Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama”

“Baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama”

“Baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama”

“Abo ni bo baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama aho aja hose.”​—IVYAH. 14:4.

1. Abigishwa ba Yezu b’ukuri babona gute ibijanye no kumukurikira?

 IGIHE kimwe, Yezu amaze nk’imyaka ibiri n’igice arangura ubusuku bwiwe, “yariko arigisha mw’ikoraniro ry’icese i Kaperinawumu.” Kubera ko “benshi mu bigishwa biwe” bumva umengo amajambo Yezu yariko avuga aragoye, baciye “baja ku bintu vyari inyuma, ntibongera kugendana na we.” Igihe Yezu yabaza intumwa ziwe 12 niba na bo nyene bashaka kugenda, Simoni Petero yasubijeyo ati: “Mukama, tuje kwa nde? Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera; kandi twaremeye, turamenya yuko uri Umweranda w’Imana.” (Yoh. 6:48, 59, 60, 66-69) Abigishwa b’ukuri ba Yezu ntibaretse kumukurikira. Bamaze kurobanuzwa impwemu nyeranda, bagumye bagamburuka ubuyobozi bwa Yezu.​—Ibik. 16:7-10.

2. (a) Wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” canke “umubwiriza w’umwizigirwa” ni nde? (b) Ni gute uwo mushumba yagaragaje neza ko ‘akurikira wa Mwagazi w’intama’?

2 Tuvuge iki ku bijanye n’abakirisu barobanuwe bo muri kino gihe? Mu buhanuzi Yezu yashikirije bujanye n’“ikimenyetso c’ukuhaba [kwiwe] n’ic’insozero y’ivy’isi,” yise abagize umugwi w’abayoboke biwe barobanujwe impwemu bakiri kw’isi ko ari “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” canke “umubwiriza w’umwizigirwa.” (Mat. 24:3, 45; Luka 12:42) Umugwi wa wa mushumba, waragaragaje neza ko “[w]akurikira wa Mwagazi w’intama aho aja hose.” (Soma Ivyahishuwe 14:4, 5.) Abagize uwo mugwi baguma ari amasugi mu buryo bw’impwemu mu kutihumanisha inyigisho be n’imigenzo vya “Babiloni Akomeye,” inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. (Ivyah. 17:5) Nta nyigisho z’ikinyoma “[z]abonetse mu minwa yabo,” kandi baguma “[bata]girako ikirabagu” kiva mw’isi ya Shetani. (Yoh. 15:19) Muri kazoza, amasigarira y’abarobanuwe bari kw’isi ‘bazokurikira’ wa Mwagazi w’intama gushika mw’ijuru.​—Yoh. 13:36.

3. Ni kubera iki bihambaye ko twizigira umugwi wa wa mushumba?

3 Yezu yarashinze umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge “abo mu rugo rwiwe,” bano bakaba ari umwumwe mu bagize umugwi wa wa mushumba, “kugira ngo abahe ibifungurwa vyabo ku gihe kibereye.” Yarashinze kandi uwo mushumba “ivyo atunze vyose.” (Mat. 24:45-47) Muri ivyo bintu “atunze,” harimwo “isinzi rinini” ryo mu bagize “izindi ntama” riguma ryongerekana. (Ivyah. 7:9; Yoh. 10:16) Umwumwe mu barobanuwe canke abo mu bagize “izindi ntama,” ntibakwiye none kwizigira uwo mushumba yajejwe ibanga ryo kubitwararika? Hariho imvo nyinshi zituma twizigira umugwi wa wa mushumba. Imvo zibiri zihambaye cane ni izi: (1) Yehova arizigira umugwi wa wa mushumba. (2) Yezu na we nyene arizigira uwo mushumba. Reka twihweze ivyemeza ko Yehova Imana be na Yezu Kristu bompi bizigira uwo mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge bagaherezako.

Yehova arizigira umushumba

4. Ni kubera iki dushobora kwizigira ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bitangwa na wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge?

4 Zirikana ku kintu gituma umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge ashobora gutanga ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu biza hageze kandi birimwo ivyangombwa vyose. Yehova avuga ati: “[“Nzotuma ugira ugutahura kwimbitse,” NW] nkwereke inzira ucamwo.” Yongerako ati: “Nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako.” (Zab. 32:8) Ata gukeka, Yehova araronsa ubuyobozi uwo mushumba. Ku bw’ivyo rero, turashobora kwizigira duherejeko ugutahura kwimbitse be n’ubuyobozi bishingiye ku Vyanditswe turonka biciye kuri uwo mushumba.

5. Ni igiki cerekena ko impwemu y’Imana iriko iraronsa ububasha umugwi wa wa mushumba?

5 Yehova araronsa kandi umugwi wa wa mushumba impwemu yiwe nyeranda. Naho impwemu ya Yehova itaboneka, ivyo yama mu bo ikoreramwo vyovyo biribonekeza. Zirikana ku vyo umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge yashoboye kurangura mu kwamamaza hirya no hino kw’isi inkuru nziza yerekeye Yehova Imana, Umwana wiwe be n’Ubwami. Abasenga Yehova bariko baratangaza babigiranye umwete ubutumwa bw’Ubwami mu bihugu be n’amazinga birenga 230. None ivyo si ikimenyamenya ntaharirwa c’uko impwemu y’Imana iriko iraronsa ububasha wa mushumba? (Soma Ibikorwa 1:8.) Kugira ngo umugwi wa wa mushumba uronse abasavyi ba Yehova bo kw’isi yose ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu biza hageze, utegerezwa gufata ingingo zihambaye cane. Mu gufata izo ngingo no mu gutuma zishirwa mu ngiro, uwo mushumba aba agaragaje urukundo, ubwitonzi be n’iyindi mice y’ivyamwa vy’impwemu.​—Gal. 5:22, 23.

6, 7. Yehova yizigira umushumba w’umwizigirwa ku rugero rungana iki?

6 Kugira ngo dutahure urugero Yehova ashikanako mu kwizigira umushumba w’umwizigirwa, reka tuzirikane ku vyo yasezeraniye abawugize. Intumwa Paulo yanditse ati: “Urumbete ruzovuga, abapfuye [bazurwe] badashobora kubora, natwe [duhindurwe]. Kuko iki kibora gitegerezwa kwambara ukutabora, n’iki gipfa kigategerezwa kwambara ukudapfa.” (1 Kor. 15:52, 53) Abayoboke ba Kristu barobanuwe, bano bakaba basukurira Imana badahemuka kandi bagapfa bafise umubiri w’abantu ubora, barazurirwa kubaho ibihe bidahera ari ibiremwa vy’impwemu bidasanzwe. Bararonswa ukudapfa, ivyo bikaba bisobanura ko baronswa ukubaho ibihe vyose no kutigera barandurwa. Ikigeretseko, bararonka ukutabora, bakagira umubiri utigera utituka kandi bigaragara ko ubwawo ushoboye kwibungabunga. Mu Vyahishuwe 4:4 hadondora ko abo bazuwe bicaye ku ntebe z’ubwami bambaye ingori z’inzahabu ku mitwe yabo. Abakirisu barobanuwe barindiriye kuronka ubuninahazwa bw’ubwami. Ariko, hariho n’ibindi barindiriye.

7 Mu Vyahishuwe 19:7, 8 havuga hati: “Ubukwe bwa wa Mwagazi w’intama bu[ra]shitse, n’umugore wiwe yiteguye. Egome, ahawe kwambara impuzu nziza yoroshe, yakaka, isukuye, kuko nya mpuzu nziza yoroshe igereranya ibikorwa bigororotse vy’aberanda.” Yehova yaratoye abakirisu barobanuwe kugira ngo bazobe umugeni w’Umwana wiwe. Ukutabora, ukudapfa, ubwami, “ubukwe bwa wa Mwagazi w’intama,” mbega ukuntu izo ari ingabirano zitangaje cane! Ivyo ni ibintu bishimishije cane vyerekana ko Imana yizigira abarobanuwe, bano bakaba “baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama aho aja hose.”

Yezu arizigira umushumba

8. Yezu yerekana gute ko yizigira abayoboke biwe barobanujwe impwemu?

8 Ni ikimenyamenya ikihe cerekana yuko Yezu yizigira abayoboke biwe barobanujwe impwemu agaherezako? Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze ng’aha kw’isi, yaragiraniye isezerano n’intumwa ziwe 11 z’intahemuka. Yababwiye ati: “Ni mwebwe mwumiye kuri jewe mu bigeragezo vyanje; nanje ngiraniye isezerano namwe, nk’uko Data yagiraniye isezerano nanje, ku bw’ubwami, kugira ngo murire kandi munywere ku meza yanje mu bwami bwanje, mwongere mwicare ku ntebe z’ubwami kugira mucire imanza ya miryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.” (Luka 22:28-30) Iryo sezerano Yezu yagiranye ico gihe n’izo ntumwa 11 rizoshitswa ku bakirisu bose barobanuwe uko ari 144.000. (Luka 12:32; Ivyah. 5:9, 10; 14:1) None iyo Yezu aza kuba atari abizigiye, yari kugiranira na bo iryo sezerano ryo kuzosangira ububasha bw’Ubwami?

9. Mu vyo Kristu “atunze vyose” harimwo ibiki?

9 N’ikindi kandi, Yezu Kristu yarashinze uwo mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge “ivyo atunze vyose,” ni ukuvuga ibintu vyose vy’Ubwami biri kw’isi. (Mat. 24:47) Muri ivyo bintu atunze harimwo inyubakwa zo ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, ibiro vy’amashami vyo mu bihugu bitandukanye be n’Ingoro z’amateraniro hamwe n’Ingoro z’Ubwami ziri hirya no hino kw’isi. Harimwo kandi na ca gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Hari umuntu n’umwe yozeza uwo atizigiye ibanga ryo kuzigama ibintu vyiwe vy’igiciro no kubikoresha?

10. Ni igiki cerekana ko Yezu Kristu ari kumwe n’abayoboke biwe barobanuwe?

10 Gatoyi imbere y’uko Yezu uwari amaze kuzuka aduga mw’ijuru, yarabonekeye abigishwa biwe b’abizigirwa maze abasezeranira ati: “Ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” (Mat. 28:20) None imvugo yoba yajanye n’ingiro? Muri iyi myaka 15 iheze, igitigiri c’amashengero y’Ivyabona vya Yehova ari hirya no hino kw’isi carongerekanye kiva ku yashika 70.000 kigera ku yarenga 100.000, iryo rikaba ari iyongerekana ry’ibice birenga 40 kw’ijana. Bite ho ku bijanye n’abigishwa bashasha bagiye bariyongera? Abigishwa hafi imiliyoni 4 n’igice ni bo babatijwe muri iyo myaka 15 iheze, iyo ikaba ari incahagati y’abarenga 800 babatijwe ku musi ku musi. Iryo yongerekana ridasanzwe ni ikimenyamenya gitomoye c’uko Kristu ariko arayobora abayoboke biwe barobanuwe igihe baba bari ku makoraniro y’ishengero bagira be n’uko ariko arabashigikira mu gikorwa barangura co guhindura abantu abigishwa.

Ni umushumba w’umwizigira kandi w’ubwenge

11, 12. Umushumba yerekanye gute ko ari umwizigirwa kandi akaba n’uw’ubwenge?

11 Kubera ko Yehova Imana be na Yezu Kristu bizigira wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge bagaherezako, tweho ntidukwiye kubigenza gutyo nyene? Nkako, uwo mushumba yarerekanye ko ari umwizigirwa mu kurangura igikorwa yashinzwe. Nk’akarorero, ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi kiramaze imyaka nka 130 gisohorwa. Amakoraniro, amateraniro be n’amahwaniro Ivyabona vya Yehova tugira birabandanya kutwubaka mu buryo bw’impwemu.

12 Vyongeye, uwo mushumba w’umwizigirwa ni uw’ubwenge mu buryo bw’uko atagira ico akoze imbere y’uko Yehova atanga ubuyobozi butomoye, kandi atagambarara igihe mwene ubwo buyobozi buba bwatanzwe ku kintu kinaka. Nk’akarorero, mu gihe indongozi z’amadini y’ikinyoma zishigikira ku rwenge yuko inyifato y’abantu bo mw’isi iranga ubwikunzi kandi idashimwa n’Imana ata co itwaye canke zikayirenzako uruho rw’amazi imbonankubone, umushumba wewe araburira abantu ku bijanye n’imitego ituruka ku vy’iyi si mbi ya Shetani. Uwo mushumba arashoboye gutanga imburi ziranga ubukerebutsi kandi ziza hageze kubera ko Yehova Imana be na Yezu Kristu bamuhezagira. Ku bw’ivyo, birabereye ko twizigira uwo mushumba duherejeko. None, dushobora gute kwerekana ko twizigira uwo mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge?

‘Tujane’ n’abarobanuwe uko bakurikira wa Mwagazi w’intama

13. Twisunze ubuhanuzi bwo muri Zekariya, dushobora gute kugaragaza yuko twizigiye wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge?

13 Igitabu co muri Bibiliya ca Zekariya kiravuga ibijanye n’“abantu cumi” begera “Umuyuda,” maze bakavuga bati: “Turajana . . . namwe.” (Soma Zekariya 8:23.) Kubera ko uwo “Muyuda” avugwa hakoreshejwe imvugo ngo “namwe,” agereranya umugwi w’abantu. Muri iki gihe cacu, uwo Muyuda agereranya amasigarira y’abakirisu barobanujwe impwemu, ni ukuvuga abo mu bagize “Isirayeli y’Imana.” (Gal. 6:16) Abo “bantu cumi [ba]va mu mahanga y’indimi zidahwanye,” bagereranya isinzi rinini ry’abagize izindi ntama. Nk’uko abakirisu barobanuwe bakurikira Yezu aho agiye hose, abagize isinzi rinini na bo nyene ‘barajana’ na wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge. Abagize isinzi rinini ntibakwiye kwigera baterwa isoni no kwimenyekanisha ko ari abagenzi b’“abasangiye uguhamagarirwa ijuru.” (Heb. 3:1) Yezu ntaterwa isoni no kwita abarobanuwe ko ari “abavukanyi” biwe.​—Heb. 2:11.

14. Dushobora gute gushigikira tudahemuka abavukanyi ba Kristu?

14 Yezu Kristu abona ko igihe dushigikira tudahemuka abavukanyi biwe, tuba ari we dushigikiye. (Soma Matayo 25:40.) Ni mu buryo ki none abafise icizigiro co kuzoba ng’aha kw’isi bashobora gushigikira abavukanyi ba Kristu barobanujwe impwemu? Ahanini, ni mu kubasahiriza muri ca gikorwa co kwamamaza Ubwami. (Mat. 24:14; Yoh. 14:12) Mu gihe igitigiri c’abarobanuwe bakiri kw’isi cagiye kiragabanuka mu myaka mirongo iheze, igitigiri c’abo mu zindi ntama coco carongerekanye. Igihe abafise icizigiro co kuzoba ng’aha kw’isi bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, bagasukura ari abamamaji b’igihe cose niba bishoboka, baba bariko barashigikira abakirisu barobanujwe impwemu mu kurangura igikorwa bajejwe co guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20) Ntitwokwibagira kandi uturyo dufise two gushigikira ico gikorwa mu gutanga intererano z’amahera mu buryo butari bumwe.

15. Abakirisu, umwumwe ukwiwe, bakira gute ibifungurwa biza hageze bitangwa na wa mushumba be n’ingingo afata zijanye n’ukwungunganya ibintu?

15 Twebwe abakirisu umwumwe ukwiwe, tubona gute ibifungurwa biza hageze wa mushumba w’umwizigirwa aturonsa biciye ku bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya no ku makoraniro be n’amateraniro ya gikirisu? Twoba tuvyihereza tubigiranye ugukenguruka maze tugaca dushira mu ngiro ivyo tuba twize? Twakira gute ingingo zijanye n’ukwungunganya ibintu zifatwa na wa mushumba? Ukugamburuka tubikunze ubuyobozi turonswa ni ikimenyamenya c’uko twizigira indinganizo Yehova yashizeho.​—Yak. 3:17.

16. Ni kubera iki abakirisu bose bakwiye kwumviriza abavukanyi ba Kristu?

16 Yezu yavuze ati: “Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje, nanje ndazizi kandi zirankurikira.” (Yoh. 10:27) Ukwo ni ko biri ku bakirisu barobanuwe. Bite ho kuri bamwe ‘bajana’ na bo? Mwene abo bantu bategerezwa kwumviriza Yezu. Vyongeye, bategerezwa kwumviriza abavukanyi biwe. Nkako, abo bavukanyi ba Kristu ni bo bajejwe ibanga nyamukuru ryo kwitwararika ineza y’abasavyi b’Imana. None kwumviriza ijwi ry’abavukanyi ba Kristu bisobanura iki?

17. Kwumviriza umugwi wa wa mushumba bisobanura iki?

17 Muri iki gihe, wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge aserukirwa n’Inama Nyobozi, ino ikaba ari yo ija imbere muri ca gikorwa co kwamamaza Ubwami kirangurwa hirya no hino kw’isi ikongera ikagihagarikira. Abagize Inama Nyobozi ni abakurambere bazi utuntu n’utundi barobanujwe impwemu. Ni bo canecane bashobora kuvugwa ko ari ‘abatuja imbere.’ (Heb. 13:7) Mu kwitwararika abamamaji b’Ubwami bababa 7.000.000 bo hirya no hino kw’isi bari mu mashengero arenga 100.000, abo bacungezi barobanuwe barafise “vyinshi [ba]kora mu gikorwa c’Umukama.” (1 Kor. 15:58) Kwumviriza umugwi wa wa mushumba bisobanura gusenyera ku mugozi umwe bimwe vyuzuye n’Inama Nyobozi iwuserukira.

Abumviriza wa mushumba barahezagirwa

18, 19. (a) Ni mu buryo ki abumviriza wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge bahezagirwa? (b) Ni umwiyemezo uwuhe dukwiye kugira?

18 Kuva aho uwo mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge ashiriweho, “[yara]shikanye benshi ku bugororotsi.” (Dan. 12:3) Aho harimwo abafise icizigiro co kuzorokoka isangangurwa ry’ivy’iyi si mbi. Ese ukuntu ari umuhezagiro kuba babonwa ko bagororotse mu nyonga z’Imana!

19 Muri kazoza, igihe “ca gisagara ceranda, Yeruzalemu Nshasha [kigizwe na bamwe 144.000] ki[zo]manuka kiva mw’ijuru ku Mana, giteguwe nk’umugeni asharijwe ku bw’umugabo wiwe,” ni ibiki abazoba barumvirije ijwi rya wa mushumba bazokwibonera? Bibiliya ivuga iti: “Imana ubwayo izoba kumwe na bo. Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzokwongera kubaho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizokwongera kubaho. Ibintu vya kera vyagiye.” (Ivyah. 21:2-4) Uko vyogenda kwose rero, nimuze twumvirize Kristu be n’abavukanyi biwe b’abizigirwa barobanujwe impwemu.

Wize iki?

• Ni ikimenyamenya ikihe cerekana ko Yehova yizigira wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge?

• Ni igiki cerekana ko Yezu Kristu yizigira umugwi wa wa mushumba agaherezako?

• Ni kubera iki bibereye ko twizigira wa mubwiriza w’umwizigirwa?

• Twerekana gute ko twizigira wa mushumba?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 25]

Woba uzi abo Yehova yatoye ngo bazobe umugeni w’Umwana wiwe?

[Amafoto ku rup. 26]

Yezu Kristu yarashinze wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge ivyo “atunze”

[Ifoto ku rup. 27]

Igihe tugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, tuba turiko turashigikira abarobanujwe impwemu