunda Imana ni rwo rwamuvyurira umutima wo kwamamaza no kwigisha. Ariko kandi Yezu yarakunda ukuri yigisha. Ukwo kuri yabona ko kwari itunga ntangere, kandi yari ashashaye kukubwira abandi. Twebwe ‘abigisha b’abantu,’ tubona ibintu muri ubwo buryo nyene. Zirikana gatoyi ku kuri kw’agaciro tumaze kwiga mw’Ijambo ry’Imana! Turazi ikibazo cavyuwe ku bijanye n’uwukwiye kuba segaba w’isi n’ijuru, tukamenya n’ingene kizotorerwa inyishu. Turatahura neza ico Ivyanditswe vyigisha ku bijanye n’ukuntu abapfuye bamerewe be n’imihezagiro abantu bazoronka mw’isi nshasha y’Imana. Twaba twize ukwo kuri vuba canke kera, ntikwigera guta agaciro. Ukwo kuri kwaba kumaze igihe canke ari gushasha, kuguma ari itunga ntangere. (Soma Matayo 13:52.) Igihe twamamaje inkuru nziza tubishashaye, tuba tweretse abandi urwo dukunda ivyo Yehova yatwigishije.

14. Dushobora gute kwigana uburyo Yezu yakoresha mu kwigisha?

14 Raba kandi ingene Yezu yigisha. Yaguma yerekeza abamwumviriza ku Vyanditswe. Kugira ngo yinjize iciyumviro gihambaye, akenshi yabigira mu kuvuga ati: “Vyanditswe ngo.” (Mat. 4:4; 21:13) Mu vyo yavuze vyanditswe mu Njili, amajambo yo mu bitabu birenga ica kabiri c’ibitabu bigize Ivyanditswe vy’igiheburayo yarayasubiyemwo ukwo yakabaye canke ayasubiramwo mu yindi mvugo. Nk’uko kwa Yezu, turibanda cane kuri Bibiliya mu busuku turangura kandi tukihatira gushimika ku Vyanditswe igihe cose bishobotse. Muri ubwo buryo, turafasha abantu b’umutima ugororotse kwibonera ko turiko turigisha ivyiyumviro vy’Imana, atari ivyacu. Ese ukuntu duhimbarwa cane igihe hari uwemeye gusoma muri Bibiliya no kuganira natwe ku gaciro k’Ijambo ry’Imana be n’ico risobanura! Igihe na ho mwene abo bantu bemeye akamo Yezu abatera ngo bamukurikire, akamwemwe karadusya.

Gukurikira Yezu bisobanura gukunda abandi

15. Ni kamere iyihe yibonekeje Yezu yari afise, kandi kuyizirikanako bishobora kugira ico bikoze gute kuri twebwe?

15 Umuce wa nyuma wa kamere za Yezu tugiye guca irya n’ino ni kamere ikora ku mutima cane, ino ikaba ari urukundo yakunda abantu nka we. Intumwa Paulo yanditse ati: “Urukundo Kristu afise ru[ra]tugobera.” (2 Kor. 5:14) Igihe tuzirikanye ku rukundo Yezu akunda abantu muri rusangi be n’urwo akunda umwumwe wese muri twebwe, turumva dukozwe ku mutima maze tukumva dusunikiwe kwigana akarorero yatanze.

16, 17. Ni mu buryo ubuhe Yezu yagaragaje urukundo yakunda abandi?

16 Yezu yagaragaje gute ko yakunda abandi? Umutima ukunze yari afise wo gutanga ubuzima bwiwe ku bw’ineza y’umuryango w’abantu ni co kintu cagaragaje mu buryo bukomeye cane urukundo rwiwe. (Yoh. 15:13) Ariko rero, mu gihe c’ubusuku bwiwe, Yezu yaragaragaje urukundo no mu bundi buryo. Nk’akarorero, yarishira mu kibanza c’ababa bafise umubabaro. Igihe yabona Mariya be n’abo bari kumwe bariko bararira kubera urupfu rwa Lazaro, yarababajwe cane n’intuntu bari bafise. Naho Yezu yagira azure Lazaro, yaratuntuye cane ku buryo yahevye “arakorora amosozi.”​—Yoh. 11:32-35.

17 Mu ntango z’ubusuku bwa Yezu, hari umunyamibembe yaje kuri we, maze avuga ati: “Ubishatse gusa, urashobora kumpumanura.” None Yezu yakoze iki? Iyo nkuru igira iti: “Bimutera ikigongwe.” Yaciye rero akora ikintu c’akumiza. “Aramvura ukuboko amukorako, hanyuma amubwira ati: ‘Ndabishaka. Humanuka.’ Hanyuma buno nyene nya mibembe ica iramuvako, arahumanuka.” Mu gihe c’Itegeko rya Musa, abanyamibembe bari bahumanye, kandi nta gukeka ko Yezu yari gushobora gukiza uwo muntu atarinze kumukorako. Yamara, igihe Yezu yakiza uwo munyamibembe, yari amuhaye akaryo ko gukorwako n’uwundi muntu, kumbure bukaba bwari bwo bwa mbere mu myaka n’iyindi yari ihaciye. Ese ukuntu ico cari igikorwa c’impuhwe zirangwa ikibabarwe!​—Mrk. 1:40-42.

18. Dushobora gute kugaragaza “impuhwe”?

18 Twebwe abakurikira Kristu dusabwa kugaragaza urukundo rwacu mu kugira “impuhwe.” (1 Pet. 3:8) Woshobora gusanga bitoroshe gutahura inyiyumvo z’uwo dusangiye ukwizera aba ariko acumukuzwa n’indwara idakira canke adendebukiwe, canecane igihe tuba tutarigera dushikirwa n’ibintu nk’ivyo mu buzima. Yamara, Yezu yarumvira impuhwe abarwaye naho ubwiwe atigeze arwara. Dushobora gute gutsimbataza agatima ko kugira mwene izo mpuhwe? Ni mu kwumviriza twihanganye igihe abafise umubabaro batubwira ibiri mu mutima wabo. Umwumwe muri twebwe yoshobora kwibaza ati: ‘Iyaba yari jewe, nokwumvise merewe gute?’ Nitwashishikara kwerekana ko twitaho inyiyumvo z’abandi, tuzoba abashoboye vy’ukuri ‘guhoza abadendebukiwe.’ (1 Tes. 5:14) Gutyo, tuzoba turiko dukurikira Yezu.

19. Ni mu buryo ubuhe akarorero ka Yezu kagira ico gakoze kuri twebwe?

19 Mbega ivyigwa vyeza umutima dusanga mu majambo Yezu Kristu yavuze no mu vyo yakoze! Uko turushiriza kwiga ibimwerekeye, ni ko turushiriza kugira icipfuzo co kumera nka we, ni ukuvuga tukarushiriza kugira icipfuzo co gufasha abandi ngo babigenze gutyo. Ukwo vyogenda kwose rero, nimuze turonkere agahimbare mu gukurikira wa Mwami Mesiya ubu no mu bihe bidahera!

Woshobora kubisigura?

• Dushobora gute kugaragaza ubukerebutsi, nk’uko Yezu yabigize?

• Ni mu buryo ubuhe dushobora kugaragaza ukwicisha bugufi?

• Dushobora gute kurushiriza kugirira umwete ubusuku?

• Ni mu buryo ubuhe dushobora kwigana Yezu mu vyo kugaragariza abandi urukundo?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 5]

IGITABU KIDUFASHA KWIGANA KRISTU

Mu gihe c’ihwaniro ry’intara ryo mu 2007, harasohowe igitabu c’impapuro 192 kivuga ngo “ Viens, suis-moi ” (‘Ingo unkurikire’). Ico gitabu kigenewe gufasha abakirisu kwibanda kuri Yezu, canecane kuri kamere ziwe no ku bikorwa vyiwe. Inyuma y’ibigabane bibiri vy’intangamarara, igihimba ca mbere kiravuga muri make kamere zibonekeje Yezu yagaragaje, na zo akaba ari ukwicisha bugufi kwiwe, ukuba yari afise umutima rugabo, ubukerebutsi bwiwe, ukugamburuka kwiwe be n’ukwihangana kwiwe.

Haca hakurikira ibihimba vyigana ibikorwa Yezu yaranguye ari umwigisha akaba n’umwamamaji w’inkuru nziza be n’ibivuga uburyo bumwebumwe yagaragajemwo urukundo rwiwe ruhambaye. Muri ico gitabu cose, haravugwamwo ibintu vyofasha umukirisu kwigana Yezu.

Turizigiye tudakeka ko iki gitabu umwe wese muri twebwe kizomuvyurira umutima wo kwisuzuma no kwibaza ati: ‘Noba vy’ukuri ndiko ndakurikira Yezu? Nshobora gute kurushiriza kumukurikira neza?’ Vyongeye, kizofasha “abo bose . . . bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera” kugira ngo babe abakurikira Kristu.​—Ibik. 13:48.

[Ifoto ku rup. 4]

Yezu yaremeye kuza ngaha kw’isi aravuka nk’uko abandi bana bavuka. Ivyo vyasaba iyihe kamere?

[Ifoto ku rup. 6]

Ni igiki kizotuma tugira umwete mu busuku?