Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ivyanditswe biravuga ivyerekeye “igitabo ca Yashari” be n’“igitabo c’Intambara z’Uhoraho.” (Yos. 10:13; Guh. 21:14) Ivyo bitabu bibiri ntibiboneka mu rutonde rw’ibitabu vyemewe bigize Bibiliya. None vyoba vyari ivyanditswe vyahumetswe vyazimanganye?

Nta mpamvu iriho yotuma dushika ku ciyumviro c’uko ivyo bitabu bibiri vyoba vyanditswe bihumetswe, mu nyuma bikazimangana. Abanditsi ba Bibiliya bahumekewe barerekeje ku bindi vyanditswe bikeya cane. Bimwebimwe muri vyo vyoshobora kuba vy’ukuri ari ibihimba vya Bibiliya vyadondowe gusa mu majambo abasomyi bo muri kino gihe batamenyereye. Nk’akarorero, muri 1 Ngoma 29:29 haravuga ibijanye n’“ivyāndonzwe na Samweli kamenyi,” “ivyāndonzwe na Natani yavugishwa n’Imana,” be n’“ivyāndonzwe na Gadi kamenyi.” Ivyo bintu bitatu vyanditswe vyoshobora kuba vyerekeza ku bitabu muri kino gihe tuzi ko ari 1 Samweli na 2 Samweli tubifatiye hamwe, canke kumbure bikaba vyerekeza ku gitabu c’Abacamanza.

Ariko rero, ibintu bimwebimwe vyanditswe vyoshobora kuba vyerekeza ku bitabu bifise amazina asa n’ay’ibitabu vyo muri Bibiliya mugabo bikaba mu vy’ukuri atari ibitabu bigize Bibiliya. Ivyo twobitangira akarorero twisunze ibi bitabu bine vya kera: “igitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abayuda,” “igitabo c’abami b’Abayuda n’ab’Abisirayeli,” “igitabo c’abami b’Abayuda,” be n’“igitabo c’abami b’Abisirayeli n’ab’Abayuda.” Naho umuntu yoshobora kwumva umengo ayo mazina arasa n’ay’ibitabu vyo muri Bibiliya dusanzwe tuzi ko ari 1 Abami be na 2 Abami, ivyo bitabu bine ntivyahumetswe, eka mbere ntibiri mu rutonde rw’ibitabu vyemewe bigize Bibiliya. (1 Abm. 14:29; 2 Ngo. 16:11; 20:34; 27:7) Bishoboka ko vyari ivyanditswe bivuga ivya kahise vyariho mu gihe umuhanuzi Yeremiya be na Ezira bandika inkuru dusanga muri Bibiliya.

Ego cane, abanditsi bamwebamwe ba Bibiliya barerekeje ku nkuru canke ku bitabu vyari biriho mugabo bitahumetswe, canke na ho barabironderamwo amakuru. Muri Esiteri 10:2 haravuga ivyerekeye “igitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’i Bumedi n’i Buperesi.” Muri ubwo buryo nyene, kugira ngo Luka ategure inkuru yanditse mu Njili yiwe, “[yara]kurikiranye neza ibintu vyose kuva mu ntango.” Ashobora kuba yashatse kuvuga yuko yarondeye amakuru mu bitabu yashobora kuronka igihe yariko aratunganya urutonde rw’abo Yezu yakomotseko dushobora gusanga mu Njili yiwe. (Luka 1:3; 3:23-38) Naho ivyo bitabu Luka yarondeyemwo amakuru bitari vyarahumetswe, Injili yahavuye yandika yoyo nta nkeka ko yahumetswe. Vyongeye, iyo Njili iracari iy’agaciro kuri twebwe.

Ku bijanye na vya bitabu bibiri vyavugwa mu kibazo na vyo, ni ukuvuga “igitabo ca Yashari” be n’“igitabo c’Intambara z’Uhoraho,” biboneka ko ari ibitabu vyari biriho mugabo bitahumetswe. Ku bw’ivyo rero, Yehova ntiyitwararitse ivy’uko vyozigamwa. Kuba Bibiliya yerekeza kuri ivyo bitabu bibiri bituma incabwenge mu vya Bibiliya zishika ku ciyumviro c’uko vyari bikoranirijwemwo ivyese canke indirimbo zavuga ibijanye n’amatati yabaye hagati ya Isirayeli hamwe n’abansi bayo. (2 Sam. 1:17-27) Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi yerekeye Bibiliya kivuga yuko ibiri muri ivyo bitabu vyoshobora kuba vyari “bigize umugwi w’ivyese hamwe n’indirimbo vyari bimenyerewe, vyazigamwe n’abaririmvyi bakanongoreye bo muri Isirayeli ya kera.” Mbere na bamwebamwe mu bo Imana rimwe na rimwe yakoresha bwa bahanuzi canke abo yereka ibizoba, hariho ibintu banditse Yehova atahumetse canke atashimye ko bishirwa mu Vyanditswe, ivyo Vyanditswe bikaba ari “ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangira, [be no] ku kugorora ibintu” muri kino gihe cacu.​—2 Tim. 3:16; 2 Ngo. 9:29; 12:15; 13:22.

Kuba ibitabu bimwebimwe vyaravuzwe muri Bibiliya kandi bikaba vyarabaye amasôko y’amakuru ngirakamaro ntibikwiye gutuma dushika ku ciyumviro c’uko vyahumetswe. Ariko rero, Yehova Imana yarazigamye ivyanditswe vyose birimwo “ijambo ry’Imana yacu,” kandi ‘bizohoraho ibihe bidashira.’ (Yes. 40:8) Egome, ivyo Yehova yashimye ko bishirwa muri vya bitabu 66 bigize Bibiliya dufise, ni vyo nyene dukeneye kugira ‘ngo tube ababishoboye neza, bafise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.’​—2 Tim. 3:16, 17.