Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umusavyi wa Yehova ‘yacumitiwe ibicumuro vyacu’

Umusavyi wa Yehova ‘yacumitiwe ibicumuro vyacu’

Umusavyi wa Yehova ‘yacumitiwe ibicumuro vyacu’

‘Yacumitiwe ibicumuro vyacu, yajanjaguriwe ibigabitanyo vyacu. [“Inguma,” “NW”] ziwe ni zo zidukiza.’​—YES. 53:5.

1. Ni ibiki dukwiye kugumiza mu muzirikanyi igihe duhimbaza Icibutso, kandi ni ubuhanuzi ubuhe buzodufasha kubigira?

 TURAHIMBAZA Icibutso kugira ngo twibuke ibintu vyose vyaranguwe biciye ku rupfu rwa Kristu be n’izuka ryiwe. Icibutso kiratwibutsa ibijanye n’iyemezwa ry’ubusegaba bwa Yehova, iyezwa ry’izina ryiwe be n’iranguka ry’umugambi wiwe, harimwo n’ubukiriro bw’umuryango w’abantu. Kumbure nta bundi buhanuzi bwo muri Bibiliya budondora mu buryo bwiza ivyerekeye incungu Kristu yatanze be n’ivyo iyo ncungu yaranguye kuruta ubwo dusanga muri Yesaya 53:3-12. Yesaya yari yaravuze ibijanye n’imibabaro uwo Musavyi yogize yongera aratanga amakuru y’ido n’ido yerekeye urupfu rwa Kristu be n’imihezagiro urupfu rwiwe rwotumye benewabo basizwe be n’abagize “izindi ntama” ziwe bironkera.​—Yoh. 10:16.

2. Ubuhanuzi bwa Yesaya ni ikimenyamenya c’iki, kandi bugira ico bukoze gute kuri twebwe?

2 Nk’imyaka amajana indwi imbere y’uko Yezu avukira ng’aha kw’isi, Yehova yarahumekeye Yesaya ngo avuge ubuhanuzi bw’uko Umusavyi wiwe yitoranirije yogumye ari umwizigirwa n’igihe nyene yogeragejwe gushika ku rugero rwa nyuma. Ico kintu Yehova ubwiwe yakoze ni ikimenyamenya c’uko yizigira agaherezako yuko Umwana wiwe yogumye ari intahemuka. Uko dusuzuma ubwo buhanuzi, imitima yacu iraza kubogaboga ugukenguruka, ukwizera kwacu na kwo kurushirize gukomera.

‘Yarakengerwa’ kandi abantu ‘nta co bamwibazako’

3. Ni kubera iki Abayuda bari bakwiye guha ikaze Yezu, ariko bamwakiriye gute?

3 Soma Yesaya 53:3. Zirikana gatoyi ico bitegerezwa kuba vyarasavye Umwana w’ikinege w’Imana mu guheba umunezero yari afise wo gusukura ari kumwe na Se wiwe, maze akaza ng’aha kw’isi kugira ngo atange ubuzima bwiwe kw’ikimazi ngo akize umuryango w’abantu icaha n’urupfu! (Flp. 2:5-8) Ico kimazi yotanze cari kigenewe gutuma abantu baharirwa vy’ukuri ibicumuro, kino kikaba gusa cagereranywa n’ibimazi vy’ibitungwa vyatangwa mu gihe c’Itegeko rya Musa. (Heb. 10:1-4) None ntiyari akwiye kwakirwa neza no guterwa iteka n’imiburiburi n’Abayuda, abari bamaze igihe barindiriye Mesiya yari yarasezeranywe? (Yoh. 6:14) Ahubwo riho, nk’uko Yesaya yari yarabivuze, Kristu ‘yarakengerwa’ n’Abayuda, kandi ‘nta co bamwibazako.’ Intumwa Yohani yanditse ati: “Yaje iwe bwite, mugabo abantu biwe bwite ntibamwakiriye.” (Yoh. 1:11) Intumwa Petero yabwiye Abayuda ati: “Imana ya ba sogokuruza bacu, yaninahaje Umusavyi wayo Yezu, uwo mwebwe mwatanze mukamwihakanira imbere ya Pilato, mu gihe yari yafashe ingingo yo kumurekura. Egome, mwarihakanye uwo mweranda akaba n’umugororotsi.”​—Ibik. 3:13, 14.

4. Yezu yamenyereye gute indwara?

4 Yesaya yari yaravuze kandi ko Yezu yobwirijwe ‘kumenyera indwara.’ (NW) Mu gihe c’ubusuku bwiwe, nta gukeka ko Yezu vyashika akumva arushe, ariko nta kintu na kimwe cerekana ko yigeze arwara. (Yoh. 4:6) Yamara rero, yaramenyereye indwara abo yabwira inkuru nziza bari barwaye. Yarabumviye akagongwe yongera arakiza abatari bake. (Mrk. 1:32-34) Yezu rero yarashikije ubuhanuzi buvuga buti: “N’ukuri n’izacu [“ndwara,” NW] yishizeko, n’iyacu mibabaro yikoreye.”​—Yes. 53:4a; Mat. 8:16, 17.

Yabaye nk’aho ‘acumiswe n’Imana’

5. Abayuda benshi babona gute urupfu rwa Yezu, kandi ni kubera iki ivyo vyatumye arushiriza kugira umubabaro mwinshi?

5 Soma Yesaya 53:4b. Abantu benshi bo mu gihe ca Yezu, ntibatahura igituma yababajwe kandi akicwa. Babona ko Imana yariko iramuhana, akaba ari nk’aho yariko imuteza indwara iteye ishishi. (Mat. 27:38-44) Abayuda bagirije Yezu ko ari umurogosi. (Mrk. 14:61-64; Yoh. 10:33) Mu vy’ukuri, Yezu ntiyari umucumuzi canke ngo abe umurogosi. Ariko, dufatiye ku rukundo ruhambaye yakunda Se wiwe, kuba yabwirijwe kwicwa ahowe ko ngo yari umurogosi bitegerezwa kuba vyaratumye arushiriza kugira umubabaro mwinshi narirya yari Umusavyi wa Yehova. Naho vyari ukwo, yari afise umutima ukunze wo kuyoboka ivyo Yehova agomba.​—Mat. 26:39.

6, 7. Ni mu buryo ki Yehova Imana ‘yajanjaguye’ Umusavyi wiwe w’umwizigirwa, kandi ni kubera iki ivyo vyatumye ‘ahimbarwa’?

6 Turashobora gutegera igituma ubuhanuzi bwa Yesaya buvuga yuko abandi bantu bibaza ko Kristu ‘yacumiswe n’Imana,’ ariko twoshobora gutangazwa n’uko ubwo buhanuzi nyene buvuga kandi buti: “Uhoraho [‘yarahimbawe no,’ NW] kumujanjagura.” (Yes. 53:10) None ko Yehova yari yavuze kandi ati: “Nguyu [“umusavyi,” NW] wanje, . . . uwo natoranije, ahimbara umutima wanje,” vyoshobotse gute ngo ‘ahimbarwe no kumujanjagura’? (Yes. 42:1) Ni mu buryo ki bishobora kuvugwa ko ivyo vyanezereje Yehova?

7 Kugira ngo dutahure neza uwo muce w’ubwo buhanuzi, dukwiye kwibuka yuko mu guhigisha ubusegaba bwa Yehova, Shetani yavyuye inkeka ku bijanye n’ukutadohoka kw’abasavyi b’Imana bose, baba abo mw’ijuru canke abo kw’isi. (Yobu 1:9-11; 2:3-5) Mu kuguma ari umwizigirwa gushika ku rupfu, Yezu yari atanze inyishu itagira agahaze kuri ico kibazo Shetani yari yavyuye. Ku bw’ivyo, naho Yehova yaretse Kristu akicwa n’abansi biwe, nta gukeka ko yababaye igihe yabona uwo Musavyi yitoranirije ariko aricwa. Yamara, kubona ingene Umwana wiwe yagumye ari umwizigirwa vyatumye Yehova ahimbarwa cane. (Imig. 27:11) Ikigeretseko, kuba Yehova yari azi ivyiza urupfu rw’Umwana wiwe rwozaniye abantu bigaya, vyaratumye anezerwa cane.​—Luka 15:7.

‘Yacumitiwe ibicumuro vyacu’

8, 9. (a) Ni mu buryo ki Yezu ‘yacumitiwe ibicumuro vyacu’? (b) Petero yavyemeje gute?

8 Soma Yesaya 53:6. Nka kurya kw’intama zazimiye, abantu b’abanyabicumuro barayerereye, barondera gukurwako indwara n’urupfu barazwe na Adamu. (1 Pet. 2:25) Kubera ko abakomoka kuri Adamu bose ari abanyagasembwa, nta n’umwe muri bo yari ashoboye kugarukana ivyo Adamu yari yaratakaje. (Zab. 49:7) Ariko, kubera urukundo rwiwe ntangere, ‘ukugabitanya kwacu twese Uhoraho yakuremetse’ Umwana wiwe akunda cane akaba n’Umusavyi wiwe yitoranirije. Mu kwemera ‘gucumitirwa ibicumuro vyacu’ no ‘kujanjagurirwa ibigabitanyo vyacu,’ Kristu yarikoreye ibicumuro vyacu ku giti co gusinzikarizwako maze aradupfira.

9 Intumwa Petero yanditse ati: “Iyo nzira ni yo mwahamagariwe, kuko na Kristu yababajwe ku bwanyu, aba abasigiye akarorero kugira ngo mukurikire neza intambuko ziwe. We ubwiwe yarikoreye ibicumuro vyacu mu mubiri wiwe bwite ku giti, kugira ngo tuvavanure n’ibicumuro hanyuma tubeho ku bw’ubugororotsi.” Maze, mu gusubiramwo amajambo yo mu buhanuzi bwa Yesaya, Petero yongeyeko ati: “Kandi ‘mwakijijwe biciye ku nguma ziwe.’” (1 Pet. 2:21, 24; Yes. 53:5) Ivyo vyatumye abacumuzi baronka akaryo ko gusubiza hamwe n’Imana, nk’uko Petero yahavuye abivuga ati: “Kristu yapfuye rimwe rizima ku vyerekeye ibicumuro, umuntu agororotse apfira abatagororotse, kugira ngo abajane ku Mana.”​—1 Pet. 3:18.

Yajanywe “nk’umwagazi w’intama ujanwa mw ibāgiro”

10. (a) Yohani Umubatizi yadondoye gute Yezu? (b) Ni kubera iki amajambo Yohani yavuze yagaragaye ko abereye?

10 Soma Yesaya 53:7, 8. Igihe Yohani Umubatizi yabona Yezu aza amugana, yaciye avuga ati: “Raba, Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho igicumuro c’isi!” (Yoh. 1:29) Mu kuvuga yuko Yezu ari Umwagazi w’intama, Yohani ashobora kuba yari afise mu muzirikanyi amajambo yavuzwe na Yesaya, agira ati: “[Yajanywe] nk’umwagazi w’intama ujanwa mw ibāgiro.” (Yes. 53:7) Yesaya yari yavuze ati: “Yasutse ubugingo bgiwe, [ageza] ku gupfa.” (Yes. 53:12) Birashimishije kubona muri rya joro Yezu yatanguza Icibutso c’urupfu rwiwe, yarahaye igikombe kirimwo umuvinyu za ntumwa 11 z’intahemuka maze avuga ati: “Iki kigereranya ‘amaraso yanje y’isezerano,’ agiye guseswa ku bwa benshi ku bwo kubabarirwa ibicumuro.”​—Mat. 26:28.

11, 12. (a) Ukuba Izahaki yaremeye n’umutima ukunze gutangwako ikimazi vyagereranya iki ku bijanye n’ikimazi Kristu yatanze? (b) Ni igiki dukwiye kugumiza ku muzirikanyi ku vyerekeye Yehova we Aburahamu Mukuru igihe duhimbaza Icibutso?

11 Nka kumwe kwa Izahaki wo mu gihe ca kera, Yezu yari afise umutima ukunze wo kwemera gutangwako ikimazi ku gicaniro cagereranya ivyo Yehova yamushakako. (Ita. 22:1, 2, 9-13; Heb. 10:5-10) Naho Izahaki yemeye n’umutima ukunze yuko atangwako ikimazi, Aburahamu ni we yagerageje gutanga ico kimazi. (Heb. 11:17) Muri ubwo buryo nyene, Yezu yaremeye n’umutima ukunze yuko yobwirijwe gupfa, ariko iyo ndinganizo yerekeye incungu Yehova ni we yari yarayishizeho. Iyo nkuka y’Umwana wiwe ni ikintu cagaragaje urukundo rugera kure Imana ikunda umuryango w’abantu.

12 Yezu ubwiwe yavuze ati: “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo agire ubuzima budahera.” (Yoh. 3:16) Intumwa Paulo yanditse ati: “Imana irashimagiza urukundo rwayo bwite kuri twebwe mu buryo bw’uko Kristu yadupfiriye tukiri abacumuzi.” (Rom. 5:8) Ku bw’ivyo, igihe dutera iteka Kristu mu kwibuka urupfu rwiwe, ntidukwiye kwigera twibagira ko uwatumye indinganizo y’incungu ishoboka ari Aburahamu Mukuru, ari we Yehova. Duhimbaza Icibutso kugira ngo tumushemeze.

Uwo Musavyi atuma “benshi baheshwa ukugororoka”

13, 14. Ni gute Umusavyi wa Yehova yatumye “benshi baheshwa ukugororoka”?

13 Soma Yesaya 53:11, 12. Yehova yavuze ku vyerekeye Umusavyi wiwe yitoranirije ati: “[“Umusavyi,” NW] wanje agororoka azotuma benshi baheshwa ukugororoka.” Mu buhe buryo? Amajambo asozera umurongo wa 12 aradufasha kwishura ico kibazo. Agira ati: “Kandi [uwo Musavyi] asabira abanyabicumuro.” Abakomoka kuri Adamu bose bavuka ari “abanyabicumuro,” akaba ari co gituma baronka “impembo igicumuro gitanga,” iyo na yo akaba ari urupfu. (Rom. 5:12; 6:23) Birakenewe ko abantu b’abanyabicumuro basubiza hamwe na Yehova. Mu kigabane ca 53 c’ubuhanuzi bwa Yesaya haradondora mu buryo bwiza igitangaza ingene Yezu ‘yasabiye’ abantu b’abanyabicumuro. Hagira hati: ‘Igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we, kandi [“inguma,” NW] ziwe ni zo zidukiza.’​—Yes. 53:5.

14 Mu kwikorera ibicumuro vyacu no mu kudupfira, Kristu yaratumye “benshi baheshwa ukugororoka.” Paulo yanditse ati: “Imana yabonye ari vyiza ko ukunengesera kwose kuba muri we [Kristu], kandi biciye kuri we ikongera kwisubizako ibintu vyose ikuzura na vyo, mu kugarukana amahoro biciye ku maraso yasheshe ku giti co gusinzikarizwako, vyaba ibintu vyo kw’isi canke ivyo mw’ijuru.”​—Kol. 1:19, 20.

15. (a) ‘Ibintu vyo mw’ijuru’ Paulo yavuze ni bande? (b) Ni bande gusa bafise uburenganzira bwo gufata ku bimenyetso vy’Icibutso, kandi kubera iki?

15 ‘Ibintu vyo mw’ijuru’ Yehova yisubizako biciye ku maraso ya Kristu yasesetse ni abakirisu basizwe, bahamagariwe gufadikanya na Kristu kuganza mw’ijuru. Abo bakirisu “basangiye uguhamagarirwa ijuru” bitwa “abagororotsi ku bw’ubuzima.” (Heb. 3:1; Rom. 5:1, 18) Yehova aca yemera ko baba abana biwe bo mu buryo bw’impwemu. Impwemu nyeranda irabashingira intahe ko ari “abaraganwa na Kristu,” bahamagariwe kuba abami n’abaherezi mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru. (Rom. 8:15-17; Ivyah. 5:9, 10) Baracika abo mu bagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, ari yo “Isirayeli y’Imana,” bakongera bakinjizwa mw’“isezerano risha.” (Yer. 31:31-34; Gal. 6:16) Kubera ko bagize isezerano rishasha, barahawe uburenganzira bwo gufata ku bimenyetso vy’Icibutso, harimwo n’igikombe c’umuvinyu utukura, ico Yezu yavuze ku bijanye na co ati: “Iki gikombe kigereranya isezerano rishasha hishimikijwe amaraso yanje, ayagiye guseswa ku bwanyu.”​—Luka 22:20.

16. “Ibintu vyo kw’isi,” ni bande kandi ni gute babonwa ko bagororotse mu nyonga za Yehova?

16 “Ibintu vyo kw’isi” ni abagize izindi ntama za Kristu, bafise icizigiro co kuzoba kw’isi ibihe bidahera. Wa Musavyi Yehova yitoranirije aratuma na bo nyene babonwa ko bagororotse mu nyonga za Yehova. Kubera ko bizera inkuka y’incungu Kristu yatanze, gutyo bakaba “bamesuye amakanzu maremare yabo ba[ka]yeza mu maraso ya wa Mwagazi,” Yehova abita abagororotsi, atari mu kubagira abana biwe bo mu buryo bw’impwemu ariko mu kubagira abagenzi biwe, maze akabaronsa icizigiro ciza igitangaza co kuzorokoka “ya makuba akomeye.” (Ivyah. 7:9, 10, 14; Yak. 2:23) Bitumwe n’uko abo bantu bo mu bagize izindi ntama batari mu bagize rya sezerano rishasha, ku bw’ivyo bakaba ata cizigiro co kuzoba mw’ijuru bafise, ntibafata ku bimenyetso vy’Icibutso ariko baracitaba ari abarorerezi bubaha.

Ishimwe ryose nirihabwe Yehova n’Umusavyi wiwe ashima!

17. Kwihweza ubuhanuzi bwo muri Yesaya buvuga ahanini ivyerekeye wa Musavyi, vyadufashije gute gutegura imizirikanyi yacu ku bw’Icibutso?

17 Umwihwezo twagize ku buhanuzi bwo muri Yesaya buvuga ahanini ivyerekeye wa Musavyi, wadufashije gutegura mu buryo bwiza imizirikanyi yacu ku bw’Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Watumye dushobora “[gushinga] ijisho ya Mboneza akaba n’Uwutunganya ukwizera kwacu.” (Heb. 12:2) Twatahuye yuko Umwana w’Imana atari umugarariji. Nta meze nka Shetani. Uwo Mwana wewe arahimbarwa no kwigishwa na Yehova, akemera icese yuko Yehova ari we Mukama Segaba. Twabonye yuko igihe Yezu yariko arangurira ubusuku bwiwe ng’aha kw’isi, yagaragariza impuhwe abantu yabwira inkuru nziza, abenshi muri bo akabakiza mu buryo bw’umubiri be no mu buryo bw’impwemu. Mu kubigenza gutyo, yari yerekanye ivyo azokora mw’isi nshasha ari Umwami Mesiya ‘niyashinga ubutungane mw’isi.’ (Yes. 42:4, NW) Umwete yagaragaje mu kwamamaza Ubwami ari “umuco w’amahanga,” uributsa abayoboke biwe kwamamaza inkuru nziza hirya no hino kw’isi, babigiranye umwete.​—Yes. 42:6.

18. Ni kubera iki ubuhanuzi bwa Yesaya butuma imitima yacu ibogaboga ugukengurukira Yehova be n’Umusavyi wiwe w’umwizigirwa?

18 Vyongeye, ubwo buhanuzi bwa Yesaya buratuma turushiriza gutahura ikimazi gihambaye Yehova yatanze igihe yarungika kw’isi Umwana wiwe akunda cane kugira ngo ababazwe yongere adupfire. Yehova ntiyahimbawe no kubona ingene Umwana wiwe ababazwa, ariko yarahimbawe no kubona ingene Yezu yagumye ari umwizigirwa gushika ku rupfu. Na twebwe turakwiye guhimbarwa cokimwe na Yehova, tukemera icese ibintu Yezu yakoze kugira ngo agaragaze ko Shetani ari umubeshi kandi atume izina rya Yehova ryezwa, gutyo aba yemeje ko Yehova ari we akwiye kuba Segaba. N’ikindi kandi, Kristu yarikoreye ibicumuro vyacu yongera aradupfira. Muri ubwo buryo, yaratumye bishoboka ko benewabo basizwe bagize ubusho buto be n’abo mu bagize izindi ntama babonwa ko bagororotse imbere ya Yehova. Igihe tuzohurira hamwe kugira ngo duhimbaze Icibutso, ese imitima yacu yobogaboga ugukengurukira Yehova be n’Umusavyi wiwe w’umwizigirwa!

Mu buryo bw’isubiramwo

• Ni mu buryo ki Yehova ‘yahimbawe’ n’ukuba Umwana wiwe ‘yarajanjaguwe’?

• Ni mu buryo ki Yezu ‘yacumitiwe ibicumuro vyacu’?

• Ni gute wa Musavyi yatumye “benshi baheshwa ukugororoka?”

• Kwihweza ubuhanuzi buvuga ivyerekeye wa Musavyi vyateguye gute umuzirikanyi n’umutima wawe ku bw’Icibutso?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 26]

‘Yarakengerwa, natwe nta co twamwibajijeko’

[Ifoto ku rup. 28]

‘Yasutse ubugingo bwiwe, ageza ku gupfa’

[Ifoto ku rup. 29]

Abagize “izindi ntama” baritaba Icibutso ari abarorerezi bubaha