Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nureke amajambo Yezu yavuze agire ico akoze ku kuntu wifata

Nureke amajambo Yezu yavuze agire ico akoze ku kuntu wifata

Nureke amajambo Yezu yavuze agire ico akoze ku kuntu wifata

“Uwo Imana yatumye avuga amajambo y’Imana.”​—YOH. 3:34.

1, 2. Amajambo Yezu yavuze dusanga muri ya Nsiguro yo ku Musozi yogereranywa n’iki, kandi ni kubera iki dushobora kuvuga ko iyo nsiguro yari ishingiye ku “majambo y’Imana”?

 KIMWE mu bimanyu binini cane vya diyama bizwi gushika ubu ni icataziriwe ngo Étoile d’Afrique (Inyenyeri ya Afirika), kikaba gipima amagarama 106. Ico kimanyu, ni akabuyenge k’agaciro pe! Yamara rero, ya Nsiguro yo ku Musozi Yezu yashikiriza irimwo amajambo yogereranywa n’utubuyenge two mu buryo bw’impwemu tw’agaciro karuta kure n’iyo ak’ico kimanyu ca diyama. Ata gukeka, ivyo Kristu yavuga vyava kuri Yehova! Ku vyerekeye Yezu, Bibiliya ivuga iti: “Uwo Imana yatumye avuga amajambo y’Imana.”​—Yoh. 3:34-36.

2 Naho ya Nsiguro yo ku Musozi ishobora kuba yashikirijwe mu mwanya udashika iminuta 30, yarimwo imirongo 21 yasubiwemwo ikuwe mu bitabu umunani vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Ku bw’ivyo, yari ishingiye cane ku “majambo y’Imana.” Reka ubu na ho turabe ukuntu dushobora gushira mu ngiro bimwebimwe mu bintu vyinshi vy’agaciro dusanga muri iyo nsiguro Umwana w’Imana mukundwa yatanze abigiranye ubuhanga.

“Nubanze wikiranure n’umuvukanyi wawe”

3. Yezu amaze kugabisha abigishwa biwe ku bijanye n’ingaruka z’uburake, ni impanuro iyihe yaciye abaha?

3 Twebwe abakirisu, turahiriwe kandi turi indemeshamahoro kubera ko dufise impwemu nyeranda y’Imana, kandi ivyamwa vyayo bikaba birimwo akanyamuneza n’amahoro. (Gal. 5:22, 23) Kubera ko Yezu atipfuza yuko abigishwa biwe batakaza amahoro be n’ubuhirwe bari bafise, yarabagabishije ku vy’uko uburake bw’igihe kirekire bushobora kuvamwo urupfu. (Soma Matayo 5:21, 22.) Yaciye avuga ati: “Nimba rero uzanye ishikanwa ryawe ku gicaniro hanyuma ukahibukira ko umuvukanyi wawe hari ico apfa nawe, nuce usiga ishikanwa ryawe ng’aho imbere ya nya gicaniro, hanyuma ugende; nubanze wikiranure n’umuvukanyi wawe, maze niwagaruka, ubone gushikana ishikanwa ryawe.”​—Mat. 5:23, 24.

4, 5. (a) “Ishikanwa” rivugwa mu majambo Yezu yavuze dusanga muri Matayo 5:23, 24 ryerekeza ku ki? (b) Kwikiranura n’umuvukanyi muri n’ico mupfa bihambaye ku rugero rungana iki?

4 “Ishikanwa” Yezu yavuze si irindi atari amashikanwa yatangirwa ku rusengero i Yeruzalemu. Nk’akarorero, ibimazi vy’ibitungwa vyari bihambaye kubera ko ico gihe vyari mu bintu abasavyi ba Yehova basabwa mu bijanye n’ukumusenga. Ariko rero, Yezu yarashimitse ku kintu cari gihambaye kuruta, na co kikaba cari ic’uko nyene gutanga ishikanwa yobanje kwikiranura n’umuvukanyi bari n’ico bapfa imbere y’uko ashikanira Imana ishikanwa.

5 ‘Kwikiranura n’umuntu’ bisobanura ‘gusubiza hamwe na we.’ None ni igiki dushobora kwigira kuri ivyo bintu Yezu yavuze? Nta gukeka ko ukuntu dufata abandi bitegerezwa kuba hari ikintu gikomeye bigira ku bucuti dufitaniye na Yehova. (1 Yoh. 4:20) Nkako, amashikanwa yashikanirwa Imana mu bihe vya kera nta co yaba avuze mu gihe uwayashikana yaba afata nabi abantu nka we.​—Soma Mika 6:6-8.

Ukwicisha bugufi kurahambaye

6, 7. Ni kubera iki bikenewe ko twicisha bugufi igihe twihatira kunagura ubucuti burangwa amahoro n’umuvukanyi turi n’ico twapfuye?

6 Kwikiranura n’umuvukanyi turi n’ico dupfa birashobora kwerekana yuko dufise kamere yo kwicisha bugufi canke ko ata yo dufise. Abantu bicisha bugufi ntibahazuka n’abo basangiye ukwizera barondera kubemeza ivyo bo babona ko bafitiye uburenganzira. Ivyo vyoshobora gutuma ingorane zunyuka, bikamera nk’ivyigeze gushika mu bakirisu b’i Korinto ha kera. Ku bijanye n’ico kintu, intumwa Paulo yaratanze iki ciyumviro gituma umuntu azirikana, ati: “Ni ugutsindwa rwose kuri mwebwe kubona mugiranira imburano. Kubera iki mutopfuma mureka mukagirirwa nabi? Kubera iki mutopfuma mureka mukagungwa?”​—1 Kor. 6:7.

7 Yezu ntiyavuze ko dukwiye kuja ku muvukanyi wacu kugira ngo tumwemeze yuko ari we ari mw’ikosa. Intumbero yacu ikwiye kuba iyo kunagura ubucuti burangwa amahoro twari dufitaniye. Kugira ngo twikiranure na we, dutegerezwa guserura ukuntu twiyumva ata buryarya tubigiranye. Turakwiye kandi kwemera icese ko uwo wundi muntu na we nyene yababaye mu mutima. Mu gihe na ho ari twebwe turi mw’ikosa, ata gukeka tuzogira umutima wo gusaba imbabazi twicishije bugufi.

‘Nimba ijisho ryawe ry’iburyo rigutsitaza’

8. Nuvuge muri make ivyo Yezu yavuze muri Matayo 5:29, 30.

8 Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu yaratanze impanuro zumvikana ku bijanye n’ukwigenza runtu. Yari azi yuko ibihimba vy’umubiri wacu munyagasembwa bishobora kutugirako akosho gateye akaga. Ku bw’ivyo, Yezu yavuze ati: “Iryo jisho ryawe ry’iburyo rero nimba rigutsitaza, rinogore urite kure yawe. Kuko vyorushiriza kukugirira akamaro kimwe mu bihimba vyawe kibuze hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehena. Vyongeye, nimba ukuboko kwawe kw’ukuryo kugutsitaza, guce ugute kure yawe. Kuko vyorushiriza kukugirira akamaro kimwe mu bihimba vyawe kibuze hako umubiri wawe wose uja muri Gehena.”​—Mat. 5:29, 30.

9. “Ijisho” ryacu canke “ukuboko” kwacu, vyoshobora gute ‘kudutsitaza’?

9 “Ijisho” Yezu yavuze rigereranya ububasha canke ubushobozi butuma twerekeza umuzirikanyi wacu ku kintu kinaka, “ukuboko” na kwo kukerekeza ku vyo dukoresha amaboko yacu. Mu gihe tutabaye maso, ivyo bihimba vy’umubiri vyoshobora ‘kudutsitaza,’ maze bigatuma tureka ‘kugendana n’Imana.’ (Ita. 5:22; 6:9) Igihe rero twohejwe ngo tugambararire Yehova, turakwiye gufata ingingo ruhasha, bikaba ari nk’aho tunogoye ijisho canke duciye ukuboko.

10, 11. Ni ibiki bishobora kudufasha kwirinda ubuhumbu?

10 Dushobora gute kurinda amaso yacu ntagume yituniye ku bintu vy’ubushegabo? Wa mugabo yatinya Imana Yobu yavuze ati: “Nasezeranye isezerano n’amaso yanje; none noshobora nte gushira ijisho ku mwigeme?” (Yobu 31:1) Yobu yari umugabo yubatse, akaba yari yiyemeje kutarenga ku mategeko y’Imana agenga inyifato runtu. Ukwo ni kwo natwe dukwiye kubigenza twaba twubatse canke tutubatse. Kugira ngo twirinde ubuhumbu, turakeneye kuyoborwa n’impwemu nyeranda y’Imana, ino ikaba ituma abakunda Imana bagira kamere y’ukwigumya.​—Gal. 5:22-25.

11 Kugira ngo twirinde ubushegabo, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba ndeka amaso yanje agatuma nipfuza kuraba ibintu birimwo ubushegabo bisohorwa mu bitabu, vyerekanwa kuri televiziyo canke kuri Internet?’ Turakwiye kandi kutibagira amajambo wa mwigishwa Yakobo yavuze, ati: “Umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite. Maze nya cipfuzo, iyo gitwaye inda, kivyara igicumuro; igicumuro na co, iyo kiranguwe, kivyara urupfu.” (Yak. 1:14, 15) Nkako, igihe umuntu wese yiyeguriye Imana ‘agumye araba’ uwo badasangiye igitsina abigiranye imvo z’ubushegabo, aba akeneye kugira amahinduka akomeye yogereranywa n’ukunogora ijisho maze akarita kure.​—Soma Matayo 5:27, 28.

12. Ni impanuro iyihe Paulo yatanze ishobora kudufasha kurwanya ivyipfuzo vy’ubushegabo?

12 Kubera ko gukoresha nabi amaboko yacu bishobora gutuma turenga ku ngingo mfatirwako za Yehova bimwe vy’agahomerabunwa, dutegerezwa kwiyemeza dushikamye kuguma tudahumanye mu vy’inyifato runtu. Ku bw’ivyo, turakwiye kwumvira impanuro Paulo yatanze igira iti: “Nimwice . . . ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ukwipfuza kubi, n’umwina, ari kwo gusenga ibigirwamana.” (Kol. 3:5) Ijambo ngo “nimwice” rishimika ku ngingo zikomeye dutegerezwa gufata kugira ngo turwanye ivyipfuzo vy’umubiri biranga ubushegabo.

13, 14. Ni kubera iki bihambaye cane ko twirinda ivyiyumviro be n’ibikorwa vy’ubushegabo?

13 Umuntu yoshobora kwemera ko bamuca ukuguru canke ukuboko kurwaye, kugira ngo azigame ubuzima bwiwe. Mu buryo bw’ikigereranyo, birahambaye cane ko ‘duta kure’ ijisho be n’ukuboko kugira ngo twirinde kwiyumvira ivy’ubushegabo no gukora ibintu bishobora kudukwegera akarambaraye mu buzima bwacu bwa gikirisu. Kuguma tudahumanye mu bwenge, mu nyifato runtu no mu vy’impwemu ni bwo buryo bwonyene budufasha guhunga ugusangangurwa kw’ibihe vyose kugereranywa na Gehena.

14 Kubera ko twarazwe icaha n’agasembwa, kuguma tudahumanye mu vy’inyifato runtu bisaba akigoro. Paulo yavuze ati: “Ndakubitagura umubiri wanje nkawujana nk’umuja, kugira ngo, maze kwamamaza ku bandi, jewe ubwanje simpave ncika uwutemewe.” (1 Kor. 9:27) Nimuze rero twiyemeze gushira mu ngiro impanuro Yezu yatanze ku bijanye n’inyifato runtu, ntitwigere twirekerana maze ngo dukore ibintu mu buryo bugaragaza ko tudakenguruka inkuka y’incungu yiwe.​—Mat. 20:28; Heb. 6:4-6.

“Mugire akamenyero ko gutanga”

15, 16. (a) Ni gute Yezu yatanze akarorero ku bijanye n’ugutanga? (b) Amajambo Yezu yavuze dusanga muri Luka 6:38 asobanura iki?

15 Amajambo Yezu yavuze be n’akarorero ntangere yatanze biraremesha agatima ko gutanga. Yaragaragaje ko atanga cane mu kuza ng’aha kw’isi ku neza y’abantu b’abanyagasembwa. (Soma 2 Abakorinto 8:9.) Yezu yarahevye n’umutima ukunze ubuninahazwa yari afise mw’ijuru kugira ngo abe umuntu nkatwe maze atange ubuzima bwiwe ku neza y’abantu b’abanyabicumuro, bamwe muri bo bakaba boronse impembo nyinshi mw’ijuru ari abafadikanya na we kuganza mu Bwami. (Rom. 8:16, 17) Vyongeye, nta gukeka ko Yezu yaturemesheje kuba abatanzi ba cane igihe yavuga ati:

16 “Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha. Bazobasukira mu bikondorero vyanyu ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye. Kuko ingero mugeresha ari yo namwe bazobagereshereza.” (Luka 6:38) ‘Gusukira umuntu mu gikondorero ciwe’ vyerekeza ku mugenzo wari usanzwe ugirwa n’abadandaza bamwebamwe wo kwuzuza ahantu hameze nk’isaho yo gutwaramwo ibintu, haboneka igihe umuguzi azinze impuzu yiwe yo hejuru yaba yakenyeje umukanda. Igihe dutanze tutagoberewe, vyotuma natwe turonka ingero nziza, kumbure igihe turi n’ivyo dukeneye.​—Umus. 11:2.

17. Yehova yatanze gute akarorero ruheta mu bijanye n’ugutanga, kandi ni ugutanga bwoko ki gushobora gutuma tugira akanyamuneza?

17 Yehova arakunda abatanga babikunze akongera akabaha impembo. We ubwiwe yaratanze akarorero ruheta mu gutanga Umwana wiwe w’ikinege “kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo agire ubuzima budahera.” (Yoh. 3:16) Paulo yanditse ati: “Uwubiba vyinshi azoshwabura vyinshi. Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.” (2 Kor. 9:6, 7) Igihe dutanze umwanya wacu, inguvu zacu be n’ivyo dutunze kugira ngo duteze imbere ugusenga kw’ukuri, nta gukeka ko bituma tugira akanyamuneza kandi tukaronka impembo nyinshi.​—Soma Imigani 19:17; Luka 16:9.

“Ntuvuze urumbete imbere yawe”

18. Ni ibiki bizotuma Data wa twese wo mw’ijuru ‘ataturonsa impembo?’

18 “Murabe neza ntimukurikize ubugororotsi bwanyu imbere y’abantu kugira ngo babarabe; ahandiho nta mpembo muzoronka kuri So ari mw’ijuru.” (Mat. 6:1) Mu kuvuga “ubugororotsi,” Yezu yashaka kuvuga inyifato ihuje n’ivyo Imana igomba. Ntiyashaka kuvuga ko ibikorwa bishimwa n’Imana bidakwiye kwigera bikorerwa ku mugaragaro, kuko yigeze kubwira abigishwa biwe ngo ‘bareke umuco wabo wakire imbere y’abantu.’ (Mat. 5:14-16) Ariko, nimba dukora ibintu “kugira ngo ba[tu]rabe” bongere badutangarire, nka kurya kw’abakinira mu kibanza kiberamwo ibikino, Data wa twese wo mw’ijuru ‘nta mpembo azoturonsa.’ Niba mwene ivyo bintu ari vyo bidusunikira kugira ico dukoze, ntituzogiranira n’Imana ubucuti bwa hafi canke ngo twinovore imihezagiro y’ibihe bidahera iva ku butegetsi bw’Ubwami.

19, 20. (a) Yezu yashaka kuvuga iki igihe yiyamiriza ivyo ‘kuvuza urumbete’ igihe umuntu atanze “ingabirano z’imbabazi?” (b) Ni gute tutareka ngo ukubamfu kumenye ico ukuryo kuriko kurakora?

19 Nitwaba dufise inyifato ibereye, tuzokurikiza impanuro Yezu yatanze igira iti: “Ku bw’ivyo rero, igihe utanze ingabirano z’imbabazi, ntuvuze urumbete imbere yawe nk’uko abiyorobetsi babigira mu masinagogi no mu mabarabara, kugira ngo baninahazwe n’abantu. Ni ukuri ndabibabwiye: Baramaze kuronka impembo yabo yose.” (Mat. 6:2) “Ingabirano z’imbabazi” zari imfashanyo zatangwa kugira ngo zifashe aboro. (Soma Yesaya 58:6, 7.) Yezu n’intumwa ziwe bari bafise agasandugu k’amahera bakoresha mu gufasha aboro. (Yoh. 12:5-8; 13:29) Kubera ko gufasha aboro kitari igikorwa mu vy’ukuri cajana no kuvuza inzumbete, biragaragara ko Yezu yakoresheje imvugo ndenzarugero igihe yavuga ko tudakwiye ‘kuvuza urumbete’ imbere yacu igihe dutanga “ingabirano z’imbabazi.” Ntidukwiye kumenyesha abantu ko hari ivyo twatanze, nka kumwe Abafarizayo b’Abayuda bagira. Yezu yabise abiyorobetsi kuko batangaza “mu masinagogi no mu mabarabara” ibikorwa bakora vyo gufasha aboro. Abo biyorobetsi bari “baramaze kuronka impembo yabo yose.” Uguhayagizwa n’abantu, kumbure n’ukwicara mu vyicaro vy’imbere mu masinagogi iruhande y’abarabi ba rurangiranwa, ivyo ni vyo vyobaye impembo yabo yose, kuko Yehova ata kintu na kimwe yobahaye. (Mat. 23:6) None abigishwa ba Kristu babwirizwa gukora gute? Yezu yababwiye na twebwe turimwo, ati:

20 “Mugabo weho, igihe utanze ingabirano z’imbabazi, ukubamfu kwawe ntikumenye ico ukuryo kwawe gukoze, kugira ngo ingabirano zawe z’imbabazi zitangirwe mu mpisho; maze So araba mu mpisho azobikwishura.” (Mat. 6:3, 4) Amaboko yacu akenshi akorera ibintu hamwe. Ku bw’ivyo rero, kugira ico ukubamfu kwacu gukoze ukuryo ntikukimenye bisobanura ko tudatangaza ibikorwa vyacu vyo gufasha aboro, ngo tunabitangaze ku bagenzi bacu ba hafi nka kurya ukubamfu kwacu kuri hafi y’ukuryo kwacu.

21. Mu mpembo zitangwa n’Umwe “araba mu mpisho,” harimwo n’iki?

21 Nitutatangaza ibikorwa dukora bijanye no gufasha aboro, “ingabirano [zacu] z’imbabazi” zizoba zitangiwe mu mpisho. Gutyo, Data wa twese “araba mu mpisho,” azoduha impembo. Kubera ko Data wa twese aba mw’ijuru kandi akaba atabonwa n’amaso y’abantu, aguma ari “mu mpisho” ku bijanye n’ivyo agiranira n’abantu. (Yoh. 1:18) Mu mpembo zitangwa n’umwe “araba mu mpisho” ari we Yehova, harimwo ukuba atuma tugiranira na we ubucuti bwa hafi, ukuba aduharira ibicumuro be n’ukuba adusezeranira ubuzima budahera. (Imig. 3:32; Yoh. 17:3; Ef. 1:7) Ese ukuntu ivyo ari vyiza cane kuruta gushimwa n’abantu!

Amajambo y’agaciro dukwiye kuzigama

22, 23. Ni kubera iki dukwiye kuzigama amajambo Yezu yavuze?

22 Nta gukeka ko ya Nsiguro yo ku Musozi yuzuyemwo utubuyenge two mu buryo bw’impwemu dufise impande nyinshi z’igikundiro. Ntawohakana ko irimwo amajambo y’igiciro ashobora gutuma tugira akanyamuneza no muri ino si idurumbanye. Egome, tuzogira ubuhirwe nitwaha agaciro amajambo Yezu yavuze maze tukareka akagira ico akoze ku kuntu twifata no ku kuntu tubayeho.

23 Umuntu wese “yumva” ivyo Yezu yigishije kandi ‘akabishira mu ngiro,’ azohezagirwa. (Soma Matayo 7:24, 25.) Nimuze rero twiyemeze gukurikiza impanuro Yezu yatanze. Tuzorimbura ibindi bintu Yezu yavuze muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi mu kiganiro ca nyuma co muri ibi biganiro bitatu bikurikirana.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki bihambaye kwikiranura n’umuvukanyi turi n’ico dupfa?

• Dushobora gute kwirinda gutsitazwa n’‘ijisho ryacu ry’iburyo’?

• Ni inyifato iyihe dukwiye kugira ku bijanye n‘ugutanga?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 11]

Ese ukuntu ari vyiza ‘kwikiranura’ n’uwo dusangiye ukwizera turi n’ico dupfa!

[Amafoto ku rup. 12, 13]

Yehova arahezagira abatanga babikunze