Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abamisiyonari bararemeshejwe kuba nka Yeremiya

Abamisiyonari bararemeshejwe kuba nka Yeremiya

Umugwi ugira 125 w’abasohoka Ishure ry’i Gileyadi

Abamisiyonari bararemeshejwe kuba nka Yeremiya

“UWU mugwi w’Ishure rya Gileyadi ni intibagirwa.” Ivyo vyavuzwe na Geoffrey Jackson wo mu Nama Nyobozi. Yariko abibwira abantu 6.156 bari bitavye ibirori vyo gushikiriza impapuro z’umutsindo abanyeshure bo mu mugwi ugira 125 w’abasohoka rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower, ku wa 13 Nyakanga 2008. Ishure rya Gileyadi riramaze kurungika abamisiyonari barenga 8.000 “mu karere ka kure rwose k’isi” ushizemwo n’abo banyeshure 56 bo muri uwo mugwi bari bagiye kuronka impapuro z’umutsindo!​—Ibik. 1:8.

Umuvukanyi Jackson, akaba ari na we yari umuhagarikizi w’iyo porogarama yo gushikiriza impapuro z’umutsindo, yabajije ati: “Kuba muri abantu bizigirwa vyoba bizotuma ubusuku bwanyu burushiriza kwimbuka?” Yaciye adondora ibintu bine bituma umuntu arushiriza kwizigirwa, na vyo bikaba ari ukubona ibintu mu buryo bubereye, ugutanga akarorero keza, ugushingira cane inyigisho utanga kw’Ijambo ry’Imana, be n’ukwitwararika cane ivyo kumenyekanisha izina rya Yehova.

Umuvukanyi David Schafer, uno aka akorana na Komite nshingwanyigisho, yaraciye irya n’ino ikiganiro kigira giti: “Mwoba muzotahura ikintu cose?” Yarasubirije umutima mu nda abo banyeshure bari basohotse Ishure ry’i Gileyadi yuko bashobora “gutahura ikintu cose” gikenewe kugira ngo basukure ari abamisiyonari, mu gihe bobandanya barondera Yehova kandi bakemera bicishije bugufi uruhara rwa wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.”​—Imig. 28:5; Mat. 24:45.

Ubukurikira, umuvukanyi John E. Barr wo mu Nama Nyobozi yarashikirije insiguro igira iti: “Ntimureke ngo hagire ikintu na kimwe kibatandukanya n’urukundo rw’Imana.” Impanuro za kivyeyi umuvukanyi Barr yashikirije zaramaze ubwoba abo banyeshure be n’abavyeyi babo bashobora kuba bari bafise ku bijanye n’ivyoshikiye abo bamisiyonari bashasha mu gikorwa cabo. Yasiguye ati: “Kuba mu rukundo rw’Imana ni ho hantu hatekanye kandi heza cane dukwiye kwibera.” Nta kintu na kimwe gishobora gutandukanya abamisiyonari n’urukundo rw’Imana kiretse bo ubwabo bitandukanije n’Imana.

Umuvukanyi Sam Roberson akorera mu Rwego rujejwe amashure y’ivya gitewokarasi yararemesheje abumviriza kwambara neza “impuzu isumvya ubwiza izindi zose.” Biciye ku kwiga ivyo Yezu yakoze be no kuvyiyerekezako, abo banyeshure barashobora “[kwambara] Umukama Yezu Kristu.” (Rom. 13:14) Ubukurikira, umuvukanyi William Samuelson, uno akaba ari umuhagarikizi w’Urwego rujejwe amashure y’ivya gitewokarasi, yarashize ahabona ikintu gituma umuntu yubahwa. Ukuntu abantu babona ibintu si vyo bituma umuntu yubahwa, ahubwo ni ukuntu Imana ibibona.

Umuvukanyi Michael Burnett, uno aka ari umwe mu bigisha bo muri iryo shure, yarabajije ibibazo abanyeshure ku bijanye n’ibintu biboneye mu busuku bwo mu ndimiro baranguye. Naho benshi mu banyeshure bari bahawe gukorera mu cibare kimaze gukorerwamwo kenshi cane igihe bari kw’Ishure ry’i Gileyadi i Patterson muri New York, bararonse abantu bashimishwa. Umuvukanyi Gerald Grizzle wo mu Biro bijejwe ivy’amahwaniro yarabajije ibibazo abavukanyi batatu bari mw’Ishure ry’abagize Komite y’amashami. Ivyo bavuze vyarafashije abo banyeshure bari basohotse Ishure ry’i Gileyadi kwitegurira ivyari bibarindiriye mu gikorwa bari bagiye kurangurira mu mahanga.

Insiguro ivuga ngo “Nimube nka Yeremiya” yashikirijwe n’umuvukanyi David Splane wo mu Nama Nyobozi, uwasohotse iryo shure mu mugwi ugira 42. Naho Yeremiya yari afise ubwoba ku bijanye n’igikorwa yari yashinzwe, Yehova yaramukomeje. (Yer. 1:7, 8) Imana izobigenza gutyo nyene no ku bamisiyonari bashasha. Umuvukanyi Splane yavuze ati: “Niwagiranira ingorane n’umuntu, uricara maze wandike kamere cumi ushima kuri uwo muntu. Nimba udashoboye kuronka izo cumi, bizoba bisobanura ko utamuzi neza bihagije.”

Yeremiya yaritanga cane. Igihe yumva yotana n’akabando, yarasenze, kandi Yehova yari kumwe na we. (Yer. 20:11) Umuvukanyi Splane yavuze ati: “Igihe uzoba wumva ko ucitse intege, urabiyaga na Yehova. Uzotangazwa n’ukuntu Yehova azogufasha.”

Mu gusozera porogarama yo gutanga impapuro z’umutsindo, umuhagarikizi yaribukije abari ng’aho yuko abo baronse impapuro z’umutsindo bize uburyo bwinshi bw’ukuntu borushiriza kuba abantu bizigirwa. Igihe abamisiyonari babaye abantu bizigirwa mu karere bakoreramwo, ubutumwa bashikiriza buca burushiriza kuba ubufise ububasha.​—Yes. 43:8-12.

[Uruzitiro ku rup. 22]

IBIRANGA ABITAVYE IRYO SHURE

Igitigiri c’ibihugu bavuyemwo: 6

Igitigiri c’ibihugu barungitswemwo: 21

Igitigiri c’abanyeshure: 56

Incahagati y’imyaka y’amavuka: 32,9

Incahagati y’imyaka bamaze mu kuri: 17,4

Incahagati y’imyaka bamaze mu busuku bw’igihe cose: 13

[Ifoto ku rup. 23]

Umugwi ugira 125 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower

Mu rutonde rukurikira, imirongo iharurwa uhereye imbere uja inyuma, amazina na yo akaba atondetse uhereye ibubamfu uja iburyo ku murongo umwumwe wose.

(1) Hodgson, A.; Wall, A.; Beerens, K.; Hortelano, M.; Newman, L.; De Caso, A. (2) Jenkins, J.; Jarzemski, T.; Méndez, N.; Corona, V.; Canalita, L. (3) Fryer, H.; Savage, M.; Tidwell, K.; Erickson, N.; Dyck, E.; McBeath, R. (4) Perez, L.; Puse, L.; Skidmore, A.; Young, B.; McBride, N.; Rondón, P.; Goodman, E. (5) Beerens, M.; Ferguson, J.; Pearson, N.; Chapman, L.; Wardle, J.; Canalita, M. (6) Perez, P.; De Caso, D.; Young, T.; Rondón, D.; Goodman, G.; Jenkins, M.; Dyck, G. (7) Corona, M.; Wall, R.; Puse, S.; Méndez, F.; Jarzemski, S.; Savage, T. (8) Newman, C.; Ferguson, D.; Skidmore, D.; Erickson, T.; McBride, J.; Pearson, M.; Chapman, M. (9) Hodgson, K.; Wardle, A.; McBeath, A.; Tidwell, T.; Fryer, J.; Hortelano, J.