Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Amajambo Yezu yavuze yoba agira ico akoze ku masengesho utura?

Amajambo Yezu yavuze yoba agira ico akoze ku masengesho utura?

Amajambo Yezu yavuze yoba agira ico akoze ku masengesho utura?

“Yezu arangije ayo majambo, amasinzi ajorezwa n’uburyo yigisha.”​—MAT. 7:28.

1, 2. Ni kubera iki amasinzi y’abantu yajorejwe n’ukuntu Yezu yigisha?

 TURAKWIYE kwemera ivyo Yezu Kristu Umwana w’ikinege w’Imana yavuze tukongera tukabigendera mu buzima bwacu. Nta gukeka ko ata wundi muntu yavuga nka we. Emwe, abantu baratangajwe cane n’uburyo yakoresheje mu kwigisha muri ya Nsiguro yo ku Musozi!​—Soma Matayo 7:28, 29.

2 Uwo Mwana wa Yehova ntiyigisha nk’uko abanditsi bigisha, bano bakaba bashingira ivyo bavuga ku nyigisho z’abantu b’abanyagasembwa. Kristu yigisha “nk’uwufise ubukuru” kubera ko ivyo yavuga vyakomoka ku Mana. (Yoh. 12:50) Nimuze rero turabe ingene ibindi bintu Yezu yavuze muri ya Nsiguro yo ku Musozi bishobora kandi bikwiye kugira ico bikoze ku masengesho dutura.

Ntitukigere dusenga nk’uko abiyorobetsi bagira

3. Vuga muri make amajambo Yezu yavuze muri Matayo 6:5.

3 Isengesho ni ikintu nyamukuru kiri mu bigize ugusenga kw’ukuri, kandi turakwiye gusenga Yehova tudahorereza. Ariko rero, ivyo Yezu yavuze muri ya Nsiguro yo ku Musozi birakwiye kugira ico bikoze ku masengesho dutura. Yavuze ati: “Igihe musenga, ntimukamere nka ba biyorobetsi; kuko bakunda gusenga bahagaze mu masinagogi no mu masanganzira y’amayira yagutse kugira ngo abantu bababone. Ni ukuri ndabibabwiye: Baramaze kuronka impembo yabo yose.”​—Mat. 6:5.

4-6. (a) Ni kubera iki Abafarizayo bashima gusenga “bahagaze mu masinagogi no mu masanganzira y’amayira yagutse”? (b) Ni mu buryo ubuhe abiyorobetsi nk’abo bari “baramaze kuronka impembo yabo yose”?

4 Igihe abigishwa ba Yezu bobaye bariko barasenga, ntibokwiganye abo “biyorobetsi,” dufashe nk’akarorero ba Bafarizayo bibona ubugororotsi, bano bakaba ata kindi barondera atari ukwiyerekana ko ari abanyeshaka mu vy’idini. (Mat. 23:13-32) Abo biyorobetsi bashima gusenga “bahagaze mu masinagogi no mu masanganzira y’amayira yagutse.” Uti kubera iki? Kugira ngo “abantu bababone.” Abayuda bo mu kinjana ca mbere bari bafise umugenzo wo gusengera hamwe uko bagize ishengero mu gihe co gutangira ku rusengero amashikanwa yo kwoswa (nk’isaha zitatu zo mu gitondo be n’isaha icenda zo ku muhingamo). Abantu benshi baba i Yeruzalemu barashobora gusengera mu bigo vy’urusengero bari kumwe n’isinzi ry’abandi bantu baba baje gusenga. Inyuma y’ico gisagara, Abayuda b’ishaka mu vy’idini bakunda gusenga kabiri ku musi “bahagaze mu masinagogi.”​—Gereranya na Luka 18:11, 13.

5 Kubera ko abantu benshi bataba bari hafi y’urusengero canke y’isinagogi muri ivyo bihe vy’ugusenga twamaze kuvuga, barashobora gusengera aho ari ho hose ivyo bihe vyashika bageze. Hari abagira ukwo bashoboye kwose kugira ngo ivyo bihe vy’ugusenga bigere bari “mu masanganzira y’amayira yagutse.” Baba bashaka ko ‘kubonwa n’abantu’ baba bariko baraca muri ayo masanganzira. Abo biyorobetsi b’ishaka mu vy’idini bashobora kuba “[ba]tura amasengesho maremare bwa citwazo” co gutangarirwa n’abababona. (Luka 20:47) Ukwo si ko dukwiye kubigenza.

6 Yezu yavuze ko abiyorobetsi nk’abo bari “baramaze kuronka impembo yabo yose.” Baripfuza cane kwemerwa no gushimwa n’abantu nka bo, kandi nta kindi boronse coza kiruta ico. Iyo ni yo yobaye impembo yabo yose kubera ko Yehova atokwishuye amasengesho yabo y’ubwiyorobetsi. Ariko rero, Imana yokwishuye amasengesho y’abayoboke ba Kristu b’ukuri nk’uko biboneka mu majambo Yezu yavuze ku bijanye n’ivyo.

7. Impanuro ijanye no gusengera mu “cumba ca[cu] ciherereye” isobanura iki?

7 “Ariko weho, igihe usenga, niwinjire mu cumba cawe ciherereye hanyuma umaze kwugara umuryango, usenge So ari mu mpisho; maze So araba mu mpisho azobikwishura.” (Mat. 6:6) Impanuro Yezu yatanze ijanye no gusengera mu cumba co mu mpisho umaze kwugara umuryango, ntisobanura ko umuntu adashobora guserukira abagize ishengero mw’isengesho. Iyo mpanuro yari iyo kwiyamiriza amasengesho yaturwa ku mugaragaro kugira ngo bene kuyatura biyerekane bongere bashimwe n’abandi. Ivyo turakwiye kuvyibuka igihe dutewe agateka ko guserukira abasavyi b’Imana mw’isengesho. Nimuze natwe dukurikize iyi yindi mpanuro Yezu yatanze ku bijanye n’isengesho.

8. Twisunze ibivugwa muri Matayo 6:7, ni ugusenga mu buryo butabereye ukuhe dukwiye kwirinda?

8 “Igihe usenga, ntuvuge vya bindi nyene ubisubiramwo kenshikenshi nk’uko abanyamahanga bagira, kuko biyumvira ko bazokwumvirwa kubera bakoresheje amajambo menshi.” (Mat. 6:7) Yezu rero yaravuze ubundi buryo butabereye bwo gusenga, na bwo bukaba ari ugutura amasengesho aguma asubirwamwo. Ntiyavuze ko tudakwiye kwigera dusubiramwo mw’isengesho amajambo avuye ku mutima yo kwinginga be n’ayo gukenguruka. Igihe Yezu yari mw’itongo ry’i Getsemani muri rya joro ry’imbere y’uko apfa, yarakoresheje mw’isengesho “rya jambo nyene,” aza ararisubiramwo.​—Mrk. 14:32-39.

9, 10. Ni mu buryo ubuhe tudakwiye gutura amasengesho tuguma tuyasubiramwo?

9 Ntivyoba bibereye twiganye amasengesho aguma asubirwamwo “abanyamahanga” batura. Usanga basubiramwo “kenshikenshi” ibintu baba bafashe ku mutwe birimwo amajambo menshi ata co amaze. Abantu basenga Bayali nta co vyabamariye kwambaza mw’izina ry’iyo mana y’ikinyoma “uhereye mu gitondo ugashitsa mu mashōka, bavuga, bat’Ewe Bayali, n’utwumvire!” (1 Abm. 18:26) Muri iki gihe, abantu amamiliyoni baratura amasengesho maremare, baguma bayasubiramwo, bakiyumvira bihenda ko “bazokwumvirwa.” Ariko rero, Yezu aradufasha gutahura yuko ‘gukoresha amajambo menshi’ mu masengesho maremare kandi aguma asubirwamwo, ata co bimaze twisunze ukuntu Yehova abona ibintu. Yezu yongeyeko ati:

10 “Nuko ntimumere nka bo, kuko Imana So izi ivyo mukenera n’imbere nyene y’uko mubiyisaba.” (Mat. 6:8) Indongozi nyinshi z’idini ry’Abayuda zarigize nk’Abanyamahanga mu gukoresha amajambo umurengera ata co amaze igihe zaba ziriko zirasenga. Isengesho rivuye ku mutima ririmwo amajambo yo gushemeza, gukenguruka, no gusaba, ni ikintu nyamukuru kiri mu bigize ugusenga kw’ukuri. (Flp. 4:6) Yamara, ntivyoba bibereye tuvuze vya bindi nyene tubisubiramwo kenshikenshi, twibaza yuko ukwo kuza turasubiramwo gukenewe kugira ngo tumenyeshe Imana ivyo dukeneye. Igihe dusenga, dukwiye kwibuka yuko turiko tubwira Umwe ‘azi ivyo dukeneye n’imbere nyene y’uko tubimusaba.’

11. Igihe dutewe agateka ko guserukira abandi mw’isengesho, ni igiki dukwiye kwibuka?

11 Ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’amasengesho Imana itemera birakwiye kutwibutsa ko gukoresha imvugo zihanitse be n’amajambo y’umurengera atari vyo bihambaye kuri yo. Dukwiye kandi kubona ko igihe duserukira abandi mw’isengesho atari akaryo ko kugerageza kubatangaza canke gutuma batangura kwibaza umwanya riza kumara, imbere y’uko tuvuga “Amen.” Igihe duserukira abandi mw’isengesho, kubamenyesha ibintu binaka canke kubahanura na vyo nyene ntivyoba bihuje n’ivyo Yezu yavuze muri ya Nsiguro yo ku Musozi.

Yezu aratwigisha ukuntu dukwiye gusenga

12. Bisobanura iki gusenga dusaba ngo “izina ryawe ryezwe”?

12 Naho Yezu yagabishije ku bijanye n’ugukoresha nabi agateka gahambaye twatewe ko gutura isengesho, yarigishije abigishwa biwe ingene bakwiye gusenga. (Soma Matayo 6:9-13.) Ntidukwiye gufata ku mutwe iryo sengesho ry’akarorero kugira ngo tuze turarisubiramwo kenshikenshi. Ahubwo riho, riratubera icitegererezo c’ukuntu twotura amasengesho yacu. Nk’akarorero, mu gutangura iryo sengesho, Yezu yabanje kuvuga ivyerekeye Imana, ati: “Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.” (Mat. 6:9) Birabereye ko tuvuga yuko Yehova ari “Data wa twese” kubera ko ari we Muremyi wacu, uno akaba aba “mw’ijuru,” kure cane y’isi. (Gus. 32:6; 2 Ngo. 6:21; Ibik. 17:24, 28) Ugukoresha imvugo yo mu bwinshi ngo “wa twese” bikwiye kutwibutsa ko abo dusangiye ukwizera na bo nyene bafitaniye ubucuti bwa hafi n’Imana. Igihe dukoresheje imvugo ngo “izina ryawe niryezwe,” tuba turiko dusaba ko Yehova agira ico akoze kugira ngo ubwiwe yiyeze mu gukura kw’izina ryiwe iceyi cose ryasizwe kuva aho habereye ubugarariji muri Edeni. Mu kwishura iryo sengesho, Yehova azokuraho ubukozi bw’ikibi kw’isi, gutyo abe yiyejeje.​—Ezk. 36:23.

13. (a) Ivyo dusenga dusaba ngo “ubwami bwawe [buze]” bizoranguka gute? (b) Ishitswa ry’ivyo Imana igomba ng’aha kw’isi, rizoba ririmwo n’iki?

13 “Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibibe kw’isi nko mw’ijuru.” (Mat. 6:10) Ku bijanye n’ivyo bintu twosaba bivugwa muri rya sengesho ry’akarorero, turakwiye kwibuka yuko ubwo “bwami” ari intwaro yo mw’ijuru izoba itwarwa na Mesiya, ari we Kristu be n’“abera[nda]” bazoba bazuwe ngo bafadikanye na we kuganza. (Dan. 7:13, 14, 18; Yes. 9:6, 7) Igihe dusenga dusaba ngo Ubwami bw’Imana “buze,” tuba turiko turasaba ko buza gukuraho abantu bo kw’isi barwanya ubutegetsi buva ku Mana. Ivyo bigiye gushika vuba kugira ngo bicire inzira iparadizo ikwiye kw’isi yose izoba irangwamwo ubugororotsi, amahoro be n’ugutunga ugatunganirwa. (Zab. 72:1-15; Dan. 2:44; 2 Pet. 3:13) Ivyo Yehova agomba biriko birakorwa mw’ijuru, kandi gusaba ko biba gutyo nyene no ng’aha kw’isi ni ugusaba yuko Imana ishitsa imigambi yayo ijanye n’umubumbe wacu, harimwo no kurandura abayirwanya muri iki gihe nk’uko yabigize mu bihe vya kera.​—Soma Zaburi 83:1, 2, 13-18.

14. Ni kubera iki ari vyiza gusaba “umukate wacu w’uyu musi”?

14 “Uduhe uno musi umukate wacu w’uyu musi.” (Mat. 6:11; Luka 11:3) Igihe dukoresheje ayo majambo mw’isengesho, tuba turiko turasaba Imana ngo ituronse ibifungurwa dukeneye “uyu musi”. Ivyo vyerekana ko twizigira ububasha Yehova afise bwo kuturonsa ivyo dukeneye ku musi ku musi. Si isengesho dutura dusaba kuronka ibifungurwa vy’umurengera. Ukwo gusenga dusaba ivyo dukeneye ku musi ku musi vyoshobora kutwibutsa rya tegeko Imana yaha Abisirayeli ryo kwegeranya manu ihwanye n’“u[y]o musi.”​—Kuv. 16:4.

15. Sigura ico bisobanura gusaba ngo “uduhebere imyenda yacu nk’uko natwe twayihebeye abayidufitiye.”

15 Ikintu gikurikira dukwiye gusaba kiri muri rya sengesho ry’akarorero, kiratuma tuzirikana ku kintu natwe dukeneye gukora. Yezu yavuze ati: “Uduhebere imyenda yacu nk’uko natwe twayihebeye abayidufitiye.” (Mat. 6:12) Injili ya Luka yerekana yuko iyo “myenda” ari “ibicumuro.” (Luka 11:4) Igihe tuba ‘twababariye’ ababa baducumuyeko, ni ho gusa twokwitega ko Yehova atubabarira. (Soma Matayo 6:14, 15.) Turakwiye kubabarira abandi ata gahigihigi.​—Ef. 4:32; Kol. 3:13.

16. Dukwiye gutahura gute ibijanye n’ugusenga dusaba ngo ntitujanwe mu kigeragezo be n’ugusaba ngo dukizwe wa mubi?

16 “Ntutujane mu kigeragezo, mugabo uturokore mu kudukiza wa mubi.” (Mat. 6:13) Dukwiye gutahura gute ivyo bintu bibiri twosaba bivugwa muri rya sengesho ry’akarorero Yezu yatanga? Ico tutokeka co ni uko Yehova atatugerageza ngo ducumure. (Soma Yakobo 1:13.) Shetani “wa mubi” ni we “Mugerageji.” (Mat. 4:3) Ariko rero, Bibiliya ivuga ko Imana ari nk’aho ireka ibintu bikaba. (Rusi 1:20, 21; Umus. 11:5) Ku bw’ivyo, igihe dusenga dusaba ngo “ntutujane mu kigeragezo,” tuba turiko dusaba ko Yehova atoreka ngo dutsindwe igihe turiko turageragezwa ngo tumugambararire. Mu gusozera, igihe dutakamba tuvuga ngo “uturokore mu kudukiza wa mubi,” tuba turiko dusaba ko Yehova atokwemerera Shetani ngo adutsinde. Turashobora kwizigira tudakeka ko ‘Imana itazoreka ngo tugeragezwe ibirenze ivyo dushobora kwihanganira.’​—Soma 1 Abakorinto 10:13.

‘Gume musaba, murondera kandi mudodora’

17, 18. Bisobanura iki ‘kuguma dusaba, turondera kandi tudodora’?

17 Intumwa Paulo yahimirije abo basangiye ukwizera ati: “Mushishikare gusenga.” (Rom. 12:12) Yezu yaratanze iciyumviro gikomeye gisa n’ico igihe yavuga ati: “Mugume musaba, muzohabwa; mugume murondera, muzoronka; mugume mudodora, muzokwugururirwa. Kuko umuntu wese asaba ahabwa, n’uwurondera wese aronka, kandi umuntu wese adodora azokwugururirwa.” (Mat. 7:7, 8) Birabereye ko ‘tuguma dusaba’ ikintu cose kijanye n’ivyo Imana igomba. Kubera ko intumwa Yohani yari yarazigamye ayo majambo Yezu yavuze, yanditse ati: “Uku ni kwo guhera amazinda dufise ku [v]yerekeye [Imana]: ni uko ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva.”​—1 Yoh. 5:14.

18 Iyo mpanuro Yezu yatanze ijanye no ‘kuguma dusaba no kuguma turondera’ isigura yuko dukwiye gusengana ubwira kandi tutarambirwa. Turakeneye kandi ‘kuguma tudodora’ kugira ngo dushikire Ubwami maze twinovore imigisha, ivyiza be n’impembo buzotanga. Twoba none dushobora kwizigira tudakeka ko Imana izokwishura amasengesho tuyitura? Egome turashobora kuvyizigira niba turi abizigirwa kuri Yehova, kuko Kristu yavuze yuko “umuntu wese asaba ahabwa, n’uwurondera wese aronka, kandi umuntu wese adodora azokwugururirwa.” Ibintu vyinshi vyashikiye abasavyi ba Yehova birerekana ko mu vy’ukuri Imana ‘yumva ivyo isabwa.’​—Zab. 65:2.

19, 20. Twisunze amajambo Yezu yavuze dusanga muri Matayo 7:9-11, ni gute Yehova ameze nk’umuvyeyi munyarukundo?

19 Yezu yasanishije Imana n’umuvyeyi munyarukundo aronsa ibintu vyiza abana biwe. Iyumvire iyo uza kuba ari ho wari uri igihe ya Nsiguro yo ku Musozi yariko irashikirizwa, maze ukumva Yezu avuga ati: “Ni nde muri mwebwe umwana wiwe yosaba umukate . . . mbega azomuha ibuye? Canke kumbure yomusaba ifi . . . mbega azomuha inzoka? Nimba rero mwebwe, naho muri babi, muzi guha abana banyu ingabirano nziza, ese ingene So wo mw’ijuru azorushiriza guha ibintu vyiza ababimusaba!”​—Mat. 7:9-11.

20 Naho sebibondo yoshobora kuvugwa ko ari ‘mubi’ kubera ko yarazwe igicumuro, usanga afitiye abana biwe igishika ca kivyeyi. Ntiyohemukira umwana wiwe, mugabo yokora agatama kugira ngo amuronse “ingabirano nziza.” Abigiranye agatima ka kivyeyi adufitiye, Dawe wa twese wo mw’ijuru munyarukundo araturonsa “ibintu vyiza,” nk’akarorero, impwemu yiwe nyeranda. (Luka 11:13) Iyo mpwemu irashobora kudukomeza kugira ngo turangurire Yehova umurimo yemera, kuko ari We atanga “ingabirano nziza yose be n’impano itunganye yose.”​—Yak. 1:17.

Tubandanye kwungukira ku vyo Yezu yavuze

21, 22. Ni ikintu ikihe kidasanzwe wewe wabonye muri ya Nsiguro yo ku Musozi, kandi wumva umerewe gute ku bijanye n’ayo majambo Yezu yavuze?

21 Mu vy’ukuri, ya Nsiguro yo ku Musozi yari yo nsiguro ihambaye kuruta izindi zose zigeze gutangwa ng’aha kw’isi. Iyo nsiguro ni ntangere kubera ibintu vy’impwemu kandi bitomoye biri muri yo. Nk’uko vyerekanwa n’ivyiyumviro dusanga muri iyo nsiguro vyarimbuwe muri ibi biganiro bitatu, turashobora kuyungukirako cane mu gihe twoshira mu ngiro impanuro ziri muri yo. Ayo majambo Yezu yavuze arashobora kuryohora ubuzima bwacu ubu kandi agatuma twizigira kuzoronka kazoza gahimbaye.

22 Muri ibi biganiro, twarimbuye ibintu bike gusa bimeze nk’utubuyenge two mu buryo bw’impwemu dusanga muri ya Nsiguro ya Yezu yo ku Musozi. Ntibitangaje rero kubona abumvirije iyo nsiguro yiwe “[barajorejwe] n’uburyo yigisha.” (Mat. 7:28) Nta gukeka ko ukwo ari ko na twebwe vyotugendera igihe twokwuzuza imizirikanyi yacu be n’imitima yacu ivyo bintu be n’ibindi vy’igiciro wa Mwigisha ahambaye, Yezu Kristu yavuze.

Wokwishura gute?

• Yezu yavuze iki ku vyerekeye amasengesho y’ubwiyorobetsi?

• Kubera iki dukwiye kwirinda amajambo menshi aguma asubirwamwo igihe dusenga?

• Rya sengesho ry’akarorero rya Yezu ririmwo ibintu ibihe twosaba?

• Dushobora gute ‘kuguma dusaba, turondera kandi tudodora?’

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 15]

Yezu yariyamirije abiyorobetsi basenga kugira ngo gusa abantu bababone bongere bumve ivyo bavuga

[Ifoto ku rup. 17]

Woba uzi igituma bibereye gusenga dusaba umukate wacu w’uyu musi?