Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Amaziko ya gikirisu ateye iteka, aciye bugufi kandi ahimbara Imana

Amaziko ya gikirisu ateye iteka, aciye bugufi kandi ahimbara Imana

Amaziko ya gikirisu ateye iteka, aciye bugufi kandi ahimbara Imana

AHANTU hose ni amarira gusa. Abagandaye bambaye impuzu zidasanzwe z’ibara ryirabura bariko baraboroga, bikumbagaza hasi kubera ko batuntuye. Hari abariko baratamba bisunga umudiho w’umuziki uvuga cane. Abandi na bo bariko bararya, bagira ibirori vyuzuyemwo ugutwenga cane bongera bidagadura. Bakeyi barambaraye hasi kubera baborewe inzoga iva mu bigazi canke ibiyeri. Uti none habaye iki? Mu mihingo imwimwe y’isi, ivyo ni vyo bintu bigirwa mu gihe c’amaziko aho usanga abantu amajana bahurira hamwe kugira ngo basezere ubwa nyuma uwuba yapfuye.

Benshi mu Vyabona vya Yehova usanga baba mu kibano aho incuti n’ababanyi bemera cane ibintazi kandi bakaba batinya abapfuye. Abantu amamiliyoni bemera ko igihe umuntu apfuye, aca acika umuzimu w’abakera ufise ubushobozi bwo gufasha abazima canke bwo kubagirira nabi. Ivyo bintu bemera birafitaniye isano n’imigenzo itari mike ijanye n’amaziko. Mu vy’ukuri, gutuntura kubera uwapfuye nta kibi kirimwo. Igihe kimwe, Yezu be n’abigishwa biwe baragize intuntu kubera ko babuze abo bakunda. (Yoh. 11:33-35, 38; Ibik. 8:2; 9:39) Yamara, ntibigeze bagaragaza umubabaro mu buryo na bumwe burenze urugero bwari busanzwe bugirwa mu gihe cabo. (Luka 23:27, 28; 1 Tes. 4:13) Uti kubera iki? Kimwe coco ni uko bari bazi ukuri ku bijanye n’abapfuye.

Bibiliya ivuga itomoye iti: “Abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi . . . Urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo, vyose biba vyarashize . . . [Nta] gikorwa cank’inama cank’ukumenya cank’ubgenge i kuzimu [imva umuntu wese ajamwo iyo apfuye], ah’urāriye kuja.” (Umus. 9:5, 6, 10) Ivyo vyanditswe vyahumetswe vyo muri Bibiliya birerekana mu buryo butomoye ko igihe umuntu apfuye, ata co aba akizi namba. Ntashobora kwiyumvira, kugira inyiyumvo, kuyaga n’abandi canke gutegera ikintu na kimwe. Gutahura ukwo kuri guhambaye kwo muri Bibiliya bikwiye kugira ico bikoze gute ku kuntu amaziko ya gikirisu yogirwa?

“Mureke gukora ku gihumanye”

Ivyabona vya Yehova baba baturuka mu bwoko ubuhe canke mu mico kama iyihe, baririnda cane imigenzo iyo ari yo yose ifitaniye isano n’inyigisho yuko ngo abapfuye hari ico bazi kandi ko bashobora kugira ico bakoze ku bakiriho. Guteramira ikiziga, kugira ibirori bijanye n’amaziko, kwibuka abapfuye, gutanga ibimazi ku bw’abapfuye be n’ibirori bijanye n’uguhumanura uwapfakaye, iyo yose ni imigenzo ihumanye kandi idahimbara Imana kubera yuko ifitaniye isano n’inyigisho idashingiye ku Vyanditswe, y’amadayimoni ivuga yuko ngo hariho ikintu kidapfa kiri mu muntu kibandanya kubaho iyo apfuye. (Ezk. 18:4) Abakirisu b’ukuri “nti[ba]shobora gufungura ku ‘meza ya Yehova’ no ku meza y’amadayimoni,” akaba ari co gituma batagira uruhara muri iyo migenzo. (1 Kor. 10:21) Baragamburuka itegeko rivuga riti: “Mwitandukanye na bo, . . . kandi mureke gukora ku gihumanye.” (2 Kor. 6:17) Ariko rero, gufata iyo mpagararo ntivyama vyoroshe.

Muri Afirika no mu yindi mihingo, abantu benshi bemera ko igihe imigenzo minaka idakurikijwe, imizimu y’abakera ishobora gushavura. Kudakurikiza iyo migenzo bibonwa ko ari icaha gikomeye coshobora gutuma haba umuvumo mu kibano canke abantu bagatakaza amatungo yabo. Kubera ko abasavyi ba Yehova banka kugira uruhara mu migenzo ijanye n’amaziko idashingiye ku Vyanditswe, benshi usanga batyekezwa, bagatukwa kandi bagaharirwa ivomo mu kibano canke mu ncuti zabo. Hari abagirijwe yuko bageramiye ikibano be n’uko batubaha abapfuye. Vyarashitse abantu batizeye baratunganya ku nguvu amaziko y’umukirisu. Ku bw’ivyo, dushobora gute kwirinda guhazuka n’abaguma bashimika cane ku vy’uko hokurikizwa imigenzo ijanye n’amaziko idahimbara Imana? N’igihambaye kuruta, dushobora gukora iki kugira ngo tugume twitandukanije n’ibirori be n’imigenzo bihumanye bishobora kwonona ubucuti dufitaniye na Yehova?

Nutomore impagararo yawe

Mu mihingo imwimwe y’isi, biramenyerewe ko inararibonye z’imiryango be n’incuti zitari izo mu muryango wa hafi bagira ico bavuze ku bijanye n’amaziko y’uwapfuye. Ni co gituma umukirisu w’umwizigirwa ategerezwa gutomora neza ko amaziko azotunganywa n’Ivyabona vya Yehova kandi bakaba ari bo bayagira hisunzwe ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (2 Kor. 6:14-16) Ibigirwa ku maziko y’umukirisu ntibikwiye kubabaza ijwi ryo mu mutima ry’abo dusangiye ukwizera canke ngo bitsitaze abandi basanzwe bazi ivyo twemera kandi twigisha ku vyerekeye abapfuye.

Igihe hari uwuserukira ishengero rya gikirisu rinaka asabwe guhagarikira amaziko, abakurambere barashobora gutanga ivyiyumviro vy’ingirakamaro be n’imfashanyo zo mu buryo bw’impwemu kugira ngo indinganizo zose zogirwa zihuze n’ubuyobozi bwo mu Vyanditswe. Bishitse hakagira abatari Ivyabona bashaka gushiramwo imigenzo ihumanye, birahambaye cane ko duhagarara dushikamye tukongera tugasigura n’umutima rugabo impagararo yacu ya gikirisu, ivyo tukabigira mu buryo buranga ubuntu n’urupfasoni. (1 Pet. 3:15) Ariko vyogenda gute igihe incuti zitizera zigumye zishimika ku vy’uko ayo maziko ashirwamwo ibirori bihumanye? Ico gihe abagize uwo muryango bizera boshobora gufata ingingo yo gukuramwo akarenge. (1 Kor. 10:20) Igihe ivyo bishitse, insiguro y’amaziko isanzwe yoshobora gutangirwa ku Ngoro y’Ubwami y’aho hantu canke ahandi hantu habereye kugira ngo abavukanyi basangire “uruhoza ruva mu Vyanditswe” n’abo baba vy’ukuri batuntujwe n’ukubura uwabo. (Rom. 15:4) Naho ikiziga kitoba kiri aho hantu insiguro itangirwa, iyo ntunganyo yoba iteye iteka kandi yemewe. (Gus. 34:5, 6, 8) Kuba abatizera bashobora kudutobera vyoshobora gutuma turushiriza guta umutwe no kwicwa n’intuntu, ariko turashobora guhumurizwa n’ukumenya ko Imana ibona umwiyemezo dufise wo gukora ibigororotse, na yo ikaba ishobora kuturonsa “ububasha burengeye ubusanzwe.”​—2 Kor. 4:7.

Nushire mu nyandiko impagararo yawe

Igihe umuntu yishiriye mu nyandiko amakuru y’ido n’ido ajanye n’ingene amaziko yiwe yotunganywa, birarushiriza kworoha kuzirikanira hamwe n’abagize umuryango wiwe batari Ivyabona, kuko usanga bishoboka yuko bubahiriza ivyipfuzo uwo yapfuye aba yasize yanditse. Ingene ayo maziko akwiye kugirwa, ikibanza akwiye kugirirwamwo be n’abafise uburenganzira ntabanduka bwo kuyatunganya no kuyahagarikira, ayo ni amakuru y’ido n’ido ahambaye atohara muri iyo nyandiko. (Ita. 50:5) Urwandiko ruteweko umukono na nyene kurwandika be n’ivyabona vyiwe usanga ari ngirakamaro cane. Abantu bategekanya ibintu imbere y’igihe babigiranye ugutahura kwimbitse be n’ubukerebutsi bishingiye ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya baratahura ko atari ngombwa yuko barindira gushika bashaje cane canke bari ku mpfiro ngo abe ari ho barimbura ivyo gushira mu nyandiko impagararo yabo.​—Imig. 22:3; Umus. 9:12.

Hari abumvise bibateye ubuyega kwandika mwene ayo makuru. Naho biri ukwo, kubigenza gutyo ni ikimenyamenya c’uko umuntu ari umukirisu ahumuye kandi ko yitwararika abandi abigiranye urukundo. (Flp. 2:4) Biraba vyiza kuruta umuntu atunganije ubwiwe ivyo bibazo hakiri kare, aho kureka ngo abagize umuryango wiwe baba bishwe n’intuntu babe ari bo bashinga icokorwa, bano bakaba boshirwako umukazo wo kwemera imigenzo ihumanye uwo yapfuye atahora yemera canke ngo ashigikire.

Amaziko nagirwe mu buryo buciye bugufi

Mu mihingo myinshi yo muri Afirika, abantu benshi bemera ko amaziko ategerezwa kuba arimwo abantu benshi kandi atunganijwe mu buryo buhanitse kugira ngo birinde gushavuza imizimu y’abakera. Abandi usanga babona yuko amaziko ari akaryo ko “guhaya” ikibanza bafise mu kibano be n’ubutunzi bwabo. (1 Yoh. 2:16) Usanga bakoresha umwanya munini, utwigoro twinshi be n’uburyo bwinshi kugira ngo bafube uwabo yapfuye mu buryo bita ngo ni ububereye. Kugira ngo bakwēgēre abantu benshi bashoboka, barashira ivyapa bininibinini biriko amafoto y’uwapfuye mu bibanza bitandukanye mu ntumbero yo gutangaza ku mugaragaro ibijanye n’amaziko yiwe. Harahingurwa impuzu z’imipira ziriko amafoto y’uwapfuye zikongera zigatangwa kugira ngo abagandaye bashobore kuzambara. Baragura amasandugu ahinguwe mu buryo budasanzwe kandi azimvye kugira ngo batangaze abarorerezi. Mu gihugu kimwe co muri Afirika, hari n’abarenza urugero ku buryo bakoresha amasandugu ameze nk’imiduga, indege, ubwato canke ibindi bintu kugira ngo berekane ko batunze, bahambaye canke bafise ibitayega. Hari aho ikiziga gikurwa mw’isandugu maze kigashirwa ku mugaragaro kiri ku gitanda casharijwe mu buryo budasanzwe. Ikiziga c’umugore coshobora kwambikwa ikanzu yera y’ubugeni be n’utuntu twinshi cane two kwishariza hamwe n’utuyeye, kandi bakagipodora kugira ngo gise neza. Hari umusavyi w’Imana n’umwe yoba akwiye vy’ukuri kugira uruhara muri mwene iyo migenzo?

Abakirisu bahumuye barabona ko biranga ubukerebutsi kwirinda ibintu birimwo ukurenza urugero usanga abantu batazi ingingo ngenderwako ziva ku Mana canke ngo bazitwararike bisukamwo. Turazi neza ko imico kama be n’imigenzo irimwo ukurenza urugero kandi idashingiye ku Vyanditswe ‘idakomoka ku Mana, ariko ko ikomoka mw’isi iriko irarengana.’ (1 Yoh. 2:15-17) Dutegerezwa kwiyubara cane kugira ngo ntidutwarwe n’agatima kataranga abakirisu ko guhiganwa, turondera kugira ibiruta ivyo abandi bagira. (Gal. 5:26) Ibikunze gushika vyerekana ko igihe ugutinya abapfuye biri mu bintu bihambaye biranga imico kama y’abantu banaka be n’ukuntu babayeho, akenshi amaziko aca abamwo abantu benshi kandi akagora gucungera, akaba ari co gituma ashobora guca abamwo akajagari. Gusenga abapfuye birashobora bitagoranye gutuma abatizera bigenza mu buryo buhumanye. Kuri mwene ayo maziko, abantu boshobora kuvuza induru n’ukuboroga birenze urugero, bakagumbira ikiziga, bakakiyagisha nk’aho umengo ni umuntu muzima bakongera bakaza baragihomekako amahera n’ibindi bintu. Hamwe ivyo vyogirwa ku maziko ya gikirisu, kwoba ari ugusiga iceyi bimwe vy’akamaramaza izina rya Yehova be n’abasavyi biwe.​—1 Pet. 1:14-16.

Nta gukeka ko kumenya ukuntu vy’ukuri abapfuye bamerewe bikwiye gutuma tugira umutima rugabo wo gutunganya amaziko ya gikirisu ku buryo ata kantu na kamwe karanga isi kajamwo. (Ef. 4:17-19) Naho Yezu yari we muntu ahambaye kuruta ababayeho bose, yahambwe ata bantu benshi barinze gukorana kandi mu buryo buciye bugufi. (Yoh. 19:40-42) Abafise “umuzirikanyi wa Kristu” babona ko amaziko nk’ayo ateye iteka. (1 Kor. 2:16) Mu vy’ukuri, igihe amaziko ya gikirisu agizwe mu buryo busanzwe kandi buciye bugufi ni bwo buryo bwiza cane bwo kwirinda ibintu Ivyanditswe bivuga ko bihumanye kandi butuma tuguma dutekanye, ivyo bikaba biteye iteka, bishimwa kandi bibereye ku bakunda Imana.

Hoba hakwiye kuba umunezero?

Inyuma y’amaziko, vyoshobora kuba bimenyerewe ko incuti, ababanyi be n’abandi bantu bahurira hamwe ari isinzi kugira ngo barye, banywe bongere batambe umuziki umena amatwi. Ivyo birori bijanye n’amaziko usanga akenshi bijana n’ukuborerwa be n’ubuhumbu. Hari abavuga yuko mwene ukwo kwidagadura gufasha kugira ngo umubabaro watewe n’ukwo kubura uhere. Abandi na bo babona ko biri mu bigize gusa imico kama yabo. Ariko rero, benshi bemera ko ukwo kudandahirwa ari umugenzo ukenewe w’akanya gato utegerezwa kugirwa kugira ngo batere iteka abapfuye bongere babashimagize no kugira ngo batume umuzimu w’uwo yapfuye ushika iyo abakera bari.

Abakirisu b’ukuri barabona ko iyi mpanuro yo mu Vyanditswe iranga ubukerebutsi, na yo ikaba igira iti: “Umubabaro uruta agatwengo: kuko naho mu maso hoba hijiriwe, umutima womera neza.” (Umus. 7:3) N’ikindi kandi, barazi ivyiza biva ku kuzirikana bitonze ku kuntu ubuzima ari bugufi be no ku cizigiro c’izuka. Nkako, abafitaniye ubucuti bukomeye na Yehova babona ko “umusi wo gupfa uruta uwo kuvukako.” (Umus. 7:1) Ku bw’ivyo, kumenya ko ukwidagadura kugirwa inyuma y’amaziko gufitaniye isano n’ivy’ubupfumu be n’ubuhumbu biratuma abakirisu b’ukuri babona ko bitabereye namba gutunganya mwene ivyo birori canke mbere kubigiramwo uruhara. Kwifatanya n’abarondera kudandahirwa inyuma y’amaziko vyogaragaza ko tutubaha Imana be n’ijwi ryo mu mutima ry’abasavyi ba Yehova bagenzi bacu.

Reka abandi babone ko dutandukanye na bo

Ese ukuntu dukenguruka kubona tuticwa n’ubwoba ngo dutinye abapfuye, n’uko abantu bari mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu bameze! (Yoh. 8:32) Twebwe “abana b’umuco,” twerekana umubabaro n’intuntu tuba dufise mu buryo bugaragaza ko twamurikiwe mu vy’impwemu, ni ukuvuga mu buryo buranga ukwifata ruto, icubahiro kandi buserura icizigiro ntakekeranywa dufise c’izuka. (Ef. 5:8; Yoh. 5:28, 29) Icizigiro mwene ico kizoturinda kwoshwa n’ukuntu “abadafise icizigiro” usanga akenshi bagaragaza intuntu bafise mu buryo burenze urugero. (1 Tes. 4:13) Kizotuma tugira umutima rugabo wo gushigikira dushikamye ugusenga gutyoroye, maze ntitugwe mu mutego wo gutinya abantu.​—1 Pet. 3:13, 14.

Nitwashira mu ngiro ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe tudahemuka, bizoronsa abantu akaryo ko ‘kubona itandukaniro riri hagati y’uwukorera Imana n’uwutayikorera.’ (Mal. 3:18) Umusi uri izina urupfu ruzokurwaho. (Ivyah. 21:4) Mu gihe tukirindiriye iranguka ry’uwo muhango uhambaye cane, ese Yehova yosanga tutagirako agatosi n’ikirabagu kandi twitandukanije rwose n’iyi si mbi be n’imigenzo yayo idatera iteka Imana!​—2 Pet. 3:14.

[Ifoto ku rup. 30]

Gushira mu nyandiko ivyipfuzo vyacu bwite ku bijanye n’ukuntu amaziko yacu yotunganywa ni ingendo iranga ubukerebutsi

[Ifoto ku rup. 31]

Amaziko ya gikirisu akwiye kuba aciye bugufi kandi ateye iteka