Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uri ‘umubwiriza w’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana’?

Woba uri ‘umubwiriza w’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana’?

Woba uri ‘umubwiriza w’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana’?

“Mu vy’urukundo rwa kivukanyi mugiriranire ikibabarwe. Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.”​—ROM. 12:10.

1. Ni amajambo ayahe adusubiriza umutima mu nda dusanga mw’Ijambo ry’Imana?

 IJAMBO RY’IMANA riradusubiriza umutima mu nda akatari gake yuko Yehova azodufasha, bishitse tukadendebukirwa canke tukavunika umutima. Nk’akarorero, raba aya majambo ahumuriza, agira ati: “Uhoraho aramira abatemba bose, [‘agahagurutsa abunamye bose,’ NW].” “Akiza abafise imitima imenetse, a[ga]pfuka inguma zabo.” (Zab. 145:14; 147:3) Vyongeye, Data wa twese wo mw’ijuru ubwiwe avuga ati: “Jewe Uhoraho Imana yawe nzogufata ukuboko kw’i buryo, nkubgire, nti Ntutinye, ndagutabara.”​—Yes. 41:13.

2. Yehova ashigikira gute abasavyi biwe?

2 Ariko none ni mu buryo ki Yehova, uwuba mw’ijuru ahatabonwa n’amaso, ‘adufata ukuboko’? Ni mu buryo ki ‘aduhagurutsa igihe tuba twunamitswe’ n’ibintu bivuna umutima? Yehova Imana aratanga mwene izo mfashanyo mu buryo butari bumwe. Nk’akarorero, abasavyi biwe arabaronsa “ububasha burengeye ubusanzwe” abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda. (2 Kor. 4:7; Yoh. 14:16, 17) N’ikindi kandi, abasavyi b’Imana barumva baremeshejwe n’ububasha bw’ubutumwa buri mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe, ari ryo Bibiliya. (Heb. 4:12) Hoba hari ubundi buryo Yehova akoresha mu kudukomeza? Inyishu turayisanga mu gitabu c’Ikete rya mbere rya Petero.

“Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana bwerekanwa mu buryo butari bumwe”

3. (a) Ni ibiki intumwa Petero avuga ku bijanye n’ibigeragezo? (b) Ni ibiki bivugwa mu majambo asozera ikete rya mbere rya Petero?

3 Intumwa Petero arandikira abo basangiye ukwizera basizwe yuko bafise imvo zumvikana zotuma banezerwa kubera ko babikiwe impera nyinshi. Aca yongerako ati: “Naho [ari] ku bw’akanya gato muri iki gihe, nimba ari ngombwa, mwa[ra]tuntujwe n’ibigeragezo bitari bimwe.” (1 Pet. 1:1-6) Urabona ko akoresha imvugo ngo “bitari bimwe.” Iyo mvugo itanga iciyumviro c’uko dushobora gushikirwa n’ibigeragezo bitandukanye. Ariko rero, Petero ntagarukiriza aho, ngo areke abavukanyi biwe bagume bibaza niba bazoshobora kwihanganira ivyo bigeragezo bitandukanye. Ahubwo nyabuna, Petero arerekana neza ko abakirisu bashobora kwemera badakeka yuko Yehova azobafasha kwihanganira ikigeragezo ico ari co cose cobashikira, naho coba kimeze gute. Ukwo gusubirizwa umutima mu nda kuraserurwa mu majambo asozera iryo kete rya Petero, aho iyo ntumwa ivuga ibijanye n’“umuhero w’ibintu vyose.”​—1 Pet. 4:7.

4. Ni kubera iki amajambo yo muri 1 Petero 4:10 aduhumuriza?

4 Petero avuga ati: “Nk’uko umwe wese yaronse ingabirano, muyikoreshe mu gusukuriranira nk’ababwiriza beza b’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana bwerekanwa mu buryo butari bumwe.” (1 Pet. 4:10) Petero arongera agakoresha imvugo ngo “butari bumwe.” Ni nk’aho ariko aravuga ati: ‘Ibigeragezo biza mu buryo bwinshi butandukanye, ubuntu ata wari abukwiriye Imana itugaragariza na bwo nyene bukaza mu buryo bwinshi butandukanye.’ Ni kubera iki ayo majambo ahumuriza? Atanga iciyumviro c’uko ikigeragezo codushikira, naho coba kimeze gute, Imana izoguma itugaragariza ubuntu ata wari abukwiriye buzodufasha kucihanganira. Ariko none woba wabonye muri ayo majambo ya Petero ingene tugaragarizwa ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova? Tubugaragarizwa biciye ku bakirisu bagenzi bacu.

“Ugusukuriranira”

5. (a) Umukirisu wese akwiye gukora iki? (b) Ni ibibazo ibihe bica bivyurwa?

5 Petero arabwira abagize ishengero rya gikirisu bose ati: “Hejuru ya vyose, mugiriranire urukundo rwinshi.” Aca rero yongerako ati: “Nk’uko umwe wese yaronse ingabirano, muyikoreshe mu gusukuriranira.” (1 Pet. 4:8, 10) Ku bw’ivyo, umwe wese mu bagize ishengero abwirizwa kugira uruhara mu gukomeza abakirisu bagenziwe. Twarajejwe ikintu c’agaciro cegukira Yehova, kandi turafise ibanga ryo kugisabikanya n’abandi. None ico kintu twajejwe ni igiki? Petero avuga ko ari “ingabirano.” Iyo ngabirano none ni iyihe? Ni gute ‘twoyikoresha mu gusukuriranira?’

6. Ni ingabirano zimwezimwe izihe abakirisu bahawe?

6 Ijambo ry’Imana rigira riti: “Ingabirano nziza yose be n’impano itunganye yose iva hejuru.” (Yak. 1:17) Mu vy’ukuri, ingabirano zose Yehova aha abasavyi biwe zigaragaza ubuntu ata wari abukwiriye bwiwe. Ingabirano imwe ihambaye Yehova aturonsa ni impwemu nyeranda. Iyo ngabirano iradushoboza gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana nk’urukundo, ukumera neza be n’ubwitonzi. Izo kamere ziraheza zikatuvyurira umutima wo kugaragariza abo dusangiye ukwizera igishika kitarimwo uburyarya, zikongera zigatuma tubashigikira tubikunze. Ubukerebutsi nyakuri be n’ubumenyi nyakuri na vyo nyene biri mu ngabirano nziza turonka dufashijwe n’impwemu nyeranda. (1 Kor. 2:10-16; Gal. 5:22, 23) Nkako, inguvu zacu zose, ububangukirwe bwacu bwose be n’ivyo dushoboye vyose vyoshobora kubonwa ko ari ingabirano dukoresha kugira ngo Data wa twese wo mw’ijuru ahimbarwe kandi ahabwe icubahiro. Imana yaratujeje ibanga ryo gukoresha ububangukirwe bwacu be na kamere zacu kugira ngo bibe uburyo bwo kugaragariza abo dusangiye ukwizera ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana.

Ni mu buryo ki ‘twoyikoresha mu gusukuriranira’?

7. (a) Imvugo ngo “nk’uko” yerekana iki? (b) Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza, kandi kubera iki?

7 Ku vyerekeye ingabirano twaronse, Petero avuga kandi ati: “Nk’uko umwe wese yaronse ingabirano, muyikoreshe.” Iyo mvugo ngo “nk’uko,” yerekana ko twoshobora kuba dutandukanye atari muri kamere be n’ububangukirwe dusanganywe vyonyene, ariko no ku rugero tugezako mu kubigaragaza. Naho twoba twahawe ingabirano idasanzwe iyihe, twese duhimirizwa ‘kuyikoresha mu gusukuriranira.’ Vyongeye, imvugo ngo “muyikoreshe . . . nk’ababwiriza beza” ni itegeko. Ku bw’ivyo, umwe wese muri twebwe arakwiye kwibaza ati: ‘Noba vy’ukuri nkoresha ingabirano nahawe kugira ngo nkomeze abo dusangiye ukwizera?’ (Gereranya na 1 Timoteyo 5:9, 10.) ‘Canke noba nkoresha ububangukirwe nahawe na Yehova kugira ngo ahanini nironderere inyungu zanje bwite, kumbure nironkere amatungo canke icubahiro mu kibano?’ (1 Kor. 4:7) Nitwakoresha ingabirano zacu “mu gusukuriranira,” tuzoba turiko turahimbara Yehova.​—Imig. 19:17; soma Abaheburayo 13:16.

8, 9. (a) Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe abakirisu bo hirya no hino kw’isi basukura ku bw’ineza y’abo basangiye ukwizera? (b) Abavukanyi n’abavukanyikazi bo mw’ishengero urimwo bafashanya gute?

8 Ijambo ry’Imana riravuga uburyo butandukanye abakirisu bo mu kinjana ca mbere basukuriranira. (Soma Abaroma 15:25, 26; 2 Timoteyo 1:16-18.) No muri iki gihe nyene, abakirisu b’ukuri barashitsa n’umutima wabo wose itegeko ribasaba gukoresha ingabirano bahawe ku bw’abo basangiye ukwizera. Rimbura uburyo bumwebumwe ivyo biriko biragirwa.

9 Abavukanyi benshi baramara amasaha n’ayandi buri kwezi bariko barategura ibigabu bashikiriza mu makoraniro. Igihe bashikiriza ku makoraniro ibintu bimwebimwe bihambaye vyo mu vy’impwemu baba barakuye mu kwiyigisha Bibiliya, amajambo bavuga aranga ugutahura kugera kure aratuma abagize ishengero bose bihangana. (1 Tim. 5:17) Abavukanyi n’abavukanyikazi batari bake barazwi kubera igishika n’impuhwe bagirira abo basangiye ukwizera. (Rom. 12:15) Hari abo usanga bama bagendera abadendebukiwe bakongera bagasengera hamwe na bo. (1 Tes. 5:14) Abandi na bo barandikira abakirisu bagenzi babo bariko bihanganira ikigeragezo kinaka amajambo amwamwe y’indemesho avuye ku mutima babanje kuzirikanako. Hari n’abandi bafasha n’umutima mwiza abo usanga amagara atakibakundiye kugira ngo bitabe amakoraniro y’ishengero. Hari Ivyabona ibihumbi bagira uruhara mu gikorwa co gutabara abo basangiye ukwizera, bakabafasha gusubira kwubaka amazu yabo aba yahitanywe n’ivyago. Urukundo rurangwa ikibabarwe tugaragarizwa na mwene abo bavukanyi n’abavukanyikazi bitwararikana hamwe n’imfashanyo ziboneka baturonsa, ivyo vyose ni ibintu bigaragaza ingene “ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana bwerekanwa mu buryo butari bumwe.”​—Soma 1 Petero 4:11.

Ni igiki gihambaye kuruta?

10. (a) Ni imice ibiri iyihe Paulo yitwararika cane mu murimo yarangurira Imana? (b) Twigana gute Paulo muri iki gihe?

10 Abasavyi b’Imana ntibahawe gusa ingabirano bakoresha ku bw’ineza y’abo basangiye ukwizera, ariko kandi barahawe ubutumwa bashikiriza abandi bantu nka bo. Intumwa Paulo yaratahura neza iyo mice ibiri y’umurimo yarangurira Yehova. Yarandikiye ishengero ry’i Efeso ivyerekeye “ububwiriza bw’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana” yari yarahawe ku bwabo. (Ef. 3:2) Yamara, yavuze kandi ati: “Twa[ra]suzumwe n’Imana i[r]emeza yuko tubereye kuzezwa inkuru nziza.” (1 Tes. 2:4) Nk’uko kwa Paulo, na twebwe nyene turatahura neza ko twajejwe igikorwa co gusukura turi abamamaji b’Ubwami bw’Imana. Igihe tugize uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza, tuba turiko turihatira kwigana akarorero Paulo yadusigiye kubera ko yari umwamamaji w’inkuru nziza atarambirwa. (Ibik. 20:20, 21; 1 Kor. 11:1) Turazi yuko kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami bishobora kurokora ubuzima. Yamara rero, no muri ico gihe nyene, turita ku rutare kugira ngo twigane Paulo mu kurondera uturyo two “[guha] ingabirano y’ivy’impwemu” abo dusangiye ukwizera.​—Soma Abaroma 1:11, 12; 10:13-15.

11. Dukwiye kubona gute igikorwa twashinzwe co kwamamaza be n’ico gukomeza abavukanyi bacu?

11 Muri iyo mice ibiri y’umurimo wa gikirisu, ni uwuhe uhambaye kuruta uwundi? Kubaza ikibazo nk’ico vyoba bisa no kubaza uti: ‘Mu mababa abiri y’inyoni, ni irihe rihambaye kuruta irindi?’ Inyishu iratomoye. Kugira ngo inyoni iguruke neza, itegerezwa gukoresha amababa yayo yompi. Mu buryo busa n’ubwo, kugira ngo tube abakirisu nyabo, dutegerezwa kugira uruhara mu mice yompi y’ubusuku turangurira Imana. Ku bw’ivyo, aho kubona ko igikorwa twashinzwe co kwamamaza inkuru nziza ata ho gisa gisana n’ico gukomeza abo dusangiye ukwizera, dukwiye nyabuna kubibona nk’uko nyene intumwa Petero na Paulo babibona, ni ukuvuga ko ari amabanga abiri, rimwe rihaze irindi ritoshitswa. Mu buryo ubuhe?

12. Ni mu buryo ki dusukura turi nk’igikoresho kiri mu kuboko kwa Yehova?

12 Twebwe abamamazanjili, turakoresha ubuhanga bw’ukwigisha ubwo ari bwo bwose twoba dufise mu kugerageza gukora ku mutima abantu nkatwe, dukoresheje ubutumwa bweza umutima bw’Ubwami bw’Imana. Muri ubwo buryo, tuba twiteze kubafasha bagacika abigishwa ba Kristu. Ariko rero, turakoresha ububangukirwe bwose be n’ingabirano zose twoba dufise mu kugerageza guhimbara abo dusangiye ukwizera, tukabigira mu kuvuga amajambo yeza umutima no mu gukora ibikorwa ngirakamaro, ivyo na vyo bikaba bigaragaza ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana. (Imig. 3:27; 12:25) Muri ubwo buryo, tuba twiteze kubafasha ngo bagume ari abigishwa ba Kristu. Muri iyo mice yompi y’umurimo, ni ukuvuga ukubwira abantu inkuru nziza be no “gusukuriranira,” turaterwa agateka keza igitangaza ko gusukura turi nk’igikoresho kiri mu kuboko kwa Yehova.​—Gal. 6:10.

“Mugiriranire ikibabarwe”

13. Vyogenda gute bishitse tukareka “gusukuriranira”?

13 Paulo yahimirije abo basangiye ukwizera ati: “Mu vy’urukundo rwa kivukanyi mugiriranire ikibabarwe. Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.” (Rom. 12:10) Nkako, kuba dufitiye igishika abavukanyi bacu biradusunikira ku gusukura n’umutima wacu wose, turi ababwiriza b’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana. Turatahura neza ko bishitse Shetani agashobora kutubuza “gusukuriranira,” yoca atosekaza ubumwe dufitaniye. (Kol. 3:14) Igihe ata bumwe twoba dufitaniye, ivyo vyoheza bigatuma dutakaza umwete dufitiye igikorwa co kwamamaza. Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, Shetani arazi neza yuko akeneye gusa kuvuna ibaba ryacu rimwe kugira ngo adukororere hasi.

14. Ni bande bungukira ku kuba ‘dusukuriranira?’ Tanga akarorero.

14 “Gusukuriranira” ntibigirira akamaro gusa abagirirwa ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana, ariko birakagirira n’ababubagirira. (Imig. 11:25) Fata nk’akarorero umugabo umwe yitwa Ryan n’umukenyezi wiwe Roni, bava muri leta ya Illinois muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Igihe bamenya ko ca gihuhusi cataziriwe Katrina cari cayogeje amazu amajana n’amajana y’Ivyabona nka bo, urukundo rwa kivukanyi rwarabavyuriye umutima wo kugira ico bakoze, baraheba akazi kabo n’inyubakwa yabo, bagura mwene ka gakonteneri gakwegwa n’imodoka kamaze gukora, baragatunganya neza, maze bafata urugendo rw’ibilometero 1.400 bagenda i Louisiane. Barahabaye ikiringo c’umwaka urenga bariko bakoresha umwanya wabo, inguvu zabo be n’ubutunzi bwabo kugira ngo bafashe abavukanyi babo. Ryan, uwufise imyaka 29, avuga ati: “Kugira uruhara muri ico gikorwa co gutabara abavukanyi vyaratumye ndushiriza kwiyegereza Imana. Narabonye ukuntu Yehova yitaho abasavyi biwe.” Ryan yongerako ati: “Gukorana n’abavukanyi bansumvya imyaka vyaranyigishije vyinshi ku bijanye n’ukuntu nokwitaho abavukanyi. Naratahuye kandi ko twebwe abakiritera bakarisama dufise vyinshi vyo gukora mw’ishirahamwe rya Yehova.” Roni, uwufise imyaka 25, na we avuga ati: “Ndakenguruka cane kubona naragize uruhara mu gufasha abandi. Numva mfise umunezero ntari bwigere ngira mu buzima bwanje. Ndazi ko mu myaka iri imbere nzobandanya kwimbura ivyiza biva muri ico kintu ciza igitangaza nagizemwo uruhara.”

15. Ni imvo zumvikana izihe dufise zotuma tubandanya gusukura turi ababwiriza b’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana?

15 Mu vy’ukuri, kugamburuka amategeko y’Imana adusaba kwamamaza inkuru nziza no gukomeza abo dusangiye ukwizera, twese biratuzanira ivyiza. Abo dufasha barakomezwa mu vy’impwemu, natwe tukagira agahimbare kagera kure kazanwa gusa n’ugutanga. (Ibik. 20:35) Ishengero ryose rirarushiriza kurangwa igishika uko umwe wese mu barigize yitwararika abandi abigiranye urukundo. N’ikindi kandi, urukundo n’igishika tugaragarizanya birerekana neza ko turi abakirisu b’ukuri. Yezu yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje, nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yoh. 13:35) Ikiruta vyose, Data wa twese atwitwararika Yehova, arahabwa icubahiro igihe icipfuzo afise co gukomeza ababa bari n’ivyo bakeneye kigaragarira mu basavyi biwe bo kw’isi. Ku bw’ivyo rero, ese ukuntu turi n’imvo zumvikana zo gukoresha ingabirano dufise “mu gusukuriranira nk’ababwiriza beza b’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana”! Woba uzobandanya kubigenza gutyo?​—Soma Abaheburayo 6:10.

Woba uvyibuka?

• Ni mu buryo ubuhe Yehova akomeza abasavyi biwe?

• Ni igiki twajejwe?

• Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe dushobora gusukurira abo dusangiye ukwizera?

• Ni ibiki bizotuvyurira umutima wo kubandanya dukoresha ingabirano dufise “mu gusukuriranira”?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Amafoto ku rup. 13]

Woba ukoresha “ingabirano” wahawe kugira ngo usukurire abandi canke uyikoresha kugira ngo winezereze?

[Amafoto ku rup. 15]

Turabwira abandi inkuru nziza tukongera tugashigikira abakirisu bagenzi bacu

[Ifoto ku rup. 16]

Abagira uruhara mu gikorwa co gutabara abandi barakwiye gukezwa kubera agatima bagaragaza ko kwitanga