Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Ivyahishuwe—Igice ca 2

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Ivyahishuwe—Igice ca 2

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Ivyahishuwe​—Igice ca 2

NI IGIKI kiraririye gushikira abasenga Yehova Imana be n’abatamusenga? Shetani n’amadayimoni yiwe bizobagendera gute? Ni imihezagiro iyihe abantu bagamburuka bazoronka mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi? Inyishu z’ivyo bibazo be n’ibindi bihambaye cane zirahishurwa mu Vyahishuwe 13:1–22:21. a Ivyo bigabane birimwo amayerekwa 9 ya nyuma yo muri amwe 16 intumwa Yohani yerekwa amaja mu mpera y’ikinjana ca mbere G.C.

Yohani yandika ati: “Hahiriwe uwusoma n’ijwi ryumvikana be n’abumva amajambo y’ubu buhanuzi, kandi bakurikiza ibintu vyanditswe muri bwo.” (Ivyah. 1:3; 22:7) Gusoma ivyo dusanga mu gitabu c’Ivyahishuwe no gushira mu ngiro ivyo tuvyigirako birashobora kugira ico bikoze ku mutima wacu, bigatuma turushiriza kwizera Imana be n’Umwana wayo Yezu Kristu, bikongera bikaturonsa icizigiro gikayangana ca kazoza. b​—Heb. 4:12.

AMABAKURE INDWI Y’ISHAVU RY’IMANA ASUKWA MW’ISI

(Ivyah. 13:1–16:21)

Mu Vyahishuwe 11:18 hagira hati: “Amahanga yaratse, kandi uburake [bw’Imana] bwite buraza, be n’igihe cashinzwe . . . co guhonya abariko barahonya isi.” Mu kuvuga igituma ubwo burake buza, iyerekwa ry’umunani rirekana ivyo “igikoko . . . gifise amahembe cumi n’imitwe indwi” gikora.​—Ivyah. 13:1.

Mw’iyerekwa rigira icenda, Yohani arabona “Umwagazi w’intama ahagaze ku Musozi Siyoni” kandi ari kumwe n’abantu “ibihumbi ijana na mirongo ine na bine.” Abo “baguzwe bakuwe mu bantu.” (Ivyah. 14:1, 4) Haca hakurikira ubutumwa butangazwa n’abamarayika. Mw’iyerekwa rikurikira, Yohani arabona “abamarayika indwi bafise ivyago indwi.” Bigaragara ko Yehova ubwiwe ari we ategeka abo bamarayika ngo basuke “amabakure indwi y’ishavu ry’Imana” mu mice itandukanye y’isi ya Shetani. Ayo mabakure arimwo ubutumwa be n’imburi vyerekeye imanza Imana izoshitsa. (Ivyah. 15:1; 16:1) Ayo mayerekwa abiri aratanga amakuru y’ido n’ido avuga izindi manza Ubwami buzoshitsa zifitaniye isano n’amagorwa agira gatatu be n’ivuzwa ry’urumbete rugira indwi.​—Ivyah. 11:14, 15.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

13:8​—“Umuzingo w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama” ni iki? Ni umuzingo w’ikigereranyo urimwo gusa amazina y’abazofadikanya na Yezu Kristu kuganza mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru. Aho harimwo amazina y’abakirisu barobanuwe bakiri kw’isi bafise icizigiro co kuzoba mw’ijuru.

13:11-13​—Ni mu buryo ki ico gikoko c’amahembe abiri gikora nk’igisato kandi kigatuma umuriro umanuka uvuye mw’ijuru? Ico gikoko gifise amahembe abiri kigereranya intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika. Kuba kivuga nk’igisato vyerekana ko gikoresha iterabwoba, imikazo be n’ubukazi kugira ngo gihatire abantu kwemera uburyo gitegeka. Gituma umuriro umanuka uvuye mw’ijuru mu buryo bw’uko cigira umuhanuzi mu kuvuga yuko catsinze ingabo z’ikibi muri za ntambara zibiri z’isi yose zaba mu kinjana ca 20 be n’uko catsinze ubukomunisita.

16:17​—Ni “ikirere” bwoko ki gisukwako ibakure rigira indwi? Ico “kirere” kigereranya ivyiyumviro bikomoka kuri Shetani, kikaba ari “ya mpwemu [ari ko gatima kiganje] ubu ikorera mu bana b’ubugambarazi.” Iyi si yose mbi ya Shetani ihumeka ico kirere kirimwo ubumara.​—Ef. 2:2.

Ivyigwa tuhigira:

13:1-4, 18. “Igikoko” kigereranya intwaro z’abantu kiraduga ‘kivuye mu kiyaga,’ ico na co kikaba ari amasinzi y’abantu badurumbanye. (Yes. 17:12, 13; Dan. 7:2-8, 17) Ico gikoko cashizweho na Shetani kandi akaba ari we yagihaye ububasha, igitigiri caco ni 666, ivyo bikaba bishimika ku kuba kidatunganye namba. Kumenya neza ico gikoko ico ari co biradufasha kugira ngo ntitugitamarire canke ngo tugisenge nk’uko abantu muri rusangi babigira.​—Yoh. 12:31; 15:19.

13:16, 17. Naho twoshikirwa n’ibintu bigoye gute igihe tuba turiko turangura imirimo yacu ya misi yose, nk’iyijanye no “kugura canke kugurisha,” turakwiye kutareka ngo dushirweko umukazo wo kwemerera ico gikoko ngo kiganze ubuzima bwacu. Kwemera guhabwa ‘ikimenyetso ku kuboko kwacu kw’ukuryo canke ku ruhanga rwacu’ vyoba ari ukwemerera ico gikoko ngo kiganze ivyo dukora canke kigire ico gikoze ku vyiyumviro vyacu.

14:6, 7. Ubutumwa abamarayika bashikiriza butwigisha yuko dukwiye gutangaza bimwe vyihutirwa inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana bwamaze gushingwa. Turakwiye gufasha abo twigana Bibiliya kugira ngo batsimbataze ugutinya Yehova Imana kubereye bongere bamuninahaze.

14:14-20. “Ivyimburwa vy’isi” nivyamara kwimburwa, ni ukuvuga itororokanywa ry’abazorokorwa rirangiye, hazoba hageze ko uwo mumarayika afata “umuzabibu w’isi” wamaze kwegeranywa, maze akawuterera “mu ruganiro runini rw’ishavu ry’Imana.” Uwo muzabibu, ni ukuvuga intwaro ziganza abantu zononekaye zo muri iyi isi ya Shetani be n’“imisoko” yazo igizwe n’ivyamwa bibi, uzoca ukurwaho ubutakigaruka. Turakwiye kugira umwiyemezo wo kutareka ngo twoshwe n’uwo muzabibu w’isi.

16:13-16. Ayo ‘majambo y’amahumekano ahumanye’ agereranya ivyiyumviro amadayimoni akwiragiza kugira ngo yiyemeze neza ko isukwa rya ya mabakure indwi y’ishavu ry’Imana ritagira ico rikoze ku bami bo mw’isi, ahubwo ko baryosharyoshwa bakaja mu vyo kurwanya Yehova.​—Mat. 24:42, 44.

16:21. Uko umuhero w’iyi si wegereza, ubutumwa bushikirizwa bwerekeye imanza Yehova azoshitsa ku vy’iyi si mbi ya Shetani bwoshobora kuba burimwo amajambo akomeye bimwe bidasanzwe yerekeye imanza z’Imana, izishobora kuba zigereranywa n’urubura. Naho biri ukwo, abantu benshi cane bazoguma barogota ku Mana.

UMWAMI YATSINZE AGANZA

(Ivyah. 17:1–22:21)

“Babiloni Akomeye,” ari yo ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, ni ikintu gisesemye kiri mu bigize isi mbi ya Shetani. Iyerekwa rigira 11 ridondora ko ari “maraya akomeye . . . yicaye ku gikoko c’ibara ry’agahama.” Ategerezwa gusangangurwa n’“amahembe cumi” y’ico gikoko nyene kimuhetse. (Ivyah. 17:1, 3, 5, 16) Mu kugereranya uwo maraya n’“igisagara gikomeye,” iyerekwa rikurikira rica ritangaza itemba ryiwe rikongera rigatera akamo kihutirwa abasavyi b’Imana ngo ‘basohoke bave muri we.’ Abenshi baragandara kubera itemba ry’ico gisagara gikomeye. Yamara rero, mw’ijuru haraba umunezero kubera ko hagirwa “ubukwe bwa wa Mwagazi w’intama.” (Ivyah. 18:4, 9, 10, 15-19; 19:7) Mw’iyerekwa rigira 13, uwugendera kw’“ifarasi yera” araja kurwana n’amahanga. Araherengeteza isi mbi ya Shetani.​—Ivyah. 19:11-16.

Bite ho ku bijanye na “ya nzoka yo mu ntango, ari yo wa Mubesheranyi akaba na Shetani”? Ni ryari “a[zo]raririzwa muri ca kiyaga c’umuriro”? Ico ni kimwe mu biba mw’iyerekwa rigira 14. (Ivyah. 20:2, 10) Amayerekwa abiri ya nyuma arerekana ukuntu ubuzima buzoba bumeze mu gihe ca ya myaka igihumbi. Mu gihe “ivyahishuwe” bishika ku nsozero yavyo, Yohani arabona ‘uruzi rw’amazi y’ubuzima rumanuka hagati mu nzira yagutse,’ maze hagaca hatangwa ubutumire bwiza cane kuri “uwo wese anyotewe.”​—Ivyah. 1:1; 22:1, 2, 17.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

17:16; 18:9, 10​—Ni kubera iki “abami b’isi” baririra uwo bo ubwabo batikije? Nta kindi gituma bamuririra atari ubwikunzi. Babiloni Akomeye amaze gusangangurwa, biboneka ko abami b’isi baca babona akamaro yari abafitiye. Yaratumye ibikorwa vyabo vy’agahahazo bikingirwa ikibaba n’amadini. Babiloni Akomeye yarabafashije kandi mu gutuma urwaruka rwiyandikisha mu vyo kuja mu ntambara. Ikigeretseko, yararanguye uruhara ruhambaye mu gutuma nya bami baguma biganziye abantu.

19:12​—Bishoboka bite ngo ntihagire n’umwe amenya izina rya Yezu ritavuzwe kiretse we ubwiwe? Iryo zina ryiwe risa n’iryerekeza ku kibanza no ku duteka Yezu ahabwa mu gihe c’umusi w’Umukama, nk’ibivugwa muri Yesaya 9:6. Nta n’umwe azi iryo zina uretse we ubwiwe kubera ko uduteka yatewe tudasanzwe kandi akaba ari we wenyene ashobora gutahura ico bisobanura kuba muri mwene ico kibanza co hejuru. Naho ari ukwo, Yezu arasangira n’abagize umugwi w’umugeni wiwe tumwe muri utwo duteka, akaba ari nk’aho aba ‘yanditse kuri bo iryo zina rishasha ryiwe.’​—Ivyah. 3:12.

19:14​—Ni bande bazokurikira Yezu bari ku mafarasi kuri Harumagedoni? Mu ‘ngabo zo mw’ijuru’ zifatanya na Yezu mu gihe c’intambara y’Imana, hazoba harimwo abamarayika be n’abarobanuwe banesheje bazoba bamaze kuronka impera yabo yo mw’ijuru.​—Mat. 25:31, 32; Ivyah. 2:26, 27.

20:11-15​—Ni bande amazina yabo yanditswe mu “muzingo [canke, “igitabu”] w’ubuzima”? Uwo ni umuzingo urimwo amazina y’abo bose bazoronka ubuzima budahera, ni ukuvuga abakirisu barobanuwe, abagize isinzi rinini be n’abasavyi b’Imana b’abizigirwa bazozurwa mu gihe c’‘izuka ry’abagororotse.’ (Ibik. 24:15; Ivyah. 2:10; 7:9) Abazosubizwa ubuzima mu gihe c’‘izuka ry’abatagororotse,’ amazina yabo azokwandikwa muri uwo “muzingo w’ubuzima” igihe gusa bazoba bakoze bahuza n’“ibintu vyanditswe mu mizingo” irimwo ubuyobozi izozingururwa mu gihe ca ya myaka igihumbi. Ariko rero, ayo mazina ntiyandikwa ubutagihanagurwa. Amazina y’abarobanuwe yandikwa ubutagihanagurwa igihe bagumye ari abizigirwa gushika ku rupfu. (Ivyah. 3:5) Amazina y’abazoronka ubuzima kw’isi na yo yandikwa ubutagihanagurwa igihe barenganye ca kigeragezo ca nyuma kizobashikira imyaka igihumbi irangiye.​—Ivyah. 20:7, 8.

Ivyigwa tuhigira:

17:3, 5, 7, 16. “Ubukerebutsi buva hejuru” buradufasha gutahura “akayobera k’urya mugore be n’aka kirya gikoko [c’ibara ry’agahama] kimuhetse.” (Yak. 3:17) Ico gikoko c’ikigereranyo catanguye ari Umuhari w’Amahanga, mu nyuma kirasubira kugira inkomezi kiba Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU. Ukwo kuba ico kintu c’akayobera caramenyekanye ntibikwiye none gutuma tuba abanyamwete mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana no mu gutangaza umusi wa Yehova wo guca urubanza?

21:1-6. Turashobora kwizigira duherejeko yuko imihezagiro yavuzwe kera yuko abantu bazokwinovora batwarwa n’Ubwami, izoranguka koko. Kubera iki? Kubera ko ku bijanye n’iyo mihezagiro, Bibiliya ivuga iti: “Birabaye!”

22:1, 17. Urwo “ruzi rw’amazi y’ubuzima” rugereranya intunganyo zitandukanye Yehova yashizeho kugira ngo abantu bagamburuka bakurweko igicumuro n’urupfu. Muri iki gihe ayo mazi araboneka ku rugero runaka. Ese tutokwemera gusa tubigiranye ugukenguruka ubwo butumire duhabwa bwo kuza maze “[tuka]kira amazi y’ubuzima ku buntu,” ariko kandi tukabushira abandi tubishashaye!

[Utujambo tw’epfo]

b Niba wipfuza kwihweza igitabu c’Ivyahishuwe umurongo ku wundi, raba igitabu Révélation : le grand dénouement est proche!

[Ifoto ku rup. 5]

Mbega imihezagiro myiza igitangaza abantu bagamburuka bazokwironkera igihe bazoba batwarwa n’Ubwami!