Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nuronkere umunezero mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa

Nuronkere umunezero mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa

Nuronkere umunezero mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa

“Nimugende rero muhindure abantu . . . abigishwa.”​—MAT. 28:19.

1-3. (a) Abenshi bumva bamerewe gute ku bijanye n’ukuyobora inyigisho za Bibiliya? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

 “NARI maze amayinga 11 ndiko ndigana Bibiliya n’umuryango umwe ukomoka muri Pakisitani.” Ukwo ni ko umuvukanyikazi umwe ariko asukurira mu mugwi ukoresha ururimi rw’igihindi wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yanditse. Yongerako ati: “Birumvikana yuko twahavuye tuba abagenzi. Iyo nzirikanye ku bijanye n’uko uwo muryango ugiye vuba gusubira muri Pakisitani, nca numva amosozi yuzuye mu maso. Ayo mosozi, sindayaterwa gusa n’umubabaro w’uko ngiye kutaba ncifatanya na bo, ariko kandi ndayaterwa n’umunezero nagira igihe naba ndiko ndabigisha ivyerekeye Yehova.”

2 Woba urigera ugira umunezero uva ku kwigana Bibiliya n’uwundi muntu nk’ukwo kw’uwo muvukanyikazi? Yezu n’abigishwa biwe bo mu kinjana ca mbere bararonkeye umunezero mwinshi mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa. Igihe ba bigishwa 70 Yezu yari yaramenyereje bagaruka bazanye amakuru ateye umunezero, Yezu ubwiwe yumvise “abogaboga akanyamuneza mu mpwemu nyeranda.” (Luka 10:17-21) Muri iki gihe, abamamaji benshi na bo nyene bararonkera umunezero mwinshi mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa. Nkako, mu 2007, abamamaji barakoze baratama kandi bahimbawe, bararongora incahagati y’inyigisho za Bibiliya nk’imiliyoni zitandatu n’igice buri kwezi!

3 Ariko rero, hari abamamaji usanga ata nyigisho ya Bibiliya boba barayobora. Abandi na bo hari aho ata nyigisho n’imwe boba baherutse kuyobora muri iyi myaka ya vuba. Ni ingorane izihe twoshobora kugira uko twihatira kuyobora inyigisho ya Bibiliya? Izo ngorane twozitsinda gute? Kandi ni impera izihe twironkera igihe dukoze uko dushoboye kwose kugira ngo tugamburuke itegeko rya Yezu rigira riti: “Nimugende rero muhindure abantu . . . abigishwa”?​—Mat. 28:19.

Ingorane zoshobora gutuma dutakaza umunezero

4, 5. (a) Abantu benshi bo mu mihingo imwimwe yo kw’isi bakira gute inkuru nziza? (b) Ni ingorane izihe abamamaji bo mu yindi mihingo imwimwe bagira?

4 Mu mihingo imwimwe y’isi, abantu barakira n’igishika cinshi ibisohokayandikiro vyacu kandi usanga bafise icipfuzo gikomeye co kwigana natwe Bibiliya. Umugabo umwe n’umukenyezi wiwe baturuka muri Ositaraliya, abasukuriye muri Zambiya igihe gitoyi, banditse bati: “Inkuru twumvise ni iz’ukuri. Zambiya ni iparadizo yo kwamamarizamwo inkuru nziza. Ntiworaba ukuntu gushinga intahe mu mabarabara bihimbaye cane! Abantu baratwegera, bamwebamwe mbere bakadusaba ibinyamakuru baba bipfuza.” Mu mwaka umwe wa vuba, abavukanyi n’abavukanyikazi bo muri Zambiya bayoboye inyigisho za Bibiliya zirenga 200.000, tugize incahagati akaba ari nk’aho umwamamaji wese yayoboye inyigisho ya Bibiliya irenga imwe.

5 Ariko rero mu yindi mihingo, abamamaji boshobora gusanga bigoye gushikiriza abantu ibisohokayandikiro no kuyobora inyigisho za Bibiliya badahorereza. Uti kubera iki? Akenshi, abantu ntibaba bari i muhira igihe umwamamaji adodora ku nzu zabo, ababa bari i muhira na bo boshobora kuba batanegwa ivy’Imana. Hari aho boba barerewe mu ngo z’abantu ata dini na rimwe barimwo canke na ho bakaba barashegeshwe n’ubwiyorobetsi burangwa mw’idini ry’ikinyoma. Abantu benshi baragiriwe nabi mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga ko batabaguwe bongera barasabagizwa n’abungere b’ikinyoma. (Mat. 9:36) Birumvikana rero yuko mwene abo bantu boshobora kugira amakenga cane mu bijanye n’ibiyago vyerekeye Bibiliya.

6. Ni ibintu ibihe vyoshobora gutuma abamamaji bamwebamwe badashitsa ivyo bipfuza kurangura?

6 Abamamaji bamwebamwe b’abizigirwa barahura n’ingorane yoshobora kubabuza umunezero idasa n’izo duhejeje kuvuga. Naho boba barigeze kuba ari abanyamwete cane mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa, ubu usanga bitaborohera kubera ukurwaragurika canke ubusaza. Rimbura kandi ibintu bimwebimwe usanga ari twebwe tuvyitera maze bigatuma tudashitsa ivyo dushoboye. Nk’akarorero, woba wumva ko utabereye kuyobora inyigisho ya Bibiliya? Woshobora kwumva umerewe nka kumwe kwa Musa igihe Yehova yamushinga igikorwa co kuja kuvugana na Farawo. Musa yavuze ati: “Ntunga, Yehova, erega jewe sindi umuntu yoroherwa no kuvuga, kandi si ivy’ejo canke hirya y’ejo.” (Kuv. 4:10, NW) Kwumva ko tutabereye birafitaniye isano rya hafi n’ugutinya ko tutazobishobora. Twoshobora guhagarika umutima twibwira yuko umuntu munaka atazoba umwigishwa kubera ko ngo tutari abigisha beza. Kugira ngo twirinde gushikirwa n’ico kintu, twoshobora gusanga dufashe ingingo yo kutayoborera umuntu inyigisho. Dushobora gute gutsinda izo ngorane duhejeje kuvuga?

Nutegure umutima wawe

7. Ni igiki cavyurira Yezu umutima wo kurangura ubusuku bwiwe?

7 Ikintu ca mbere twokora ni ugutegura umutima wacu. Yezu yavuze ati: “Akanwa . . . kavuga bivanye n’ibibogaboga mu mutima.” (Luka 6:45) Kuba Yezu yaritwararika bimwe bivuye ku mutima ineza y’abandi ni vyo vyamuvyurira umutima wo kurangura ubusuku bwiwe. Nk’akarorero, igihe yitegereza ukuntu Abayuda nka we bari bamerewe nabi mu vy’impwemu, ‘baramuteye ikigongwe.’ Yabwiye abigishwa biwe ati: ‘Iyimbura ni rinini. Nimwinginge Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.’​—Mat. 9:36-38.

8. (a) Vyoba vyiza tuzirikanye ku biki? (b) Ni icigwa ikihe dushobora gukura ku vyavuzwe n’umutohoji umwe wa Bibiliya?

8 Uko tugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa, vyoba vyiza tuzirikanye bimwe bigera kure ku vyiza vyinshi twahakuye kubera yuko umuntu aba yarafashe umwanya wo kwigana natwe Bibiliya. Zirikana kandi ku bantu tuzohura mu busuku be n’ingene bazokwungukira ku kwumva ubutumwa dushikiriza. Hari umukenyezi yandikiye ibiro vy’ishami vyo mu gihugu abamwo ati: “Nipfuza kubabwira ingene nkengurukira cane Ivyabona baza kunyigishiriza i muhira. Ndazi yuko bihora bishika nkabatera ishavu kubera mfise ibibazo vyinshi cane kandi ko nama nantaryo marana na bo umwanya urengeye cane uwo baba bategekanije. Ariko baranyihanganira kandi baba bashashaye kumbwira ivyo bize. Ndakengurukira Yehova be na Yezu kubona abo bantu baraje kunyigisha.”

9. Ni igiki Yezu yaguma yitwararika, kandi dushobora gute kumwigana?

9 Ariko ntiwumve, si bose bakiriye neza utwigoro Yezu yagize kugira ngo abafashe. (Mat. 23:37) Hari abamukurikiye igihe kinaka ariko mu nyuma baranegura inyigisho ziwe “ntibongera kugendana na we.” (Yoh. 6:66) Yamara rero, Yezu ntiyaretse ngo ukuba bamwebamwe barakira nabi ubutumwa yashikiriza bitume yumva ko ata gaciro bwari bufise. Naho nyinshi mu mbuto Yezu yabivye zitamye, yagumye yituniye ku ciza yariko arakora. Yarabonye ko imirima yari yeze igeze kwimburwa maze aragira umunezero mwinshi wo kuba yarafashije muri iryo yimbura. (Soma Yohani 4:35, 36.) Aho kuguma tubona gusa mu bwenge imbuto zabaye ibirumbirane, twoba na twebwe nyene dushobora kuguma twibanda ku mwimbu ushobora kuzova mu cibare twashinzwe gukoreramwo? Reka twihweze ukuntu dushobora kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza.

Nubibe wizigiye ko uzokwimbura

10, 11. Ushobora gukora iki kugira ngo ugume ufise umunezero?

10 Umurimyi abiba imbuto yizigiye ko azokwimbura. Na twebwe nyene turakeneye kwamamaza dufise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya. Bite ho mu gihe woba uza uramara umwanya mu busuku bwo mu ndimiro ariko ugasanga ni gake abantu baba bari ku mihana yabo canke bigasa nk’aho udashobora gusubira kubabona igihe usubiye kubagendera? Ivyo birashobora kuvuna umutima. Woba ukwiye guca utana n’akabando ubusuku bw’inzu ku nzu? Habe namba! Abantu benshi baracabwirwa inkuru nziza ari bwo bwa mbere biciye kuri ubwo buryo kirumara bumaze igihe kirekire bukoreshwa.

11 Ariko rero, kugira ngo ugume ufise umunezero, woba ushobora gukoresha uburyo butandukanye bwo kwamamaza, kumbure ugakoresha ubundi buryo bwogufasha gushikira abantu? Nk’akarorero, woba umaze kugerageza kubwira inkuru nziza abantu ku mabarabara canke aho barangurira imirimo yabo? Woba ushobora kuganira na bo kuri telefone canke kwironsa inomero za telefone z’abo umaze kubwira ubutumwa bw’Ubwami kugira ngo ushobore kubaterefona? Niwaguma wumiye kw’ibanga kandi ukaza urahindura uburyo ukoresha wisunze uko ibintu biba vyifashe mu busuku, uzohimbarwa no kuronka abantu bakira neza ubutumwa bw’Ubwami.

Ingene wovyifatamwo igihe abantu batanegwa ivy’Imana

12. Twokora iki mu gihe abantu benshi bo mu cibare cacu basa n’abatanegwa ivy’Imana?

12 Bite ho mu gihe abantu benshi bo mu cibare cawe batanegwa ivy’Imana? Woba ushobora guhindura uburyo bwawe bwo gutanguza ikiyago maze ugakoresha ikintu cobashimisha? Intumwa Paulo yandikiye abakirisu bagenziwe b’i Korinto ati: “Ku Bayuda . . . nacitse nk’Umuyuda . . . Ku batagira itegeko nacitse nk’uwutagira itegeko, naho ntari uwutagira itegeko ku Mana.” Ni igiki none catuma Paulo abigenza gutyo? Yavuze ati: “Nacitse vyose ku bantu b’uburyo bwose, kugira ngo uko bishoboka kwose nkize bamwe.” (1 Kor. 9:20-22) Twoba natwe dushobora kurondera ico twohurizako n’abo mu cibare cacu? Abantu benshi ata dini na rimwe barimwo usanga bipfuza kuryohora ukuntu ubucuti bafitaniye mu muryango bumeze. Boshobora kuba kandi bipfuza cane kumenya intumbero y’ubuzima. Twoba dushobora gushikiriza ubutumwa bw’Ubwami mwene abo bantu mu buryo buzobashimisha?

13, 14. Twoshobora gute kwongereza umunezero dukura mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa?

13 Abamamaji baguma bongerekana barongereje umunezero bakura mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa, mbere no mu vyibare aho usanga abantu nka bose basa n’abatanegwa ivy’Imana. Uti gute? Mu kwiga urundi rurimi. Umugabo umwe n’umukenyezi wiwe bageze mu myaka 60 barabonye ko mu cibare ishengero ryabo rikukira haba abanyeshure b’Abashinwa ibihumbi bari kumwe n’imiryango yabo. Uwo munega avuga ati: “Kubera ivyo, twararemeshejwe kwiga igishinwa.” Abandanya ati: “Naho ivyo vyadusaba kumara umwanya munini ku musi ku musi turiko turiga urwo rurimi, vyaratumye turonka Abashinwa benshi twigana Bibiliya muri ako karere kacu.”

14 Naho woba udashoboye kwiga urundi rurimi, urashobora gukoresha neza ka gatabu Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose (mu gifaransa) igihe uhuye n’abantu bavuga urundi rurimi. Urashobora kandi kuza kenshi na kenshi urironsa ibisohokayandikiro vyo mu rurimi abantu muhura mu busuku bavuga. Ego ni ko usanga bisaba umwanya wiyongereye be n’utwigoro twinshi kugira ngo ushobore kuyaga n’abantu bavuga urundi rurimi kandi mudasangiye imico. Ariko ntiwibagire ingingo ngenderwako dusanga mw’Ijambo ry’Imana, igira iti: “Uwubiba vyinshi azoshwabura vyinshi.”​—2 Kor. 9:6.

Ishengero ryose rirabigiramwo uruhara

15, 16. (a) Ni kubera iki igikorwa co guhindura abantu abigishwa kivana n’utwigoro tugirwa n’ishengero ryose? (b) Ni uruhara uruhe abageze mu zabukuru barangura?

15 Ariko rero, guhindura abantu abigishwa ntibivana n’utwigoro tugirwa n’umuntu umwe gusa. Ahubwo nyabuna, bivana n’utwigoro ishengero ryose rigira. Kubera iki? Yezu yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje, nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yoh. 13:35) Kandi nkako, igihe abatohoji ba Bibiliya bitavye amakoraniro tugira, akenshi usanga bakorwa ku mutima n’urukundo ruharangwa. Umutohoji umwe wa Bibiliya yanditse ati: “Ndaryoherwa cane no kwitaba amakoraniro. Usanga abayitaba bakirana cane!” Yezu yavuze ko abacika abayoboke biwe boshoboye kurwanywa n’abagize imiryango yabo. (Soma Matayo 10:35-37.) Yamara rero, yasezeranye ko mw’ishengero boharonse abantu benshi bo mu buryo bw’impwemu bobaye “bene wabo na bashiki [babo] na ba nyina n’abana.”​—Mrk. 10:30.

16 Abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bageze mu zabukuru baragira canecane uruhara ruhambaye mu gufasha abatohoji ba Bibiliya gutera imbere. Mu buryo ubuhe? Naho bamwe mu bageze mu zabukuru ubwabo badashobora kuyobora inyigisho ya Bibiliya, insasanuro zubaka batanga ku makoraniro zirakomeza ukwizera kw’abazumva bose. Kuba baragendeye “mu nzira y’ubugororotsi” birongereza ubwiza bw’ishengero bikongera bigakwegēra abantu b’umutima nziraburyarya kw’ishirahamwe ry’Imana.​—Imig. 16:31.

Ingene twotsinda ubwoba

17. Ni igiki dushobora gukora kugira ngo dutsinde ukwumva ko tutabereye?

17 Tuvuge iki mu gihe woba uriko uhangana n’ukwumva ko utabereye? Uribuka ko Yehova yafashije Musa mu kumuronsa impwemu nyeranda be n’uwo bakorana, ari we Aroni mwenewabo. (Kuv. 4:10-17) Yezu yasezeranye ko impwemu y’Imana yoshigikiye igikorwa cacu co kwamamaza inkuru nziza. (Ibik. 1:8) N’ikindi kandi, Yezu yararungitse abakozi kwamamaza ari babiribabiri. (Luka 10:1) Ku bw’ivyo, niba ubona ko bikubera urugamba kuyobora inyigisho ya Bibiliya, nusenge usaba impwemu y’Imana kugira ngo ikuronse ubukerebutsi, uheze ukorane n’umwamamaji mugenzawe ashobora kugusubiriza umutima mu nda kandi yaciye mu bintu vyoshobora kugufasha. Kwibuka ko Yehova ahitamwo gukoresha abantu babayabaye ni ukuvuga “ibintu vya goyigoyi vyo mw’isi,” kugira ngo arangure ico gikorwa kidasanzwe, birakomeza ukwizera kwacu.​—1 Kor. 1:26-29.

18. Dushobora gute gutsinda ubwoba bw’uko tutazobishobora?

18 Dushobora gute gutsinda ubwoba bw’uko tutazobishobora? Vyoba vyiza twibutse yuko igikorwa co guhindura abantu abigishwa kitameze nko gukinjika, ivyo usanga kubishobora canke kutabishobora bivana canecane n’umuntu umwe, ni ukuvuga umutetsi. Igikorwa co guhindura abantu abigishwa coco gisaba n’imiburiburi abantu b’imigwi itatu bakorera hamwe. Yehova ni we akora uruhara ruhambaye cane, na rwo rukaba ari ugukwegera umuntu kuri we. (Yoh. 6:44) Twe n’abandi bagize ishengero turakora uko dushoboye kwose ngo dukoreshe ubuhanga bwo kwigisha kugira ngo dufashe umutohoji gutera imbere. (Soma 2 Timoteyo 2:15.) Uwo mutohoji na we arakeneye gukora ahuza n’ivyo yiga. (Mat. 7:24-27) Igihe umuntu ahagaritse kwiga Bibiliya, vyoshobora kutuvuna umutima. Tuba twizigiye ko abatohoji ba Bibiliya bagira ihitamwo ribereye, ariko umwe wese ategerezwa “[ku]zobazwa n’Imana ku vyiwe.”​—Rom. 14:12.

Ni impera izihe turonka?

19-21. (a) Ni ivyiza ibihe dukura mu kuyobora inyigisho za Bibiliya? (b) Yehova abona gute abo bose bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza?

19 Kuyobora inyigisho za Bibiliya biradufasha kuguma twitunira ku kubanza kurondera Ubwami. Biratuma kandi ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana kurushiriza kwinjira ibwina mu muzirikanyi wacu no mu mutima wacu. Uti kubera iki? Umutsimvyi umwe yitwa Barak asigura ati: “Kuyobora inyigisho za Bibiliya biragusunikira kuba umwigisha mwiza w’Ijambo ry’Imana. Nsanga ubwanje ntegerezwa kubanza kujijuka rwose ku kintu imbere y’uko nshobora kucigisha uwundi muntu mu buryo bubereye.”

20 Niba ata nyigisho ya Bibiliya ufise, vyoba bisobanura ko umurimo urangura ata gaciro ufise imbere y’Imana? Habe namba! Yehova arakenguruka bimwe bigera kure utwigoro tugira two kumushemeza. Abagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza, ni “abakozi bakorana n’Imana.” Ariko rero, kuyobora inyigisho ya Bibiliya bituma tugira umunezero wiyongereye uko tubona ingene Imana ikuza imbuto twateragiye. (1 Kor. 3:6, 9) Umutsimvyi umwe yitwa Amy avuga ati: “Uko ubona ingene umutohoji wa Bibiliya atera imbere, ni ko wumva ugize ugukengurukira Yehova kurengeye ugutahura, kubona yararetse ugakoreshwa kugira ngo uwo muntu aronswe ingabirano nziza igitangaza, iyo na yo akaba ari akaryo ahabwa ko kumenya Yehova be n’ako kuzoronka ubuzima budahera.”

21 Nitwakora uko dushoboye kwose kugira ngo dutanguze inyigisho za Bibiliya tukongera tukaziyobora, bizodufasha kuguma twituniye ku gusukurira Imana muri kino gihe vyongere bikomeze icizigiro dufise c’uko tuzorokoka tukinjira mw’isi nshasha. Tubifashijwemwo na Yehova, twoshobora kandi gufasha abatwumviriza bakazorokoka. (Soma 1 Timoteyo 4:16.) Ese ukuntu iyo ari imvo yotuma tugira umunezero!

Woba uvyibuka?

• Ni ingorane izihe zoshobora gutuma abamamaji bamwebamwe batayobora inyigisho za Bibiliya?

• Twokora iki niba abantu benshi bo mu cibare cacu basa n’abatanegwa ivy’Imana?

• Ni impera izihe turonka igihe tuyobora inyigisho ya Bibiliya?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Amafoto ku rup. 9]

Woba ukoresha uburyo butandukanye mu kwamamaza kugira ngo uronke abantu b’umutima nziraburyarya?