Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene amajambo Yezu yavuze atuma umuntu agira ubuhirwe

Ingene amajambo Yezu yavuze atuma umuntu agira ubuhirwe

Ingene amajambo Yezu yavuze atuma umuntu agira ubuhirwe

“[Yezu] aduga ku musozi; hanyuma . . . abigishwa biwe baza kuri we; buno . . . atangura kubigisha.”​—MAT. 5:1, 2.

1, 2. (a) Ibintu vyari vyifashe gute igihe Yezu yashikiriza ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi? (b) Yezu yatanguye gute insiguro yiwe?

 NI MU mwaka wa 31 G.C. Yezu arahagarika gatoyi urugendo rwiwe rwo kwamamaza inkuru nziza i Galilaya kugira ngo aje i Yeruzalemu guhimbaza Pasika. (Yoh. 5:1) Agarutse i Galilaya, aramara ijoro ryose ariko arasenga asaba Imana ubuyobozi bumufasha gutora intumwa 12. Bukeye bwaho, isinzi ry’abantu rirakoranira hamwe igihe Yezu akiza abarwaye. Ari kumwe n’abigishwa biwe be n’abandi bantu, aricara ku nkike y’umusozi maze agatangura kwigisha.​—Mat. 4:23–5:2; Luka 6:12-19.

2 Yezu atangura gushikiriza insiguro yiwe, ari yo ya Nsiguro yo ku Musozi, mu kwerekana ko ubuhirwe buva ku kugiranira ubucuti bwiza n’Imana. (Soma Matayo 5:1-12.) Ubuhirwe ni ‘ukumererwa neza gutangurira ku kwumva ushize akanyota kugashika ku kugira agahimbare ntangere.’ Imice icenda Yezu yavuze iranga abahiriwe abo ari bo irashira ahabona igituma abakirisu bahiriwe, kandi iyo mice Yezu yavuze ni ngirakamaro muri iki gihe nk’uko yari iri mu myaka hafi 2.000 iheze. Nimuze turimbure umwumwe muri iyo mice.

“Abazi ko bakeneye ivy’impwemu”

3. Kumenya ko dukeneye ivy’impwemu bisobanura iki?

3 “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo.” (Mat. 5:3) “Abazi ko bakeneye ivy’impwemu” baratahura neza ko ari abakene mu vy’impwemu kandi ko bakeneye imbabazi z’Imana.

4, 5. (a) Ni kubera iki abazi ko bakeneye ivy’impwemu bahiriwe? (b) Dushobora gute kuronka ivyo dukeneye mu vy’impwemu?

4 Abazi ko bakeneye ivy’impwemu barahiriwe, “kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo.” Kuba abigishwa ba Yezu bo mu ntango baremera ko ari we Mesiya, vyaratumye bishoboka yuko baterwa agateka ko kuzoganza bari kumwe na we mu Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru. (Luka 22:28-30) Twaba dufise icizigiro co kuzoba abaraganwa na Kristu mw’ijuru canke tukaba twiteganye umushasharo kuzobaho ibihe bidahera mw’isi izoba yahindutse Iparadizo dutwarwa n’Ubwami, turashobora kuba abahiriwe niba tuzi vy’ukuri yuko dukeneye ivy’impwemu kandi ko dukeneye kwiheka ku Mana.

5 Si abantu bose bazi ko bakeneye ivy’impwemu, kubera ko abenshi ata kwizera bafise kandi bakaba badaha agaciro ibintu vyeranda. (2 Tes. 3:1, 2; Heb. 12:16) Kwiyigisha Bibiliya no kugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa tubigiranye umwete, be no kwitaba amakoraniro ya gikirisu tudahorereza; ni bumwe mu buryo budufasha kuronka ivyo dukeneye mu vy’impwemu.​—Mat. 28:19, 20; Heb. 10:23-25.

Abagandaye ‘bahiriwe’ abo ari bo

6. “Abagandaye” ni bande, kandi ni kubera iki ‘bahiriwe’?

6 “Hahiriwe abagandaye, kuko bazohozwa.” (Mat. 5:4) Abo “bagandaye” ni cokimwe n’“abazi ko bakeneye ivy’impwemu.” Ntibagandaye mu buryo bw’uko bidogera umugabane wabo mu buzima. Ico kigandaro cabo ni umubabaro bumva bafise kubera ko ari abanyabicumuro be n’ukuntu ibintu vyifashe bitumwe n’uko abantu ari abanyagasembwa. Ni kubera iki none mwene abo bantu bagandaye ‘bahiriwe’? Ni uko bizera Imana na Kristu kandi bakaba bahumurizwa no kuba bafitaniye ubucuti bwiza na Yehova.​—Yoh. 3:36.

7. Dukwiye kwumva tumerewe gute ku bijanye n’isi ya Shetani?

7 Umwumwe wese muri twebwe, yoba agandara kubera ukutagororoka kwiraye mw’isi ya Shetani? Twumva vy’ukuri tumerewe gute ku bijanye n’ivyo iyi si itanga? Intumwa Yohani yanditse ati: “Ikintu cose kiri mw’isi​—icipfuzo c’umubiri n’icipfuzo c’amaso be n’uguhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho​—[ntigi]komoka kuri Data.” (1 Yoh. 2:16) Ariko none vyogenda gute mu gihe twobona ko kamere yacu y’ivy’impwemu iriko igenda irononwa n’“impwemu y’isi,” iyo na yo ikaba ari inguvu ifise akosho yiganje mu bantu batandukanijwe n’Imana? Ico gihe twosenga tubigiranye ubwira, tukiyigisha Ijambo ry’Imana kandi tukarondera gufashwa n’abakurambere. Nitwaguma twiyegereza Yehova, ‘tuzokwiremesha,’ naho ivyotuma tugira umubabaro vyoba bimeze gute.​—1 Kor. 2:12; Zab. 119:52; Yak. 5:14, 15.

Ese ukuntu “abitonda” bahiriwe!

8, 9. Kuba uwitonda bisobanura iki, kandi ni kubera iki abitonda bahiriwe?

8 “Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.” (Mat. 5:5) ‘Ubwitonzi,’ ari kwo gutekereza, ntibusobanura ubugoyagoye canke ubugwaneza burimwo ubwiyorobetsi. (1 Tim. 6:11) Nimba turi abitonda, tuzogaragaza ugutekereza mu gukora ivyo Yehova agomba no mu kwemera ubuyobozi atanga. Vyongeye, ubwitonzi buzokwigaragariza mu buryo dufata abo dusangiye ukwizera be n’abandi bantu. Ugutekereza nk’ukwo kurahuza n’impanuro Paulo yatanze.​—Soma Abaroma 12:17-19.

9 Kubera iki abitonda bahiriwe? Ni uko Yezu, uwitonda, yavuze yuko “bazotorana isi.” Yezu ni we wa mbere atorana isi. (Zab. 2:8; Mat. 11:29; Heb. 2:8, 9) Ariko rero, “abaraganwa na Kristu” bitonda barasangira na we iyo ntoranwa yiwe y’isi. (Rom. 8:16, 17) Abandi bantu benshi batekereza bazoronka ubuzima budahera mw’isi izoba itwarwa n’Ubwami burongowe na Yezu.​—Zab. 37:10, 11.

10. Kutitonda vyoshobora gute kugira ico bikoze ku duteka tw’umurimo twoterwa be no ku bucuti dufitaniye n’abandi?

10 Nka kumwe kwa Yezu, turakwiye kuba abitonda. Bite ho nimba tuzwi yuko turi abantu bafise agatima ko kurwana? Mwene ako gatima kabi koshobora gutuma abantu baduca kure. Niba turi abavukanyi bipfuza kuzezwa amabanga mw’ishengero, ako gatima karatuma tutaba abakwije ibisabwa. (1 Tim. 3:1, 3) Paulo yabwiye Tito gushishikara kwibutsa abakirisu b’i Kirete “kutaba abakunda kurwana, kuba abagira ibitegereka, berekana ubwitonzi bwose ku bantu bose.” (Tito 3:1, 2) Ese ukuntu ubwitonzi nk’ubwo ari umuhezagiro ku bandi!

Baripfuza rwose “ubugororotsi”

11-13. (a) Kwumva ufise inzara n’inyota vy’ubugororotsi bisobanura iki? (b) Ni gute abafise inzara n’inyota vy’ubugororotsi “bazohazwa”?

11 “Hahiriwe abashonje kandi banyotewe ubugororotsi, kuko bazohazwa.” (Mat. 5:6) “Ubugororotsi” Yezu yariko aravuga ngaho, ni kamere yo gukora ibigororotse uhuza n’ivyo Imana igomba be n’amabwirizwa yayo. Umwanditsi wa Zaburi yavuze yuko yari “[yara]janjaguwe n’ugucambirwa” ingingo z’ubutungane zigororotse z’Imana. (Zab. 119:20, NW) Twoba duha agaciro ubugororotsi ku buryo twumva ko tubufitiye inzara n’inyota?

12 Yezu yavuze yuko abashonje kandi banyotewe ubugororotsi bazoba bahiriwe kubera ko “bazohazwa,” canke bazokwumva baheze akanyota. Ivyo vyashobotse inyuma ya Pentekoti yo mu 33 G.C. kuko ico gihe ari ho impwemu nyeranda ya Yehova yatangura “[gu]ha isi ikimenyamenya kijijura . . . ku vyerekeye ubugororotsi.” (Yoh. 16:8) Biciye ku mpwemu nyeranda, Imana yarahumekeye abantu ngo bandike Ivyanditswe vy’ikigiriki, bino bikaba ari ngirakamaro cane “ku gutoza indero mu bugororotsi.” (2 Tim. 3:16) N’ikindi kandi, impwemu y’Imana iradushoboza “[kw]ambara kamere nshasha yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana mu bugororotsi bw’ukuri.” (Ef. 4:24) Ntibihumuriza none kumenya yuko abarondera kubabarirwa ibicumuro vyabo babigiranye ukwigaya bishimikije inkuka y’incungu ya Yezu bashobora kubonwa ko bagororotse imbere y’Imana?​—Soma Abaroma 3:23, 24.

13 Niba dufise icizigiro co kuba kw’isi, inzara n’inyota dufitiye ubugororotsi bizohera buhere igihe tuzoba tubaho mu bugororotsi ibihe bidahera ng’aha kw’isi. Magingo tukirindiriye ico gihe, nimuze twiyemeze kubaho duhuza n’ingingo mfatirwako za Yehova. Yezu yavuze ati: “Gume . . . mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi” bw’Imana. (Mat. 6:33) Nitwabigenza gutyo bizotuma dukora bimwe bishitse ibikorwa bihimbara Imana, vyongere bitume tugira ubuhirwe nyakuri.​—1 Kor. 15:58.

Igituma “abanyembabazi” bahiriwe

14, 15. Dushobora gute kugaragaza imbabazi, kandi ni kubera iki “abanyembabazi” bahiriwe?

14 “Hahiriwe abanyembabazi, kuko bazogirirwa imbabazi.” (Mat. 5:7) “Abanyembabazi” bakora ibintu babitumwe n’impuhwe be n’ikigongwe bumvira abandi. Yezu yararuhuriye ku gitangaro abantu benshi bari bafise imibabaro kubera ko bari bamuteye ikigongwe. (Mat. 14:14) Imbabazi zigaragarira mu gatima abantu bagira ko guharira ababa babacumuyeko, nk’uko nyene Yehova aharira abigaye abigiranye imbabazi. (Kuv. 34:6, 7; Zab. 103:10) Turashobora kugaragaza imbabazi muri ubwo buryo, tukongera tukazigaragaza mu vyo tuvuga be no mu vyo dukora biranga ubuntu bituma abatagira ic’epfo ca ruguru baruhurirwa. Uburyo bwiza bwo kugaragaza imbabazi ni ukubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya. Yezu abitumwe n’ikigongwe yumviye isinzi ry’abantu, “[yaciye] atangura kubigisha ibintu vyinshi.”​—Mrk. 6:34.

15 Turafise imvo yotuma twemeranya n’amajambo ya Yezu agira ati: “Hahiriwe abanyembabazi, kuko bazogirirwa imbabazi.” Nimba dufatana abandi imbabazi, na bo barashobora kudufata muri ubwo buryo nyene. Hari aho twosanga imbabazi twagaragarije abandi ziginye intsinzi ku rubanza rwose rukomeye Imana yoducira. (Yak. 2:13) Abanyembabazi ni bo bonyene baharirwa ibicumuro kandi bakazoronka ubuzima budahera.​—Mat. 6:15.

Igituma “abatyoroye mu mutima” bahiriwe

16. Kuba ‘uwutyoroye mu mutima’ bisobanura iki, kandi ni gute abafise kamere nk’iyo ‘bazobona Imana’?

16 “Hahiriwe abatyoroye mu mutima, kuko bazobona Imana.” (Mat. 5:8) Nimba ‘dutyoroye mu mutima,’ inyiyumvo zacu, ivyipfuzo vyacu be n’imvo zituma dukora ibintu, na vyo nyene bizoba ibityoroye. Tuzogaragaza “urukundo ruva ku mutima udahumanye.” (1 Tim. 1:5) Nitwaguma tudahumanye, ‘tuzobona Imana.’ Ivyo si ngombwa ngo bibe bisobanura yuko tubona Yehova amaso mu yandi, kubera ko ‘ata muntu yobona [Imana] ngo abeho.’ (Kuv. 33:20) Ariko rero, kubera ko Yezu yagaragaza kamere z’Imana mu buryo butagira agahaze, yarashobora kuvuga ati: “Uwumbonye aba abonye na Data.” (Yoh. 14:7-9) Twebwe abasavyi ba Yehova bo kw’isi, turashobora ‘kubona Imana’ mu kwihweza ivyo idukorera. (Yobu 42:5) Abakirisu barobanuwe bobo babona Imana ku rugero rw’agaheta igihe bazukiye ubuzima bw’impwemu maze bakibonera Se wabo wo mw’ijuru imbonankubone.​—1 Yoh. 3:2.

17. Kuba abatyoroye mu mutima bizogira ico bikoze gute kuri twebwe?

17 Kubera ko umutima utyoroye uba udahumanye mu bijanye n’inyifato runtu be no mu vy’impwemu, ntiwibanda ku bintu bihumanye mu nyonga za Yehova. (1 Ngo. 28:9; Yes. 52:11) Niba dutyoroye mu mutima, ivyo tuvuga be n’ivyo dukora na vyo nyene bizoba ibityoroye, kandi nta bwiyorobetsi na bumwe buzorangwa mu murimo turangurira Yehova.

“Indemeshamahoro” baraba abana b’Imana

18, 19. “Indemeshamahoro” bigenza gute?

18 “Hahiriwe indemeshamahoro, kuko bazokwitwa ‘abana b’Imana.’” (Mat. 5:9) “Indemeshamahoro” bamenyekanira ku vyo bokora no ku vyo batokora. Niba turi abo bantu Yezu yari afise mu muzirikanyi, tuba rero turi indemeshamahoro kandi ‘tutishura ikibi ku kindi.’ Mu yandi majambo, ‘twama nantaryo dukurikirana iciza ku bijanye n’abandi.’​—1 Tes. 5:15.

19 Kugira ngo tube mu bantu b’“indemeshamahoro” dutegerezwa kuba abayaremesha twivuye inyuma. Abantu baremesha amahoro ntibakora ikintu na kimwe ‘cotandukanya abasanganywe.’ (Imig. 16:28) Kubera yuko turi “indemeshamahoro,” turatera intambwe nziza kugira ngo ‘dukurikirane amahoro n’abantu bose.’​—Heb. 12:14.

20. Ni bande ubu ari “abana b’Imana,” kandi ni bande amaherezo bazoba abana bayo?

20 Indemeshamahoro barahiriwe kubera yuko “bazokwitwa ‘abana b’Imana.’” Yehova yarahisemwo kuba se w’abakirisu barobanuwe b’abizigirwa, gutyo baba babaye “abana b’Imana.” Baramaze kugiranira ubucuti somambike na Yehova ari abana biwe kubera ko bizera Kristu kandi bakaba basenga n’umutima wabo wose “ya Mana y’urukundo n’amahoro.” (2 Kor. 13:11; Yoh. 1:12) Tuvuge iki none ku bijanye n’abagize “izindi ntama” za Yezu b’indemeshamahoro? Yezu ni we azobabera ‘Se wabo ahoraho’ mu kiringo ca ya Ngoma yiwe y’imyaka igihumbi, ariko mu mpera y’iyo myaka igihumbi na we ubwiwe azoyoboka aganzwe na Yehova, na bo bace baba abana b’Imana mu buryo bwuzuye.​—Yoh. 10:16; Yes. 9:6; Rom. 8:21; 1 Kor. 15:27, 28.

21. Tuzokora iki nimba “tubaho twisunga impwemu”?

21 Nimba “tubaho twisunga impwemu,” abandi bazobona bitagoranye ko muri kamere zituranga harimwo ukuba indemeshamahoro. “[Nti]tuzovyura uguhiganwa” canke ngo “twandurutsanye.” (Gal. 5:22-26; Bibiliya Yera) Ahubwo riho, tuzokwihatira “[kubana] amahoro n’abantu bose.”​—Rom. 12:18.

Barahiriwe naho bahamwa!

22-24. (a) Ni imvo izihe zituma abahamwe bahorwa ubugororotsi baba abahiriwe? (b) Ni ibiki tuzorimbura mu biganiro bibiri vy’ukwiga bikurikira?

22 “Hahiriwe abahamwe bahorwa ubugororotsi, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo.” (Mat. 5:10) Yezu aruhira kuri ico ciyumviro, ati: “Muzoba muhiriwe nibabatukagura, bakabahama bakanavuga ibintu bibi vy’ubwoko bwose bababeshera, babahora jewe. Munezerwe musimbasimbishwe n’akanyamuneza, kuko impembo yanyu ari nini mw’ijuru; kuko ukwo ari ko bahamye abahanuzi b’imbere yanyu.”​—Mat. 5:11, 12.

23 Cokimwe n’abahanuzi b’Imana bo mu gihe ca kera, abakirisu bariteze gutukagurwa, guhamwa no kuvugwako ibintu bibi babesherwa, ivyo vyose bikagirwa “bahorwa ubugororotsi.” Yamara rero, igihe twihanganiye mwene ivyo bigeragezo tudahemuka, turanezerezwa n’uko tuba twahimbaye Yehova kandi tukamutera iteka. (1 Pet. 2:19-21) Imibabaro tugira ntishobora kugabanya umunezero dukura mu gusukurira Yehova, haba ubu canke muri kazoza. Eka mbere ntishobora kugabanya ubuhirwe abazoganza bari kumwe na Kristu mu Bwami bwo mw’ijuru bazogira canke ngo igabanye akanyamuneza abazoronka ubuzima budahera bazogira igihe bazoba batwarwa n’iyo ntwaro bari kw’isi. Mwene iyo mihezagiro iratanga ikimenyamenya c’uko dutoneshwa n’Imana, ko itugirira neza kandi ko itanga cane.

24 Hari n’ibindi vyigwa dushobora kwigira kuri ya Nsiguro yo ku Musozi. Ivyigwa bitari bimwe birarimburwa mu biganiro bibiri vy’ukwiga bikurikira. Reka turabe ingene twoshobora gushira mu ngiro amajambo Yezu Kristu yavuze.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki “abazi ko bakeneye ivy’impwemu” bahiriwe?

• Ni imvo izihe zituma “abitonda” baba abahiriwe?

• Ni kubera iki abakirisu bahiriwe naho bahamwa?

• Ni umuce umwe w’abantu bahiriwe uwuhe Yezu yavuze ugukora ku mutima bimwe bidasanzwe?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 7]

Ya mice icenda iranga abantu bahiriwe Yezu yashize ahabona ni ngirakamaro muri iki gihe nk’uko yari iri igihe yavugwa

[Ifoto ku rup. 8]

Uburyo bwiza bwo kugaragaza imbabazi ni ukubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya