Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ukwiye kuguma wumiye ku vyo wikundira?

Woba ukwiye kuguma wumiye ku vyo wikundira?

Woba ukwiye kuguma wumiye ku vyo wikundira?

ABANA babiri bariko barakinira hamwe. Umwe muri bo aranyakuye mugenziwe agakinisho kiwe akunda cane, maze avuga n’ijwi rirenga ati: “Ni rwanje!” Abantu b’abanyagasembwa usanga bagaragaza ubwikunzi ku rugero runaka, kuva bakiri bato. (Ita. 8:21; Rom. 3:23) Vyongeye, isi muri rusangi iraremesha agatima ko kwikwegerako. Niba twipfuza kwirinda ako gatima, dutegerezwa kurwanya bimwe bikomeye impengamiro z’ubwikunzi. Tutabigize gutyo, turashobora bitagoranye gutsitaza abandi no gutuma ubucuti dufitaniye na Yehova butosekara.​—Rom. 7:21-23.

Mu kuturemesha kwitwararika ibijanye n’ukuntu ivyo dukora bigira ico bikoze ku bandi, intumwa Paulo yanditse ati: “Ibintu vyose biremerwa; mugabo si vyose bifise akarusho. Ibintu vyose biremerwa; mugabo si vyose vyubaka.” Paulo yongeyeko ati: “Mwirinde kuba ibitsitaza.” (1 Kor. 10:23, 32) Rero, ku bijanye n’ibintu ubwacu twikundira, vyoba biranga ubukerebutsi twibajije duti: ‘Noba mfise umutima ukunze wo guheba ibintu bimwebimwe mfitiye uburenganzira igihe amahoro y’ishengero aba abangamiwe? Noba niteguriye gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, n’igihe kubigira bitoba binyorohereza?’

Mu bijanye no guhitamwo akazi

Abantu benshi babona ko ihitamwo bagira ku bijanye n’akazi ari ingingo umuntu yifatira ku giti ciwe ata kintu kinini igira ku bandi canke ata n’ico ibagirako. Ariko rimbura ikintu cashikiye umugabo umwe w’umudandaza wo mu gisagara gitoyi co muri Amerika y’Epfo. Yari azwi ko ari umukinyi w’akamari akaba n’imborerwa. Yamara rero, kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova vyatumye atera imbere mu vy’impwemu maze arahindura ukuntu yari abayeho. (2 Kor. 7:1) Igihe yaserura yuko ashaka kwamamaza ku mugaragaro yifatanije n’ishengero, umukurambere umwe yaramuremesheje abigiranye ubugenge kuzirikana ku kazi yari asanzwe akora. Uwo mugabo yari amaze igihe ari we muntu yarusha abandi muri ico gisagara gucuruza inzoga y’ibikaju itavanze n’ikindi kintu, iyo na yo ikaba ari inzoga ikoreshwa mu buryo bwinshi, ariko muri ako karere abantu bakaba bari bamenyereye kuyivanga n’ibinyobwa bikaze maze bakayinywa ata kindi barondera atari ukuborerwa.

Uwo mugabo yaratahuye ko mu gihe yokwamamaje ku mugaragaro ariko akabandanya acuruza iyo nzoga, vyotumye ishengero rigira izina ribi kandi vyokwononye ubucuti afitaniye n’Imana. Naho yari afise umuryango munini yategerezwa kuronsa ivyo ukeneye, yarahagaritse gucuruza iyo nzoga. Ubu aronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye mu gucuruza ibintu bikorwa mu mpapuro. Uwo mugabo, umukenyezi wiwe be na babiri mu bana babo batanu baramaze kubatizwa. Baramamaza n’umwete inkuru nziza bafise umwidegemvyo wo kuvuga.

Mu bijanye no guhitamwo abagenzi

Kwifatanya n’abo tudasangiye ukwizera vyoba ari ikibazo cega umuntu ku giti ciwe, canke vyoba bisaba ko twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya? Hari umuvukanyikazi yashaka kuja mu musi mukuru ari kumwe n’umusore atari umukirisu w’ukuri. Naho yaburiwe ku kaga yashobora kugwamwo, we yabona ko abifitiye uburenganzira, kandi ku bw’ivyo yaragiye kuri nya musi mukuru. Hataraca n’umwanya munini ashitseyo, yaciye ahabwa inzoga irimwo umuti usinziriza ukaze cane. Haciye amasaha atari make, yarikanguye maze asanga umwe yita ngo ni umugenzi wiwe yamusambanije ku nguvu.​—Gereranya n’​Itanguriro 34:2.

Naho kwifatanya n’abatizera vyoshobora kutama nantaryo bishikana ku kintu nk’ico giteye agahinda, Bibiliya igabisha iti: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka.” (Imig. 13:20) Emwe, ata guca irya n’ino guhitamwo abagenzi babi vyodushira mu kaga! Mu Migani 22:3 hagira hati: “Umunyamakenga iy’abonye ikibi kije, arīkinga, arikw imburabgenge zikomeza inzira zikīgabura.” Abagenzi bacu barashobora kugira ico bakoze kuri twebwe no ku bucuti dufitaniye n’Imana.​—1 Kor. 15:33; Yak. 4:4.

Mu bijanye n’inyambaro be n’uburyo bwo kwitunganya

Imideri iguma ihindagurika uko igihe kiza kirahaca. Ariko rero, ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga inyambaro be n’uburyo bwo kwitunganya zozo ntizihinduka. Paulo yahimirije abakenyezi bakirisu “[kwi]shariza mu nyambaro itunganije neza, mu rupfasoni n’ukurorana kw’umuzirikanyi.” (1 Tim. 2:9) Iyo ngingo ngenderwako irakora no ku bagabo. Paulo ntiyariko aremesha kwambara impuzu zo ku rugero rwo hasi cane, eka kandi ntiyariko avuga yuko abakirisu bose bategerezwa kwambara cokimwe. Bite ho ku bijanye n’ukwambara rupfasoni? Inyizamvugo imwe isigura ko urupfasoni ari “ukutagira ubwishime . . . ukwambara, ukuvuga, canke ukwigenza mu buryo bubereye.”

Turakwiye kwibaza duti: ‘Noba nshobora kuvuga ata buryarya yuko ndi umuntu yambara rupfasoni mu gihe noba nguma numiye ku burenganzira mfise bwo kwambara mu buryo butuma abantu bandaba? Uburyo nambara bwoba butuma abantu bagira ivyiyumviro bitari vyo ku binyerekeye canke ku vyerekeye ingingo ngenderwako nisunga mu buzima?’ Turashobora kwirinda “[gu]tanga mu buryo na bumwe igitsitaza na kimwe” mu bijanye n’ivyo mu ‘kutagumiza ijisho ku vyacu gusa, ariko kandi ku ruhande rwacu, tukagumiza ijisho no ku vy’abandi.’​—2 Kor. 6:3; Flp. 2:4.

Mu bijanye n’urudandaza

Igihe mw’ishengero ry’i Korinto haduka ibibazo bikomeye ku bijanye n’abantu bagunga abandi, Paulo yanditse ati: “Kubera iki mutopfuma mureka mukagirirwa nabi? Kubera iki mutopfuma mureka mukagungwa?” Paulo yahanuye abakirisu kugira umutima ukunze wo guheba ikintu kinaka aho gushengeza umuvukanyi muri sentare. (1 Kor. 6:1-7) Hari umuvukanyi wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yafashe nka nkama iyo mpanuro. Ntiyahuza n’umukirisu yamukoresha ku bijanye n’amahera yari kumuhemba. Bakurikije ubuyobozi bwo mu Vyanditswe, abo bavukanyi babiri baricaye hamwe incuro n’izindi kugira ngo batorere umuti iyo ngorane mugabo ntibagira ico bashikako. Amaherezo, baratuye ico kibazo “ishengero,” rikaba riserukirwa n’abakurambere bakirisu.​—Mat. 18:15-17.

Ikibabaje ni uko ico kibazo cagumye kidatorewe umuti. Amaze gutura isengesho akatari gake, uwo mukozi yarafashe ingingo yo guheba menshi mu mahera yabona ko aheraniwe. Uti kubera iki? Mu nyuma yavuze ati: “Ukwo kutumvikana kwariko gutuma ntakaza umunezero be n’umwanya w’agaciro nari gushobora gukoresha mu kwitwararika ivy’impwemu.” Inyuma y’aho uwo muvukanyi afatiye iyo ngingo, yarumvise asubiye kugira umunezero, yongera aribonera ko Yehova ahezagira umurimo arangura.

No mu tuntu dutoduto

Kutaguma twumiye ku vyo twikundira birashobora kandi kuzana imihezagiro no mu tuntu dutoduto. Ku musi wa mbere w’ihwaniro ry’intara rimwe, hari umugabo n’umukenyezi wiwe b’abatsimvyi bashitse hakiri kare maze barashobora kuronka ivyicaro bipfuza. Igihe porogarama yatangura, hari umuryango munini ugizwe n’abana benshi waje wihuta mu nyubakwa yarimwo isinzi ry’abantu iryo hwaniro ryariko riberamwo. Nya batsimvyi babonye ko uwo muryango wariko urondera ikibanza kibereye wokwicaramwo, barawuhebeye aho bari bicaye. Ivyo vyatumye bishoboka ko abagize uwo muryango bose bicarana. Haciye imisi mikeyi iryo hwaniro riheze, abo batsimvyi bararonse ikete uwo muryango wari wanditse, ubakengurukira. Muri iryo kete, barasiguye ukuntu bumvise bacitse intege igihe bashika kuri iryo hwaniro bacerewe. Hadaciye n’umwanya, ibintu vyarahindutse baragira umunezero bongera barakenguruka kubera ubuntu bagaragarijwe n’abo batsimvyi.

Igihe akaryo kabonetse, nimuze twemere guheba ivyo twikundira ku bw’ineza y’abandi. Igihe tugaragaje urukundo “[ruta]rondera inyungu zarwo bwite,” tuba dufashije kuzigama amahoro mw’ishengero no mu babanyi bacu. (1 Kor. 13:5) Ariko igihambaye kuruta vyose, tuba tuzigamye ubucuti dufitaniye na Yehova.

[Ifoto ku rup. 20]

Woba ufise umutima ukunze wo guheba ivyo wikundira igihe uhitamwo imideri igezweho?

[Ifoto ku rup. 21]

Woba ufise umutima ukunze wo guhebera abavukanyi bawe ikibanza wari wicayemwo?